Ikete rivuye muri Nikaragwa
“Niwashika ku Ruzi Coco, uzoce ukatira i buryo”
“UZOKENERA umuduga w’insimbabisaka, akamashini gashayura imiduga be n’amabido y’igitoro y’integabizoza. Uze ugende uzi yuko amapine y’umuduga azomirwa n’urushanga. Niwashika ku Ruzi Coco [Soma Koko.], uzoce ukatira i buryo.”
Mvugishije ukuri, ayo majambo umumisiyonari mugenzanje yavuze nta co yahinduye ku mwiyemezo wanje. Naho yari yambariye gutyo, umusi umwe ari ku wa kabiri mu gitondo, narafashe urugendo ngiye kwitaba iteraniro rya gikirisu ryabera i Wamblán, agasagara kari mu Buraruko bwa Nikaragwa.
Narazindutse mu mutwenzi n’umuduga wanje umaze imyaka myinshi ariko ugikomeye, mfata ibarabara ryiza cane riva muri Amerika ya Ruguru rigashika no muri Amerika y’Epfo. Ngeze i Jinotega, naciye mfata ibarabara ry’ibivu, iryo abantu bo ngaho bita feo, bisigura ngo kibi cane. Imbere yuko ndengana ico gisagara, narabonye amamangazini abiri, imwe yitwa Igitangaro c’Imana, iyindi na yo Izuka.
Iryo barabara ryari ryuzuyemwo amakorosi, rikaba ryaca ahantu haduga hakongera hakamanuka. Umuduga nawutwara buhorobuhoro cane igihe naba ndiko nca mu myonga. Ibarabara narimwo ryatumye nca iruhande y’ikiyaga kirekire kiri mu kiyaya kinini kiri ahantu hakirurutse hatwikiriwe n’ibipfungu. Ndavye muri ico gipfungu, narabonye ibiti vyuzuyeko ingurukizi z’ivyimeza vyitwa mousse espagnole, munsi ya nya biti hakaba huzuye amashurwe.
Nshitse mw’ikorosi ridasanzwe, narahazwe gusekana n’ibisi yariko igendera mw’ibarabara hagati. Yagenda irarekura ivyotsi vyirabura, amapine yayo na yo akagenda arashibagura amabuye. Ngaha muri Nikaragwa, urashobora kubona ku biyo vy’imbere vy’amabisi handitswe mu ndome ziboneka amazina y’amatazirano y’abashoferi b’inkazi nka: Intwari, Akamina, Isato canke Umuhigi.
Kw’isaha zitandatu nari ngeze mu Kiyaya c’i Pantasma. Ndiko ndarengana narabonye inzu yubatswe mu mbaho iri ahantu hakubuye. Hari umugabo ageze mu zabukuru yari yicaye ku ntebe ndende, imbwa isinziriye munsi y’igiti be n’inka zibiri zikorera imizigo zihagaze ziri ku ngogo imwe ziboheyeko umukogote ufise amapine y’ibiti. Mu gasagara kamwe, narabonye isinzi ry’abana bavuye kw’ishure. Bari bambaye niforome z’ubururu bukaze, bari bakubise ibarabara rikuru rirazima, ubaravye wamengo n’umupfunda uriko urisuka ku musenyi wo ku kiyaga.
Izuba ryaramena imbwa agahanga igihe nari mu gushika i Wiwilí, ni na ho nakubita ijisho ari bwo bwa mbere rwa Ruzi Coco. Urwo ruzi amahanga ruriko ruratemba, ni rwo ahanini nabona ndavye ico gisagara. Naributse bimwe nabwirwa na wa mu misiyonari mugenzanje, nca nkatira i buryo hanyuma mfata ibarabara riteye ubwoba cane ry’ibirometero 37 nja i Wamblan.
Ndi muri iryo barabara ribi utoraba, ikamyoneti nariko ndatwara yarashibura amazi igihe naba ndiko ndajabuka imigezi munani nimba atari icenda naciyemwo. Igihe naba ndiko ndagerageza ngo since ahahora ibishanga, nasanga ndiko ndatumura inkungugu. Hari umukungugu mwinshi ku buryo numva umenga ndiko ndawurya. Nahavuye nshika i Wamblán iyo nari ngiye, hakaba ari mu mubande, ahantu huzuye ibiti womenga ntihabona.
Umusi ukurikira, nka bose vyasa nk’uko isaha 10:30 z’ijoro bari bavyutse. Kubera ko isake zabika urudaca zankanguye hakiri kare, naciye mvyuka manukana ibarabara rikuru. Igihe nariko ndamanuka, akayaga ko ku musozi nariko kari kuzuyemwo akamoto k’imikate bariko barokereza mu mafuru yo mu mabuye.
Umuntu aravye hirya no hino ku mpome, yarabona amashusho y’amabara y’indobeke abahinga mu vy’ugucapa bo muri ako karere bacafye, ano akaba yerekana Iparadizo. Ku mabutike y’aho hantu, hari ibimenyetso bimenyekanisha ubwoko butandukanye bw’ikinyobwa citwa cola. Ibipapuro vyari bimanitse vyibutsa abantu ivyo intwaro zitatu zaheruka zari zarabemereye. Utuzu twa surwumwe dusakajwe amabati aca ibibatsi twari twubatswe kw’ibeto.
Ni jewe natangura kuramutsa abantu nkoresheje indamukanyo y’ikinikaragwa nti: “Adiós.” Abantu baramwenyura bagaca bamvugisha n’igishika cinshi. Mu kuyaga twaravuga cane kubera urwamo rwari ruhari ruturuka ku ruja n’uruza rwaho, hakaba harimwo urw’ibinono vy’amafarasi be n’ivy’inyumbu.
Ku wa gatanu ku mugoroba, imiryango myinshi yarashitse ije kwitaba iteraniro ry’imisi ibiri. Baza n’amaguru, ku mafarasi be no mu makamyoneti. Hari uduhungu n’udukobwa twagenze amasaha atandatu twambaye ibirato vya purasitike. Naho ahantu bajabukira hari amamine, baratimbishije barahaca. Baraciye kandi mu mazi arimwo imisundo badatinya. Abava kure baza batekeye udufungurwa dukeyi, nk’umuceri urimwo ibinure vy’ingurube. Ni kubera iki abo bose bari baje?
Bari baje gukomeza icizigiro bafise ku bijanye na kazoza keza. Bari baje kugira ngo basigurirwe Bibiliya. Bari baje kugira bahimbare Imana.
Ng’uyo umusi wa gatandatu urashitse! Abantu barenga 300 bari bicaye ku ntebe ndende z’ibiti no ku ntebe za purasitike, hejuru yabo hakaba hari hasakaje amabati. Ba inabibondo baronsa utwana twabo. Kw’iyororero ryari hafi y’aho twariko turagirira iteraniro, ingurube zararoha, isake na zo zikabika.
Ubushuhe bwaduga bwampi, kandi ntitwatevye kwumva ko kubwihanganira ari urugamba rutoroshe. Yamara, abari ng’aho barateze yompi impanuro be n’ubuyobozi vyariko biratangwa. Barakurikira igihe abashikirizansiguro baba bariko barasoma ivyanditswe vyo muri Bibiliya, bararirimba indirimbo zishingiye kuri Bibiliya, bakongera bakumviriza babigiranye urupfasoni amasengesho yaturwa ku bwabo.
Ibiringo vy’iteraniro biheze, naraja hamwe n’abandi nkongera ngakina n’abana. Mu nyuma twarasubiramwo ivyo baba biyandikiye. Narabereka amafoto y’inyenyeri n’ay’amagaragisi kuri orodinateri yanje. Abana bari n’umunezero, abavyeyi babo na bo bari bahimbawe.
Bidatevye, iteraniro ryararangiye, kandi umuntu wese yabwirizwa gusubira i muhira. Nahavuye bukeye, mfise mu bwenge ibintu vyinshi vyiza nzoza ndibuka, umutima wanje na wo wari wuzuye urukundo nakunze abo bagenzi bashasha. Niyemeje kubigana no kwiga ukuntu nobumbwa n’ivyo mfise be n’ukuntu norindira Imana.
[Ifoto ku rup. 17]
Imiryango myinshi yaragenze ibilometero n’ibilometero kugira yitabe iteraniro ryabereye i Wamblán