Intangamarara
UVYIBAZAKO IKI?
Ubuzima bwo muri iyi si burashobora gutuma tugira amaganya menshi. Ni hehe none twokura imfashanyo n’uruhoza nyakuri?
Bibiliya ivuga iti: “Se w’imbabazi zuzuye ikibabarwe ikaba n’Imana y’uruhoza rwose, [iraduhoza] mu makuba yacu yose.”—2 Abakorinto 1:3, 4.
Uwu Munara w’Inderetsi urerekana ingene Imana itanga uruhoza twese dukeneye.