Ibibazo vy’abasomyi
Intumwa Paulo yavuze yuko ‘Isirayeli yose yokijijwe.’ (Rom. 11:26) Yoba yashaka kuvuga ko umusi uri izina Abayuda bose bobaye abakirisu?
Oya, ivyo si vyo Paulo yariko aravuga. Uko bagize ihanga, abakomotse kuri Aburahamu mu buryo bw’umubiri barateye akagere Yezu, baranka kwemera ko ari we Mesiya. Mu myaka yakurikiye inyuma y’urupfu rwa Yezu, vyaratomotse yuko atari Abayuda ubafashe ikivunga bobaye abakirisu. Ariko rero, ivyo Paulo yavuze yuko ‘Isirayeli yose yokijijwe’ vyari vyo. Mu buryo ubuhe?
Yezu yabwiye indongozi z’idini ry’Abayuda bo mu gihe ciwe ati: “Ubwami bw’Imana muzobwakwa hanyuma buhabwe ihanga ryama ivyamwa vyabwo.” (Mat. 21:43) Kubera ko iryo hanga rya Isirayeli ryose ryari ryateye akagere Yezu, Yehova yociye ahindukirira ihanga rishasha, ni ukuvuga ihanga ryo mu buryo bw’impwemu. Iryo hanga Paulo yaryise “Isirayeli y’Imana.”—Gal. 6:16.
Hari iyindi mirongo yo mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu yerekana ko “Isirayeli y’Imana” igizwe n’abakirisu basizwe impwemu 144.000. (Rom. 8:15-17; Ivyah. 7:4) Ivy’uko uwo mugwi wogiyemwo n’abatari Abayuda biremezwa mu Vyahishuwe 5:9, 10, aherekana ko abo bakirisu basizwe ari “[abo] mu muryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose n’ihanga ryose.” Abagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu, ahanini bacaguwe ngo babe “ubwami n’abaherezi . . . , kandi babwirizwa kuganza isi nk’abami.” Naho Yehova yataye ihanga ryari ryaracaguwe rya Isirayeli, umuntu ku giti ciwe yoshoboye gusubiza hamwe na we. Uko ni ko vyagenze ku ntumwa no ku bandi bakirisu benshi bo mu ntango. Ariko ntiwumve, bene abo Bayuda, cokimwe n’abandi bantu, bari gutegerezwa kugurwa amaraso ya Yezu Kristu.—1 Tim. 2:5, 6; Heb. 2:9; 1 Pet. 1:17-19.
Kuba Abayuda bo mu buryo bw’umubiri benshi bo mu kinjana ca mbere baratakaje akaryo ko gucika abafatanya na Kristu kuganza, ntivyatangiriye umugambi w’Imana. Ivyo ntivyokwigeze bishoboka, kuko Yehova yavuze abicishije ku muhanuzi wiwe ati: “Uko ni kw ijambo ryanje riva mu kanwa kanje rizomera: ntirizogaruka ubusa, ariko rizoshitsa ivyo ngomba, rizosozera ico naritumye.”—Yes. 55:11.
Ivyo ni ko biri ku bijanye n’umugambi Imana ifise wo guha ubutegetsi abantu 144.000 ngo bafatanye n’Umwana wiwe kuganza bari mw’ijuru. Bibiliya irerekana mu buryo butomoye yuko Imana yorobanuye igitigiri cuzuye c’abantu 144.000. Nta n’umuntu n’umwe yobuzemwo!—Ivyah. 14:1-5.
Ku bw’ivyo, igihe Paulo yandika ko ‘Isirayeli yose yokijijwe,’ ntiyariko aramenyesha imbere y’igihe ko atari Abayuda ubafashe ikivunga bobaye abakirisu. Ahubwo, yashaka kuvuga yuko umugambi Imana ifise wo gutoranya Abisirayeli bo mu buryo bw’impwemu 144.000 ngo baganze mw’ijuru bari kumwe n’Umwana wiwe, Yezu Kristu, worangutse. Igihe Imana yashinze kigeze, ico gitigiri cuzuye, ni ukuvuga abagize “Isirayeli yose”, bobaye babereye gukizwa, amaherezo bakaganza ari abami n’abaherezi mu Bwami bwa Mesiya.—Ef. 2:8.
[Amafoto ku rup. 28]
Abasizwe bava “mu muryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose n’ihanga ryose”