Ubusho bumwe, n’umwungere umwe
“Mwebwe mwankurikiye namwe ubwanyu muzokwicara ku ntebe z’ubwami cumi na zibiri, mucire imanza imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli.”—MAT. 19:28.
1. Yehova yafata gute abakomotse kuri Aburahamu, kandi ni kubera iki ivyo bidasobanura yuko yirengagiza buhere abandi bantu bose?
YEHOVA yarakunda Aburahamu, ico kikaba ari co catumye agaragariza urukundo rudahemuka abamukomotseko. Yaramaze ibinjana birenga 15 abona ihanga rya Isirayeli, iryakomotse kuri Aburahamu, nkaho ari igisata ciwe yitoranirije, “inyegu [yiwe] idasanzwe.” (Soma Gusubira mu vyagezwe 7:6.) None ivyo vyoba vyasobanura yuko Yehova yirengagiza buhere ayandi mahanga? Ihibambewe. Ico gihe, abantu batari Abisirayeli bipfuza gusenga Yehova, baremererwa kwiyunga kw’ihanga ryiwe ridasanzwe. Abo bantu bacitse abizera, ni ukuvuga abinjiye idini ry’Abayuda, babonwa nkaho bari mu bagize iryo hanga. Abisirayeli babwirizwa kubafata nka benewabo. (Lew. 19:33, 34) Na bo basabwa kwubaha amategeko yose ya Yehova.—Lew. 24:22.
2. Ni amajambo ayahe atangaje Yezu yavuze, kandi atuma havyuka ibibazo ibihe?
2 Ariko rero, Yezu yarabwiye Abayuda bo mu gihe ciwe amajambo atangaje agira ati: “Ubwami bw’Imana muzobwakwa hanyuma buhabwe ihanga ryama ivyamwa vyabwo.” (Mat. 21:43) None ni bande bogize iryo hanga rishasha, kandi ni gute iryo hinduka rigira ico rikoze kuri twebwe muri kino gihe?
Ihanga rishasha
3, 4. (a) Intumwa Petero yerekanye gute rya hanga rishasha iryo ari ryo? (b) Ni bande bagize iryo hanga rishasha?
3 Intumwa Petero yarerekanye neza iryo hanga rishasha iryo ari ryo. Yandikiye abakirisu bagenziwe aya majambo agira ati: “Mwebwe muri ‘ubwoko bwatowe, ubuherezi bwa cami, ihanga ryeranda, igisata c’inyegu yiharijwe, kugira ngo mumenyeshe hose kamere z’agahebuza’ z’umwe yabahamagara abakuye mu mwiza akabinjiza mu muco w’agatangaza.” (1 Pet. 2:9) Nk’uko vyari vyaramenyeshejwe, Abayuda bo ku mubiri bemeye ko Yezu ari we Mesiya ni bo babaye aba mbere mu kuba abagize iryo hanga. (Dan. 9:27a; Mat. 10:6) Mu nyuma, abantu benshi batari Abisirayeli na bo nyene barabaye abo mu bagize iryo hanga, kuko Petero yabandanije kuvuga ati: “Kera [ntimwari] igisata, mugabo ubu muri igisata c’Imana.”—1 Pet. 2:10.
4 None aho Petero yariko abwira ba nde? Mu ntango z’ikete yanditse, avuga ati: “[Imana] yaduhaye ivuka rishasha ku bw’icizigiro kizima biciye kw’izuka rya Yezu Kristu mu bapfuye, ku bw’intoranwa itabora, idahumanye, idakabirana. Muyibikiwe mw’ijuru.” (1 Pet. 1:3, 4) Ku bw’ivyo rero, iryo hanga rishasha rigizwe n’abakirisu barobanujwe impwemu bafise icizigiro c’ijuru. Ni “Isirayeli y’Imana.” (Gal. 6:16) Mu vyo Yohani yeretswe, yabonye ko abo Bisirayeli bo mu buryo bw’impwemu ari 144.000. “[Baguzwe] bakuwe mu bantu bwa mushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi w’intama” kugira ngo basukure ari “abaherezi” no kugira ngo “bazoganz[e] nk’abami hamwe na [Yezu ya] myaka igihumbi.”—Ivyah. 5:10; 7:4; 14:1, 4; 20:6; Yak. 1:18.
Hoba harimwo n’abandi muri iryo hanga?
5. (a) Imvugo ngo “Isirayeli y’Imana” yerekeza kuri ba nde? (b) Ni kubera iki imvugo “Isirayeli” itama nantaryo ifise insobanuro imwe?
5 Biratomoye rero ko imvugo ngo “Isirayeli y’Imana” iri mu Bagalatiya 6:16, yerekeza gusa ku bakirisu barobanujwe impwemu. Ariko none, hoba hariho ahandi hantu usanga Yehova akoresha imvugo ngo ihanga rya Isirayeli bwa kigereranyo, aho usanga ishiramwo n’abandi bakirisu uretse gusa abarobanujwe impwemu? Inyishu y’ico kibazo turashobora kuyisanga muri aya majambo Yezu yabwiye intumwa ziwe zidahemuka. Yavuze ati: “Ngiraniye isezerano namwe, nk’uko Data yagiraniye isezerano nanje, ku bw’ubwami, kugira ngo murire kandi munywere ku meza yanje mu bwami bwanje, mwongere mwicare ku ntebe z’ubwami kugira mucire imanza ya miryango cumi n’ibiri ya Isirayeli.” (Luka 22:28-30) Ivyo bizoba muri “kwa kurema busha,” ni ukuvuga mu gihe co gusubira gutunganya ibintu bushasha, aho hakazoba ari mu kiringo ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi.—Soma Matayo 19:28.
6, 7. Imvugo ngo “imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli” yerekeza kuri ba nde mu bivugwa muri Matayo 19:28 no muri Luka 22:30?
6 Muri ya Ngoma y’imyaka igihumbi, bamwe 144.000 bazosukura ari abami, abaherezi be n’abacamanza. (Ivyah. 20:4) None bazocira imanza ba nde, kandi bazoganza ba nde? Muri Matayo 19:28 no muri Luka 22:30, tubwirwa yuko bazocira imanza “imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli.” None iyo “miryango cumi n’ibiri ya Isirayeli” igereranya ba nde muri ivyo vyanditswe? Igereranya abo bose bafise icizigiro co kuzoba kw’isi, abizera incungu ya Yezu mugabo bakaba batari mu bagize umugwi w’abaherezi ba cami. (Umuryango wa Lewi ntiwari ku rutonde rwa ya miryango 12 ya Isirayeli yo ku mubiri.) Abagereranijwe ng’aho na ya miryango 12 ya Isirayeli ni abazoronka ivyiza vyo mu buryo bw’impwemu, bivuye ku bikorwa vy’ubuherezi bizorangurwa na bamwe 144.000. Abo bantu batari abaherezi bungukira kuri ivyo bikorwa, na bo nyene ni abasavyi b’Imana, kandi irabakunda ikongera ikabemera. Birabereye kuba bagereranywa n’abasavyi bayo bo mu bihe vya kera.
7 Birabereye rero kuba inyuma y’aho intumwa Yohani aboneye ba Bisirayeli 144.000 bo mu buryo bw’impwemu badomwako ikidodo rimwe rizima, imbere y’uko ya makuba akomeye atangura, yarabonye kandi “isinzi rinini” ata woshobora kuriharura “bo mu mahanga yose.” (Ivyah. 7:9) Abo bazorokoka ya makuba akomeye hanyuma binjire muri ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi. Mu gihe c’iyo Ngoma, bazoba bari kumwe n’abantu amamiliyaridi bazoba bazutse. (Yoh. 5:28, 29; Ivyah. 20:13) Abo bose bazoba bagize ya “miryango cumi n’ibiri ya Isirayeli” y’ikigereranyo, iyizocirwa imanza na Yezu be na bamwe 144.000 bazofadikanya na we kuganza.—Ibik. 17:31; 24:15; Ivyah. 20:12.
8. Ibintu vyagirwa ku Musi w’Impongano waba uko umwaka utashe vyagereranije gute ubucuti buri hagati ya bamwe 144.000 n’abandi bantu basigaye?
8 Hari ibintu vyagirwa ku Musi w’Impongano waba uko umwaka utashe vyagereranije ubwo bucuti buri hagati ya bamwe 144.000 n’abandi bantu basigaye. (Lew. 16:6-10) Imbere ya vyose, umuherezi mukuru yasabwa gutanga imasa y’ikimazi bwa shikanwa ry’igicumuro ‘ku bwiwe no ku bw’urugo rwiwe.’ Ku bw’ivyo rero, incungu ya Yezu itangura gukora ku bo mu rugo rwiwe bagizwe n’abaherezi, abazofadikanya na we igikorwa mw’ijuru. Vyongeye, kuri uwo Musi w’Impongano haratangwa impene zibiri ku bw’ibicumuro vy’abandi Bisirayeli. Muri ivyo bintu vyakorwa, mu gihe umuryango w’abaherezi wagereranya bamwe 144.000, abandi Bisirayeli bobo bagereranya abantu bose bafise icizigiro co kuzoba ng’aha kw’isi. Izo nsobanuro zerekana yuko imvugo ngo “imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli” iri muri Matayo 19:28 iterekeza gusa ku baherezi ba Yezu bavyawe n’impwemu, ariko kandi ko ishiramwo n’abandi bantu bose bizera incungu ya Yezu.a
9. Abaherezi Ezekiyeli yabonye muri rya yerekwa ryerekeye urusengero bagereranya ba nde, kandi Abisirayeli batari abaherezi bagereranya ba nde?
9 Rimbura akandi karorero. Umuhanuzi Ezekiyeli yareretswe iyerekwa rirerire ryerekeye urusengero rwa Yehova. (Ezk., ikigabane ca 40-48) Muri iryo yerekwa, abaherezi babonywe bakorera mu rusengero, batanga inyigisho bongera bahabwa impanuro n’ugukosorwa biva kuri Yehova. (Ezk. 44:23-31) Muri iryo yerekwa nyene, abantu bo mu miryango itandukanye babonywe baza gusenga no gutanga ibimazi. (Ezk. 45:16, 17) Muri ivyo bintu rero, abo baherezi bagereranya abarobanujwe impwemu, mu gihe Abisirayeli bo mu miryango itari iy’abaherezi bobo bagereranya abafise icizigiro co kuzoba ng’aha kw’isi. Iryo yerekwa rirashimika ku vy’uko iyo migwi ibiri ikora yunze ubumwe, abagize umugwi w’abaherezi bakaba ari bo baja imbere mu bijanye n’ugusenga gutyoroye.
10, 11. (a) Ni iranguka irihe twiboneye rikomeza ukwizera ryerekeye amajambo Yezu yavuze? (b) Ni ikibazo ikihe kivyuka ku bijanye n’abagize izindi ntama?
10 Yezu yaravuze ivyerekeye “izindi ntama” zitobaye ziri mu “busho” bumwe n’abagize “ubusho buto” bw’abayoboke biwe barobanujwe impwemu. (Yoh. 10:16; Luka 12:32) Yavuze ati: “Izo na zo nyene ntegerezwa kuzizana, kandi zizokwumviriza ijwi ryanje, kandi zizocika ubusho bumwe, zigire umwungere umwe.” Ese ukuntu kwibonera iranguka ry’ayo majambo vyakomeje ukwizera kwacu! Imigwi ibiri y’abantu yarashizwe hamwe, ni ukuvuga umugwi mutoya ugizwe n’abarobanujwe impwemu be n’isinzi rinini ry’abagize izindi ntama. (Soma Zekariya 8:23.) Naho abagize izindi ntama usanga mu buryo bw’ikigereranyo badakorera mu kigo c’imbere ca rwa rusengero rwo mu buryo bw’impwemu, barakorera mu kigo co hanze c’urwo rusengero.
11 Ariko none, nimba rimwe na rimwe Yehova akoresha abo muri Isirayeli ya kera batari abaherezi ngo bagereranye izindi ntama, none abafise icizigiro co kuzoba kw’isi boba na bo nyene bakwiye kwihereza ku bimenyetso vy’Icibutso? Ubu tugiye kurimbura inyishu y’ico kibazo.
Isezerano rishasha
12. Ni indinganizo nshasha iyihe Yehova yamenyesheje?
12 Yehova yaramenyesheje indinganizo nshasha yerekeye abantu biwe igihe yavuga ati: “Iri ni ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli hanyuma y’iyo misi. . . . Nzoshira ivyagezwe vyanje imbere muri bo, no mu mitima yabo ni ho nzovyandika; nanje nzobabera Imana, na bo bazoba abantu banje.” (Yer. 31:31-33) Biciye kuri iryo sezerano rishasha, umuhango Yehova yahaye Aburahamu wobwirijwe kugira iranguka rininahaye kandi ry’igihe kirekire.—Soma Itanguriro 22:18.
13, 14. (a) Ni bande bari mu bagize isezerano rishasha? (b) Ni bande baryungukirako, kandi ni gute bagumya iryo sezerano rishasha?
13 Yezu yaravuze ibijanye n’iryo sezerano rishasha muri rya joro rya buca apfa, ati: “Iki gikombe kigereranya isezerano rishasha hishimikijwe amaraso yanje, ayagiye guseswa ku bwanyu.” (Luka 22:20; 1 Kor. 11:25) None abakirisu bose boba barimwo muri iryo sezerano rishasha? Habe na buhoro. Hariho bamwebamwe, cokimwe na za ntumwa zanywa kuri ico gikombe kuri uwo mugoroba, usanga barimwo muri iryo sezerano rishasha.b Yezu yaragiraniye na bo irindi sezerano rijanye n’ugufadikanya na we kuganza mu Bwami bwiwe. (Luka 22:28-30) Bazosangira na Yezu mu Bwami bwiwe.—Luka 22:15, 16.
14 Tuvuge iki none ku bijanye n’abazoba kw’isi barongowe n’Ubwami bwiwe? Bobo barungukira kuri iryo sezerano rishasha. (Gal. 3:8, 9) Naho batarimwo muri iryo sezerano, ‘barabangiriza’ iryo sezerano, ari kwo kurigumya, mu kuyoboka ivyo risaba, nk’uko nyene vyavuzwe n’umuhanuzi Yesaya, ati: “Abanyamahanga bīfatanya nanje Uhoraho kugira ngo bankorere, bakunde izina ryanje, babe abasavyi banje, umuntu wese aziririza isabato ntayikēngēre, akabangiriza isezerano ryanje, abo na bo nzobashikana ku musozi wanje wera, mbanezereze mu ngoro yanje yo gusengeramwo.” Yehova aca yongerako ati: “Kukw ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengerwamwo n’amahanga yose.”—Yes. 56:6, 7, ni twe dushimitse.
Ni bande bakwiye kwihereza ku bimenyetso?
15, 16. (a) Isezerano rishasha intumwa Paulo arisanisha n’iki? (b) Ni kubera iki abafise icizigiro co kuzoba kw’isi batihereza ku bimenyetso vy’Icibutso?
15 Abari muri iryo sezerano rishasha “[bara]fise ubutinyutsi ku bw’inzira yo kwinjira aheranda.” (Soma Abaheburayo 10:15-20.) Abo ni bo babwirizwa “kuronka ubwami budashobora kunyiganyizwa.” (Heb. 12:28) Ku bw’ivyo rero, abazoba abami n’abaherezi mw’ijuru kumwe na Yezu Kristu, ni bo bonyene bakwiye kunywa ku “gikombe” kigereranya isezerano rishasha. Abari mu bagize isezerano rishasha ni bo bahabwa umuhango wo kuzoshingirwa kuri wa Mwagazi w’intama. (2 Kor. 11:2; Ivyah. 21:2, 9) Abandi bose bitaba ihimbazwa ry’Icibutso kiba uko umwaka utashe ni abarorerezi bubaha, batihereza ku bimenyetso.
16 Paulo aradufasha kandi gutahura yuko abafise icizigiro co kuzoba ng’aha kw’isi batihereza ku bimenyetso vy’Icibutso. Yabwiye abakirisu barobanujwe impwemu ati: “Kuko igihe cose murya uyu mukate mukanywa n’iki gikombe, muguma mutangaza urupfu rw’Umukama, kugeza ashitse.” (1 Kor. 11:26) None Umukama ‘ashika’ ryari? Ni igihe aza gutora amasigarira ya nyuma y’abagize umugwi wa wa mugeni w’abarobanujwe impwemu, akabajana mw’ijuru kubayo. (Yoh. 14:2, 3) Biragaragara rero yuko guhimbaza Imfungurwa zo ku mugoroba z’Umukama uko umwaka utashe bitazobandanya kugirwa ibihe vyose. “Abasigaye” bo mu ruvyaro rw’umugore bakiri kw’isi bazobandanya kwihereza kuri izo mfungurwa, gushika bose baronse agahembo kabo ko mw’ijuru. (Ivyah. 12:17) Iyaba rero abazoba kw’isi ibihe bidahera bari barekuriwe kwihereza ku bimenyetso, vyociye biba ngombwa ko izo mfungurwa z’Icibutso zibandanya, gushika ibihe bidahera.
‘Bazocika abantu banje’
17, 18. Ubuhanuzi buri muri Ezekiyeli 37:26, 27 bwarangutse gute?
17 Yehova yaravuze imbere y’igihe ibijanye n’ubumwe bworanze abasavyi biwe, ati: “Nzosezerana na bo isezerano ry’amahoro, ribabere isezerano ritazoshira. Nzohabegurira ndabagwize, kand’ahēra hanje nzohashinga hagati yabo gushitsa ibihe bidashira. Ihema ryanje na ryo rizoba kumwe na bo; nanje nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje.”—Ezk. 37:26, 27.
18 Abasavyi b’Imana bose barungukira kw’iranguka ry’uwo muhango w’agatangaza, ari wo sezerano ryerekeye amahoro ya gikirisu. Ni vyo, Yehova yarasezeraniye amahoro abasavyi biwe bose bagamburuka. Ivyo impwemu yama biribonekeza muri bo. Aho heranda hiwe havugwa, ahagereranya ugusenga gutyoroye kwa gikirisu, hari hagati muri bo. Barabaye abantu biwe vy’ukuri, kuko bamiriye kure ugusenga ibigirwamana kw’ubwoko bwose hanyuma bagasenga Yehova Imana wenyene.
19, 20. Ni bande bari mu bagize abo Yehova yita ngo “abantu banje,” kandi ni ibiki isezerano rishasha rituma bishoboka?
19 Ese ukuntu bihimbaye kwibonera ingene iyo migwi ibiri yunze ubumwe muri iki gihe cacu! Naho abagize rya sinzi rinini ridasiba kwongerekana badafise icizigiro c’ijuru, barahimbarwa no kuba bifatanya n’abafise ico cizigiro. Barifatanije na Isirayeli y’Imana. Mu kubigenza gutyo, baca baja mu gitigiri c’abo Yehova yita ngo “abantu banje.” Ubu buhanuzi burabarangukirako, ubugira buti: “Kur’uwo musi amahanga menshi azokwifatanya n’Uhoraho, bacike abantu banje; nanje nzogerēra hagati muri wewe.”—Zek. 2:11, ni twe dushimitse; 8:21; soma Yesaya 65:22; Ivyahishuwe 21:3, 4.
20 Yehova yaratumye ivyo vyose bishoboka biciye kuri iryo sezerano rishasha. Amamiliyoni y’abanyamahanga bo mu buryo bw’impwemu barabaye abo mu bagize ihanga ritoneshwa na Yehova. (Mika 4:1-5) Bafise umwiyemezo wo kubandanya kugumya iryo sezerano, mu kwemera intunganyo rishiraho no mu kugamburuka ivyo risaba. (Yes. 56:6, 7) Mu kubigenza gutyo, bari kumwe na Isirayeli y’Imana, barironkera amahoro menshi aramba. Ese nawe woyinovora, ubu no gushika ibihe bidahera!
[Utujambo tw’epfo]
a Muri ubwo buryo nyene, ahanini abarobanujwe impwemu bavugwa ko ari “ishengero.” (Heb. 12:23) Ariko rero, ijambo “ishengero” rirashobora kugira iyindi nsobanuro, rikerekeza ku bakirisu bose, ata kuraba icizigiro bafise ico ari co.—Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza 2007, urupapuro rwa 21-23.
b Yezu ntarimwo muri iryo sezerano ahubwo ni Umuhuza waryo. Kubera yuko ari Umuhuza, biragaragara yuko atihereje ku bimenyetso.
Woba uvyibuka?
• Ni bande bagize ya “miryango cumi n’ibiri ya Isirayeli” izocirwa urubanza na bamwe 144.000?
• Ku bijanye n’isezerano rishasha, ni ubucuti ubuhe buri hagati y’abarobanujwe impwemu be n’abagize izindi ntama?
• Mbega abakirisu bose boba bakwiye kwihereza ku bimenyetso vy’Icibutso?
• Ni ubumwe nyabaki vyavuzwe ko bwobaye muri kino gihe cacu?
[Igicapo/Amafoto ku rup. 25]
(Ushaka igisomwa cose, raba iki kinyamakuru)
Abatari bake ubu bariko barasukura bafatanije na Isirayeli y’Imana
1950 | 373,430
1970 | 1,483,430
1990 | 4,017,213
2009 | 7,313,173