Yezu yoba yashaka kuvuga umuriro udahera?
ABANTU bamwebamwe bemera inyigisho y’umuriro udahera barafatira ku majambo Yezu yavuze dusanga muri Mariko 9:48 (canke Mariko 9:44, 46). Yavuze ivyerekeye inyo zidapfa be n’umuriro utazima. Nka hamwe umuntu yokubaza ibijanye n’ayo majambo, womwishura gute?
Bivanye n’impinduro ya Bibiliya uwo muntu ariko arakoresha, yoshobora gusoma umurongo wa 44, 46, canke uwa 48, kubera ko iyo mirongo ivuga kumwe mu mpinduro zimwezimwe.a Impinduro y’isi nshasha ivuga iti: “Nimba ijisho ryawe rigutsitaza, rite kure; ni vyiza ko winjira mu bwami bw’Imana ufise ijisho rimwe hako utererwa muri Gehena ufise amaso abiri, aho urunyo rwavyo rudapfa n’umuriro ntuzime.”—Mrk. 9:47, 48.
Ukwo biri kwose, hari abavuga yuko ayo majambo ya Yezu ashigikira iciyumviro c’uko iyo abantu bapfuye ari abanyakibi ubuzima bwabo bubandanya kubabazwa ibihe bidashira. Nk’akarorero, hari amajambo ari muri Bibiliya y’igisupanyoli yitwa Sagrada Biblia yo kuri Kaminuza y’i Navarre agira ati: “Umukama wacu akoresha [ayo majambo] ashaka kuvuga imibabaro yo mu muriro udahera. Akenshi ‘urunyo rudapfa’ rusigurwa ko ari ukwicuza kw’ibihe vyose kw’abantu bari mu muriro udahera; ‘umuriro utazima’ ni ukubabazwa kwabo ku mubiri.”
Ariko rero, gereranya ayo majambo ya Yezu n’umurongo wa nyuma wo mu buhanuzi bwa Yesaya.b Ntibigaragara none ko Yezu yariko yerekeza ku canditswe kiri muri Yesaya ikigabane ca 66? Ng’aho biboneka ko uwo muhanuzi avuga abantu basohoka “i Yeruzalemu baja ku mwonga Hinomu wari inyuma ya Yeruzalemu, ahahora hatangirwa abantu kw’ikimazi (Yer 7:31), hakaba hahavuye hacika aho kurunda imicafu.” (The Jerome Biblical Commentary) Imvugo y’ikigereranyo ikoreshwa muri Yesaya 66:24 biragaragara ko itavuga abantu bariko barababazwa, ivuga imivyimba. Inyo zivugwa ko zidapfa si abantu bazima canke ubuzima budapfa. None ayo majambo ya Yezu asobanura iki?
Raba ivyo igitabu ca Gatolika citwa El evangelio de Marcos. Análisis lingüístico y comentario exegético, Imbumbe ya 2, kivuga kuri uwo murongo wo muri Mariko 9:48. Kigira giti: “[Iryo] ryungane rikurwa muri Yesaya (66,24). Ng’aho uwo muhanuzi arerekana uburyo bubiri imivyimba yakunda guherengetezwamwo: kubora no gutongorwa n’ umuriro . . . Kuba ijambo inyo be n’ijambo umuriro akurikiranywa muri uwo murongo, birashimika ku ciyumviro co gusanganguka. . . . Ivyo bintu bibiri bifise ubushobozi bwo gusangangura bivugwa ko vyamaho (‘utazima, zidapfa’): nta buryo na bumwe buhari bwo kubisimba. Muri ukwo kuntu bidondorwa, ibintu bisigara gusa ni urunyo n’umuriro, si umuntu, kandi ivyo vyompi biraherengeteza ibintu vyose biguye mu vyara vyavyo. Ku bw’ivyo, ivyo ntibisigura kubabazwa ibihe vyose, ariko bisigura ugusangangurwa buhere. Kubera ko abasanganguwe gutyo batazozuka, bisobanura urupfu rw’akagirire. [Umuriro] rero, ugereranya uguherengetezwa.”
Umuntu wese azi ko Imana y’ukuri ari urukundo kandi ko itunganye, arashobora kubona ko vyumvikana gutahura amajambo ya Yezu muri ubwo buryo. Ntiyariko aravuga ko inkozi z’ikibi zizobabazwa ibihe vyose. Ahubwo, zirahakwa gusangangurwa buhere, ata cizigiro co kuzuka.
[Utujambo tw’epfo]
a Ibisomwa vya Bibiliya vyandikishijwe iminwe vyo kwizigirwa nka vyose ntibirimwo umurongo wa 44 n’uwa 46. Incabwenge ziremeza yuko bishoboka ko iyo mirongo ibiri yongewemwo mu nyuma. Porofeseri Archibald T. Robertson yandika ati: “Ibisomwa vyandikishijwe iminwe vya kera kuruta ibindi kandi vyiza cane ntibirimwo iyo mirongo ibiri. Yazananye mu bisomwa vyandikishijwe iminwe vyo mu Burengero no muri Siriya (i Byzance). Iyo mirongo nta kindi ikora atari ugusubiramwo umurongo wa 48. Ni co gituma [dukuramwo] umurongo wa 44 n’uwa 46 kuko atari iy’ukuri.”
b “Bazosohoka baje kwitegereza imivyimba y’abangararije; kuko inyo zabo zitazopfa, kandi n’umuriro wabo ntuzime; kandi bazotera abantu bose ishishi.”—Yes. 66:24.