Woba wari ubizi?
Twa duceri tubiri twa wa mupfakazi twari dufise agaciro kangana gute?
Mu kinjana ca mbere G.C., ikori ry’urusengero Umuyuda yatanga buri mwaka ryari “idarakima zibiri”, ayo akaba yari nk’amahera angana n’umushahara w’imisi ibiri. (Matayo 17:24, akajambo k’epfo.) Igihushanye n’ivyo, Yezu yavuze yuko utujuri tubiri twagurwa “igiceri c’agaciro gatoya”, ayo akaba yangana n’amahera umuntu yahembwa akoze iminuta 45. Mu bisanzwe, umuntu yarashobora kuronka utujuri dutanu kuri ayo mahera uyagwije incuro zibiri, ni ukuvuga nk’amahera umuntu yahembwa akoze iminuta 90.—Matayo 10:29; Luka 12:6.
Intererano yo ku rusengero yatanzwe na wa mupfakazi w’umukene Yezu yitegereza, nta ho yari ihuriye n’ayo mahera yagurwa utujuri dutanu. Utwo duceri tubiri yatanze, ari yo maleputoni abiri, ni two twari utungorongoro tw’umuringa dutoya kuruta utundi twose twakoreshwa muri Isirayeli muri ico gihe. Utwo duceri twangana n’ica 64 (1⁄64) gusa c’umushahara w’umusi umwe, ni ukuvuga amahera ari munsi y’ayo umuntu yari guhembwa akoze iminuta 12, dufatiye ku ncahagati y’umushahara wahabwa umuntu yaba yakoze amasaha 12.
Yezu Kristu yarahaye agaciro iyo ngabirano uwo mupfakazi yatanze, avuga yuko yaruta ingabirano z’abantu bose bari batanze vyinshi “ku musesekara wabo”. Uti ni kubera iki? Iyo nkuru ivuga yuko uwo mupfakazi yari afise “uduceri tubiri”, gutyo akaba yari gushobora gutanga agaceri kamwe maze akisigariza akandi. Yamara, yatanze “ivyo yari afise vyose, ivyari bimubeshejeho vyose”.—Mariko 12:41-44; Luka 21:2-4.
Sauli yamenyekanye kw’izina rya Paulo ryari?
Intumwa Paulo yavukiye mu muryango w’Abaheburayo, avuka afise ubwenegihugu bw’Uburoma. (Ibikorwa 22:27, 28; Abafilipi 3:5) Ku bw’ivyo rero, birashoboka ko kuva mu bwana bwiwe yari asanzwe afise izina ryiwe ry’igiheburayo, ari ryo Sauli, be n’iry’ikiroma, ari ryo Paulo. Bamwebamwe mu ncuti za Paulo na bo nyene bari bafise amazina y’ikiroma be n’ay’ikigiriki. (Abaroma 16:7, 21) Ikigeretseko, vyari bimenyerewe ko Abayuda bo muri ico gihe, na canecane mu baba hanze ya Isirayeli, bagira amazina abiri.—Ibikorwa 12:12; 13:1.
Mu myaka irenga cumi inyuma y’aho iyo ntumwa icikiye umukirisu, bisa n’uko yamenyekanye canecane kw’izina ryiwe ry’igiheburayo, ari ryo Sauli. (Ibikorwa 13:1, 2) Ariko rero, igihe yagira urugendo rwiwe rwa mbere rw’ubumisiyonari, nko hagati ya 47 na 48 G.C., ashobora kuba yahisemwo gukoresha izina ryiwe ry’ikiroma, ari ryo Paulo. Yari yashinzwe igikorwa co kwamamaza inkuru nziza ku bantu batari Abayuda, kandi ashobora kuba yabonye ko izina ryiwe ry’ikiroma ari ryo ryorushirije kwemerwa. (Ibikorwa 9:15; 13:9; Abagalatiya 2:7, 8) Ashobora kandi kuba yakoresheje iryo zina Paulo kubera yuko inyaturo y’ikigiriki y’izina ryiwe ry’igiheburayo, ari ryo Sauli, isa cane n’inyaturo y’ijambo ry’ikigiriki ryerekeza ku kintu kibi. Icatumye Paulo ahindura izina yari asanzwe akoresha caba ikihe, yarerekanye ko yari afise umutima ukunze wo ‘gucika vyose ku bantu b’uburyo bwose, kugira ngo uko bishoboka kwose akize bamwe’.—1 Abakorinto 9:22.
[Picture Credit on page 12]
Ileputoni, ryerekanywe nk’uko ryari risanzwe ringana