ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/3 rup. 13-16
  • Urashobora guhimbarwa naho ibintu bivuna umutima bitabuze

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urashobora guhimbarwa naho ibintu bivuna umutima bitabuze
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ibintu bivuna umutima
  • Niwibande ku gutora umuti
  • Nubone mu buryo bubereye ibijanye no kuvunika umutima
  • Niwitegurire ibintu bivuna umutima
  • Woba ushavuriye Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Tugumane umunezero mu bihe bigoye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ugukekeranya urashobora kugutsinda
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Nta gishobora «kudutandukanya n’urukundo rw’Imana»
    Niwiyegereze Yehova
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/3 rup. 13-16

Urashobora guhimbarwa naho ibintu bivuna umutima bitabuze

NI NDE atarigera ashikirwa no kuvunika umutima? Erega, n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru Yehova Imana yarigeze kugira umubabaro wavuye ku kuba ibintu bitagenze nk’uko yari avyiteze. Nk’akarorero, yararokoye Abisirayeli abakura mu buja barimwo mu Misiri yongera arabahezagira cane. Ariko rero, ku bijanye n’Abisirayeli, Bibiliya igira iti: ‘Barihindukiranya, baragerageza Imana, bararatsa Iyera y’Abisirayeli’. (Zaburi 78:41) Naho ari ukwo, Yehova yamye nantaryo ari “Imana ihimbawe”.​—1 Timoteyo 1:11.

Mu vy’ukuri, hariho ibintu vyinshi bituma abantu bavunika umutima. None twokwirinda gute kugira ngo ivyo bintu ntibitume dutakaza uguhimbarwa kwacu? Twokwigira iki ku kuntu Yehova Imana yavyifashemwo mu bintu bitera umubabaro?

Ibintu bivuna umutima

Ijambo ry’Imana rivuga ko “ibihe n’ibiza” bipfa kutuzako twese. (Umusiguzi 9:11) Ikintu ico ari co cose gishika tutari tuciteze, ukugirirwa nabi ukwo ari kwo kwose, isanganya iryo ari ryo ryose canke indwara iyo ari yo yose, birashobora gutuma tugira umubabaro ukomeye, maze tukavunika umutima. Bibiliya ivuga kandi iti: “Ivyizigiwe bigateba, bivuna umutima”. (Imigani 13:12) Kwitegana umushasharo ikintu ciza biratuma tugira umunezero mwinshi, mugabo igihe ico kintu kidaciye kiranguka turashobora kwiyumvamwo ko ducitse intege. Nk’akarorero, uwitwa Duncana, uno akaba yari yarashize cane umutima wiwe ku kuba umumisiyonari, yasanze we be n’umukenyezi wiwe babwirizwa gusubira i muhira iwabo inyuma y’imyaka myinshi bari bamaze mu murimo w’ubumisiyonari. Yavuze ati: “Ari bwo bwa mbere mu buzima bwanje, nariyumvisemwo ko ntagira intumbero. Nta migambi nari ngifise. Nta kintu na kimwe nari nkibona ko gihambaye”. Umubabaro tugira kubera ukuvunika umutima urashobora kumara igihe kinini, nk’uko vyashikiye uwitwa Claire. Asigura ati: “Umwana wanje yavutse apfuye hari haheze amezi indwi ndamwibungenze. Naho haciye imyaka myinshi ivyo bibaye, n’ubu iyo mbonye umwana w’umuhungu ariko arashikiriza ikiganiro ku mukiruruko, nca niyumvira nti: ‘Kurya ni ko ubu umwana wanje aba angana’”.

Birashobora kandi kuba ibibabaza cane iyo hagize umuntu aguhemukira, nk’igihe ivyo kureshanya bihagaze, umubano usenyutse, umwana agararije, umugenzi aguhemukiye canke ntagaragaze ugukenguruka. Narirya tuba mu bantu badatunganye kandi tukaba tubayeho mu bihe bigoye, usanga ibintu bishora gutuma tuvunika umutima ari umuyoro.

Igihe ubwacu tunaniwe gukora ibintu binaka, na vyo nyene birashobora gutuma tuvunika umutima. Nk’akarorero, igihe tuyobewe ikibazo kw’ishure, igihe tubuze akazi, canke igihe dukunze uwutadukunda, twoshobora kwumva ko umenga nta co tumaze. Turashobora kandi kwumva tuvunitse umutima igihe uwo twakunda ahororokewe mu vy’impwemu. Uwitwa Mary avuga ati: “Umukobwa wanje yasa n’uwuhagaze neza mu vy’impwemu. Nabona yuko nari naramuhaye akarorero keza yokurikiza. Ariko rero igihe yatera akagere Yehova Imana be n’ingingo twisunga mu muryango, naciye numva umenga nta kintu na kimwe nashitseko. N’ibintu vyose nari narigeze gushikako mu yindi mice y’ubuzima, nta na kimwe cashobora kugabanya umubabaro nari mfise. Nari nacitse inkokora cane”.

None twoshobora gute kwihanganira mwene ivyo bintu bivuna umutima? Kugira ngo turonke inyishu, reka turimbure akarorero Yehova atanga mu kuntu yihanganira ibintu bibabaza.

Niwibande ku gutora umuti

Yehova Imana yararonkeje wa mugabo n’umugore ba mbere ivyo bari bakeneye vyose abigiranye urukundo, ariko rero abo bantu ntibagaragaje ugukenguruka kandi baramugararije. (Itanguriro, ikigabane ca 2 n’ica 3) Mu nyuma, umuhungu wabo Kayini yaratanguye gutsimbataza agatima kabi. Kayini yarirengagije imburi Yehova yamuhaye maze arengera kuri murumunawe aramugandagura. (Itanguriro 4:1-8) Woba ushobora kwiha ishusho y’ukuntu Yehova yumvise ababaye?

Ni kubera iki none uwo mubabaro utatumye Imana itaba igihimbawe? Ni kubera yuko yari ifise umugambi wo kwuzuza isi abantu batunganye kandi ikaba yabandanije ikora kugira ngo iwushitse. (Yohani 5:17) Kugira ngo uwo mugambi uranguke, yaratunganije ivyo gutanga inkuka y’incungu be n’ivy’ugushinga Ubwami bwayo. (Matayo 6:9, 10; Abaroma 5:18, 19) Yehova Imana ntiyibanze kuri iyo ngorane, ahubwo yibanze ku kuyitorera umuti.

Ijambo ry’Imana rituremesha kwibanda ku bintu vyiza aho kwibanda ku biba bitagenze nk’uko twabishaka canke ku vyo twari gushobora gukora. Rivuga riti: “Ivy’ukuri vyose, ibihambaye vyose, ibigororotse vyose, ibitanduye vyose, ivyokundwa vyose, ibivugwa neza vyose, nimba hari ingeso nziza zose be n’ikibereye gushimagizwa cose, bibe ari vyo mubandanya kwiyumvira”.​—Abafilipi 4:8.

Nubone mu buryo bubereye ibijanye no kuvunika umutima

Hariho ibintu bishobora kudushikira bigatuma haba amahinduka akomeye mu buzima bwacu. Nk’akarorero, vyoshika bukwi na bukwi tugatakaza akazi, tukabura uwo twubakanye, canke tugatakaza uduteka twahora dufise. Twoshobora kurwara, tugatakaza uburaro, canke tugatakaza abagenzi. None twokwihanganira gute mwene ayo mahinduka?

Hariho abasanze gushinga ivyoja imbere y’ibindi bifasha cane muri ivyo. Duncan, umwe twavuga, agira ati: “Igihe jewe n’umukenyezi wanje twatahura yuko bitobaye bigishoboka ko dusubira mu gikorwa c’ubumisiyonari, twaravunitse umutima bimwe bikomeye. Twahavuye dushinga ibintu bibiri twoshira imbere y’ibindi, ivyo na vyo bikaba ari ukwitwararika mawe no kubandanya umurimo w’igihe cose uko bishoboka kwose. Igihe tuba duhanganye no gufata ingingo, turarimbura ukuntu izo ngingo zizogira ico zikoze kuri ivyo bintu bibiri. Ivyo biratuma ibintu vyose biba ibisanzwe”.

Usanga abenshi muri twebwe dufise impengamiro yo gushimikira ku bintu bibi igihe tuba dushikiwe n’ukuvunika umutima. Nk’akarorero, utwigoro tugira kugira ngo turere umwana, dukwize ibisabwa vyo kuronka akazi, canke twamamaze inkuru nziza mu karere kavugwamwo ururimi runyamahanga, twoshobora kutavamwo ivyo twari twipfuza. Hari aho twoca twibwira duti: ‘Emwe, nta co maze!’. Ariko rero, nka kurya vya bintu bibabaje vyashika mu ntango z’ukubaho kw’abantu biterekanye ko Yehova yananiwe, na twebwe nyene ntitwovuga yuko ata co tumaze ngo ni kubera gusa ko utwigoro twacu mu ntango ata co tuba twavuyemwo.​—Gusubira mu vyagezwe 32:4, 5.

Usanga vyoroshe cane ko dutwarwa n’ishavu igihe haba hari abantu baduhemukiye. Yehova we ntavyifatamwo muri ubwo buryo. Umwami Dawidi yaramuhemukiye igihe yarenga ibigo n’umugore umwe, mu nyuma na ho akicisha umugabo w’uwo mugore. Naho ari ukwo, Yehova yarabonye ukwigaya kwa Dawidi kuvuye ku mutima maze arabandanya kumukoresha nk’umusavyi wiwe. Nk’ukwo kwa Dawidi, Umwami Yehoshafati w’intahemuka yarakoze ikosa igihe yagiranira amasezerano n’abansi b’Imana. Umuhanuzi wa Yehova yavuze ati: “Kubg’ivyo wikwegeye uburake bg’Uhoraho. Mugabo harih’ivyiza bimwe bikubonekako”. (2 Ngoma 19:2, 3) Yehova yaratahura ko ikosa rimwe ritatumye Yehoshafati aca aba umuhemu. Muri ubwo buryo nyene, turashobora kwirinda gutakaza abagenzi igihe tudaca dutwarwa n’ishavu iyo bakoze ikosa. Abagenzi baba baduhemukiye boshobora kuba bagifise kamere nziza.​—Abakolosayi 3:13.

Gushikirwa n’ibintu bivuna umutima birashobora kubonwa ko ari ikintu kibwirizwa gushikira umuntu kugira ngo amaherezo ashobore kwererwa. Igihe bishitse tugakora igicumuro, twoshobora kwumva tuvunitse umutima. Naho ari ukwo, turashobora gusubirana mu gihe twofata ingingo zibereye kandi ntabanduka maze tugatera intambwe. Igihe Umwami Dawidi yari ababajwe cane n’uko yari yakoze ibitabereye, yanditse ati: “Amagufa yanje atewe gusāza n’ukuniha kwanje umusi ukīra. . . . Nakwemereye icaha canje [Yehova], . . . nawe umparira ukugabitanya kw’icaha canje”. (Zaburi 32:3-5) Mu gihe dutahuye ko twananiwe gukora ivyo Imana yari itwitezeko, turakwiye gusaba Imana ngo itugirire ikigongwe maze tugahindura ingendo yacu tukongera tukagira umwiyemezo w’uko mu gihe kiri imbere tuzorushiriza gukurikiza twitonze impanuro Imana iduha.​—1 Yohani 2:1, 2.

Niwitegurire ibintu bivuna umutima

Nta gukeka yuko muri kazoza twese tuzohangana n’ibintu bimwebimwe bivuna umutima. None ni igiki twokora kugira ngo tuvyitegurire? Uwitwa Bruno, uno akaba ari umukirisu yitereye mu myaka yashikiwe n’ukuvunika umutima kwatumye ubuzima bwiwe buhinduka, yaravuze amajambo ashimishije. Yavuze ati: “Ku binyerekeye, ikintu gihambaye cane nagize kugira ngo nihanganire ukuvunika umutima, kwari ukubandanya nkora ibintu nari nsanzwe nkora imbere y’aho, kugira ngo nikomeze mu vy’impwemu. Nari naratahuye igituma Imana ireka ivy’iy’isi mbi bikabandanya. Nari naramaze imyaka n’iyindi ntsimbataza ubucuti somambike na Yehova. Narakenguruka cane kubona nari narabigize. Uguhumurizwa no kumenya ko Imana yari kumwe nanje vyaramfashije kwihanganira umubabaro ukomeye nari mfise”.

Igihe twiyumvira ibijanye na kazoza, turashobora gushira amazinda kuri iki kintu: Naho twogira umubabaro bivuye kuri twebwe ubwacu canke abandi bagashobora kuduhemukira, Imana yo ntizokwigera iduhemukira. Kukaba nkako, Imana yavuze yuko izina ryayo, ari ryo Yehova, risobanura ngo “Nzoba ico nzoba”. (Kuvayo 3:14, NW) Ivyo biradukura amazinda yuko izoba ikintu cose gikenewe kugira ngo irangure imihango yatanze. Yarasezeranye ko biciye ku Bwami bwayo, ivyo igomba bizoba “kw’isi nko mw’ijuru”. Ni co gituma intumwa Paulo yanditse ati: “Na[ra]jijutse yuko rwaba urupfu, canke ubuzima, canke abamarayika, canke intwaro . . . canke ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristu Yezu Umukama wacu”.​—Matayo 6:10; Abaroma 8:38, 39.

Turashobora kwitegana umutima mu nda iranguka ry’umuhango Imana yatanze biciye ku muhanuzi Yesaya, uwo na wo ukaba ugira uti: “Rāba, ndarema ijuru risha n’isi nsha; ivya mbere ntibizokwibukwa, kandi ntibizoruha vyiyumvirwa”. (Yesaya 65:17) Ese ukuntu ico ari icizigiro ciza igitangaza kumenya ko igihe cegereje, aho ibintu vyose twibuka ku bijanye n’ivyatuvunye umutima bizosigara ari umugani!

[Akajambo k’epfo]

a Bamwebamwe si ko bitwa.

[Iciyumviro ku rup. 13]

Ntitwovuga yuko ata co tumaze ngo ni kubera gusa ko utwigoro twacu mu ntango ata co tuba twavuyemwo

[Iciyumviro ku rup. 14]

Ijambo ry’Imana rituremesha kwibanda ku bintu vyiza aho kwibanda ku biba bitagenze nk’uko twabishaka

[Amafoto ku rup. 15]

Imana irahimbawe naho abantu badakora ibintu nk’uko yabigomba, kuko umugambi wayo uzoranguka ata kabuza

[Ifoto ku rup. 16]

Gushinga ibintu vy’impwemu bija imbere y’ibindi birafasha kwihanganira ibintu bivuna umutima

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika