ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/3 rup. 11
  • Agateka k’abakorewe ubukazi kaburanirwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Agateka k’abakorewe ubukazi kaburanirwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Twararutsinze muri Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Turwanira umwidegemvyo wo gusenga
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Abamamaji b’Ubwami bitura amasentare
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Dutahukana intsinzi mu mburano zamaze igihe kirekire!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/3 rup. 11

Agateka k’abakorewe ubukazi kaburanirwa

KW’IGENEKEREZO rya 3 Rusama 2007, igihe Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu iri i Strasbourg mu Bufaransa yasasa, abari bayigize bose ata n’umwe avuyemwo, barafashe ingingo yatumye Ivyabona vya Yehova bo muri Repubulika ya Jeworojiya batsinda urubanza. Iyo Sentare yasanze Ivyabona bo muri ico gihugu barafashwe bunyamaswa be n’uko uburenganzira bwabo bwo kugira umwidegemvyo mu vy’idini bwarahonyanzwe. Iyo Sentare yarakariye kandi Leta yahoze itwara Jeworojiya kubera yuko ata co yakoze kugira ngo irengutse mu butungane abakoze ivyo bitero vy’ubunyamaswa. None ni igiki catumye iyo Sentare ifata iyo ngingo?

Ku wa 17 Gitugutu 1999, abantu bashika 120 bo mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ry’ahitwa i Gldani, ku murwa mukuru wa Jeworojiya, ari wo Tbilisi, bari bakoraniye hamwe mu mutekano kugira ngo basenge. Bukwi na bukwi, umugwi munini w’abantu bari barongowe n’uwitwa Vasili Mkalavishvili, uno akaba yari umupatiri wo mw’idini rya Orotodogisi yakuwe muri ayo mabanga, warinjiye ku nguvu muri ico kibanza bari bakoraniyemwo. Abo bantu bari bitwaje ibibando be n’imisaraba y’ivyuma, barakubise bunyamaswa abari muri iryo koraniro, barakomeretsa bamwe muri bo, mbere abatari bake barakomereka cane. Hari umukenyezi ijisho ryiwe ryononekaye ubutakivayo kubera ugukubitwa. Abantu n’imiburiburi 16 vyabaye ngombwa ko bajanwa kwa muganga. Igihe Ivyabona bamwe baja gutabaza ku biro vy’abapolisi, barabonanye n’umukuru w’abapolisi, uno akaba yaciye ababwira ko iyo aza kuba ari we yari kuba yabakubise kuruta. Umwe mu bari mu mugwi w’abo bantu yarafashe amasanamu y’ivyagizwe muri ico gitero, maze mu nyuma arerekanwa ku mateleviziyo y’ico gihugu, ivyo bikaba vyarerekanye neza abagize ico gitero abo ari boa.

Ivyo Vyabona bagiriwe ico gitero baritwaye, mugabo abo babateye nta ngingo n’imwe bafatiwe. Umupolisi ajejwe kugira amatohoza yashinzwe kwitwararika ivy’ico kibazo yavuze yuko yari umuyoboke w’idini rya Orotodogisi, ngo akaba ari co gituma atari kubura kugira aho ahengamiye. Kuba abategetsi ata co bakoze vyatumye intagondwa zo mu madini zigira ibindi bitero mwene ivyo birenga ijana.

Ku bw’ivyo, ku wa 29 Ruheshi 2001, Ivyabona vya Yehova baritwaye muri Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntub. Iyo Sentare yasomye urwo rubanza ku wa 3 Rusama 2007, muri urwo rubanza ikaba yaradondoye mu buryo butomoye ukuntu ico gitero cagenze yongera iriyamiriza ukuba abategetsi bo muri Jeworojiya ata co bakoze. Iyo Sentare yavuze iti: “Abategetsi . . . bari bafise ibanga ryo guca basuzuma ayo makuru” yerekeye ico gitero kugira ngo bamenye nimba ari ay’ukuri. Mu ngingo iyo Sentare yafashe, yavuze iti: “Kuba abategetsi bararekeranye mwene ivyo bikorwa, nta kindi bishikanako uretse ugutuma abantu bataba bacizigira ubutungane be n’ivyo Leta igira kugira ngo igume yubahiriza amategeko”.

Iyo Sentare yasozereye igira iti: “Kubera ko ico gitero cagiriwe abitwaye cabaye ku wa 17 Gitugutu 1999 ari co cabaye igitero ca mbere gikomeye cagiriwe Ivyabona vya Yehova, ugufata ibintu minenegwe kw’abategetsi kwatumye ibikorwa vy’ubukazi mu vy’idini vy’uwo mugwi nyene wateye, bikwiragira mu gihugu cose ca Jeworojiya”.

Gutyo rero, agateka k’abagiriwe ubukazi karaburaniwe, kandi Leta ya Jeworojiya yarategetswe guha indishi y’akababaro abagize ishengero rya Gldani no kubariha amahera asabwa n’ubutungane. Naho Ivyabona vya Yehova bo muri Jeworojiya bahimbawe no kubona ubukazi be n’ubunyamaswa bagirirwa vyaragabanutse cane, barafise kandi akanyamuneza ko kubona ingingo iyo Sentare yafashe yemeza uburenganzira bafise bwo gukoranira hamwe mu mutekano kugira ngo basenge. Ku bw’ivyo, barakengurukira vy’ukuri Umuvyeyi wabo wo mw’Ijuru Yehova Imana, uwagumye abayobora yongera abakingira muri ivyo bintu vyose.​—Zaburi 23:4.

[Utujambo tw’epfo]

a Nimba wipfuza kumenya ayandi makuru y’ido n’ido, nurabe Réveillez-vous! yo ku wa 22 Nzero 2002, urupapuro rwa 18-24, yasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

b Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu ni urwego rukukira Inama mpanuzwajambo y’Abanyaburaya, ikaba ihana ivyaha birenga ku masezerano y’Abanyaburaya yo gukingira agateka ka zina muntu be n’umwidegemvyo wiwe nyamukuru. Igihugu ca Jeworojiya cashize umukono kuri ayo masezerano ku wa 20 Rusama 1999, gutyo kiba ciyemeje gukurikiza ingingo ziri muri ayo masezerano.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika