Yehova arakiza uwuri mu mubabaro
“Amarusha y’umugororotsi ni menshi, arik’Uhoraho ayamukiza yose”.—ZABURI 34:19.
1, 2. Ni ingorane iyihe umukirisu umwe w’intahemuka yagize, kandi ni kubera iki na twebwe nyene ingorane nk’iyo ishobora kudushikira?
UMUKOBWA umwe yitwa Keikoa aramaze imyaka irenga 20 ari Icabona ca Yehova. Yarigeze kuba ari umutsimvyi asanzwe, ni ukuvuga umwamamaji w’Ubwami w’igihe cose. Yarafatana uburemere ako gateka. Ariko rero, mu misi mikeyi iheze vyarashitse Keiko arumva yishwe n’umwiheburo be n’irungu. Avuga ati: “Nta kindi nakora atari ukurira”. Kugira ngo Keiko yikuremwo ivyiyumviro bica intege, umwanya munini yagiye arawumara ariko ariyigisha. Avuga ati: “No muri ico gihe nyene, sinashoboye kwikuramwo ivyo vyiyumviro. Vyarankomeranye gushika n’aho nipfuza gupfa nkavaho”.
2 Vyoba bimaze kugushikira ukagira ingorane nk’iyo y’ukwumva wihebuye? Kubera ko uri Icabona ca Yehova, uri n’imvo nyinshi zo kunezerwa kuko kwubaha Imana “kuzana isezerano ry’ubu[zima] bga none n’ubuzoza” (1 Timoteyo 4:8). Ubu wibera mw’iparadizo yo mu buryo bw’ivy’impwemu! Ariko none, ivyo vyoba bisobanura yuko ukingiwe imibabaro yose? Habe namba! Bibiliya ivuga iti: “Amarushwa y’umugororotsi ni menshi” (Zaburi 34:19). Ivyo ntibitangaje narirya “isi yose iri muri wa Mubi” ari we Shetani wa Mucokoranyi (1 Yohana 5:19). Umwe wese muri twebwe arashikirwa mu buryo bunaka n’ingaruka ziva ku kuba Shetani ari we aganza isi.—Abanyefeso 6:12.
Inkurikizi ziterwa n’umubabaro
3. Ni abasavyi b’Imana bamwebamwe abahe bavugwa muri Bibiliya vyashitse baragira umubabaro ukomeye?
3 Umubabaro umara igihe kirekire urashobora gutuma twihebura (Imigani 15:15). Zirikana ku vyashikiye wa mugabo w’umugororotsi Yobu. Igihe yari mu kigeragezo gikomeye, yavuze ati: “Umuntu yavyawe n’umugore amara imisi mike kand’adundubiwe n’amagorwa” (Yobu 14:1). Umunezero wa Yobu wari waraheze. Vyarashitse mbere ariyumvira yuko Yehova yamukuyeko amaboko (Yobu 29:1-5). Yobu si we musavyi w’Imana wenyene yigeze kugira umubabaro ukomeye. Bibiliya itubwira yuko Hana yari “afise intuntu” kubera ko ata kana yagira (1 Samweli 1:9-11). Rebeka, bitumwe n’uko yari atuntujwe cane n’ikintu kimwe co mu muryango kitagenda neza, yavuze ati: “Numva ndundumiwe . . . , nopfuma mpfa!” (Itanguriro 27:46). Igihe Dawidi yazirikana ku makosa yakoze, yavuze ati: “Ngenda ngandaye umusi ukīra” (Zaburi 38:6). Ubwo burorero bukeyi burerekana neza ko hari abagabo n’abagore batinya Imana babayeho imbere y’uko ubukirisu butangura vyashika bakagira umubabaro ukomeye.
4. Ni kubera iki bidatangaje kuba bishika abakirisu bamwebamwe bakagira intuntu muri iki gihe?
4 Bite ho ku bakirisu? Intumwa Paulo yarabonye yuko bikenewe ko abwira Abanyatesalonike ‘kuremesha abarandutse imitima’, ni ukuvuga abantu bafise intuntu (1 Ab’i Tesalonike 5:14). Igitabu kimwe kivuga yuko ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “abarandutse imitima” rishobora kwerekeza ku bantu “bamara igihe kinaka barengewe n’amaganya yo mu buzima”. Ayo majambo ya Paulo yerekana ko abakirisu basizwe bamwebamwe bo muri iryo shengero ry’i Tesalonike bari bavunitse umutima. No muri iki gihe, hariho abakirisu usanga bafise intuntu. Ariko none ni kubera iki bishika abakirisu bakihebura? Reka turimbure impamvu zitatu zikunda kubitera.
Kuba turi abanyavyaha birashobora gutuma tubabara cane
5, 6. Mu Baroma 7:22-25 haduhumuriza gute?
5 Abakirisu b’ukuri ntibameze nk’abantu bononekaye “babāye ibiti”; bobo barababazwa n’ukuba ari abanyavyaha (Abanyefeso 4:19). Boshobora kwumva bamerewe nk’uko Paulo yumvise amerewe, we yanditse ati: “Nnezererwa ivyagezwe n’Imana mu mutima wanje, ariko mbona ikindi kingera kiri mu mubiri wanje kirwanya ikingera co mu mutima wanje, kikamfatira mpiri kuganzwa n’ikingera kiri mu mubiri wanje, ikingera c’icaha”. Yaciye avuga ati: “Ewe jewe ndagowe!”.—Abaroma 7:22-24.
6 Woba urigera wumva umerewe nk’ukwo kwa Paulo? Nta kibi kiri mu kuba uzi utunenge ufise kubera yuko ivyo bishobora kugufasha kubona ko gukora icaha ari ikintu gikomeye, kandi bigashobora gukomeza umwiyemezo ufise wo kwirinda gukora ikibi. Mugabo si ngombwa ngo uce uguma utuntujwe n’udukosa wakoze. Paulo ahejeje kuvuga ayo majambo yerekana umubabaro ukomeye yari afise, yongeyeko ati: “Imana ishimwe, kubga Yesu Kristo Umwami wacu” (Abaroma 7:25). Mu vy’ukuri, Paulo yarizigira adakeka ko amaraso yasesetse ya Yezu ashobora kumucungura akamukiza icaha yarazwe.—Abaroma 5:18.
7. Ni igiki gishobora gufasha umuntu kutababazwa cane n’impengamiro afise zo gukora icaha?
7 Bishitse ukumva ubabajwe cane n’ukuba uri umunyavyaha, nuhumurizwe n’aya majambo intumwa Yohani yanditse agira ati: “Ni hagira umuntu akora icaha, dufise Umwitsa kuri Data wa twese, ni Yesu Kristo umugororotsi, kand’uwo ni we mpongano y’ivyaha vyacu, mugabo s’iy’ivyacu twenyene, ariko n’iy’ivy’abari mw isi bose” (1 Yohana 2:1, 2). Bishitse ukumva ubabajwe cane n’impengamiro ufise zo gukora icaha, uraguma wibuka yuko Yezu yapfiriye abanyavyaha, atapfiriye abantu batunganye. Kukaba nkako, “bose bākoze ivyaha, ntibashikīra ubgiza bg’Imana”.—Abaroma 3:23, ni twe dushimitse.
8, 9. Ni kubera iki dukwiye kwamirira kure ivyiyumviro vyo kwiyagiriza twicira rubi?
8 Ariko rero, dufate ko vyoba vyarashitse urakora icaha gikomeye. Nta nkeka ko ico caha wakibwiye Yehova mw’isengesho, kumbure ukimubwira akatari gake. Abakurambere bakirisu baragufashije mu buryo bw’impwemu (Yakobo 5:14, 15). Warigaye vy’ukuri maze uraguma mu bagize ishengero. Canke vyoba vyarashitse urava mw’ishirahamwe ry’Imana mu kiringo kinaka, mugabo mu nyuma urikubita agashi urigaya, hanyuma urasubira kugira impagararo nziza. Niba warashikiwe na kimwe muri ivyo, vyoshobora gushika ukibuka ico caha wakoze kandi kikakubabaza cane. Biramutse bishitse, niwibuke yuko Yehova aharira “rwose” abigaye vy’ukuri (Yesaya 55:7, NW). Ikigeretseko, ntiyipfuza yuko uguma wiyagiriza wibwira yuko ata co ucera. Hamwe wokwiyagiriza gutyo, emwe, kuri Shetani yoba ari amata avyaye amavuta (2 Ab’i Korinto 2:7, 10, 11). Shetani azorandurwa kubera ko urwo ari rwo rubanza akwiriye, mugabo ashaka yuko na wewe ubona ko ari vyo ukwiriye (Ivyahishuriwe 20:10). Ntiwigere ureka ngo Shetani yererwe muri urwo ruyeri agira rwo gusenyura ukwizera kwawe (Abanyefeso 6:11). Ahubwo riho, ‘numurwanye’ muri ivyo, nk’uko mbere usanzwe ubigira no mu bindi.—1 Petero 5:9.
9 Mu Vyahishuriwe 12:10, Shetani yitwa “Umurezi wa bene Data”, bano bakaba ari abakirisu basizwe. “Abarega ku murango no mw ijoro” imbere y’Imana. Kuzirikana kuri ico canditswe vyoshobora kugufasha kubona yuko Shetani, wa mureganyi yagiriza abandi ibinyoma, yotamba agatarika bishitse ukiyagiriza hanyuma ukicira rubi, kandi Yehova we ata co akwagiriza (1 Yohana 3:19-22). Ni kubera iki none wobandanya gutuntuzwa n’amakosa ukora gushika n’aho wumva wotana n’akabando? Ntureke ngo Shetani yonone ubucuti ufitaniye n’Imana. Ntiwigere ureka ngo Shetani aguhume amaso maze ntube ukibona ko Yehova ‘yuzuye imbabazi n’ubuntu, ateba kuraka kandi agira ikigongwe cinshi’.—Kuvayo 34:6.
Kuba hari ivyo tudashoboye birashobora kuduca intege
10. Kuba hari ivyo tutagishoboye bishobora gute kuduca intege?
10 Hariho abakirisu bishika bagacika intege bitumwe n’uko hari ibintu batagishoboye bigira ico bikoze ku murimo barangurira Imana. Ivyo vyoba ari ko biri kuri wewe? Kumbure indwara ikomeye, ukuba witereye mu myaka canke ibindi bintu, biratuma utakimara umwanya munini mu busuku nk’uko wahora ubigenza. Ego ni ko, abakirisu baremeshwa kwicungurira umwanya wo gukorera Imana (Abanyefeso 5:15, 16). Mugabo, vyogenda gute nka hamwe hoba hari ibintu vyumvikana bituma utarushiriza kurangura vyinshi mu busuku, maze bigatuma ucika intege?
11. Impanuro ya Paulo dusanga mu B’i Galatiya 6:4 ishobora gute kutugirira akamaro?
11 Bibiliya iduhimiriza yuko dukwiye kutaba ibinebwe, ahubwo yuko dukwiye ‘kwigana abaheshwa n’ukwizera n’ukwihangana kuragwa ivyasezeranywe’ (Abaheburayo 6:12). Ivyo dushobora kubigira igihe gusa dusuzuma uburorero bwabo bwiza hanyuma tukagerageza kwigana ukwizera kwabo. Ariko rero, nta co vyotumarira igihe twokwigereranya n’abandi twikengera, maze tukabona ko ata kintu na kimwe gishimishije dukora. Ni co gituma vyoba vyiza dukurikije iyi mpanuro ya Paulo igira iti: “Umuntu wese asuzume igikorwa ciwe, ni ho azobona ico yirata ku mutumba wiwe bgite, atari [“mu kwigereranya na”, NW] mugenzi we”.—Ab’i Galatiya 6:4.
12. Ni kubera iki dushobora kwiratira umurimo turangurira Yehova?
12 Abakirisu barafise imvo yumvikana yo kwiratira umurimo barangurira Yehova, n’igihe nyene amagara atoba akibakundira kurangura vyinshi. Bibiliya idusubiriza umutima mu nda iti: “Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo” (Abaheburayo 6:10). Hari aho ibintu udashobora gutorera umuti vyoba vyaratumye utagishobora kuguma urangura vyinshi nk’uko wahora. Ariko rero, ufashijwe na Yehova, woshobora kurushiriza kugira uruhara mu mice minaka y’ubusuku bwa gikirisu, nko kwamamaza ukoresheje telefone canke biciye mu kwandika amakete. Urashobora guhera amazinda ko Yehova Imana azoguhezagira kubera yuko umukorera n’umutima wawe wose be n’uko umukunda ukongera ugakunda abantu nkawe.—Matayo 22:36-40.
“Ibihe bigoye” birashobora gutuma twumva tunanijwe
13, 14. (a) Ni mu buryo butandukanye ubuhe ibi “bihe bigoye” tubayemwo bidutera umubabaro? (b) Ni igiki cerekana ko muri iki gihe abantu batagikunda ababo?
13 Naho twiteganye umushasharo kuzoba mw’isi nshasha igororotse y’Imana, ubu tubayeho mu “bihe bigoye” (2 Timoteyo 3:1). Turahumurizwa no kumenya yuko ibintu bitera umubabaro biba, vyerekana ko ubukiriro bwacu buri hafi. Yamara, ukuntu ibintu tubayemwo bimeze biragira ico bikoze kuri twebwe. Nk’akarorero, tuvuge iki mu gihe woba ata kazi ufise? Ubuzi bushobora kuba bukenye, hanyuma uko amezi agenda ararengana, ugashobora kwibaza nimba Yehova abona ayo ugowe canke nimba yumva amasengesho umutura. Canke ushobora kuba warakumiriwe kibure wararenganijwe mu bundi buryo. Mbere no gusoma ibinyamakuru canke kwumviriza amakuru birashobora gutuma wumva umerewe nk’uko wa mugabo w’umugororotsi Loti yumvise amerewe, we “yababazwa cane” canke, nk’uko Bibiliya imwe (Young’s Literal Translation of the Holy Bible) ibivuga, ‘yananizwa’ n’ingeso z’isoni nke z’abari bamukikuje.—2 Petero 2:7.
14 Hariho ikintu kimwe kidasanzwe kiranga iyi misi y’iherezo tutokwirengagiza. Bibiliya yari yaravuze yuko benshi bobaye “badakunda n’ababo” (2 Timoteyo 3:3). Mu ngo nyinshi usanga urukundo rurangwa igishika ari umuzi w’ibuye. Kukaba nkako, igitabu Ubukazi bubera mu miryango (mu congereza) kivuga yuko “ibimenyamenya vyerekana ko bishoboka cane yuko umuntu yicwa n’abo mu muryango, canke bakamugirira nabi ku mubiri, canke bakamurya umutima, kibure bakamukorera amabi mu vy’igitsina, kuruta uko bishobora gushika akabigirirwa n’uwundi muntu atari uwo mu muryango”. Ico gitabu congerako giti: “Aho abantu bari bakwiye kwumva ko bakundwa be n’uko batekaniwe, ni ho abakuze bamwebamwe be n’abana bamwebamwe basigaye babona ko hateye akaga kuruta ahandi hose”. Ababaye mu miryango aho ibintu bimaze igihe vyifashe nabi, mu nyuma vyoshobora gushika bakaza baragira amaganya bakongera bakihebura. Wokora iki none mu gihe woba umerewe gutyo?
15. Urukundo Yehova adukunda ruruta gute urwo umuntu uwo ari we wese yoba adukunda?
15 Umwanditsi wa Zaburi Dawidi yaririmvye ati: “N’iyo data na mama bonta, Uhoraho azonyitorera” (Zaburi 27:10). Ese ukuntu bihumuriza kumenya yuko Yehova adukunda kuruta uko umuvyeyi uwo ari we wese yokunda umwana wiwe! Naho vyokubabaza gute umuvyeyi agutaye, akagufata nabi canke akaguheba, ivyo nta co bihindura ku kuntu Yehova akwitwararika cane (Abaroma 8:38, 39). Niwibuke yuko Imana ikwegera abo ikunda (Yohana 3:16; 6:44). Uko abantu boba baragufashe kwose, Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru aragukunda!
Ibintu ushobora gukora kugira ngo ureke kwihebura
16, 17. Mu gihe umuntu yihebuye, ni ibiki ashobora gukora kugira ngo agume akomeye mu vy’impwemu?
16 Hariho ibintu ngirakamaro ushobora gukora kugira ngo nturengerwe n’umwiheburo. Nk’akarorero, niwame ukurikiza porogarama iremesha y’imirimo ya gikirisu. Nuzirikane kw’Ijambo ry’Imana, na canecane igihe wumva umengo urarengewe n’umwiheburo. Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Nkivuga, nt’Ikirenge canje kiranyereye; imbabazi zawe, Uhoraho, zarandamiye. Iyo [“ivyiyumviro bidurumbanya”, NW] [bi]baye isinzi muri jewe ivyo umpumuriza binezereza ubugingo bganje” (Zaburi 94:18, 19). Gusoma Bibiliya udahorereza bizogufasha kwuzuza mu muzirikanyi wawe amajambo ahumuriza be n’ivyiyumviro biremesha.
17 Isengesho na ryo nyene rirahambaye cane. Naho vyokugora guserurira neza Yehova mu majambo ukuntu wiyumva, arazi ivyo uba uriko uragerageza kumubwira (Abaroma 8:26, 27). Umwanditsi wa Zaburi yadusubirije umutima mu nda ati: “Ukorere Uhoraho umutwaro wawe, na we azokuramira: ntazokwigera akundira umugororotsi kunyiganyizwa”.—Zaburi 55:22.
18. Ni ibintu ngirakamaro ibihe umuntu yihebuye yokora?
18 Hari abihebura bitewe n’uko barengewe n’intuntub. Bishitse ukihebura kubera warengewe n’intuntu, nugerageze kuza uriyumvira ibijanye n’isi nshasha y’Imana, igihe ‘uwaho atazovuga ati Ndarwaye’ (Yesaya 33:24). Bishitse ukihebura cane ku buryo biboneka ko atari akaciyemwo gusa, vyoba vyiza ugiye kwa muganga kugira ngo agufashe (Matayo 9:12). Vyongeye, birahambaye ko witwararika amagara yawe. Gufungura neza no kugira imyimenyerezo yo kwinonora imitsi vyoshobora gufasha. Nurabe neza yuko uhora uruhuka bihagije. Si vyiza kuguma uriko uraraba televiziyo gushika n’aho bwohava bugukerako, kandi niwirinde ukwisamaza gutuma usigara wasanzaye canke umerewe nabi mu mutima. Ikiruta vyose, nubandanye gukora cane ibikorwa bihimbara Imana! Naho igihe Yehova yashinze c’uko ‘ahanagura amosozi yose’ kitaragera, azogufasha kwihangana.—Ivyahishuriwe 21:4; 1 Ab’i Korinto 10:13.
Niwibere “musi y’ukuboko kw’Imana kw’ubushobozi”
19. Yehova asezeranira iki abari mu mubabaro?
19 Bibiliya idusubiriza umutima mu nda yuko naho amarushwa y’umugororotsi ari menshi, “Uhoraho ayamukiza yose” (Zaburi 34:19). None ivyo Imana ibigira gute? Igihe intumwa Paulo yasaba Yehova akatari gake ngo amukize “[“ihwa”, NW] mu mubiri”, Yehova yamubwiye ati: “Ubushobozi bwanje buhīngūrirwa mu ntege nke” (2 Ab’i Korinto 12:7-9). Ni igiki none Yehova yasezeraniye Paulo, ari na co agusezeranira? Imana ntigusezeranira guca igukiza, ariko igusezeranira kukuronsa ubushobozi bwo kwihangana.
20. Naho dushikirwa n’ibigeragezo, muri 1 Petero 5:6, 7 hadusubiriza umutima mu nda gute?
20 Intumwa Petero yanditse ati: “Mwicishe bugufi muri musi y’ukuboko kw’Imana kw’ubushobozi, kugira ngw iz’ibashire hejuru mu gihe gikwiye. Muyikorere amaganya yanyu yose, kukw ibababara” (1 Petero 5:6, 7). Kubera yuko Yehova akubabaye, ntazoguta. Azogushigikira naho woshikirwa n’ibigeragezo bimeze gute. Niwame wibuka yuko abakirisu b’intahemuka bari “musi y’ukuboko kw’Imana kw’ubushobozi”. Uko dukorera Yehova, araturonsa inkomezi zo kwihangana. Mu gihe tugumye turi intahemuka kuri we, nta kintu na kimwe gishobora kutugirira nabi mu vy’impwemu ubutakivayo. Ku bw’ivyo rero, nimuze tugume turi intadohoka kuri Yehova kugira ngo tuze twibere ibihe bidahera mw’isi nshasha yasezeranye maze tuze twibonere igihe azoba vy’ukuri yakijije rimwe rizima abari mu mubabaro!
[Utujambo tw’epfo]
a Izina ryarahinduwe.
b Ukwo kurengerwa n’intuntu si ukwumva umuntu acitse intege gusa, ahubwo ni indwara ituma aguma ababaye cane. Kugira ngo umenye ibindi ku bijanye n’ivyo, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu 1988, urupapuro rwa 25-29, uwo ku wa 15 Munyonyo 1988, urupapuro rwa 21-24 be n’uwo ku wa 1 Nyakanga 1996, urupapuro rwa 30-31 (yose mu gifaransa).
Woba uvyibuka?
• Ni kubera iki n’abasavyi ba Yehova bishika bakagira umubabaro?
• Ni ibintu bimwebimwe ibihe bishobora gutuma abasavyi b’Imana bamwebamwe bihebura?
• Yehova adufasha gute kwihanganira amaganya tugira mu buzima?
• Ni mu buryo ki turi “musi y’ukuboko kw’Imana kw’ubushobozi”?
[Ifoto ku rup. 25]
Naho abasavyi ba Yehova bashikirwa n’ibigeragezo, barafise imvo yumvikana yo kunezerwa
[Ifoto ku rup. 28]
Gushinga intahe ukoresheje telefone ni uburyo bumwe bwo guha Yehova ibintu vyiza kuruta ibindi ufise