ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • T-20 rup. 2-6
  • Uguhumurizwa ku Bihebuye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uguhumurizwa ku Bihebuye
  • Uguhumurizwa ku bihebuye
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Imfashanyo Bakeneye
  • Igihe Ata n’Umwe Azosubira Kwihebura
  • Bibiliya yoba ishobora kumfasha nishwe n’umubabaro?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Akabonge
    Be maso!—2013
Uguhumurizwa ku bihebuye
T-20 rup. 2-6

Uguhumurizwa ku Bihebuye

“Ivyaremwe vyose binihira hamwe bikaramukirwa hamwe kugeza n’ubu.” (Abaroma 8:22) Umubabaro w’abantu wari mwinshi igihe ivyo vyandikwa, ubu hakaba haciye imyaka 1.900. Benshi bari bihebuye. Ni co gituma Abakirisu bahimirijwe ngo: “Muremeshe abarandutse imitima.”—1 Ab’i Tesalonike 5:14.

Muri iki gihe, amagorwa y’abantu yarushirije kuba menshi, abantu bihebura na bo bakarushiriza kuba benshi gusumba ikindi gihe. Yamara none ivyo vyoba bikwiye kudutangaza? Mu vy’ukuri ntibikwiye kudutangaza, kuko Bibiliya yerekana ko iyi ari “imisi y’iherezo” ikayita kandi “ibihe bigoye.” (2 Timoteyo 3:1-5) Yezu Kirisitu yari yarabuye yuko mu misi y’iherezo, hobaye “ibintu biteye ubwoba.” (Ni twe tubihiritse.)—Luka 21:7-11, UB; Matayo 24:3-14.

Igihe abantu babandanije gushikirwa n’amaganya adahera, ubwoba, intuntu canke izindi nyiyumvo zibabaje mwene izo, kenshi baca bagwa mu mwiheburo. Imvo y’ukwihebura canke ukwijirwa kurenze urugero irashobora kuba ari urupfu rw’uwo twakunda, ukwahukana, ugutakaza akazi, canke indwara idakira. Abantu kandi barihebura igihe batsimbataje agatima ko kwumva ko ataco bamaze, igihe biyumvamwo yuko ataco bashoboye kandi ko bahemukiye umuntu wese. Nta n’umwe atoshobora gucibwa intege n’ibintu bishusha umutwe, mugabo igihe umuntu atsimbataje agatima ko kutagira icizigiro kandi ntashobore kubona ukuntu yova muri ivyo bintu bibi, birashobora kwandurukamwo umwiheburo ukomeye.

Abantu bo mu bihe vya kera barashikiwe n’inyiyumvo nk’izo. Yobu yaracumukujwe n’indwara be n’ivyago vyamugerageza. Yiyumvisemwo yuko Imana yamuhevye, bituma azinukwa ubuzima. (Yobu 10:1; 29:2, 4, 5) Yakobo yarihebuye yumvise ngo umuhungu wiwe yapfuye, aranka kwirurwa, yipfuza gupfa. (Itanguriro 37:33-35) Igihe Umwami Dawidi yumva ko yiyagiriza ikosa rikomeye, yaritonganije ati: “Ngenda ngandaye umusi ukīra. Ndadendebukiwe.”—Zaburi 38:6, 8; 2 Ab’i Korinto 7:5, 6.

Muri iki gihe, benshi barihebuye kubera yuko biremereza, mu buzima bakagerageza gukurikiza urutonde rurengeye ubushobozi bwabo bw’ubwenge, bw’akanyengetera, n’ubw’umubiri. Biboneka yuko iyo uguta umutwe gusukiranye n’ivyiyumviro be n’akanyengetera vyo guca umuntu intege, birashobora kugirira nabi umubiri bikanatuma n’ubwonko bugira ibintu buhajije, bikavyara umwiheburo.—Gereranya n’Imigani 14:30.

Imfashanyo Bakeneye

Epafurodito, Umukirisu wo mu kinjana ca mbere yaba i Filipi, ‘yararanduwe umutima n’uko [abagenzi biwe] bumvise yuko yari arwaye.’ Epafurodito, uwari yarwaye inyuma y’aho arungikiwe n’abagenzi biwe i Roma kugira ngo ashire ibintu Paulo, kumbure yiyumvisemwo yuko yari yabahemukiye be n’uko bamufashe nk’uwutavyo ashoboye. (Ab’i Filipi 2:25-27; 4:18) Intumwa Paulo yamufashije gute?

Yarungitse Epafurodito i muhira amurungikanye ikete ryo guha nya bagenzi biwe b’Abafilipi ryavuga riti: “[Epafuradito] mumwākīrane umunezero mwinshi kubg’Umwami wacu; kand’ abameze nk’uwo mwame mububaha.” (Ab’i Filipi 2:28-30) Kuba Paulo yaramuvuze neza cane gutyo kandi n’Abafilipi bakaba baramwakiranye ikibabarwe n’igishika, nta mazinda bitegerezwa kuba vyariruye Epafurodito bikanamufasha gukira umwiheburo yarimwo.

Nta nkeka, impanuro Bibiliya itanga ngo “muremeshe abarandutse imitima,” ni yo nziza ihebuje. (Ni twe tubihiritse.) Umugore umwe yari yihebuye yavuze ati: “Erega urakenera kumenya yuko abandi bakwitwararika. Urakenera kwumva uwukubwira, ati ‘ndabitahura; uzoruhuka.’ ”

Umuntu yihebuye kenshi arakenera kwibwiriza kugira ico akoze, mu kurondera umuntu w’umunyampuhwe ashobora kwitura. Uwo akwiye kuba ari umuntu azi gutega ugutwi kandi yihangana cane. Akwiye kwirinda gucucagira amajambo menshi nyene kwihebura, canke kumubwira amajambo yo kumucira urubanza, nk’aya ngo: ‘Ntiwari ukwiye kwiyumva ukwo’ canke ngo: ‘Iyo nyifato yawe ntibereye.’ Inyiyumvo z’umuntu yihebuye ziba zigoyagoya, kandi mwene ayo majambo y’akanebaguro azotuma nya muntu arushiriza kwiyumva nabi.

Uwihebuye yoshobora kwiyumvira yuko ataco amaze. (Yona 4:3) Yamara, akwiye kumenya yuko igihambaye vy’ukuri ari ukuntu Imana imubona. Abantu ‘ntaco bibajije’ kuri Yezu Kirisitu, mugabo ivyo ntivyagabanije agaciro nyakuri yari afise mu nyonga z’Imana. (Yesaya 53:3) Hera amazinda, nk’uko nyene Imana yakunze Umwana wayo mukundwa, na wewe iragukunda.—Yohana 3:16.

Yezu yaragiriye impuhwe abari mu magorwa, kandi yaragerageje kubafasha gutahura agaciro umwumwe muri bo afise. (Matayo 9:36; 11:28-30; 14:14) Yarasiguye yuko Imana iha mbere agaciro utujuri, utwo tukaba ari utunyoni dutoduto ataco tuvuze. Yavuze ati: “Mur’utwo nta na kamwe Imana itazi.” Ibaze rero ukuntu irushiriza guha agaciro abantu bihatira gukora ivyo igomba! Kuri abo Yezu yavuze ati: “Mbere, n’umushatsi wo ku mutwe wanyu uri ku giharuro.”—Luka 12:6, 7, UB.

Ego ni ko, birashobora kuba ibigoye ku muntu yihebuye bimwe bikomeye kandi arengewe n’intege nke be n’utunenge twiwe, kwemera yuko Imana imufatana agaciro mu buryo buhambaye gutyo. Yoshobora kwiyumvira yuko adakwiriye gukundwa n’Imana no kwitwararikwa na yo. Ijambo ry’Imana ririyemerera yuko ‘umutima wacu woshobora kutwagiriza.’ None ico ni co kintu conyene tworaba? Oyaye. Imana iratahura yuko abantu b’abanyavyaha bashobora kwiyumvira ukutariko, eka mbere bakicira n’urubanza. Ni co gituma Ijambo ryayo ribaremesha riti: “Imana iruta umutima wacu kandi ikamenya vyose.”—1 Yohani 3:19, 20, UB.

Egome, Data wa twese munyarukundo arabona ibirenze ivyaha vyacu n’amakosa dukora. Arazi ibintu bica intege bidushikira, akamenya ingendo yacu yose y’ubuzima, imigabo n’imigambi yacu. Arazi yuko twarazwe icaha, indwara n’urupfu, be n’uko rero haba vyinshi tudashobora gushikako. Kuba twumva dutuntuye kandi tukitako umwikomo, ubwaco ni icemeza yuko tutipfuza gucumura be n’uko tutagiye kure birenze. Bibiliya ivuga yuko “[tw]aguye mu buja bw’ibitagira mvura” tutabishaka. Nuko rero, Imana irababarana natwe mu marushwa turimwo, kandi irazirikana intege nke zacu ibigiranye imbabazi.—Abaromani 5:12; 8:20, UB.

Turakurwa amazinda yuko “Uhoraho yuzuye imbabazi, n’umunyabuntu, . . . nk’ukw i burasirazuba hitanguye i burengerazuba, uko ni ko yashize kure ibicumuro vyacu. Kukw azi iremwa ryacu, yibuka ko tur’umukungugu.” (Zaburi 103:8,12, 14) Vy’ukuri, Yehova ni “Imana yirura imibabaro yose, itwirura mu marushwa yacu yose.”—2 Ab’i Korinto 1:3, 4.

Imfashanyo abihebuye bakeneye gusumba iva mu kwiyegereza Imana yabo y’inyakigongwe no mu kwemera ubutumire itanga bwo ‘kuyikorera imitwaro yabo.’ Irashobora vy’ukuri ‘guhembura abafise imitima imenetse.’ (Zaburi 55:22; Yesaya 57:15) Ni co gituma Ijambo ry’Imana riduhimiriza gusenga, riti: “[Yehova] Mu[mu]korere amaganya yanyu yose, kukw [a]bababara.” (1 Petero 5:7) Egome, biciye kw’isengesho no ku gutakamba, abantu barashobora kwiyegereza Imana kandi bakinovora “amahoro y’Imana yo asiga ubwenge bwose.”—Abafilipi 4:6, 7, UB; Zaburi 16:8, 9.

Kugira ivyo umuntu ahinduye mu buryo ngirakimazi ku kuntu abaho, birashobora na vyo nyene kumufasha gutsinda umwiheburo. Kugira imyimenyerezo y’umubiri, gufungura imfungurwa zimeze neza, gusama akayaga gapfutse be n’ukuruhuka bikwiye, hamwe no kwirinda kurenza urugero mu kuraba televiziyo, ni ngirakamaro rwose. Umukenyezi umwe yarafashije abantu bari bihebuye mu kubagirisha urugendo rw’amaguru. Igihe umugore umwe yari yihebuye yamubwira ati “Numva ntashaka kugira urugendo rw’amaguru,” wa mukenyezi yaramwishuye yitonze mugabo ashikamye ati: “Egome, uragenda.” Uwo mukenyezi yaravuze uko vyagenze ati: ‘Twagize urugendo rw’ibirometero 6. Aho tugarukiye, yari arushe, mugabo yumvise amerewe neza kuruta. Ntushobora kwemera ukuntu imyimenyerezo y’inguvu ifasha utagerageje.’

Ariko rero, rimwe na rimwe ntibikunda yuko umuntu atsinda umwiheburo wose, no mu gihe nyene yoba yagerageje uburyo bwose, ushizemwo n’ubwo kwa muganga. Umukenyezi umwe ahumuye yavuze ati: “Naragerageje ibintu vyose, mugabo umwiheburo ugumaho.” Ni nk’ukwo nyene, muri iki gihe kenshi ntibikunda gushoboka gukiza impumyi, ibipfamatwi canke ibimuga. Yamara, abihebuye barashobora guhumurizwa bakaronka n’icizigiro mu gusoma Ijambo ry’Imana badahorereza, ryo ritanga icizigiro kitagiramwo amazinda c’uko abantu bazokurwako amabi yose ubutakigaruka.—Abaroma 12:12; 15:4.

Igihe Ata n’Umwe Azosubira Kwihebura

Igihe Yezu yadondora ibintu biteye ubwoba vyobaye kw’isi mu misi y’iherezo, yongeyeko ati: “Ivyo ni vyatangura kubaho, muze murangamize, muraramike imitwe yanyu kuko gucungurwa kwanyu kuzoba kugira gushike.” (Luka 21:28) Yezu yariko aravuga ivy’ugucungurwa tukinjizwa mw’isi nshasha igororotse y’Imana, aho “[ivyaremwe] bizokira na vyo nyene bwa buja bubituma bikwiriye kubora, ngo bishikire umwidegemvyo w’ubuninahazwa bw’abana b’Imana.”—Abaromani 8:21, UB.

Ese ukuntu abantu bazoba batabawe nibakurwako imitwaro yo muri kahise, bama bavyuka imisi yose mu gitondo bafise imizirikanyi ikeye, bashashaye gutangura ibikorwa! Nta muntu n’umwe azosubira kubangamirwa n’igipfungu c’umwiheburo. Isezerano ritagiramwo amazinda ryahawe abantu ni iry’uko Imana “izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibwe ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.”—Ivyahishuriwe 21:3, 4.

Kiretse aho vyerekanywe ukundi, Ivyanditswe vyose vyasubiwemwo mu majambo vyakuwe muri Bibiliya Yera. UB bisobanura Ubwuzure Bushasha.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika