Ikintu kidashingiye kuri Bibiliya kivuga ivy’igisata c’abantu citwa Isirayeli
MW’IRATIRO ry’utwa kera ry’i Kayiro mu Misiri, hariyo ikibuye kibajwe neza giharangatuweko ivyandiko cibukiriza intsinzi Farawo Mérneptah yagiye aratahukana. Incabwenge zivuga ko uwo muhungu agira 13 w’Umwami Ramsès wa kabiri yategetse nko hagati y’umwaka wa 1212 B.G.C. n’uwa 1202 B.G.C., aho hakaba hari nko mu gice ca nyuma c’ikiringo Isirayeli ya kera yamaze iyoborwa n’Abacamanza. Imirongo ibiri ya nyuma y’ivyanditswe kuri ico kibuye citiriwe Mérneptah ivuga iti: “Kanani hasahuwe kandi hararembejwe n’amarushwa. Ashikeloni hafashwe, Gezeri higaruriwe, Yanowamu [na ho] hakomvomvowe. Isirayeli isigaye ari umusaka, uruvyaro rwayo ntirukiriho”.
Iryo jambo “Isirayeli” rivugwa ng’aho risobanura iki? Mu nyandiko ya kera yakoresha utumenyetso n’udushushanyo (yitwa hiéroglyphes), hari utumenyetso tw’indagi twongewemwo kugira ngo tuze turerekana umugwi ijambo rinaka ririmwo. Igitabu kimwe (The Rise of Ancient Israel) gisigura giti: “Muri utwo tumenyetso tune, iruhande ya dutatu muri two, utwerekeza kuri Ashikeloni, Gezeri na Yanowamu, hariho akamenyetso k’indagi katwereka ko ivyo ari ibisagara. . . . Ariko rero, akamenyetso k’indagi kari iruhande y’utumenyetso twerekeza kuri Isirayeli, ni akerekeza ku gisata c’abantu”.—Ni twe dushimitse.
None ico gisomwa cerekana iki? Uwitwa Hershel Shanks, uwo akaba ari we yanditse akongera agasohora ico gitabu, yishura ati: “Ikibuye citiriwe Mérneptah cerekana ko hari igisata c’abantu citwa Isirayeli cabayeho mu 1212 B.G.C., kikongera kikerekana ko farawo wa Misiri atari azi ivyerekeye abo bantu gusa, ariko kandi ko yabona yuko kuba yarabanesheje mu ntambara cari ikintu co kwiratira”. Uwitwa William G. Dever, akaba ari umwigisha w’ivy’ubucukuzi bw’utwa kera bwo mu ntara zo mu Karere k’ibihugu vy’Abarabu, avuga ati: “Ikibuye citiriwe Mérneptah kitwereka mu buryo butomoye ibi bikurikira: I Kanani hariho igisata c’abantu biyita ‘Isirayeli’, ari na co gituma Abanyamisiri, abatitaho mbere ibijanye na Bibiliya, babise ‘Isirayeli’; vyongeye, abo Banyamisiri ntibashobora kuba barikuriye mu mutwe ivyerekeye ico gisata nyezina kandi kidasanzwe ngo bacite ‘Isirayeli’, barondera gusa kwimenyekanisha”.
Muri Bibiliya, ijambo Isirayeli rivugwa ari bwo bwa mbere aherekana ko ari izina ryiswe umwe sekuruza w’imiryango Yakobo. Abakomotse ku bahungu 12 ba Yakobo bahavuye bitwa “Abisirayeli” (Itanguriro 32:22–28, 32; 35:9, 10). Haciye imyaka, umuhanuzi Musa be na Farawo wa Misiri barakoresheje iryo jambo ‘Isirayeli’ bariko bavuga uruvyaro rwa Yakobo (Kuvayo 5:1, 2). Ico kibuye citiriwe Mérneptah ni co kintu ca kera kuruta ibindi vyose bizwi kidashingiye kuri Bibiliya kivuga ivy’igisata c’abantu citwa Isirayeli.
[Amafoto ku rup. 24]
Iki ni ca kibuye citiriwe Mérneptah
Utwo tumenyetso dutatu twa nyuma turi hamwe (uvuye iburyo ija ibubamfu), ni ukuvuga ako gakoni, uwo mugabo n’umugore bicaye, twerekana ko Isirayeli ari igisata c’abantu ba kavantara
[Abo dukesha ifoto]
Egyptian National Museum, Cairo, Egypt/Giraudon/The Bridgeman Art Library