Ibintu nyamukuru vyobafasha guseruranira akari ku mutima n’uwo mwubakanye
‘SIMBA nabivuze’. ‘Sinatomoye neza ico nari nashatse kuvuga’. Woba umaze kwiyumva gutyo uhejeje kugerageza guseruranira akari ku mutima n’uwo mwubakanye? Guserura akari ku mutima ni ubuhanga bukeneye gutsimbatazwa. Nk’uko bigenda no ku bundi buhanga ubwo ari bwo bwose, abantu bamwebamwe bisa n’uko biborohera guseruranira akari ku mutima mu gihe abandi na bo bibagora. Ariko ntiwumve, naho nyene woba uri muri abo bigora, birashoboka ko wiga gushikiriza ivyiyumviro vyawe mu buryo buhimbaye, ni ukuvuga guserura akari ku mutima mu buryo ngirakamaro.
Rimwe na rimwe, imico kama irosha abantu ku bijanye n’ivyo bakwiye canke badakwiye kugiranira n’abo bubakanye. Abagabo bashobora kuba bigishijwe yuko ‘bakwiye kwiyubahiriza mu kutavuga menshi’. Abagabo bavuga menshi boshobora gukengerwa ngo si abagabo b’ijambo. Ego ni ko, Bibiliya ivuga iti: “Umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga” (Yakobo 1:19). Ariko rero, iyo mpanuro irakora ku bagabo no ku abagore bompi, ikaba yerekana yuko umuntu adaserura akari ku mutima mu kuvuga gusa. Abantu babiri barashobora kumara umwanya muremure bariko barayaga. Ariko vyogenda gute nka hamwe ata n’umwe atega ugutwi ivyo uwundi ariko aravuga? Biboneka ko batoba bariko baraseruranira akari k’umutima vy’ukuri. Nk’uko ico canditswe kivyerekana, umuce nyamukuru wo guseruranira akari ku mutima mu buryo ngirakimazi, ni ubuhanga bwo kwumviriza.
Guserura akari ku mutima ata majambo arinze gukoreshwa
Mu mihingo imwimwe usanga vyitezwe ko abagore badaserura ivyiyumviro vyabo. Abagabo basabwa kuguma bitandukanije rwose n’abandi bagize urugo. Mu gihe ibintu vyifashe gutyo, umugabo n’umugore wiwe ntibama bamenya ico uwo bubakanye yipfuza. Hariho abagore usanga ari abahanga mu vyo kubona ivyo abagabo babo bakeneye maze bagaca babikora ubwo nyene. Mu bihe nk’ivyo, usanga hari ukuntu umugabo n’umugore baba bariko baraseruranira akari ku mutima. Ariko rero, muri rusangi usanga ubwo buryo bwo guserura akari ku mutima bugirwa n’umwe gusa. Naho umukenyezi vyoshika akiga kubona ivyo umugabo wiwe yiyumvira canke ukuntu yiyumva, ni gake usanga vyitegwa ko umugabo atsimbataza ubwo buhanga nyene ngo atahure ukuntu umugore wiwe yiyumva.
Ego ni ko, mu mico kama imwimwe abagabo bararondera kubona ivyo abagore bakeneye mu vy’akanyengetera kandi bakagerageza kubikora. Ariko rero, no mu mico kama nk’iyo, ingo nyinshi zokwungukira ku kurushiriza guseruranira akari ku mutima.
Kubwirana akari ku mutima birahambaye
Guseruranira akari ku mutima ata guhishanya biratuma hataba ukudatahurana be no gufata ibintu uko bitari. Ihanga rya Isirayeli rimaze igihe gito ribayeho, umuryango wa Reyubeni, uwa Gadi be n’umuryango w’igice wa Manase, iyaba mu Buseruko bw’Uruzi Yorodani, yarubatse ‘igicaniro kinini cibonekeza’ ku nkengera ya Yorodani. Iyindi miryango yatahuye ukutari kwo ivyo bakoze. Kubera ko abo muri iyo miryango yo mu Burengero bwa Yorodani biyumviriye ko benewabo bo hakurya ya Yorodani bari bakoze ikintu c’ubuhuni, baciye bitegurira kuja gutera abo benewabo bafashe ko ari nk’abagarariji. Ariko imbere y’uko baja kubatera, bararungitse intumwa kugira zije kuyaga n’iyo miryango yo mu Buseruko. Mbega ikintu kiranga ubukerebutsi bakoze! Basanze ico gicaniro kitari ico kwoserezako amashikanwa atemewe canke ibimazi bitemewe. Ahubwo, iyo miryango yo mu Buseruko yatinya yuko iyo yindi miryango yohava ibabwira iti: “Nta mugabane mufise k’Uhoraho”. Ico gicaniro cobaye icabona c’uko na bo nyene bari abasavyi ba Yehova (Yosuwa 22:10-29). Ico gicaniro bacise Icabona, kumbure kubera yuko cobaye icabona c’uko kuri bo Yehova yari yo Mana y’ukuri.—Yosuwa 22:34.
Ivyo babasiguriye vyonyene vyarashoboye kujijura iyo yindi miryango, ino ikaba yaciye ihindura iciyumviro yari ifise co kuja kubatera. Egome, ukuba baraganiriye ata guhishanya vyarabarinze gutana mu mitwe. Mu nyuma, aho Isirayeli yagarariza Yehova Imana, uwari nk’umugabo wayo w’ikigereranyo, yayibwiye yuko ‘yobwiye umutima wayo’ abigiranye ikigongwe (Hoseya 2:14, NW). Ese ukuntu ako ari akarorero keza ku bubatse! Egome, nukore uko ushoboye kwose kugira ushikire umutima w’uwo mwubakanye kugira ashobore gutahura ukuntu wiyumva. Ivyo birahambaye na canecane igihe ari ikibazo cohava kibashusha imitwe. Umumenyeshamakuru umwe wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yitwa Pattie Mihalik avuga ati: “Hari abavuga ko kuvuga amajambo ata co bigusaba, mugabo ayo amajambo arashobora kandi kuba ay’agaciro ntangere. Vyongeye, mu gihe bamwe bishobora kuba bitaborohera guserura ukuntu biyumva, babigize birashobora kuvamwo inyungu nyinshi kuruta amahera ari muri banki”.
Nugume utsimbataza ubuhanga bwo guserura akari ku mutima
Hari aboshobora kuvuga bati: ‘Kuva mu ntango vyaragaragara ko umubano wacu utazorama’. Abandi na bo bati: ‘Muri uyu mubano, amazi yaramaze kurenga inkombe’. Bashobora kwiyumvira yuko inyuma y’umusi w’ubugeni bidashoboka ko barushiriza gutsimbataza ubuhanga bwabo bwo guseruranira akari ku mutima. Yamara, niwiyumvire abantu baba mu mihingo aho usanga incuti ari zo zihitiramwo umuntu uwo bubakana. Benshi muri mwene abo bantu bakurikiza mwene iyo mico kama, usanga amaherezo batangura kuza baraseruranira akari ku mutima mu mubano wabo.
Hari umusore umwe n’umwigeme umwe bo mu gihugu kimwe co mu Buseruko babiranye biciye kuri uwo mugenzo. Intumwa imwe yasabwe gufata urugendo rurerure ngo ije kuronderera umugeni uwo musore. Naho ari ukwo, abo bubakanye babiri haheze imyaka nk’i 4.000 babayeho, baragaragaje ubuhanga buhambaye mu vyo guseruranira akari ku mutima. Uwo musore, ari we Isaka, yahuriye mu gahinga na nya ntumwa be n’uwo yari agiye kumubera umukenyezi. Uwo mugabo yari yabaye intumwa “yīgānira Isaka ivyo yakoze vyose”. Inkuru yo muri Bibiliya ivuga ivy’uwo mubano ibandanya iti: “[“Inyuma y’ivyo”, NW] Isaka ajana Rebeka mw ihema risiga nyina wiwe Sara [ico kintu kikaba cari icerekana yuko bagize ubugeni bwemewe], aramurongora, aba umugore wiwe, aramukunda”.—Itanguriro 24:62-67.
Urabona ko Isaka yabanje kwumviriza ukuntu ibintu vyagenze, maze “inyuma y’ivyo” agaca ajana Rebeka akaba umugore wiwe. Iyo ntumwa yari umusuku w’umwizigirwa kandi w’intahemuka kuri Yehova Imana, uwo Isaka yasenga. Isaka yari afise imvo yumvikana yo kwizigira uwo mugabo. Inyuma y’ivyo, Isaka ‘yarakunze’ Rebeka, uwo yari yarongoye.
None Isaka na Rebeka boba baratsimbataje ubuhanga bwo guseruranira neza akari ku mutima? Aho umuhungu wabo Esau amariye kurongora abakobwa babiri b’Abahetikazi, haravyutse ingorane ikomeye mu muryango. Rebeka yaguma “abarira” Isaka ati: “Numva ndundumiwe kubg’abo Bahetikazi, nopfuma mpfa! Yakobo yorongora Umuhetikazi . . . , noba nkibēreyeh’iki?” (Itanguriro 26:34; 27:46). Biribonekeza neza ko yavuga ibimuraje ishinga ata guca ku ruhande.
Isaka yabwiye uwo bavukana na Esau ari amahasa, ari we Yakobo, kutabira umugore wo mu bakobwa b’i Kanani (Itanguriro 28:1, 2). Rebeka yarashitse ku co yashaka. Abo bubakanye bari barashoboye guseruranira akari ku mutima ku vyerekeye ikibazo cari gihambaye cane ku rugo rwabo, gutyo baba baduhaye akarorero keza twokurikiza muri iki gihe. Ariko none vyogenda gute nka hamwe abubakanye vyobagora kwumvikana? Hokorwa iki?
Iyo habaye ukutumvikana
Iyo habaye ukutumvikana gukomeye hagati yawe n’uwo mwubakanye, ntuce umuhanisha kwihorera. Ivyo vyoshobora guca bimuha iki ciyumviro gitomoye: Urababaye kandi ushaka ko uwo mwubakanye na we ababara. Yamara, uwo mwubakanye yoshobora mbere kuba adatahura bimwe bishitse ivyo wipfuza n’ukuntu wiyumva.
Wewe n’uwo mwubakanye mushobora kuba mukeneye kuyaga ivyo bintu ata guhishanya. Niba ico kibazo cotuma uwo mwubakanye ashavura, hari aho bitokworoha ko muguma mutekanye. Igihe kimwe abavyeyi ba Isaka, ari bo Aburahamu na Sara, barashikiwe n’ibintu bitoroshe. Kubera ko Sara yari ingumba, yarakurikije umugenzo wakurikizwa ico gihe maze araha Aburahamu umusukukazi wiwe Hagari ngo avyarane na we kugira baronke uruvyaro. Hagari yavyariye Aburahamu umwana w’umuhungu, ari we Ishimayeli. Ariko rero, haciye igihe, Sara ubwiwe yarasamye inda maze avyarira Aburahamu umwana w’umuhungu, ari we Isaka. Igihe Isaka yari ageze gucuka, Sara yarabonye Ishimayeli ariko aratwenga umwana wiwe. Ku bw’ivyo, kubera ko Sara yabonye akaga kohava gashikira umwana wiwe, yaciye ahimiriza Aburahamu kwirukana nya ncoreke be na Ishimayeli. Vy’ukuri, Sara yaravuze ukuntu yiyumva mu buryo butomoye. Mugabo ivyo yasavye vyarababaje rwose Aburahamu.
None iyo ngorane yatorewe umuti gute? Iyo nkuru yo muri Bibiliya ivuga iti: “Imana ibarira Aburahamu, iti Reka kubabazwa n’ivy’uwo mwana n’incoreke yawe: ivyo Sara akubariye vyose n’uvyemere: kuko kuri Isaka ari ho uruvyaro rwawe ruzokwītīrirwa”. Aburahamu yarumvirije ubuyobozi Yehova Imana amuhaye maze arabukurikiza.—Itanguriro 16:1-4; 21:1-14.
Hari aho woca uvuga uti: ‘Erega natwe iyaba Imana yatubwira iri mw’ijuru, vyotworoheye gushika ku kwumvikana’. Ivyo rero bica bituzana ku kintu kigira kabiri cofasha gutorera umuti amatati yo mu mubano. Abubakanye barashobora kwumviriza Imana. Uti gute? Mu gusomera hamwe Ijambo ry’Imana no mu kwemera ko ivyo rivuga ari ubuyobozi buva ku Mana.—1 Ab’i Tesalonike 2:13.
Umukenyezi mukirisu umwe azi utuntu n’utundi yavuze ati: “Akenshi iyo umugore akiri muto aje kunsaba impanuro ku vyerekeye umubano wiwe, nca ndamubaza niba we n’umunega wiwe boba basomera hamwe Bibiliya. Abenshi mu bafise ingorane mu mibano yabo usanga ako kamenyero ata ko bafise” (Tito 2:3-5). Twese turashobora kwungukira ku mpanuro uwo mukenyezi yatanga. Niwame usoma Ijambo ry’Imana uri kumwe n’uwo mwubakanye. Ubigenjeje gutyo, ‘urumva’ ingene Imana ikubwira ukuntu wokwigenza ku musi ku musi (Yesaya 30:21). Ariko rero, uraba maso kuri iki kintu: Ntukoreshe Bibiliya nk’inkoni yo gukubitisha uwo mwubakanye mu kuguma udoma urutoke ku vyanditswe wiyumvira ko adashira mu ngiro. Ahubwo nyabuna, gerageza kuraba ukuntu mwempi mushobora gushira mu ngiro ivyo musoma.
Niba muriko muragerageza gutorera umuti ingorane ikomeye, ubona gute mugize ubushakashatsi mu gitabu c’ironderero Index des publications Watch Towera ku bijanye n’ico kibazo kibaraje ishinga? Dufate ko mwitwararika abavyeyi banyu bageze mu zabukuru, bikaba rero biriko bivyura ingorane mu mubano wanyu. Aho guca uhazuka ku bijanye n’ivyo uwo mwubakanye akwiye canke adakwiye kugira, mubona gute mwicaye maze mukarabira hamwe ico gitabu Index (Ironderero)? Ubwa mbere, nimurabe ku mutwe uvuga ngo “Parents” (Abavyeyi). Murashobora kuraba amaronderero ajanye n’udutwe turi munsi y’uwo mutwe, nk’akarorero mukaraba ahavuga ngo “prendre soin des parents âgés” (kwitwararika abavyeyi bageze mu zabukuru). Nimusomere hamwe ibiganiro bijanye n’ico kibazo biri mu bitabu vy’Ivyabona vya Yehova. Woshobora gutangazwa n’ukuntu wewe n’uwo mwubakanye mushobora kwungukira ku makuru ashingiye kuri Bibiliya yafashije abakirisu b’inziraburyarya benshi.
Kurondera ivyo biganiro no gusomera hamwe amakuru arimwo, bizobafasha kubona ingorane yanyu mu buryo bubereye. Muzobona ivyanditswe vyasubiwemwo be n’ivyatanzwe bibereka ukuntu Imana ibona ico kibazo canyu. Nimubirondere muri Bibiliya mwongere mubisomere hamwe. Nta nkeka muzokwumva ico Imana ivuga ku vyerekeye ingorane mufise!
Gume museruranira akari ku mutima
Woba warigeze kugerageza kwugurura umuryango umaze igihe utugururwa? Amapata yaguye ingese aca yuguruka buhorobuhoro azwiragira. Ariko vyari kugenda gute iyo umuryango wari kuba waramenyereye kwugururwa kandi amapata yawo akaba yarasigwa amagirisi? Vyari kukworohera kwugurura. Ivyo ni na ko bimera no kuvyerekeye umuryango wo guseruranira akari ku mutima. Iyo mufise akamenyero ko guseruranira akari ku mutima kandi mugasiga amagirisi amapata y’uwo muryango wo guseruranira akari ku mutima mukoresheje urukundo rwa gikirisu, murashobora kurushiriza kworoherwa no guseruranira ivyiyumviro n’igihe haba hari ukutumvikana gukomeye.
Akagumye bagumako. Naho uguseruranira akari ku mutima bishobora gusaba akigoro gakomeye mu ntango, ntuteshwe ngo ute. Amaherezo urashobora kugiranira n’uwo mwubakanye ubucuti bwa hafi butuma haba umwumvikano uramba.
[Akajambo k’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto ku rup. 7]
Mwoba murondera ubuyobozi buva ku Mana iyo bishitse ntimwumvikane ku kintu kinaka?