ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/4 rup. 8-12
  • Gutsinda intambamyi muri Panama

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gutsinda intambamyi muri Panama
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ni umuhora kandi ni ahantu haba abantu b’amoko menshi
  • Gutsinda intambamyi mu karere ka Comarca
  • Basoza kugira baje gushikira imitima y’abantu
  • Ingorane yo kutamenya gusoma no kwandika itorerwa umuti
  • Batorera umuti intambamyi ijanye no kubwira inkuru nziza ibipfamatwi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/4 rup. 8-12

Gutsinda intambamyi muri Panama

“PANAMA, ni nk’ikiraro gihuza ibice bitandukanye vy’isi”. Haraheze imyaka 50 ico civugo kivuzwe mu kiganiro kimwe co kw’iradiyo gikundwa cane muri ico gihugu ca Panama, ikiri muri Amerika yo Hagati. Muri iki gihe, ico civugo gisigaye giserura ukuntu abantu benshi babona ico gihugu.

Panama kimeze nk’Ikiraro gihuza Amerika ya Ruguru na Amerika y’Epfo. Vyongeye, ikiraro nya kiraro gihuza ivyo bice bibiri vya Amerika gitaruye hejuru y’umuhora w’amazi uzwi cane witwa Canal de Panama. Uwo muhora wakozwe mu buhinga buhanitse, urajabuka ico gihugu ugafatanya Ibahari Atalantike n’Ibahari Pasifike. Ivyo bituma amato maninimanini avuye mu mihingo itandukanye y’isi ajabuka akava mw’ibahari akaja mu rindi mu masaha makeyi, mu bisanzwe vyari gusaba imisi canke amayinga nk’angahe. Vy’ukuri, Panama ni umuhora uhambaye uhuza uturere twinshi two kw’isi.

Ni umuhora kandi ni ahantu haba abantu b’amoko menshi

Panama hacitse kandi ihuriro ry’abantu amasinzi bavuye mu bihugu bitandukanye no mu bwoko butandukanye. Abo bantu, hamwe n’imigwi myinshi y’imvukira zaho, baciye bagira ikibano kirimwo abantu batandukanye, bakwiragiye muri ico gihugu c’ubwiza bw’akaroruhore. Ariko none, vyoba bishoboka guhuza abantu babayeho mu buryo butandukanye, b’imico kama itandukanye, bo mu madini atandukanye kandi bavuga indimi zitandukanye, maze bagahuza ivyiyumviro n’imigambi biciye ku kuri kw’agaciro dusanga mw’Ijambo ry’Imana?

Cane nyene, birashoboka. Ivyo intumwa Paulo yavuze mu Banyefeso 2:17, 18 birerekana yuko abakirisu bo mu kinjana ca mbere, abari bagizwe n’Abayuda be n’Abanyamahanga bizeye, bashoboye gutorera umuti ivyo batahurizako bitumwe n’uko bari barunze ubumwe biciye ku ncungu ya Kirisitu. Paulo yanditse ati: “[Yezu] yaraje, ababgira ubutumwa bgiza bg’amahoro, mwebge abāri kure; kand’abāri hafi na bo ababgira amahoro: [“kubera ko biciye kuri we, twebwe, ni ukuvuga vya bisata vyompi, dushobora kwegera Data biciye ku mpwemu imwe”, NW]”.

Muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova na bo nyene bariko barabwira “ubutumwa bgiza bg’amahoro” abantu batandukanye be n’imigwi y’abantu bo muri Panama bavuye kure, haba mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga bavuye mu madini atandukanye canke rimwe na rimwe bavuye mu mihingo ya kure. Muri abo bantu ‘begera’ Yehova usanga harangwa ubumwe utoraba. Ivyo vyatumye muri Panama havuka amashengero akoresha indimi zitandatu, ari zo z’izi: igisupanyoli, igikantone, ururimi rw’ibimenyetso rukoreshwa ng’aho nyene muri Panama, icongereza be n’indimi zibiri rumwe rwitwa kuna urundi ikingobere (canke guaymí) zikoreshwa n’imvukira z’aho. Kumenya ukuntu abo bantu bavuga indimi zitandukanye bashoboye kwunga ubumwe mu gusenga Yehova, biraremesha.

Gutsinda intambamyi mu karere ka Comarca

Mu migwi umunani y’abantu b’imvukira iri muri Panama, umugwi w’abo mu bwoko bw’Abangobe ni wo munini cane kuruta iyindi yose. Uwo mugwi ugizwe n’abantu nka 170.000, abenshi muri bo bakaba baba mu karere kanini cane gaherutse kwitwa comarca bahawe ngo babemwo. Uruhande runini rw’ako karere rugizwe n’imisozi irimwo urubuyebuye n’ibiti umuntu ashobora gushikamwo n’amaguru gusa, be n’intara zo ku nkengera y’ibahari umuntu ashikamwo aciye mw’ibahari gusa. Akenshi usanga hari imigwi y’abantu baba iruhande y’inzuzi, izo zikaba ari uburyo bubereye bwo gutwara ibintu n’abantu. Iyindi migwi y’abantu na yo usanga iba ku nkengera y’ibahari. Benshi mu baba mu karere ka comarca babeshejweho n’utuntu tw’inticantikize baronka mu kuja guca ingero mu mirima minini y’ikawa barimira mu misozi, mu kuroba canke mu kwirimira. Abenshi bari mu madini y’abiyita abakirisu. Ariko rero, hariho n’abari mw’idini ryo ng’aho ryitwa Mama Tata. Abandi na bo birukira abitwa abasukiya (ni ukuvuga abaherezi) kugira ngo babakize igihe barwaye canke bumva bariko baraturubikwa n’amadayimoni. Naho benshi bavuga igisupanyoli, ururimi abantu batahura neza kuruta izindi ni ikingobere.

Basoza kugira baje gushikira imitima y’abantu

Ivyabona vya Yehova barazi ko bihambaye gufasha abantu kumenya ukuri mu buryo budashikira ubwenge bwabo gusa, ariko kandi bushikira imitima yabo. Ivyo biratuma abantu babona ko bakeneye kugira ivyo bahinduye mu buryo babayeho kugira ngo bahuze n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ku bw’ivyo, abatsimvyi badasanzwe barungitswe mu bice umunani bigize ka karere abo mu bwoko bw’Abangobe bahabwa ngo babemwo, barize ururimi rw’ikingobere bafashijwe n’abavukanyi bazi utuntu n’utundi bo ng’aho.

Amashengero 14 amaze kwiyongera muri ako karere arerekana neza ko hashobora kuzoba iyongerekana ridasanzwe. Nk’akarorero, haraheze imyaka mikeyi abatsimvyi badasanzwe, ari bo Dimas n’umukenyezi wiwe Gisela, barungitswe mw’ishengero ritoyi rigizwe n’abamamaji nka 40 riri mu karere k’i Tobobe ko ku nkengera y’ibahari. Kumenyera kugira ingendo zaho zikunda kugirwa mu twato dutoduto baja kubwira inkuru nziza abantu baciye bugufi baba ku nkengera y’Ibahari Atalantike, ntivyaboroheye. Dimas n’umukenyezi wiwe Gisela barabonye ko amazi yo mw’Ibahari atekereje ashobora guhinduka mu kanya isase akazamwo imipfunda yica. Vyarashika kenshi bahejeje gusoza ubwato bava mu gasagara kamwe baja mu kandi, bakumva batonekara mu maboko no mu mugongo. Kwiga ururimi rwaho, yabaye iyindi ngorane. Ariko rero, ukwitanga kwabo n’ukwihangana kwabo vyaravuyemwo impera. Mu 2001, abantu bashika 552 baritavye Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu.

Ujabutse aho ibahari rita ikirimi uvuye i Tobobe, uca ushika mu gasagara kitwa Punta Escondida. Hari umugwi mutoyi w’abamamaji wamaze igihe uza urajabuka aho hantu ibahari rita ikirimi mu gusoza iyo ikirere cabakundiye, kugira bitabe amakoraniro abera i Tobobe, kandi raporo zerekana yuko bishoboka rwose ko irindi shengero rivuka muri ako karere. Kubera ko ibintu vyari vyifashe gutyo, Dimas n’umukenyezi wiwe Gisela barasabwe kwimukira i Punta Escondida. Mu myaka idashika n’ibiri, uwo mugwi w’i Punta Escondida warakuze uvamwo ishengero ririmwo abamamaji 28, rikagira incahagati y’abantu 114 bitaba insiguro y’icese ishikirizwa ku ndwi ku ndwi. Mu 2004, iryo shengero rishasha ryararyohewe igihe abantu 458 bose hamwe bitaba Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu.

Ingorane yo kutamenya gusoma no kwandika itorerwa umuti

Gutorera umuti ingorane ijanye no kutamenya gusoma no kwandika vyarafashije abantu benshi b’umutima nziraburyarya kugiranira na Yehova ubucuti bwa hafi. Ukwo ni ko vyagendeye n’uwitwa Fermina, umukenyezi akiri muto ava muri ka karere kagizwe n’imisozi ka comarca. Ivyabona b’abamisiyonari bariko barakorera muri ako karere kari kure y’utundi aho Fermina yaba, barabonye ko atega yompi ubutumwa bw’Ubwami. Igihe bamubaza nimba yoshima ko bamugirira inyigisho ya Bibiliya, yishuye yuko yoshima kumenya n’ibindi. Yamara rero, hariho ingorane. Yavuga igisupanyoli n’ikingobere, ariko nta na rumwe muri izo ndimi yari azi gusoma no kwandika. Umwe muri abo bamisiyonari yaremeye kumwigisha akoresheje agatabu Niwijukire Gusoma no Kwandikaa.

Fermina yari umunyeshure mwiza cane. Yarategurana umushasharo ivyigwa vyiwe, agakora udukorwa twose bamuha gukorera i muhira, kandi akagira umwete wo kwimenyereza kwandika amajambo. Mu mwaka umwe yari yateye imbere bihagije ku buryo yari asigaye yiga agatabu Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!b. Igihe ivy’amakoraniro vyatunganywa, Fermina yaratanguye kuyitaba. Ariko rero, kubera ko umuryango wiwe wari ukenye, vyaramugora cane kuronka amahera yo kuriha urugendo yagira kugira yitabe amakoraniro ari kumwe n’abana biwe. Umwe muri abo batsimvyi yari azi ukuntu ivya Fermina vyifashe, yamugiriye inama yo kuraba ukuntu yoza arahingura impuzu kavukire z’abakenyezi bo mu bwoko bw’Abangobe akongera akaza arazigurisha. Fermina ivyo yarabigize. Naho hari ibindi bintu vy’umubiri yari akeneye, yiyemeje ko udufaranga yogiye arakura muri izo mpuzu yodukoresheje mu kwitaba amakoraniro ya gikirisu gusa. We n’umuryango wiwe ubu barimukiye mu kandi karere, kandi arabandanya gutera imbere mu vy’impwemu. Barahimbarwa n’uko bamenye gusoma no kwandika. Ariko ikibahimbara kuruta ni uko bamenye Yehova.

Batorera umuti intambamyi ijanye no kubwira inkuru nziza ibipfamatwi

Muri Panama, imiryango myinshi irimwo abantu b’ibipfamatwi usanga hari ukuntu yumva ubuyega. Rimwe na rimwe usanga mwene abo bantu ata shure na rimwe baciyemwo. Abantu b’ibipfamatwi benshi bumva ari nk’aho bari ukwa bonyene, bakumva kandi bakumiriwe. N’ikindi kandi, kuyaga na bo usanga bitoroshe na gato.

Vyaragaragaye rero ko hari icari gikeneye gukorwa kugira ngo bashikire imitima y’abo bantu b’ibipfamatwi mu kubabwira inkuru nziza. Umugwi umwe ugizwe n’abatsimvyi b’abanyamwete be n’abandi, baremeshejwe n’umucungezi w’ingenzi, barafashe ingingo yo kwiga ururimi rw’ibimenyetso rukoreshwa ng’aho nyene muri Panama. Ukwo gukoresha ubukerebutsi ntikwabaye impfagusa.

Mu mpera z’umwaka wa 2001, umugwi ukoresha urwo rurimi rw’ibimenyetso wari umaze kuvuka mu gisagara ca Panama. Abitaba amakoraniro muri uwo mugwi bashika nka 20. Igihe abo bavukanyi barushiriza kumenya urwo rurimi barashoboye kubwira inkuru nziza abantu benshi wasanga ari bwo bwa mbere babwiwe ukuri kwo muri Bibiliya mu rurimi rwabo. Ivyabona benshi bafise abana b’ibipfamatwi na bo nyene baciye batangura kwitaba ayo amakoraniro, hanyuma barabona ko abana babo birushiriza kuborohera gutegera inyigisho zo muri Bibiliya, maze baca bararushiriza kuryoherwa n’ukuri. Kubera yuko abavyeyi akenshi biga kuvuga bakoresheje ibimenyetso, ivyo vyaca bituma bashobora kuyaga neza n’abana babo. Abo bavyeyi barashobora gufasha abana babo mu vy’impwemu, kandi basanze imiryango yabo yaciye irushiriza gukomera mu vy’impwemu. Ivyashikiye Elisa n’umukobwa wiwe Iraida biravyerekana neza.

Hari Icabona yakorana n’uwo mugwi ukoresha ururimi rw’ibimenyetso yumvise ivyerekeye Iraida, hanyuma aca aramugendera, maze amuha agatabu Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!c. Iraida yararyohewe cane kubona yari ashoboye kwiga ivyerekeye isi nshasha biciye ku mashusho. Inyigisho ya Bibiliya yaratanguye muri ako gatabu. Bamaze guheza kwiga ako gatabu baciye bakoresha agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?d. Bageze aho, Iraida yaciye atangura gusaba nyina wiwe ngo amufashe gutegura yongere amusigurire ibivugwa muri ako gatabu.

Elsa yari afise ingorane zibiri: Kubera ko atari Icabona, ntiyari azi ukuri kwo muri Bibiliya. N’ikindi kandi, ntiyategera urwo rurimi rw’ibimenyetso. Yari yarabwiwe ko adakwiye kuvugana n’umukobwa wiwe akoresheje ibimenyetso, ariko ko uwo mukobwa wiwe yategerezwa kwiga kuvuga. Ivyo vyatuma umukobwa na nyina bataganira bihagije. Bitumwe n’uko Iraida yaguma amwinginga ngo amufashe, Elsa yarasavye ko hogira umuvukanyikazi wo mw’ishengero amugirira inyigisho. Yavuze ati: “Nabisavye ku bw’ineza y’umukobwa wanje kuko ntari bwigere mbona Iraida ashashaye ikintu gutyo”. Elsa yarifatanije n’umukobwa wiwe muri iyo nyigisho hanyuma ariga ururimi rw’ibimenyetso. Kubera ko Elsa yahebera umwanya munini umukobwa wiwe, bararushirije kuza barayaga bari i muhira. Iraida yaciye atangura kuba umuntu arushiriza kurobanura yitonze abo agira abagenzi, maze aca yifatanya n’ishengero. Ubu we na nyina bompi baritaba amakoraniro badahorereza. Elsa aheruka kubatizwa, Iraida na we ariko aratera imbere arondera gushikira iryo hangiro. Elsa avuga yuko ari ho agitangura kumenya umukobwa wiwe kandi ko ubu bashobora kuyaga ibintu vyinshi bihambaye kandi bibafitiye akamaro bompi.

Nya mugwi ukoresha ururimi rw’ibimenyetso, uwacitse ishengero muri Ndamukiza 2003, ubu warakuze ushika ku bamamaji b’Ubwami bashika nka 50, abitaba amakoraniro na bo bakaba barenga abo. Abarenga ica gatatu c’abo bitaba amakoraniro ni ibipfamatwi. Iyindi migwi ikoresha ururimi rw’ibimenyetso iriko iravuka mu bisagara bitatu bitari muri ako karere kanini k’igisagara ca Panama. Naho hakiri vyinshi bikeneye gukorwa muri ico cibare, nta gukeka ko intambwe itari nto yashitsweko mu bijanye no gutorera umuti intambamyi y’ico twokwita agacerere kari hagati y’abantu b’imitima nziraburyarya be n’Umuremyi wabo munyarukundo Yehova Imana.

Ivyo ni bimwebimwe gusa mu biriko biraba hirya no hino muri Panama. Naho abantu baho bafise imico kama myinshi itandukanye, bakaba bavuga indimi zitandukanye kandi barezwe mu buryo butandukanye, barunze ubumwe mu gusenga ya Mana yonyene y’ukuri. Ukuri kwerekeye Ijambo rya Yehova kwarashoboye gutsinda intambamyi zijanye n’ukuganira muri ico gihugu, ico abenshi babona ko ari nk’“ikiraro gihuza ibice bitandukanye vy’isi”.​—Abanyefeso 4:4.

[Utujambo tw’epfo]

a Twasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

b Twasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

c Twasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

d Twasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Amakarata ku rup. 8]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

IBAHARI RYO MURI KARAYIBE

PANAMA

Tobobe

IBAHARI PASIFIKE

Wa muhora w’amazi witwa Canal de Panama

[Ifoto ku rup. 8]

Abagore bo mu bwoko bwitwa Kuna bafise mu minwe udutambara tw’utujishano

[Ifoto ku rup. 9]

Uyu ni umumisiyonari ariko arabwira inkuru nziza umugore wo mu bwoko bw’Abangobe

[Ifoto ku rup. 10]

Ivyabona b’i Ngobe bariko baja mu kato kugira baje kwitaba iteraniro ridasanzwe ry’umusi umwe

[Ifoto ku rup. 11]

Ukuri kwo muri Bibiliya kuratsinda intambamyi z’ukudahuza imico kama n’indimi muri Panama

[Ifoto ku rup. 12]

Inyigisho y’“Umunara w’Inderetsi” mu rurimi rw’ibimenyetso

[Ifoto ku rup. 12]

Elsa n’umukobwa wiwe Iraida, baragiriranira ibiyago vyubaka

[Abo dukesha amafoto ku rup. 8]

Ship and Kuna women: © William Floyd Holdman/Index Stock Imagery; village: © Timothy O’Keefe/Index Stock Imagery

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika