ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/3 rup. 27
  • “Tubwire n’ibindi!”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Tubwire n’ibindi!”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ivyo bijanye
  • Andrey Nesmachniy: Nari narihebeye umupira w’amaguru
    Bibiliya irahindura ubuzima
  • Barashemeza Yehova kw’ishure
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Rwaruka—Yehova ntazokwibagira igikorwa mukora!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/3 rup. 27

“Tubwire n’ibindi!”

MU GISAGARA kimwe co mu Burusiya citwa Nezlobnaya, hari abanyeshure bo mw’isomero rimwe ryo mu gisata c’indimi kw’ishure ryisumbuye bariko biga ibitabu vyanditswe n’umwanditsi w’Umurusiya yitwa Mikhail Bulgakov. Muri ivyo bitabu harimwo igitabu c’inkuru kivuga nabi Yezu Kirisitu, ariko kikadondora Shetani nk’intwari. Ikiganiro iryo somero ryariko riragira kirangiye, umwigisha yaciye aha abanyeshure ikibazo co kugira ivyo banditse bishingiye kuri ico gitabu. Ariko rero, umwe muri abo banyeshure, akaba yari Icabona ca Yehova w’imyaka 16 yitwa Andrey, yasavye mu rupfasoni ko atokora ico kibazo kubera ko ijwi ryiwe ryo mu mutima ritamukundira kwiga mwene ivyo bitabu. Mu gishingo c’ivyo, yasavye ko yogira ivyo yanditse ku kuntu yabona Yezu Kirisitu. Umwigisha utanse yaremeye.

Mu vyo Andrey yanditse, yasiguye yuko naho yubaha ivyiyumviro vy’abandi, yasanze uburyo bwiza cane kuruta ubundi bwo kumenya ivyerekeye Yezu ari ugusoma imwe muri za Njili zine. Gutyo, “uzomenya ivyerekeye ubuzima bwa Yezu n’inyigisho ziwe nk’uko vyiganwa mu nkuru zanditswe n’abavyiboneye”. Andrey yongeyeko ati: “Ikindi kintu kiraje ishinga ni ukuntu Shetani adondorwa. Hari aboryoherwa no gusoma igitabu Shetani avugwamwo ko ari intwari, ariko jeho si uko”. Yarasiguye yuko Shetani mu vy’ukuri ari ikiremwa c’impwemu c’ikibisha gifise ububasha cateye akagere Imana maze kizanira umuryango w’abantu ubukozi bw’ikibi, ugucumukura be n’umubabaro. Andrey yasozereye ivyo yanditse agira ati: “Simbona ko gusoma iki gitabu hari ico bizonyungura. Ariko ntiwumve, Bulgakov nta co dupfa. Mugabo ku bwanje, kugira menye ibintu vy’ukuri vyabaye ku vyerekeye Yezu Kirisitu, noshima gusoma Bibiliya”.

Umwigisha wa Andrey yarahimbawe cane n’ivyo Andrey yanditse ku buryo yaciye amusaba gutegura ivyo azoshikiriza ku vyerekeye Yezu Kirisitu. Andrey yaciye yemera n’umutima ukunze. Mu cigwa c’ivy’indimi gikurikira, Andrey yarasomeye imbere y’abo bigana bose ivyo yari yateguye. Yarasiguye igituma abona ko Yezu ari we muntu ahambaye kuruta ababayeho bose. Maze, yaciye asoma ikigabane co mu gitabu ca Bibiliya ca Matayo kivuga ivy’urupfu rwa Yezu. Kubera ko umwanya vyari bigenewe wariko urarangira, Andrey yarashatse gusozera, mugabo abo bigana baca bamusaba bamwinginga bati: “Tubwire n’ibindi! Vyaciye bigenda gute ga ntu?”. Andrey yaciye rero abandaniriza ku nkuru yo muri Matayo ivuga ivy’izuka rya Yezu.

Andrey arangije, abo bigana baramubajije ibibazo vyinshi kuri Yezu no kuri Yehova. Andrey avuga ati: “Nari nasenze Yehova ndamusaba ubukerebutsi, kandi yarishuye isengesho ryanje. Emwe, narashoboye kwishura ibibazo vyabo vyose!”. Icigwa kirangiye, Andrey yarahaye mwigisha wiwe igitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bosea, akaba yacakiranye umunezero mwinshi. Andrey yavuze ati: “Yarampaye amanuta menshi ku vyo nanditse yongera arankeza kubona mfise ivyo nemera kandi ntibintere isoni. Yaravuze kandi ko na we nyene yemera bimwebimwe mu vyo nemera”.

Andrey aranezerwa kubona yarafashe ingingo yo kwisunga ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya mu kudasoma ibityoza Yehova n’Umwana wiwe Yezu Kirisitu. Impagararo nk’iyo ntiyamukingiye gusa ivyiyumviro bidashingiye ku Vyanditswe, mugabo kandi yaranamuronkeje akaryo keza igitangaza ko kubwira abandi ukuri kwo muri Bibiliya guhambaye rwose.

[Akajambo k’epfo]

a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika