“Twabonye Mesiya”
“TWABONYE Mesiya”. “Uwo Mose yanditse mu vyagezwe, n’abāvugishwa n’Imana bakamwandika, twamubonye”. Ayo majambo atangaza yavuzwe n’Abayuda babiri b’abanyeshaka bo mu kinjana ca mbere. Mesiya bari bamaze igihe barindiriye yari agiye yashika. Emwe, bari bajijutse ko ari we!—Yohana 1:35-45.
Wiyumviriye ukuntu ibintu vyari vyifashe ico gihe mu vy’idini no mu bindi, uca ubona ko ukujijuka kwabo kurushirije kugira ico kuvuze. Hari abigira ababohoza abandi batari bake badutse, baza biyamamaza cane bongera bemerera abantu ibintu vyinshi. Yamara ivyo bari bitezweko ntivyatevye guhera aho abantu nk’abo bananiriwe kubohoza Abayuda ngo babakure mu gakandamizo k’Abaroma.—Ivyakozwe n’intumwa 5:34-37.
Ariko rero, abo Bayuda babiri, ari bo Andereya na Filipo, ntibigeze bakekeranya ko uwo bari babonye yari we Mesiya w’ukuri. Ahubwo nyabuna, mu myaka yakurikiye, ukujijuka kwabo kwagiye kurushiriza kwongerekana uko bagenda bibonera ibikorwa vy’ububasha uwo mugabo yakora mu gushitsa ivyari vyaravuzwe ko Mesiya yokoze.
Ni kubera iki abo Bayuda babiri, be n’abandi bantu benshi, bamwizeye, baremera badakeka yuko we atari Mesiya w’uruhendo canke umuntu w’umwangushi? Ni ibimenyamenya ibihe vyatuma abo bantu bemera badakeka yuko yari we Mesiya w’ukuri?
Inkuru za kahise zerekana ko Andereya na Filipo bavuze yuko Yezu w’i Nazareti, uwari yahoze ari umubaji, ari we yari Mesiya yari yarasezeranywe kandi yari amaze igihe kirekire arindiriwe (Yohana 1:45). Luka, umutohozakahise wo muri ico gihe yasuzuma ibintu avyitondeye, avuga yuko ukwo kuza kwa Mesiya kwabaye “mu mwaka ugira icumi na gatanu Kayisari Tiberiyo ari ku ngoma” (Luka 3:1-3). Uwo mwaka ugira 15 Tiberiyo ari ku ngoma watanguye muri Nyakanga 28 G.C., urangira muri Nyakanga 29 G.C. Luka avuga kandi yuko Abayuda bo muri ico gihe “bāri barorereye” ko Mesiya ashika (Luka 3:15). Ni kubera iki none vyari vyitezwe ko ashika muri ico gihe? Turaza kubibona.
Ibimenyamenya vyofashije kumenya Mesiya uwo ari we
Urimbuye uruhara nyamukuru Mesiya afise, urashobora guca ubona yuko ari ivyumvikana ko Umuremyi Yehova yotanze ibintu bitomoye vyofashije abantu bakurikiranira ibintu hafi kandi b’intahemuka kumenya Mesiya yari yarasezeranywe uwo ari we. Uti kubera iki? Kubera ko abigenjeje gutyo ari ho abantu bakurikiranira ibintu hafi batohenzwe n’abangushi, nk’uko abantu benshi bahendwa muri ico gihe.
Igihe uwuserukira igihugu kinaka ashikiriye abategetsi bo mu kindi gihugu kugira abamenyeshe ko yagenywe mu mabanga yo guserukira igihugu ciwe, vyitegwa ko atanga ivyemeza vyerekana ko yagenywe muri ayo mabanga. Muri ubwo buryo nyene, Yehova yari yarandikishije imbere y’igihe ivyo Mesiya yotegerejwe gushitsa. Gutyo, igihe iyo “ndongozi” yoje, ni nk’aho yoje ifise ivyemeza canke ibimenyamenya vyemeza ibiyiranga.—Abahebreyi 12:2, UB.
Ivyo Mesiya w’ukuri yotegerejwe gushitsa vyari vyaravuzwe mu buhanuzi bwinshi bwo muri Bibiliya bwari bumaze ibinjana n’ibindi bwanditswe. Ubwo buhanuzi bwari bwaravuze ido n’ido ukuntu Mesiya yoje, ubusuku yoranguye ubwo ari bwo, ingene yokorewe amabi n’abandi, be n’urupfu yopfuye. Hari aho utobura gushimishwa no kumenya yuko ubwo buhanuzi bwo kwizigirwa bwari bwaravuze kandi ibijanye n’izuka ryiwe, ingene yoshizwe hejuru akaja i buryo bw’Imana, be n’imihezagiro Ubwami bwiwe bwo muri kazoza bwozanye. Muri ubwo buryo, ubuhanuzi bwa Bibiliya bwaratanze ikimenyetso cisa coshobora kugereranywa n’igikumu, ico usanga umuntu wese yisangije.
Ariko ntiwumve, igihe Yezu yaseruka mu 29 G.C., ubuhanuzi bwose buvuga ivyerekeye Mesiya ntibwaciye buranguka ico gihe. Nk’akarorero, ntiyari bwicwe hanyuma ngo azurwe. Yamara, Andereya, Filipo hamwe n’abandi benshi, barizeye Yezu kubera ivyo yigisha n’ivyo yakora. Barabona ibimenyamenya umuyoro vyabereka ko mu vy’ukuri yari Mesiya. Iyo uza kuba wari uriho muri ico gihe kandi ukaba warashoboye gusuzuma wugurutse mu bwenge ibimenyamenya wiboneye, hari aho na wewe utari kubura kujijuka yuko Yezu yari we Mesiya.
Ishusho igizwe n’ibintu vyinshi
Ni igiki cari kugufasha gushika kuri ico ciyumviro? Mu binjana n’ibindi, abahanuzi bo muri Bibiliya bagiye baravuga ibintu bitomoye Mesiya yotegerejwe gushitsa vyokwerekanye ata kwihenda ko ari we Mesiya. Uko abo bahanuzi bagiye baravuga ivyo bintu vy’ido n’ido mu binjana n’ibindi, hari ico twokwita ishusho ya Mesiya yagiye iraboneka buhorobuhoro. Uwitwa Henry H. Halley yavuze ati: “Fata ko abantu nka bangahe baturuka mu bihugu bitandukanye, batari bwigere babonana canke ngo bavugane, binjiye mu cumba kinaka, maze umwumwe wese akahashira agahimba k’ibuye kabajwe, utwo duhimba twose tumatanijwe kamwekamwe aho gakwiye kuja tukaba twogira igishusho kitagira agahaze. Hari ukundi kuntu ivyo wobisigura atari uguca uvuga yuko hari umuntu kanaka yacafye ibihimba vyose biranga ico gishusho, maze akarungikira umwumwe wese muri abo bantu agahimba kiwe kaco?”. Aca abaza ati: “Hari ukundi kuntu umuntu yosigura ivyo bintu vyinshi bitangaje biranga ubuzima bwa Yezu n’igikorwa ciwe, vyashizwe hamwe n’abanditsi batandukanye babayeho mu bijana bitandukanye, hagisigaye imyaka n’iyindi imbere y’uko Yezu aza, atari uko hari UWUFISE UBWENGE BURENGEYE UBW’ABANTU yahagarikiye ivyo vyanditswe?”. Halley yaciye avuga yuko ico kintu cabaye “Igitangaro gihambaye kuruta ibindi vyose vyabaye!”.
Ico kintu citwa ko ari igitangaro, catanguriye mu gitabu ca mbere ca Bibiliya. Uretse ubuhanuzi bwa mbere na mbere bwo muri Bibiliya bwerekanye uruhara Mesiya yoranguye, umwanditsi w’igitabu c’Itanguriro yaranditse yuko Mesiya yokomotse kuri Aburahamu (Itanguriro 3:15; 22:15-18). Ubundi buhanuzi bwarahishuye yuko Mesiya yokomotse mu muryango wa Yuda (Itanguriro 49:10). Imana yabwiye Abisirayeli biciye kuri Musa yuko Mesiya yobaye umuvugizi mukuru n’umucunguzi mukuru aruta mbere na Musa.—Gusubira mu vyagezwe 18:18.
Mu gihe c’Umwami Dawidi, hari ubuhanuzi bwahishuye yuko Mesiya yobaye samurarwa ku ntebe y’ubwami be n’uko ubwami bwiwe ‘bwokwamye buhangamye na ntaryo’ (2 Samweli 7:13-16). Igitabu ca Mika carahishuye yuko Mesiya yovukiye mu gisagara ca Dawidi, ari co Betelehemu (Mika 5:2). Yesaya yari yaravuze yuko Mesiya yovyawe n’inkumi (Yesaya 7:14). Umuhanuzi Malaki yari yaravuze yuko ukuza kwa Mesiya kwotangajwe n’umuntu ameze nka Eliya.—Malaki 4:5, 6.
Ikindi kintu gitomoye cerekeye Mesiya cabonekeye mu gitabu ca Daniyeli. Ubwo buhanuzi bwaradomye urutoki ku mwaka Mesiya yobonekeyeko, mu kugira buti: “Umenye, utahure, yuk’uhereye igihe icagezwe kizoshingirwa co kuvyura no kwubaka Yerusalemu gushitsa kuri Mesiya Segaba, hazocah’amayinga ndwi; maze habeh’ayandi mayinga mirongwitandatu n’abiri, hasubire kwubakwa, basubizeh’imiharuro n’imigende; mbere bizoba bikorwa mu bihe bigoye”.—Daniyeli 9:25, ni twe dushimitse.
Umwami Aritazeruzi w’Ubuperesi yatanze “icagezwe” co kuvyura no kwubaka Yeruzalemu mu mwaka ugira 20 ari ku ngoma. Ingoma yiwe yatanguye mu 474 B.G.C., umwaka ugira 20 ari ku ngoma ukaba rero wobaye ari umwaka wa 455 B.G.C. (Nehemiya 2:1-8). Gutyo, uhereye ku gihe itegeko ryosohokeyeko ryo kuvyura no kwubaka Yeruzalemu ugashitsa ku kuboneka kwa Mesiya, hociye ikiringo c’amayinga 69 y’ubuhanuzi (ni ukuvuga amayinga 7 kwongerako amayinga 62). Birumvikana yuko amayinga buyinga 69 angana gusa n’imisi 483, ico kikaba ari ikiringo kidashika n’imyaka ibiri. Mugabo, hisunzwe ya ngingo ngenderwako y’ubuhanuzi y’uko “umusi uhwana n’umwaka”, bica bihishuka yuko Mesiya yobonetse haciye imyaka 483, aho hakaba hobaye ari mu mwaka wa 29 G.C.—Ezekiyeli 4:6a.
Naho habonetse abigira Mesiya batari bake mu bihe bitandukanye, Yezu w’i Nazareti wenyene ni we yaserutse mu 29 G.C. (Luka 3:1, 2). Muri uwo mwaka nyezina, Yezu yaraje kuri Yohani Umubatizi hanyuma arabatizwa mu mazi. Yezu yaciye asigwa impwemu yera aba Mesiya. Mu nyuma, Yohani, ari na we nteguza yari yaravuzwe ko yoje imeze nka Eliya, yaramenyesheje Andereya be n’abandi bigishwa ivya Yezu, amwita “Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’icaha c’abari mw isi”.—Yohana 1:29; Luka 1:13-17; 3:21-23.
Urukurikirane rw’imiryango rwarafashije kwerekana Mesiya uwo ari we
Ubuhanuzi bwahumetswe bwarerekana ko Mesiya yokomotse mu miryango minaka y’Abayuda. Birumvikana rero ko Umuremyi azi vyose yoringanije ivy’uko Mesiya aza mu gihe inyandiko zidonda ivy’ukuntu imiryango yagiye irakurikirana zobaye ziboneka, kugira ngo umuntu ashobore gusuzuma abo Mesiya yakomotsemwo.
Igitabu c’inkoranyabumenyi (Cyclopedia) canditswe na McClintock be na Strong kivuga giti: “Nta gukeka ko inyandiko zerekeye urukurikirane rw’imiryango y’Abayuda zahiye mu gihe c’isangangurwa rya Yeruzalemu [mu 70 G.C.], zitahiye imbere y’aho”. Hariho ibimenyamenya bitomoye vyerekana ko Matayo na Luka banditse Injiri zabo imbere yo mu 70 G.C. Ku bw’ivyo, bashobora kuba barikoze kuri izo nyandiko mu kwegeranya inkuru zijanye n’imiryango Yezu yakomotsemwo (Matayo 1:1-16; Luka 3:23-38). Vyongeye, nta gukeka ko ku kintu gihambaye nk’ico, benshi mu babayeho mu gihe kimwe n’abo banditsi boba barashimye kwisuzumira ubwabo amamuko ya Yezu.
Bwoba bwarangukiye kuri Yezu ku gihamana?
Ariko none, vyoba bishoboka ko ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bwarangukiye kuri Yezu ku gihamana? Igihe incabwenge imwe yariko yishura ku bibazo yariko ibazwa, yavuze iti: “Ntivyabaye ku gihamana. Ibiharuro vyerekana ukudashoboka kw’ico kintu ni vyinshi cane ku buryo vyerekana ko ivyo bitoshobora kuba ku gihamana. Hari uwaharuye asanga ivy’uko ubuhanuzi umunani gusa burangukira ku muntu [ku gihamana], vyoshoboka incuro imwe gusa mu ncuro imiliyaridi imiliyoni ijana”. Kugira ngo iyo ncabwenge itume umuntu aca abibona neza, yavuze iti: “Hamwe ico gitigiri coba ari igitigiri c’ibingorongoro vy’amadolari bikozwe mw’ifeza, ugiye urabipangapanga hasi vyokwira akarere kose ka Leta ya Texas [akarere kangana n’ibilometero kwadarato 690.000], bikaba vyogira intimbatimba ya santimetero 60. Fata rero ko ushize akamenyetso ku kingorongoro kimwe muri vyo hanyuma hagaca hagira umuntu apfunzwe igitambara mu maso agendagenda iyo Leta yose maze akunama kugira anobe ikingorongoro kimwe. Wibaza ko vyoshoboka ku rugero rungana iki ko anoba ca kingorongoro kiriko akamenyetso?”. Iyo ncabwenge yaciye ivuga yuko “vyoshobotse kuri urwo rugero nyene ko umuntu kanaka mu babayeho muri kahise ashitsa ubuhanuzi umunani gusa mu buhanuzi buvuga ivya [Mesiya]”.
Yamara, mu myaka itatu n’igice ubusuku bwa Yezu bwamaze, ntiyashikije ubuhanuzi umunani gusa bwo muri Bibiliya, mugabo yashikije bwinshi cane. Iyo ncabwenge, yihweje ivyo bimenyamenya bikomeye cane, yaciye isozera iti: “Mu bantu babayeho muri kahise kose, Yezu, emwe, Yezu we nyene gusa, ni we yashoboye gushitsa ubwo buhanuzi”.
“Ukuza” kwa Mesiya
Nk’uko vyibonekeza, Mesiya yaje mu 29 G.C., akaba yari Yezu w’i Nazareti. Ico gihe yaje ari Umucunguzi yicisha bugufi kandi ashobora kubabazwa. Ntiyaje ari Umwami mudatsindwa azanywe no gukuraho agahahazo k’Abaroma, nk’uko Abayuda benshi, eka mbere n’abayoboke biwe, vyasa n’uko bari bavyiteze (Yesaya, ikigabane ca 53; Zekariya 9:9; Ivyakozwe n’intumwa 1:6-8). Ariko rero, vyari vyaravuzwe yuko muri kazoza yoje afise ububasha n’ubukuru buhambaye.—Daniyeli 2:44; 7:13, 14.
Abantu bazirikana bo hirya no hino kw’isi, bamaze gutohoza ubuhanuzi bwa Bibiliya bitonze, barajijutse yuko Mesiya yaje mu kinjana ca mbere be n’uko yogarutse. Ibimenyamenya birerekana yuko ukwo kugaruka kwiwe kwari kwaravuzwe, ari kwo ntango y’“ukuhaba” kwiwe, kwashitse mu 1914b (Matayo 24:3-14, NW). Muri uwo mwaka, Yezu yarimitswe mw’ijuru mu buryo butaboneka, aba Umwami w’Ubwami bw’Imana. Ubu bwa vuba, agiye guhaguruka kugira akure kw’isi ingaruka zatewe na bwa bugarariji bwo muri Edeni. Ingoma yiwe y’imyaka igihumbi izoca ikurikira izoronsa imihezagiro abantu bose bizera ko ari we Rubuto rwasezeranywe, ari rwo Mesiya, “[r]ukūrah’icaha c’abari mw isi”.—Yohana 1:29; Ivyahishuriwe 21:3, 4.
Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kuyaga nawe ivyerekeye ico kimenyamenya no kukwereka muri Bibiliya ico ubutegetsi bwa Mesiya bushobora gusobanura kuri wewe no ku bawe.
[Utujambo tw’epfo]
a Niba wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye na Daniyeli 9:25, raba igitabu Étude perspicace des Écritures, imbumbe ya 2, urupapuro rwa 995-999, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
b Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 10 n’ica 11 vyo mu gitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Igicapo/Amafoto ku rup. 6, 7]
455 B.G.C., ‘icagezwe co kuvyura Yerusalemu’
29 G.C., Mesiya ashika
Imyaka 483 (ni ukuvuga amayinga 69 y’ubuhanuzi)—Daniyeli 9:25
1914 G.C., Mesiya yimikwa mw’ijuru
Vuba Mesiya agiye gukuraho ubukozi bw’ikibi maze ahindure isi iparadizo