Twoba dukeneye Mesiya?
HARI aho wokwibaza ico kibazo uti: “Twoba dukeneye Mesiya?”. Mu vy’ukuri, coba ari ikintu cumvikana wibajije niba Mesiya yogira ico akoze koko kuri wewe.
Abantu bamwebamwe ushobora kuba wemera ivyiyumviro vyabo ntibobura kukwemeza yuko inyishu y’ico kibazo itomoye be n’uko ari ntaharirizwa, bakakubwira bati: Urakeneye koko Mesiya cokimwe n’abandi bose. Umuhinga umwe mu bijanye n’ivyagezwe vy’Abayuda wo mu kinjana ca mbere yanditse ku vyerekeye Mesiya ati: “Ivy’Imana yasezeranye uko bingana, muri we ni ho Ego me riri”. Gutyo, yarashize ahabona uruhara nyamukuru Mesiya afise mu mugambi Umuremyi wacu afise wo guhezagira amahanga yose yo kw’isi (2 Ab’i Korinto 1:20). Uruhara rwa Mesiya rurahambaye rwose ku buryo ukuza kwiwe n’ubuzima bwiwe ari vyo ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bushimikako cane. Mu gitabu kimwe cakoreshejwe n’abantu amamiliyoni muri iyi myaka irenga 70 iheze, uwitwa Henry H. Halley yavuze ati: “Isezerano rya Kera ryanditswe kugira ngo ritume abantu bitega Ukuza kwa [Mesiya] no kugira ngo rigucire inzira”. Mugabo none, ukuza kwiwe kwoba gukenewe? Ni kubera iki wokwitwararika ico kintu?
Mu bisanzwe, izina “Mesiya” risobanura “Uwasizwe”, kandi rirahuye n’izina “Kirisitu” rimenyerewe cane. Uwo Kirisitu, uwo igitabu kimwe (Encyclopædia Britannica, icasohowe mu 1970) cita “umucunguzi ruheta”, yategerezwa kuza kubera ibikorwa vy’ubugarariji vyakozwe na wa mugabo n’umugore ba mbere Adamu na Eva. Uwo mugabo n’umugore baremwe batagira agasembwa, bafise icizigiro c’akezamutima co kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo. Yamara baratakaje ico cizigiro. Umumarayika umwe w’umugarariji, uwahavuye yitwa Shetani wa Mucokoranyi, yabaye nk’uwuvuga yuko Umuremyi wabo yari yarabazitiye birenze be n’uko ivyabo vyogenze neza kuruta baramutse bihitiyemwo iciza n’ikibi.—Itanguriro 3:1-5.
Eva yarahenzwe aremera ico kinyoma. Adamu biboneka ko yashimye kugumana n’umugore wiwe aho guha agaciro ukudahemuka ku Mana, araheza yifatanya na we muri ubwo bugarariji bwatangujwe na Shetani (Itanguriro 3:6; 1 Timoteyo 2:14). Igihe Adamu na Eva bakora ivyo, ntibitesheje gusa icizigiro bari bafise co kubaho ibihe bidahera bari ahantu h’iparadizo, ariko kandi boraze uruvyaro rwobakomotseko icaha n’ingaruka yaco, ari yo rupfu.—Abaroma 5: 12.
Umuremyi wacu Yehova yaciye mu maguru masha ashinga uburyo bwo gukuraho ingaruka mbi z’ibintu vyagiye biraba bivuye kuri ubwo bugarariji. Yosubije hamwe n’abantu biciye ku cohavuye kiba ingingo ngenderwako ijanye n’ubutungane yo mu Vyagezwe vya Musa, iyo na yo ikaba yari iy’ukugera ingere ku yindi (Gusubira mu vyagezwe 19:21; 1 Yohana 3:8). Iyo ngingo ngenderwako yobwirijwe gushitswa kugira ngo uruvyaro rwa Adamu na Eva rwaguye mu mporero rushobore kuronka ubuzima budahera mw’isi yobaye ari Iparadizo, mu buryo buhuye n’umugambi Umuremyi yari afitiye umuryango w’abantu. Ivyo bica rero bidushikana kuri Mesiya.
Igihe Yehova Imana yariko acira urubanza Shetani, yavuze mu buhanuzi bwa mbere bwo muri Bibiliya ati: “Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri” (Itanguriro 3:15). Incabwenge imwe mu vya Bibiliya yavuze yuko “inkuru ishikirizwa n’Ivyanditswe ivuga ivy’imihango yatanzwe ijanye na Mesiya, itangurana n’[ayo] majambo”. Iyindi ncabwenge yavuze yuko Mesiya ari we Imana izokoresha mu “gukuraho ivyago vyose vyatewe na ca caha”, muri ico gihe nyene akazanira abantu imihezagiro.—Abaheburayo 2:14, 15.
Ariko rero, woshobora kuba ubona ko umuryango w’abantu utariko urahezagirwa muri iki gihe. Abantu, aho kuba bariko barahezagirwa, bari mu mwiheburo utovugwa. Ku bw’ivyo, igitabu kimwe (The World Book Encyclopedia) kivuga yuko “Abayuda benshi bakirindiriye Mesiya” be n’uko “azokosora ibibi akongera agatsinda abansi b’abantu”. Ariko Bibiliya yo ivuga yuko Mesiya yamaze kuza. Hoba hariho imvo yotuma twemera ivyo Bibiliya ivuga? Ikiganiro gikurikira kiratanga inyishu.