Ibisagara vya Boliviya biri kure na kure vyumva inkuru nziza
DUSHIKA hafi abantu 20, tukaba dukoraniye ku musenyi hafi y’uruzi. Turashashaye gufata urugendo rw’umusi wose tugana mu bigwati biri amaja iyo urwo ruzi rutemba ruva. Turi ku mucamo wa rwa runani rw’imisozi rwitwa Andes, aho Uruzi Beni rushikira mu kiyaya kinini cane co mu karere k’Uruzi Amazone. Ni ahantu h’akaroruhore.
Ariko ntiwumve, ntituri za ngenzi ukunze kwumva. Bamwebamwe muri twebwe ni abantu b’aho hantu; abatari bake baje bava mu bisagara vya kure, baza kuba ngaha i Rurrenabaque, agasagara gatoya keza cane karimwo ibiti vyamuza amashurwe, karimwo inzu z’ivyatsi, rimwe na rimwe hakaba haba urwamo igihe amapikipiki yunguruza abantu arenganye. Ni kubera iki none turi kuri urwo rugendo?
Ibiriko biraba ng’aha bisa n’ibiriko biraba no mu yindi mihingo myinshi yo muri Boliviya. Ivyabona vya Yehova bava mu bindi bisagara no mu bindi bihugu bariko barajana inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana mu bisagara bitobito.—Matayo 24:14.
Igihugu ca Boliviya kiri hagati muri Amerika y’Epfo. Ico gihugu kingana n’igihugu c’Ubufaransa incuro zibiri, ariko abanyagihugu baho bakaba baruta gatoyi ic’icumi c’abo mu Bufaransa. Abanyagihugu nka bose bo muri Boliviya usanga baba ahantu hataramutse cane mu bisagara bininibinini be no mu bisagara bitobito bimbamwo ubutare, canke ugasanga baba mu bice bimwebimwe vyo mu biyaya bikorerwamwo ivy’uburimyi. Yamara rero, mu biyaya vyo mu karere gashushe kaho, usanga ibisagara biri kure na kure, hagati yavyo hakaba hari ibibira.
Mu myaka ya 1950 be n’iya 1960, abamisiyonari b’umutima rugabo, nka Betty Jackson, Elsie Meynberg, Pamela Moseley, na Charlotte Tomaschafsky, baratanguje igikorwa co kwamamaza mu bisagara vyinshi bitobito biri kure na kure. Barigishije ukuri kwo muri Bibiliya abantu b’imitima nziraburyarya kandi barafasha gushinga amashengero matomato. Mu myaka ya 1980 n’iya 1990, Ivyabona vya Yehova barongerekanye incuro zitandatu gusumba uko bahora, iryo yongerekana rikaba ryabaye canecane mu bisagara bininibinini. Ubu hirya no hino muri ivyo bisagara hariho amashengero. Urashobora kuyasanga mu ntara zifashe mu vy’ubutunzi, aho usanga abantu bakorera mu magorofa agereza nka hariya, bakaba mu mazu maninimanini ateye igomwe, bagasumira mu mazu maninimanini adandarizwamwo ibifungurwa vy’ubwoko bwose be n’ibikoresho vyo mu nzu. Ariko kandi, hariho ayandi mashengero ari mu turere turi kure y’ivyo bisagara, aho usanga abantu baba mu tuzu tw’ivyondo, basumira mu tuguriro, kandi bakambara impuzu kavukire z’amabara atandukanye. Ariko none, hokorwa iki kugira abantu benshi kuruta bo muri utwo turere turi kure na kure bafashwe mu bijanye no kumenya Yehova?
Barahevye ubuzima bwiza bwo mu gisagara
Muri iyi myaka mirongo ibiri irangiye, abantu barakukumutse bava mu bisagara bitobito bimbamwo ubutare vyo muri Boliviya no mu gihugu hagati, baja mu bisagara bininibinini. Ni gake usanga abantu bimuka bava mu gisagara bakaja mu kigwati. Ibigwati vyinshi usanga birimwo telefone imwe gusa, kandi umuyagankuba uboneka gusa amasaha makeya ku musi. Ivyabona bo muri ivyo bisagara bitobito boshobora gusa kubona abo basangiye ukwizera ku mahwaniro aba ku mwaka ku mwaka, kandi kuja kuri ayo mahwaniro vyoshobora kubasaba amahera menshi, bagaca ahantu h’akaga bakongera bakaruha cane. Amashure yo mu bigwati usanga atanga inyigisho z’ishimikiro gusa. Ni igiki none gituma Ivyabona vya Yehova batari bake bava mu bisagara bininibinini bakaja mu bigwati?
Nta gihe kinini kirahaca uwitwa Luis avuze ati: “Nararonse akaryo ko kwiga umwuga mu gisagara c’i La Paz. Yamara, abavyeyi banje bama imisi yose bavuga ko igikorwa co guhindura abantu abigishwa ari wo mwuga mwiza usumba iyindi yose. Ku bw’ivyo, naciye niga ivyigwa bimara igihe gito bijanye n’ubwubatsi. Igihe nari mu buruhuko i Rurrenabaque, narabonye ko abantu baho bakunda cane kwumviriza inkuru nziza. Maze kubona ko abavukanyi ari bake aho hantu, naciye mbona ko nkwiye kuja kubafata mu mugongo. Ubu ndongora inyigisho za Bibiliya zo ku muhana 12. Nk’akarorero, ndigana Bibiliya n’umugabo umwe akiri muto be n’umukenyezi wiwe bafise abana bane. Uwo mugabo yahora anywa inzoga nyinshi kandi agakina akamari. Ariko rero, ivyo yarabihevye aca atangura kubwira abagenzi biwe ivyo ariko ariga ku vyerekeye Yehova. Imisi yose yama ategura icigwa tugezeko. Igihe bisavye ko amara imisi itatu canke ine atari ho ari, yagiye guca ibiti mw’ishamba, biramubabaza kubera yuko atagomba ko hagira ikintu na kimwe kimucika. Iyo ndababonye bose ku makoraniro ya gikirisu, nca numva ko akigoro nagize ko kuza ngaha katapfuye ubusa”.
Uwitwa Juana ni umuvyeyi yirerana abana. Avuga ati: “Nahora nkora akazi ko mu nzu i La Paz. Igihe agahungu kanje kari kakiri gatoyi, naratanguye gukora umurimo w’igihe cose muri ico gisagara. Igihe nafata urugendo rwo kuja i Rurrenabaque, narabonye ko norushiriza gukora vyinshi nimutse nkaza muri ico gisagara. Twarimukiye rero muri ico gisagara, maze ndaronka akazi ko gukora ibikorwa vyo mu nzu. Mu ntango, ntivyari vyoroshe kwihanganira ubushuhe be n’udukoko vyaho. Ariko ubu turahamaze imyaka indwi. Ndashobora kurongora inyigisho nyinshi za Bibiliya ku ndwi ku ndwi, kandi abo twigana barerekana ko bibashimisha mu kuza ku makoraniro”. Juana be n’umuhungu wiwe bari muri ba bandi bagire bafate ubwato maze badugane uruzi. Ubona twojana muri urwo rugendo?
Tudugana uruzi
Mu gihe tugomba guca mu mpatane z’imisozi, akamoteri k’ubwato karahinda cane. Inyoni gasuku nyinshi zitubonye ziravuza urwamo rwinshi, nk’aho ziriko ziratwiyamiriza. Isuri rivuye ku misozi rirasurirana ritugana mu gihe nyene gutwara ubwato na we ariko ararwana abigiranye ubuhanga n’urwo ruzi rusurirana. Ku musase turashika mu kagwati gatoyi. Ng’aho turabonana n’umukurambere umwe wo mw’ishengero rya Rurrenabaque, agaca atwereka aho twamamaza.
Abantu bo muri ako kagwati baratwakira neza, haba mu gatutu k’igiti canke mu nzu y’imigano zisakajwe amababi y’ibigazi. Ntiduteba kubonana n’umugabo be n’umugore wiwe bamaze igihe gito bubakanye, akuya kakaba kabarenze bariko barasekura ibikaju mu kintu bikoreye mu giti. Amazi y’ivyo bikaju atembera mu kintu kimeze nk’isafuriya gikozwe mu butare bw’umujumbu. Ayo mazi y’ibikaju baca bayashira ku ziko bakayacanira gushika abize akaba ibizibizi vyirabura badandaza mu gisagara. Baratwinjiza mu nzu yabo bakatubaza ibibazo vyinshi bijanye na Bibiliya.
Turakomeza kudugana urwo ruzi, tukagenda turamamaza mu kigwati kimwe no mu kindi. Benshi barashima kwumviriza ivyo Bibiliya ivuga ko indwara n’urupfu bizokurwaho (Yesaya 25:8; 33:24). Kubera yuko aho hantu ari urugamba kugira umuntu aronke aho yivuza, usanga imiryango nka yose yarabuze umwana. Ubuzima bw’abirimizi n’abarovyi batobato buragoye. Gutyo rero, usanga abantu benshi bahimbarwa cane n’ivyo Imana yasezeranye biri muri Zaburi 72 vyerekeye intwaro izokuraho ubukene. Woba none wiyumvira ko abantu bashimishwa baba mu turere turi kure na kure nk’utwo, bogira akigoro ko kwitaba amakoraniro ya gikirisu? Ico kibazo cari kiraje ishinga Eric na Vicky, abo bakaba ari abasuku b’igihe cose i Santa Rosa, ahantu h’urugendo rw’amasaha atatu umuntu ari mu muduga atera yinjira mu karere k’Uruzi Amazone.
Abashimishijwe boba bazoza?
Eric na Vicky baje muri Boliviya bavuye i Kaliforoniya, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ubu hakaba haciye imyaka 12. Umucungezi w’ingenzi yabagiriye inama yuko bokwimukira i Santa Rosa. Vicky avuga ati: “Muri ico gisagara hariho telefone zibiri gusa kandi nta Internet ihabazwa. Aho hantu, ibikoko vyariraye. Twarakunda kubona ibikoko vyo mu bwoko bw’imburu, za nyoni zitwa imbuni be b’ibiyoka bingana amahero tugiye mu turere turi ahantu ha kure turi ku mapikipiki yacu. Yamara rero, abantu ni bo baduhimbara cane kuruta ibikoko. Turigana Bibiliya n’umugabo umwe yitwa Vaca be n’umugore wiwe bamaze igihe gito bubakanye, bakaba bafise abana bane batoyi. Baba nko ku bilometero 26 uvuye muri ico gisagara. Sebibondo yari imborerwa, ariko ubu yarahindutse. Ku ndwi ku ndwi, arajana umuryango wiwe wose be na mushikiwe mutoya ku Ngoro y’Ubwami. Umukenyezi wiwe be n’uruyoya rwabo abaheka kw’ikinga ryiwe risanzwe ari rinini. Umwana wabo w’imyaka icenda atwara gashikiwe ku rindi kinga, umwana w’imyaka umunani na we akagira ku rindi ari wenyene. Kugira bashike ku Ngoro, bamara amasaha atatu”. Uwo muryango urakunda Yehova vy’ukuri, kandi urakora uko ushoboye kwose kugira wifatanye n’ishengero.
Mu mezi 18 gusa, abantu 3 barakwije ibisabwa kugira babatizwe, kandi abashika 25 baraza ku Ngoro y’Ubwami nshasha y’i Santa Rosa. Naho hari abantu benshi usanga bashaka kwiga Bibiliya, abatari bake bari n’ingorane zikomeye bategerezwa kurengana kugira basukurire Yehova.
Ingorane zijanye no kwandikisha umubano
Marina na Osni, abo bakaba ari abamisiyonari bakorera mu gisagara kiri ukwa conyene hafi y’urubibe igihugu ca Boliviya gihana n’igihugu ca Berezile, bavuga ko abantu benshi baho batabona ko umubano w’abubatse ari uw’ibihe vyose. Bahindura abagore nk’uwuhindura impuzu. Osni avuga ati: “Iyo ni ingorane ituma abantu badatera imbere mu vy’impwemu. Igihe abantu bashaka kuba abakirisu b’ukuri, usanga bigoye cane kandi bitwara amahera menshi. Bamwebamwe usanga bategerezwa gutorera umuti ikibazo kijanye n’abo vyahora vyitwa ngo barubakanye, maze bakabona kwubaka mu buryo bwemewe n’amategeko. Naho ari ukwo, bamwebamwe barakoze vy’ukuri baratama kugira baronke amafaranga Leta isaba mu kwandikisha umubano, kubera bari bamaze kubona ko kwandikisha umubano ari ikintu gisabwa n’Ivyanditswe”.—Abaroma 13:1, 2; Abaheburayo 13:4.
Umwe Marina twavuga arigana inkuru yerekeye uwitwa Norberto. Avuga ati: “Yarabanye n’abagore batari bake imbere y’uko aja kubana n’umugore yotsa imikate. Uwo mugabo Norberto yarusha uwo mugore imyaka 35, kandi yaciye arera umuhungu w’uwo mugore. Uko uwo muhungu yagenda arakura, Norberto yashaka kumubera akarorero keza. Igihe rero Icabona umwe yagendera aho bokereza imikate, yarasavye Norberto kumugirira inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana ku buntu, Norberto aravyemera naho atari azi gusoma akaba kandi yari amaze kurenza imyaka 70. Igihe Norberto be n’uwo mugore bari babanye bidaciye mu mategeko bamenya ivyo Yehova asaba, barandikishije umubano wabo, maze mu nyuma barabatizwa. Nya muhungu yarabaye umukirisu akiri muto w’umwizigirwa, kikaba ari co kintu nyene uwo se amureze yari yaripfuje. Norberto yarize gusoma, kandi aramaze no gushikiriza ibiganiro ku makoraniro y’ishengero. Naho afise amagara make kubera ubusaza, ni umusuku w’inkuru nziza w’umunyamwete”.
Barakomezwa n’impwemu ya Yehova
Yezu yabwiye abayoboke biwe bo mu ntango ati: “Muzohabga ubushobozi, [im]pwemu [y]era ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe . . . gushitsa ku mpera y’isi” (Ivyakozwe n’intumwa 1:8). Urazi ingene biremesha kubona impwemu y’Imana ituma abagabo be n’abagore bakirisu bagira umutima wo kwimukira mu bice vya kure! Nk’akarorero, mu mwaka wa 2004, abakirisu nka 30 b’abanyamwete baremeye kumara igihe kinaka bakorera mu turere turi kure na kure ari abatsimvyi badasanzwe. Barakenguruka akarorero k’abantu bashika 180 baje muri Boliviya bavuye mu bindi bihugu kugira basukure ari abatsimvyi, abacungezi b’imizunguruko, abitanga gusukurira kuri Beteli bavyishakiye, canke ari abamisiyonari. Abamamaji b’Ubwami 17.000 bo muri Boliviya barongorera inyigisho za Bibiliya zo ku muhana abantu bashimishijwe bashika 22.000.
Abo bavukanyi barafise umunezero mwinshi cane kubera yuko babona ko bariko bararongorwa n’impwemu ya Yehova. Nk’akarorero, Robert na Kathy baremeye gukorera i Camiri ari abamisiyonari. Ico gisagara kiri mu turambi dutotahaye two hafi y’uruzi, camye ari igisagara kiri ukwa conyene. Robert agira ati: “Bisa n’uko twaje nyene ku gihe kibereye. Mu myaka ibiri, abantu nka 40 barabaye abamamaji b’inkuru nziza”.
Umukinyi w’akamari w’imborerwa yumviriza
Abantu benshi bo mu gisagara baratangazwa n’ukuntu abiga Bibiliya baca bahinduka. Nk’akarorero, umusi umwe, ubu hakaba haciye nk’imyaka ine, umugabo umwe w’imborerwa yitwa Ariel yari mu gitanda aryamitswe n’inzoga. Naho gukina akamari kwari kwaratumye amenyekana, yama mu maganya kubera imyenda myinshi yagenda arafata, kubera umubano wiwe warimwo ingorane, be no kubera abakobwa biwe batitwararikwa. Akiriko araganya, yagiye abona Icabona ca Yehova umwe yariko yamamaza inzu ku nzu ashika iwe. Ariel yarateze ugutwi igihe uwo muvukanyi yariko arasigura Ivyanditswe. Budakeye na kabiri, Ariel yari yigaramiye mu gitanda, muri ico gihe hoho akaba yariko arasoma ivyerekeye ubuzima bwo mu rugo burimwo agahimbare, ivyerekeye Iparadizo be n’ivyerekeye gusukurira Imana. Mu nyuma yaremeye kwiga Bibiliya.
Igihe abo bamisiyonari bashika i Camiri, umukenyezi wa Ariel, ari we Arminda, na we nyene yariga Bibiliya, ariko ata shaka afise. Yavuze ati: “Ntako ntazogira ngo ndamubuze akaborerwe. Ariko sinzi ko hari ikizovamwo. Urya karabaye”. Yamara rero, Arminda yahavuye arushiriza gushimishwa n’iyo nyigisho ya Bibiliya yagirirwa kuruta uko yari avyiteze. Mu mwaka umwe yari abatijwe kandi yarashinga intahe ku bo mu muryango wiwe. Hataraca n’igihe kirekire, abantu batari bake bo mu ncuti ziwe bareguriye ubuzima bwabo Yehova.
Ariel na we, ntivyamworoheye guheba kunywa inzoga, kunywa itabi no gukina akamari. Ihinduka rihambaye ryabaye igihe yatumira abantu bose bazinanyi ku Cibutso c’urupfu rwa Yezu. Ingingo yari yafashe yari iyi: “Abatazoza tuzoca tuvavanura. Nzokwigana Bibiliya n’abazoba baje”. Yaratanguje inyigisho za Bibiliya zitatu muri ubwo buryo. N’imbere y’uko Ariel aba uwo mu bagize ishengero, yarigana Bibiliya n’umwe mu ncuti ziwe, uwo na we akaba yarateye imbere maze abatirizwa rimwe na Ariel. Arminda agira ati: “Bisa n’uko Ariel wa kera atakibaho”.
Robert avuga ati: “Ubuheruka, abantu 24 bo muri uwo muryango ni bo bitaba amakoraniro badahorereza. Cumi barabatijwe, umunani na bo ni abamamaji batarabatizwa. Hari abandi babonye ukuntu abo muri uwo muryango bahinduye inyifato, na bonyene baca batangura kwiga Bibiliya kandi ubu bakaba bitaba amakoraniro y’ishengero. Abitaba amakoraniro barongerekanye bava ku 100 bashika ku 190. Twe na Kathy turongora inyigisho za Bibiliya nka 30, kandi zose ziritaba amakoraniro. Turaryoherwa no kuba turi ng’aha”.
Ivyo bintu biriko biraba mu bisagara biri kure na kure vyo muri Boliviya ni agace gatoyi gusa k’itororokanywa ririko riraba hirya no hino kw’isi ryari ryaravuzwe mu Vyahishuriwe ikigabane ca 7, ahavuga ivy’ugukoranirizwa hamwe kwo mu gihe c’“umusi w’Umukama” kw’abazorokoka wa mubabaro mwinshi (Ivyahishuriwe 1:10, UB; 7:9-14). Kuva abantu batanguye kubaho, ntihari bwigere habaho igihe abantu amamiliyoni bo mu mahanga yose bunga ubumwe mu gusenga Imana yonyene y’ukuri nk’uko biri ubu. Ese ukuntu ico ari ikimenyamenya giteye umunezero cerekana ko iranguka ry’ivyo Imana yasezeranye riri hafi!
[Ifoto ku rup. 9]
Betty Jackson
[Ifoto ku rup. 9]
Elsie Meynberg
[Ifoto ku rup. 9]
Pamela Moseley
[Ifoto ku rup. 9]
Charlotte Tomaschafsky, hirya iburyo
[Ifoto ku rup. 10]
Eric na Vicky baraje gukorera ahari hakenewe abandi bamamaji b’Ubwami
[Ifoto ku rup. 10]
Ku ndwi ku ndwi, umuryango wa Vaca uragira urugendo rw’amasaha atatu kw’ikinga uja ku Ngoro y’Ubwami
[Ifoto ku rup. 11]
Abanyakigwati bo hafi y’Uruzi Beni baratega yompi inkuru nziza
[Ifoto ku rup. 12]
Robert na Kathy basukurira i Camiri ari abamisiyonari