ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/4 rup. 31
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ivyo bijanye
  • “Nimwumve ukwiregura kwanje”
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • “Munyigireko”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • “Bahamagaza Abanyekombe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • “Mwiyubare umwambiro w’Abafarizayo”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/4 rup. 31

Ibibazo vy’abasomyi

Ubwo intumwa Paulo ntiyadohotse ku kwemera kwiwe kwa gikirisu igihe yavugira imbere y’Ikombe ati: “Nd’Umufarisayo”?

Kugira dutahure amajambo Paulo yavuze dusanga mu gitabu c’Ivyakozwe 23:6, turakeneye kurimbura ivyari vyabaye hamwe n’ivyariko biraba igihe yavuga ayo majambo.

Paulo amaze gusūmirwa n’Abayuda i Yeruzalemu, yaragize ico ashikirije isinzi. Yavuze yuko “[yigishirijwe i Yerusalemu] imbere y’ibirenge vya Gamaliyeli nk’uk’uruhande rugoye rw’ivyagezwe vya ba s[e]kuruza ruri”. Naho isinzi ryamaze akanya ryumviriza ingene yiburanira, igihe ryashangashirwa, umukuru w’abagabisha yari ajanye Paulo yaciye amutwara aho abasoda baba. Igihe Paulo yagira akubitwe ibimoko, yavuze ati: “Mbega biremerwa ko mukubita umuntu w’Umuroma, kand’ata rubanza rwamutsinze?”.​—Ivyakozwe 21:27–22:29.

Bukeye, nya mukuru w’abagabisha yajanye Paulo imbere ya sentare nkuru y’Abayuda ari ryo Kombe. Paulo yarabitegereje yitonze arabona yuko uwo mugwi w’Abanyekombe warimwo Abasadukayo n’Abafarizayo. Yaciye avuga ati: “Bagabo bene Data, nd’Umufarisayo, nd’umwana w’Abafarisayo: ivy’ivyizigiro vy’ibizoba n’ukuzuka kw’abapfuye ni vyo bimpagaritse mur’izi manza”. Haciye havyuka ibihari hagati y’Abafarizayo n’Abasadukayo “kukw Abasadukayo bāhakana yukw ata kuzuka kuriho, cank’umumarayika n’impwemu; arikw Abafarisayo bāvyemera vyompi”. Bamwe mu bo mu gice c’Abafarizayo barahaririye n’inkungugu iratuma, bemeza bati: “Nta kibi twabonye kur’uyu muntu”.​—Ivyakozwe 23:6-10.

Narirya Paulo yari azwi ko ari umukirisu w’umwete mwinshi, ntiyari gushobora kwemeza Abanyekombe yuko ari Umufarizayo w’umunyamwete. Abafarizayo bari ngaho ntibari kwemera Umufarizayo atemera inyigisho zabo zose. Ku bw’ivyo rero, amajambo Paulo yavuze y’uko ari Umufarizayo ategerezwa kuba yari afise insobanuro iri n’aho igarukira, kandi Abafarizayo bari ngaho bategerezwa kuba bayahaye iyo nsobanuro nyene.

Mu kuvuga yuko yariko acirwa urubanza kubera icizigiro afise c’izuka ry’abapfuye, biboneka neza yuko Paulo yashatse kwerekana ko yari nk’Abafarizayo ku bijanye n’ivyo gusa. Igihe cose hari kuba ibihari ku bijanye n’ico kibazo c’izuka, Paulo yari gufatwa ko ari Umufarizayo ntafatwe ko ari Umusadukayo, kuko Abasadukayo batemera izuka.

Ivyo Paulo yemera bwa mukirisu ntivyari bihushanye n’ivyo Abafarizayo bemera nko ku bijanye n’ikibazo cerekeye izuka, icerekeye abamarayika, hamwe n’ibintu bimwebimwe vyo mu Vyagezwe (Ab’i Filipi 3:5). Rero Paulo afatiye kuri ivyo bintu bimwebimwe, yarashobora kuvuga ko ari ku ruhande rw’Abafarizayo, kandi n’Abafarizayo bari ngaho batahuye amajambo Paulo yavuze bafatiye kuri ivyo bintu bimwebimwe gusa. Gutyo yariko akoresha kahise kiwe kugira yisigure imbere ya sentare nkuru y’Abayuda yari igizwe n’abantu bari n’aho bahengamiye.

Ariko rero, ikimenyamenya kiruta vyose cemeza ko Paulo atadohotse ku kwemera kwiwe kirabonekera mu kuntu yabandanije kwemerwa na Yehova. Ijoro ry’aho Paulo avugiye nya majambo, Yezu yamubwiye ati: “Hūmura; nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni k’ukwiye kuzonshingira intahe i Roma”. Kubera ko Paulo yari yemewe n’Imana, ntitwobura kuvuga yuko atadohotse ku kwemera kwiwe kwa gikirisu.​—Ivyakozwe 23:11.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika