ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/4 rup. 32
  • Inkuru zo muri Bibiliya zoba ari iz’ukuri?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inkuru zo muri Bibiliya zoba ari iz’ukuri?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/4 rup. 32

Inkuru zo muri Bibiliya zoba ari iz’ukuri?

UWAHOZE ari umukuru w’igihugu ca Isirayeli yitwa Chaim Herzog, be n’umwigisha yakukurutse yitwa Mordechai Gichon yahoze yigisha ivy’ubucukuzi bw’ubutaka kuri kaminuza y’i Tel Aviv, mu gitabu banditse (Battles of the Bible) bavuze bati:

“Indondoro y’ubuhinga bwo kurwana bwakoreshejwe mu ntambara zivugwa muri Bibiliya . . . ntishobora kuba ari inkuru yaremaremwe. Ivyo biribonekeza ufashe gusa nk’akarorero urugamba Gideyoni yarwanye n’Abamidiyani be n’abari bafadikanije na bo, nk’uko rwiganwa mu Bacamanza 6-8, ukarugereranya n’intambara zarwanywe zo kwigarurira igisagara ca Troie (guerre de Troie) zidondorwa n’umuryoshamvugo Homère mu cese ciwe citwa Iliade. Kuri Homère, inkengera y’ikiyaga iyo ari yo yose abantu bashobora gushikira hamwe n’igisagara kizitiwe rwose kitari kure cane yayo, vyaba bikwiye kugira ngo abe ari ho havugwa ko habereye inkuru yinaka . . . Ariko inkuru yo muri Bibiliya ivuga ivy’urugamba rwa Gideyoni yoyo si ukwo. Inkuru y’ido n’ido isigura ingene abarwana bagiye barava ahantu hamwe baja ahandi be n’ingene batanye mu mitwe n’abansi bafatiye ku kuntu akarere kanaka kaba kameze, bagafatira no ku kuntu izo mpande zompi zabigenza mu kurwana, ivyo bikaba vyabereye ahantu hareha n’ibilometero nka mirongo itandatu, nta hantu na hamwe yoshobora kwiganwa neza na neza nk’uko yagenze . . . Bica bituma rero dusa n’abategerezwa kwemera yuko inkuru ziganwa muri Bibiliya z’ukuntu barwana intambara ari iz’ukuri”.

Urashobora kwiga ibijanye n’urugamba rwa Gideyoni ukoresheje ikarata iri ku rupapuro rwa 18 n’urwa 19 mu gatabu k’indondabihugu kitwa ‘Raba ca gihugu ciza’a. Iyo nkuru yatanguye igihe “Abamidiyani bose n’Abamaleki n’ab’i burasirazuba bakoranira hamwe, ba[ka]jabuka Yorodani, ba[ga]sagaza mu kiyaya c’i Yezireli”. Gideyoni yaratumyeko imiryango y’Abisirayeli yo mu micungararo ngo ize gufasha. Iyo nkuru yabereye kw’iriba ry’i Harodi no ku mutumba w’i More, kumanuka gushika mu Kiyaya ca Yorodani. Gideyoni yaranesheje nya bansi amaze kuboma inyuma gushika hakurya y’Uruzi Yorodani.​—Abacamanza 6:33–8:12.

Iyo karata iri mu gatabu ‘Raba ca gihugu ciza’ irerekana ibibanza nyamukuru bivugwa muri iyo nkuru be n’ibintu vyerekana ukuntu akarere k’aho hantu kameze. Iyindi karata (ku rupapuro rwa 15) yerekana uturere tw’imiryango y’Abisirayeli. Ayo makarata abiri arashobora kugufasha kwibonera yuko iyo nkuru yo muri Bibiliya ari iy’ukuri koko.

Ivyo birerekana yuko ivyavuzwe n’umuhisi porofeseri Yohanan Aharoni ari ivy’ukuri. Yagize ati: “Mu gihugu kivugwa muri Bibiliya, akarere kanaka hamwe n’ibintu vyahabereye, usanga vyinjiranamwo rwose ku buryo udashobora vy’ukuri gutegera kimwe muri vyo utabifashijwemwo n’ikindi”.

[Akajambo k’epfo]

a Kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Abo dukesha Ifoto ku rup. 32]

Ikarata y’inyuma y’igisomwa: Based on maps copyrighted by Pictorial Archive (Near Eastern History) Est. and Survey of Israel

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika