“Intahemuka mu bigeragezo”
MU NTANGO z’ukwezi kwa Ndamukiza 1951, ya ntwaro ikomeye y’Abasoviyeti yaragavye igitero ku mugwi w’abakirisu ata co bazira bo mu Burengero bwa Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti, uwo mugwi ukaba wari Ivyabona vya Yehova. Imiryango ibihumbi, harimwo n’utwana, abagore bibungenze be n’abageze mu zabukuru, yarapakiwe mu bikontineri bikwegwa na gariyamoshi, bagira urugendo ruruhisha cane rw’imisi 20 bajanwa muri Siberiya. Barangajwe mu gahinga ka nyaganande, hakaba hari ahantu habi kandi hagoye kuba.
Muri Ndamukiza 2001, ihimbazwa ryabereye i Moscou ryo kwibuka imyaka 50 yari ihaciye ico kintu c’intibagirwa kibaye, ryaranzwe n’isohorwa ry’ividewo yerekana neza ingene Ivyabona vya Yehova bo mu bihugu vyahoze bigize Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti bamaze imyaka mirongo bari mu gahahazo. Muri iyo videwo, abatohozakahise be n’abantu biboneye ivyo bintu n’amaso yabo, barigana ingene Ivyabona bacitse kw’icumu, eka no gusagamba bagasagamba naho bari mu mukazo ukomeye.
Abantu amamiliyoni bo mu Burusiya n’ahandi baramaze kuraba iyo videwo ifise umutwe uvuga ngo Intahemuka mu bigeragezo: Ivyabona vya Yehova bo muri Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti (mu gifaransa), kandi abantu muri rusangi hamwe n’abatohozakahise barayikuguye. Amajambo akurikira yavuzwe n’incabwenge zibiri z’Abarusiya ziba mu karere kajanywemwo myinshi mu miryango y’Ivyabona:
“Iyo senema narayikunze cane. Nahora nkunda abaserukira idini ryanyu, mugabo aho mariye kuraba iyo senema, naciye ndushiriza kubakunda. Iyo senema yateguranywe ubuhinga! Narashimye canecane ingene mwagiye murerekana umuntu umwumwe wese ukwiwe. Naho ndi umworotodogisi, nkaba kandi ntategekanya guhindura idini, ndakunda Ivyabona. Noshima yuko igisata cacu cozigama ikaseti y’iyo videwo. Twe n’abo dukorana twarafashe ingingo yo kuyereka abanyeshure bacu no kuyishira mu vyo twigisha”.—Porofeseri Sergei Nikolayevich Rubtsov, umukuru w’igisata ca kahise kuri kaminuza imwe (State Pedagogical University) y’i Irkutsk mu Burusiya.
“Iyo senema nayakirije yompi. Igihe umuntu ariko arategura isenema yerekeye ingene umugwi munaka wacinyijwe, ntivyama vyoroshe gushikiriza iyo nkuru mu rukurikirane rwumvikana. Mugabo mwebwe mwarabishoboye. Ndabinginze ntimwitinye kunzanira ayandi masenema yanyu”.—Porofeseri Sergei Ilyich Kuznetsov, umukuru w’igisata ca kahise kuri kaminuza imwe (Irkutsk State University) yo mu Burusiya.
Ivyabona vya Yehova baba muri Siberiya na bo nyene barashimye cane iyo videwo. Amajambo akurikira arerekana ingene bamwebamwe muri bo bayakiriye:
“Igihe ibintu vyerekanwa muri iyi senema vyaba, abantu benshi bo mu Burusiya bari barabwiwe ibitari vyo ku vyerekeye ibikorwa vy’Ivyabona vya Yehova. Mugabo ubu ko bamaze kuraba iyo senema, barabona yuko ishirahamwe ryacu atari akadumbi k’idini, nk’uko bahora bavyiyumvira. Hari abandi baherutse kuba Ivyabona bavuga bati: ‘Ntitwari tuzi yuko tubana tukongera tugakorana n’abavukanyi bakirisu bihanganye gushika iyo hose!’. Icabona umwe aho amariye kuraba iyo senema, yaciye avuga ko ashaka kuba umusuku w’igihe cose mu gukora ubutsimvyi”.—Anna Vovchuk, uwangajwe muri Siberiya.
“Igihe muri iyo senema berekana abapolisi bajejwe iperereza bariko badodora ku rugi rw’inzu y’Icabona umwe, naciye mpinda agashitsi. Wamengo ni igihe abapolisi bariko baradodora ku rugi iwacu, nca nibuka mawe ariko avuga ati: ‘Ngira hari ahantu umuriro wadutse’. Mugabo iyo senema iranyibutsa kandi yuko Ivyabona benshi bacumukuye kurusha uko nacumukuye. Ayo makuru yose aratuma turushiriza kugira inkomezi n’umwete bidufasha kubandanya gusukurira Yehova”.—Stepan Vovchuk, uwangajwe muri Siberiya.
“Ndi umwana w’Ivyabona bangajwe. Nahora niyumvira rero ko nari maze kwumva vyinshi ku bijanye n’ico gihe. Mugabo aho mariye kuraba iyo senema, naciye ntahura yuko ari nk’aho ata co nari nzi. Igihe nariko numviriza ababajijwe ibibazo, amosozi yaciye yuzura mu maso. Kuri jewe, ivyo bintu ntibikiri inkuru mbarirano gusa, ahubwo nsa n’uwubibona. Iyo senema yarakomeje ubucuti mfitaniye n’Imana yongera iramfasha kwitegurira kuzokwihanganira ingorane zose zizoshika mu gihe kiri imbere”.—Vladimir Kovash, w’i Irkutsk.
“Iyo senema yarankoze ku mutima kuruta inkuru yanditse. Igihe naraba nkongera nkumviriza abavukanyi babajijwe ibibazo, naciye numva umenga nari kumwe na bo mu vyo baciyemwo vyose. Akarorero k’urya muvukanyi yacapiye udukarata utwigeme twiwe igihe yari mw’ibohero, kamvyuriye umutima wo kugerageza gukora ku mutima abana banje nkoresheje ukuri kwo muri Bibiliya. Ndabakengurukiye! Iyo senema yatumye Ivyabona vya Yehova bo mu Burusiya barushiriza kwumva yuko bari mu bagize ishirahamwe rya Yehova rikwiye kw’isi yose”.—Tatyana Kalina, w’i Irkutsk.
“Ya mvugo ngo ‘Kubona ikintu rimwe biruta kucumva incuro igihumbi’, irakora vy’ukuri kuri iyo senema. Iyo senema irimwo ibintu bikora ku mutima rwose, vyabaye koko, ibintu bifitaniye isano rwose n’ubuzima bwacu! Aho mariye kuyiraba, naciye nkenera umwanya mwinshi wo kuzirikana. Iyo senema yatumye nshobora kubona neza ubuzima bw’Ivyabona bari barangajwe. Iyo ngereranije ukuntu ivyanje vyifashe n’ukuntu ivyabo vyari vyifashe, biramfasha kubona ukundi ingorane turimwo muri kino gihe”.—Lidia Beda, w’i Irkutsk.
Iyo videwo Intahemuka mu bigeragezo iramaze gusohoka mu ndimi 25, kandi abantu bo hirya no hino kw’isi bariko bayakiriza yompia. Iyo videwo yose uko ingana iramaze kwerekanwa ku mateleviziyo y’i Saint-Pétersbourg, Omsk, be no mu bindi bisagara vyo mu Burusiya, tutibagiye ibisagara vyo muri Ukraine ari vyo Vynnytsya, Kerch, Melitopol be no mu ntara ya Lviv. Ikindi kandi, yarashimwe n’inzego mpuzamakungu zisuzuma amasenema.
Ububasha bw’ubutumwa buri muri iyo videwo buhagaze ku burorero bw’abantu ibihumbi basanzwe bagaragaje uburindutsi be n’inkomezi bidasanzwe mu myaka myinshi bamaze mu ruhamo. Ivyabona vya Yehova bo muri Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti barabaye intahemuka koko mu bigeragezo. Nimba wipfuza kuraba iyo videwo, Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kuyikuronsa. Turagusavye ubaze umwe mu Vyabona b’aho iwanyu.
[Akajambo k’epfo]
a Iyo videwo iraboneka mu congereza, mu giceke, mu gifaransa, mu gifinilande, mu giholande, mu gihongiriya, mu gikantone, mu gikoreya, mu gipolonye, mu gisolovake, mu gisolovene, mu gisupanyoli, mu gisuwede, mu gitaliyano, mu kidagi, mu kidanwa, mu kigiriki, mu kimandarini, mu kinoroveje, mu kinyabulugariya, mu kinyalituwaniya, mu kinyandoneziya, mu kinyarumaniya, mu kirusiya no mu kiyapani.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 8]
Stalin: U.S. Army photo
[Abo dukesha ifoto ku rup. 9]
Stalin: U.S. Army photo