Umubano w’abubatse urashobora kuroranirwa mw’isi ya kino gihe
“Mwambare urukundo, ni rwo mugozi [“utagira agasembwa wunga ubumwe”, “NW”]”.—AB’I KOLOSAYI 3:14.
1, 2. (a) Ni igiki usanga kiremesha iyo uravye mw’ishengero rya gikirisu? (b) Umubano w’abubatse uroraniwe ni uwumeze gute?
IYO twitegereje mw’ishengero rya gikirisu, ntivyeza umutima none kubona hari abubakanye benshi cane bamaze imyaka 10, 20, 30, canke mbere inarenga ata wuhemukira uwundi? Baragumanye mu marushwa no mu magorwa.—Itanguriro 2:24.
2 Abenshi bokwiyemerera ko umubano wabo w’abubatse wabayemwo ingorane. Umugabo umwe yihweza utuntu n’utundi yanditse ati: “Imibano y’abubatse irimwo agahimbare na yo nyene ntiburamwo ingorane. Harabaho ibihe vyiza n’ibihe bigoye . . . Mugabo, uko biba vyaragenze kwose . . . abo bantu baguma bubakanye naho ubuzima bwa kino gihe burimwo [umuvurungano]”. Abubakanye baroraniwe barize kwihanganira amakuba be n’amagume agoye kwirinda, aturuka ku ngorane z’ubuzima, na canecane igihe baba baravyaye abana. Ivyo baciyemwo vyarabigishije yuko urukundo nyakuri ‘rudahera’.—1 Abakorenti 13:8, UB.
3. Ibiharuro vyerekana iki ku vyerekeye umubano w’abubatse be n’ukwahukana, kandi ivyo bivyura ibibazo ibihe?
3 Igihushanye n’ivyo, imibano y’abubatse amamiliyoni yarasenyutse. Raporo imwe ivuga iti: “Ica kabiri c’abubakanye bose bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika muri iki gihe vyitezwe ko bazoteba bakahukana. Muri abo [bazokwahukana], ica kabiri cabo bazokwahukana mu myaka 7 n’amezi nka 9 ya mbere y’ukwubakana [kwabo] . . . Mu bice 75 kw’ijana vy’abasubira kwubakana, 60 kw’ijana bazokwongera kwahukana”. Mbere no mu bihugu wahora usanga igitigiri c’abahukana gisa n’ikiri hasi, ibintu vyarahindutse. Nk’akarorero, igitigiri c’abahukana mu Buyapani cariyongereye hafi incuro zibiri muri iyi myaka ya vuba. Bimwe mu bintu vyatumye haba ukwo kwahukana ni ibihe, bikaba rimwe na rimwe vyigaragaza no mw’ishengero rya gikirisu? Hakenewe iki kugira ngo umubano w’ababiranye uroranirwe naho Shetani aguma agira uko ashoboye ngo yonone iyo ndinganizo?
Imitego yo kwirinda
4. Ni ibintu bimwebimwe ibihe bishobora kwonona umubano w’abubatse?
4 Ijambo ry’Imana riradufasha gutahura ibintu bishobora kwonona umubano w’abubatse. Nk’akarorero, rimbura aya majambo intumwa Paulo yavuze ku vyerekeye ibintu vyobayeho muri iyi misi y’iherezo: “Mu misi y’iherezo hazoza ibihe bigoye. Kukw abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, bīrārīra, bībona, batukana, batumvira abavyeyi, intashima, [“bahemuka”, NW], badakunda n’ababo, banka kwuzura, barementanya, batigarura, inkazi, badakunda ivyiza, abaguranyi, ibirandamuke, abikakisha, bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana, bafise ishusho yo kwubaha Imana, ariko bahakana ubushobozi bgakwo: abameze bartyo wame ubatera ibitugu”.—2 Timoteyo 3:1-5.
5. Ni kubera iki ‘uwikunda’ aba ariko ashira mu kaga umubano wabo w’abubatse, kandi ni impanuro iyihe Bibiliya itanga kuri ivyo?
5 Igihe dusuzumye amajambo ya Paulo, turabona yuko vyinshi mu bintu yadondaguye vyoshobora gutuma ubucuti hagati y’abubakanye busambuka. Nk’akarorero, abantu “bikunda gusa” usanga bikumirako, ntibiteho abandi. Abanega n’abakenyezi bikunda gusa usanga barondera kwironkera ivyo bashaka. Usanga badadaza kandi batagondeka. Wumva none mwene ako gatima kotuma umubano w’abubatse ubamwo agahimbare? Habe namba. Intumwa Paulo abigiranye ubukerebutsi yahanuye abakirisu, harimwo n’abubakanye, ati: “[Mukwiye kutagira] ico mukora kubgo gukēbana cank’ukwifata uko mutari, ariko mwicishije bugufi, umuntu wese yiyumvire yuko mugenzi we amuruta, kand’umuntu wese ntiyiyumvire ivyiwe gusa, ariko yiyumvire n’ivy’abandi”.—Ab’i Filipi 2:3, 4.
6. Gukunda amahera bishobora gute kwonona ubucuti bw’abubakanye?
6 Gukunda amahera birashobora gutuma umugabo n’umugore bacanamwo. Paulo yagabishije ati: “Abagomba kuba abatunzi bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwifuza kwinshi kw’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona bikabarandura. Kuko gukunda amahera ar’imizi y’ibibi vyose; ayo bamwe bifuje, bakazimira, bagata ukwizera, bītobekeranisha imibabaro myinshi” (1 Timoteyo 6:9, 10). Ikibabaje, ivyo Paulo yavuze vyarashitse mu mibano y’abubatse myinshi muri iki gihe. Mu ntumbero yo kurondera amatungo, abubatse benshi barirengagiza ivyo abo bubakanye bakeneye, ushizemwo n’inkenero nyamukuru bagira yo kwumva baremeshejwe mu mutima no kwama bari kumwe n’umuntu abagaragariza igishika.
7. Rimwe na rimwe, ni inyifato iyihe yashikanye bamwebamwe ku guhemukira abo bubakanye?
7 Paulo yavuze kandi yuko bamwebamwe muri iyi misi y’iherezo bobaye “[“bahemuka”, NW], badakunda n’ababo, banka kwuzura”. Indagano y’ababirana ni isezerano ry’icese rikwiye gutuma babana ibihe vyose, ntihagire uwuhemukira uwundi (Malaki 2:14-16). Ariko rero, bamwebamwe baritwararitse abo batubakanye mu buryo bwerekana ko babafiseko ivyipfuzo vy’umubiri. Umugore umwe ari mu myaka 30 y’amavuka, umugabo wiwe akaba yaramutaye, yasiguye yuko n’imbere y’uko amuta, yafata abandi bagore nk’abantu bamenyeranye rwose kandi akabagirira igishika kirenze urugero. Yarananiwe gutahura inyifato itabereye ku muntu yubatse iyo ari yo. Uwo muvukanyikazi yarababazwa cane no kubona umunega wiwe agira ivyo, maze abigiranye ubugenge agaca agerageza kumwereka akaga ariko agenda kwitamwo. Ariko, ivyo ntivyabujije ko uwo mugabo agwa mu busambanyi. Naho uwo mugabo yaronse imburizi zitanganywe umutima mwiza, ntiyashatse kuzumvira. Yaritaye mu mutego.—Imigani 6:27-29.
8. Ni igiki gishobora gushikana ku busambanyi?
8 Urazi ukuntu Bibiliya itugabisha mu buryo butomoye ku vyerekeye ubusambanyi! Igira iti: “Ūsambana n’umugore aba igipfamutima; ūgira artyo aba arondera guhonnya ubugingo bgiwe” (Imigani 6:32). Mu bisanzwe, ubusambanyi si ikintu gipfa kwiyadukiza canke ikintu umuntu akora atabanje kuciyumvira. Nk’uko umwanditsi wa Bibiliya yitwa Yakobo avyerekana, icaha nk’ic’ukurenga ibigo mu bisanzwe kiba iyo umuntu yabanje kucishiramwo, maze akabandanya kuciyumvira (Yakobo 1:14, 15). Uwuzohava ahemukira uwo bubakanye, agenda buhorobuhoro arareka kuba umwizigirwa kuri mugenziwe yaraganiye yuko atazokwigera amuhemukira mu buzima bwiwe bwose. Yezu yavuze ati: “Mwarumvise ko vyāvuzwe, ngo Ntugasambane. Ariko jeho ndababgira yuk’umuntu wese arāba umugore akamwifuza, aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe”.—Matayo 5:27, 28.
9. Ni impanuro iranga ubukerebutsi iyihe iri mu Migani 5:18-20?
9 Ku bw’ivyo, ingendo iranga ubukerebutsi n’ukudahemuka umuntu yokurikiza ni imwe iremeshwa mu gitabu c’Imigani, na yo ikaba igira iti: “Isōko yawe igire umugisha, kand’unezererwe umugore wo mu buto bgawe. Nk’impongokazi y’urukundo n’ingeregere y’igikundiro amabere yiwe akubumbe ibihe vyose; kandi wame uhimbarwa n’urukundo rwiwe. N’iki cotuma ga mwana wanje, uhimbarwa n’umugore w’icigenze, ukagwa mu gikiriza c’ūtar’uwawe?”.—Imigani 5:18-20.
Ntiwihutire kwubaka
10. Ni kubera iki biranga ubukerebutsi gufata umwanya wo kumenya uwo mushobora kuzokwubakana?
10 Hoshobora kwaduka ingorane mu mubano w’abubatse mu gihe abantu bubatse bataragera. Hari aho boba bakiri bato cane canke bakaba bataramenya utuntu n’utundi. Canke kumbure ntibafata umwanya wo kumenyana, umwe wese akamenya ivyo mugenziwe akunda n’ivyo yanka, imigambi afise mu buzima, be n’ivyerekeye umuryango yakuriyemwo. Ni vyiza ko umuntu yihangana, agafata umwanya wo kumenya uwo bashobora kuzokwubakana. Zirikana Yakobo wa muhungu wa Isaka. Yabwirijwe kumara imyaka indwi akorera uwobaye sebukwe kugira ngo amurekurire kwubakana na Rakeli. Yaremeye gukora ivyo kubera yuko inyiyumvo ziwe zari zishingiye ku rukundo nyakuri, atari gusa ku kugomwa ubwiza bwo ku rukoba.—Itanguriro 29:20-30.
11. (a) Umubano w’abubatse uhuza iki? (b) Ni kubera iki gukoresha imvugo mu buryo buranga ubukerebutsi ari ngirakamaro mu mubano w’abubatse?
11 Umubano w’abubatse si ubucuti buhagaze ku kugomwana gusa. Umubano w’abubatse uhuza abantu babiri bataba barakuriye mu miryango imwe kandi baba bafise kamere zitandukanye, abantu batameze kumwe mu vy’akanyengetera, kandi akenshi baba batize amashure angana. Rimwe na rimwe, uhuza imico kama y’uburyo bubiri, eka mbere n’indimi zibiri. N’imiburiburi, ntubura guhuza amajwi abiri, afise ubushobozi bwo guserura ivyiyumviro bitandukanye ku bwoko bwose bw’ibintu. Ayo majwi abiri ni kimwe mu bigize koko umubano w’abubatse. Arashobora kuba ayama atorana amahinyu n’ayidodomberana, canke agashobora kuba ayaremeshanya n’ayubakana mu buryo burimwo igishika. Vyemere, turashobora gukomeretsa uwo twubakanye canke tukamuvura, bivanye n’amajambo dukoresha. Imvugo itaranga ukwiyubara irashobora gutera ingorane zikomeye mu mubano w’abubatse.—Imigani 12:18; 15:1, 2; 16:24; 21:9; 31:26.
12, 13. Ni ukubona ibintu nk’uko biri koko ukuhe umuntu aremeshwa kugira?
12 Ku bw’ivyo, ni vyiza gufata umwanya wo kumenya vy’ukuri uwo mushobora kuzokwubakana. Hari umuvukanyikazi mukirisu azi utuntu n’utundi yigeze kuvuga ati: “Igihe ubonye uwo mushobora kuzokwubakana, niwiyumvire kumbure kamere nyamukuru cumi wipfuza kubona muri uwo muntu. Niba ushobora kumubonamwo indwi gusa, niwibaze uti: ‘Noba niteguriye kwirengagiza izo zitatu zibuze? Noba ku musi ku musi nzoshobora kwihanganira izo zihaze?’. Niba ufise amakenga, banza utenyenye maze usubire uzirikane”. Mugabo ntiwumve, urakeneye kubona ibintu nk’uko biri koko. Niba ushaka kwubaka, menya neza yuko utazokwigera uronka umuntu atagira agahaze. Kandi muri ico gihe nyene, uwo muzokwubakana na we nyene ntazoba yaronse umuntu atagira agahaze!—Luka 6:41.
13 Gushinga urugo bisaba kugira ivyo uhevye. Ivyo Paulo yarabishize ahabona igihe yavuga ati: “Ndagomba ko mutiganyira. Ūtagira umugore yitwaririka ivy’Umwami wacu, uko yonezereza Umwami: arik’ūmufise yitwaririka ivy’isi, uko yonezereza umugore. Kandi harih’itandukaniro ku mugore n’inkumi. Ūtābiriwe yitwaririka ivy’Umwami wacu, kugira ngw abe uwera ku mubiri no mu mutima: arik’uwābiriwe yitwaririka ivy’isi, uko yonezereza umugabo”.—1 Ab’i Korinto 7:32-34.
Igituma imibano y’abubatse imwimwe isambuka
14, 15. Ni ibiki bishobora gutuma ubucuti bw’abubakanye bugoyagoya?
14 Hari umugore mukirisu aherutse kugira intuntu nyinshi ivuye ku kwahukana, igihe umugabo wiwe bari bamaranye imyaka 12 yamuta akaja kwibanira n’uwundi mugore. Hoba hari ibimenyetso na bimwe uwo muvukanyikazi yari yarabonye imbere y’uko bahukana? Asigura ati: “Yarashitse aho ataba agitura isengesho. Yaratanga imvo zidafashe zaba zatumye ataja ku makoraniro ya gikirisu no mu gikorwa co kwamamaza. Yavuga yuko ngo afise vyinshi cane akora canke yuko arushe cane ku buryo atoronka akanya ko kugumana nanje. Ntiyanganiriza. Twari twaratandukanye mu vy’impwemu. Yari asigaye ateye akagongwe. Ntiyari akiri wa mugabo twubakana”.
15 N’abandi bavuga ko babonye ibimenyetso nk’ivyo nyene, aho hakaba harimwo ukutitaho ukwiyigisha Bibiliya, isengesho canke ukwitaba amakoraniro ya gikirisu. Mu yandi majambo, benshi mu bahavuye bata abo bubakanye bararetse ubucuti bari bafitaniye na Yehova buragoyagoya. Ivyo vyatumye bataba bakibona neza mu buryo bw’impwemu. Yehova ntiyari akiri Imana nzima kuri bo. Ya si nshasha y’ubugororotsi yasezeranywe yacitse umugani kuri bo. Rimwe na rimwe, ubwo bugoyagoye bwo mu vy’impwemu bwashitse uwo nyene guhemukira uwo bubakanye ataranatangura gucudika n’uwundi muntu batubakanye.—Abaheburayo 10:38, 39; 11:6; 2 Petero 3:13, 14.
16. Ni igiki gikomeza umubano w’abubatse?
16 Igihushanye n’ivyo, hari umugabo n’umugore bahimbawe cane bavuga yuko umubano wabo waroraniwe kubera ko ubucuti bwabo bwo mu vy’impwemu bwagumye bukomeye. Barasengera hamwe kandi bakagirira inyigisho hamwe. Umunega avuga ati: “Turasomera hamwe Bibiliya. Turajana mu busuku. Turahimbarwa no gukorera ibintu hamwe”. Icigwa tuhakura kiratomoye: Iyo abubakanye bagumye bafitaniye ubucuti bwiza na Yehova, birafasha cane gutuma umubano wabo ukomera.
Mwoye kwitega ibidashoboka kandi museruriranire akari ku mutima
17. (a) Ni ibintu bibiri ibihe bishobora gutuma umubano w’abubatse uroranirwa? (b) Paulo adondora gute urukundo rwa gikirisu?
17 Hari ibindi bintu bibiri bituma umubano w’abubatse uroranirwa: urukundo rwa gikirisu n’uguseruriranira akari ku mutima. Igihe abantu babiri bakundana cane, ukunda gusanga umwe wese yirengagiza amakosa y’uwundi. Umusore n’inkumi boshobora gushinga urwabo biteze ibintu birenze urugero, kumbure bikaba bishingiye ku vyo basomye mu bitabu bivuga ivy’urukundo canke ku vyo babonye mu masenema. Ariko rero, impera n’imperuka bategerezwa kwibonera ibintu uko biri koko. Udukosa dutoduto canke utumenyero tudashavuza cane vyoshobora gucika ingorane zikomeye. Mu gihe ivyo bishitse, abakirisu barakenera kugaragaza ivyamwa vy’impwemu, kimwe muri vyo kikaba ari urukundo (Ab’i Galatiya 5:22, 23). Mu vy’ukuri, urukundo rurafise ububasha. Urwo rukundo si rurya rw’ukugomwana, ahubwo ni urukundo rwa gikirisu. Paulo yadondoye mwene urwo rukundo rwa gikirisu ati: “Rurihangana, rugira neza, . . . ntirurondera ivyarwo, ntirwiciraho, ntirwiyumvira ikibi ku bantu, . . . rurenzako muri vyose, rwizera vyose, rwizigira vyose, rwihanganira vyose” (1 Ab’i Korinto 13:4-7). Biratomoye yuko urukundo nyakuri rwihanganira ubugoyagoye abantu bafise. Tuvugishije ukuri, ntirwitega yuko umuntu aba uwutagira agasembwa.—Imigani 10:12.
18. Uguseruriranira akari ku mutima gushobora gute gukomeza umubano w’abubatse?
18 Uguseruriranira akari ku mutima na kwo nyene kurahambaye. Abubakanye naho boba bamaranye imyaka ingana gute, bakwiye kuyaga kandi umwe wese akumviriza koko mugenziwe. Umunega umwe avuga ati: “Turaserura inyiyumvo zacu ata guhishanya mugabo tukabigira kigenzi”. Umunega canke umukenyezi, afatiye ku vyo agenda arabona, ntiyiga gusa kwumviriza ivyo mugenziwe avuga, ariko kandi ariga no kwumviriza n’ivyo ataba yavuze. Mu yandi majambo, uko imyaka igenda irengana, abubakanye bahimbawe bariga kumenya ivyiyumviro bitaba vyavuzwe canke inyiyumvo zitaba zaseruwe. Hari abakenyezi bavuze yuko abanega babo batabatega yompi vy’ukuri. Abanega bamwebamwe bidodomvye bavuga yuko abakenyezi babo basa n’abashaka guserura akari ku mutima mu bihe usanga bitabereye na gato. Guseruriranira akari ku mutima bisaba kuba umuntu yumvira ikigongwe abandi kandi abatahura. Uguseruriranira akari ku mutima kuri n’ico kuvamwo kuragirira akamaro umunega n’umukenyezi.—Yakobo 1:19.
19. (a) Ni kubera iki gusaba imbabazi bishobora kuba ikintu kigoye? (b) Ni igiki kizotuvyurira umutima wo gusaba imbabazi?
19 Uguseruriranira akari ku mutima rimwe na rimwe kurimwo n’ugusaba imbabazi. Ivyo ntivyama vyoroha. Kwiyemerera amakosa yawe bwite bisaba ukwicisha bugufi. Yamara, urazi ukuntu bikomeza umubano w’abubatse! Ugusaba imbabazi kuvuye ku mutima kurashobora gukuraho ivyohava bitera amahane kukongera kugacira inzira uguharirana nyakuri be n’umuti wa nya ngorane. Paulo yavuze ati: “[“Mubandanye”, NW] [k]wihanganirana [no g]uharirana, iy’umuntu agize ico apfa n’uwundi. Nk’uk’Umwami wacu yabahariye, namwe abe ari ko muharirana. Ikigeretse kur’ivyo vyose mwambare urukundo, ni rwo mugozi [“utagira agasembwa wunga ubumwe”, NW]”.—Ab’i Kolosayi 3:13, 14.
20. Umukirisu akwiye gufata gute uwo bubakanye iyo bari ukwa bonyene be n’iyo bari kumwe n’abandi bantu?
20 Birahambaye kandi ko mu mubano w’abubatse haba ugushigikirana. Umunega mukirisu be n’umukenyezi mukirisu bakwiye kuba bashoboye kwizigiranira no kwitega ko bafashanya. Nta n’umwe akwiye gusuzugura mugenziwe canke gutuma mugenzi yiyumva ko ata co amaze. Turakeza abo twubakanye tubigiranye urukundo; ntitubaryagagura (Imigani 31:28b). Birumvikana ko tutabashira hasi mu gukora canke mu kuvuga ibintu bitwenza vy’ubupfu canke bitaranga ukwiyumvira (Ab’i Kolosayi 4:6). Mwene ukwo gushigikirana gukomezwa n’amajambo y’igishika bama babwirana. Umwe akuyakuye mugenziwe canke akamubwira akajambo k’urukundo, ni nk’aho aba amubwiye ati: “Ndacagukunda. Ndaryoherwa n’ukuba turi kumwe”. Ivyo ni bimwebimwe mu bintu bishobora kugira ico bihinduye ku bucuti bikanafasha umubano w’abubatse kuroranirwa muri iyi si. Hariho n’ibindi. Ikiganiro gikurikira kiraduha n’izindi nyobozo zo mu Vyanditswe zijanye n’uburyo bwo gutuma umubano w’abubatse uroranirwaa.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka kumenya ayandi makuru y’ido n’ido, raba igitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Woshobora kubisigura?
• Ni ibintu bimwebimwe ibihe bishobora kwonona umubano w’abubatse?
• Ni kubera iki kwihutira kwubaka bitaranga ubukerebutsi?
• Kamere y’ivy’impwemu igira ico ihinduye gute ku mubano w’abubatse?
• Ni ibintu ibihe bifasha gukomeza umubano w’abubatse?
[Ifoto ku rup. 12]
Umubano w’abubatse si ubucuti buhagaze ku kugomwana gusa
[Ifoto ku rup. 14]
Kugiriranira ubucuti bukomeye na Yehova birafasha abubakanye gutuma umubano wabo uroranirwa