Inkino za kera be n’akamaro ko gutsinda muri zo
“UMUNTU wese azorushanywa [“agaragaza ukwigumya”, NW] muri vyose”. “Iy’umuntu arushanywa, ntahabga igitsibo, shiti arushanijwe nk’uko vyagezwe”.—1 Ab’i Korinto 9:25; 2 Timoteyo 2:5.
Inkino intumwa Paulo yariko aravuga zari mu bintu ndangamico vy’Ubugiriki bwa kera. Kahise katubwira iki ku bijanye n’ayo mahiganwa be n’agatima kayarangwamwo?
Hari iyerekanwa riherutse kugirwa ku bijanye n’inkino zo mu Bugiriki ryataziriwe ngo Nike—Il gioco e la vittoria (ni ukuvuga “Nike—Inkino be n’Intsinzi”), ryabereye mu Kibuga c’inkino c’i Romaa. Ivyerekanywemwo vyaratanze inyishu zimwezimwe kuri ico kibazo vyongera biratanga ibintu vyo kuzirikanako ku biraba ukuntu umukirisu akwiye kubona ivy’inkino.
Inkino si ikintu c’ejo bundi
Ubugiriki si bwo bwabaye ubwa mbere mu kuja mu vy’inkino. Ariko rero, nko mu kinjana c’umunani B.G.C., umuryoshamvugo w’Umugiriki Homère yaradondoye ivyerekeye ikibano carangwamwo ivy’ukuba rurangiranwa be n’agatima ko guhiganwa, aho ubutwari mu vya gisirikare be n’ivy’ubunonotsi vyahabwa agaciro rwose. Nk’uko nya yerekanwa ryabisiguye, iya mbere na mbere mu misi mikuru y’Ubugiriki yatanguye ari ibirori bishingiye ku vy’idini vyo gutera iteka ibimana vyabo mu gihe c’amaziko y’abantu ba rurangiranwa. Nk’akarorero, icese catunganijwe na Homère citwa Iliade, kikaba ari co candikano ca kera cane kuruta ibindi vyose kikiriho mu vyandikano vy’Abagiriki, kiradondora ukuntu abarwanyi bo mu bakire, bakaba bari abagenzi ba Achille, bashize ibirwanisho hasi mu gihe c’imigenzo y’amaziko yagirirwa uwitwa Patrocle hanyuma barahiganwa kugira ngo berekane ubutwari bwabo mu vy’ugukubitana ingumu, mu vy’ugukirana, mu vy’ugutera ingasiro n’icumu, be no mu vy’ugusiganwa ku mafarasi.
Mwene iyo misi mikuru yahavuye igirwa mu Bugiriki bwose. Igitabu kivuga ivy’iryo yerekanwa kigira giti: “Iyo misi mikuru yari akaryo nyamukuru aho Abagiriki, babitumwe n’icubahiro bafitiye imana zabo, bareka amahane y’urudaca arangwamwo ubukazi yama yabaye, hanyuma barareka agatima kabo k’uguhiganwa ka kera bashika ku kintu kirangwa amahoro mugabo na co nyene bakakigira bivuye inyuma: ni ukuvuga ihiganwa y’ivy’ubunonotsi”.
Imigwi igizwe n’ibisagara vyigenga yaciye itangura kuja irahurira hamwe mu bibanza nyamukuru vy’ugusengeramwo kugira ngo itere iteka imana zayo biciye ku mahiganwa y’ivy’ubunonotsi. Hashize igihe, imisi mikuru ine nk’iyo, ni ukuvuga inkino z’i Olempiya be n’iz’i Neme, izo zompi zikaba zegurirwa imana Zeyu, hamwe n’inkino z’i Delufi zari zahebewe imana Apolo be n’izo mu gace k’isi k’i Korinto kagabura ibiyaga bibiri (Isthme de Corinthe), na zo zikaba zari zahebewe Poseyidoni, yarakomeye gushika n’aho iba imisi mikuru y’Abagiriki bose. Ni ukuvuga yuko ata n’umwe mu bahiganwa bo mu Bugiriki bwose yari yimiriwe kuyijamwo. Iyo misi mikuru yarimwo ivy’ugutanga amashikanwa be n’ugusenga, ikaba kandi yatera iteka imana zabo biciye ku mahiganwa kaminuza y’ivy’ubunonotsi canke y’ivy’utugenegene.
Umusi mukuru wa kera cane kandi wari uhambaye cane kuruta iyindi yose muri iyo, uwuvugwa ko watanguye mu 776 B.G.C., wagirwa uko imyaka ine iheze mu gutera iteka imana Zeyu, ukaba wabera i Olempiya. Umusi mukuru uhambaye wa kabiri wari uwitirirwa Pitiya. Wagirirwa i Delufi, hafi y’uruhimbi rwari ruzwi rwose kuruta izindi zose mw’isi ya kera, na wo nyene ukaba warimwo inkino z’ivy’ubunonotsi. Mugabo, mu gutera iteka imana y’ivy’ukuryosha imvugo be n’umuziki ari yo Apolo, indirimbo be n’intambo ni vyo vyashimikwako.
Ibintu vyagirwa
Tugereranije n’inkino z’ivy’ubunonotsi zo mu gihe ca none, inkino zagirwa zari nkeya cane, kandi abagabo gusa ni bo bazijamwo. Porogarama y’amahiganwa ya kera y’i Olempiya ntiyigera irenza inkino cumi. Ibishusho, amashusho aharangatuwe ku bintu, amashusho agizwe n’uduceduce tubengerana (ivyo bita mosaïques), be n’ibishusho bicapwe ku dukono tw’amashurwe duturiye vyerekanywe muri ca Kibuga c’inkino c’i Roma, vyaratanga iciyumviro kuri izo nkino zagirwa.
Hariho ihiganwa ry’ukwiruka ahantu hatatu h’uburebure butandukanye: Stadiyo, ni ukuvuga ahantu hangana n’imetero nka 200; kwiruka stadiyo zibiri, ni ukuvuga kwiruka nk’imetero 400 zo muri iki gihe be n’ukwiruka ahantu harehare, hareha n’imetero nka 4.500. Abanonotsi biruka bakongera bakimenyereza bari amenya. Abahiganwa mu nkino zitwa pentathlon bahiganwa mu bintu bitanu: ukwiruka, ugusimba ahantu harehare, ugutera ingasiro, ugutera icumu be n’ugukirana. Izindi na zo zari ugukubitana ingumu be n’urukino rwa pankarasi, pankarasi rukaba rwavugwa ko ari “urukino rurangwamwo ubukazi rwarimwo ugukubitana ingumu ata co bambaye ku bipfunsi, be n’ugukirana”. Hariho kandi n’ugusiganwa ku mikogote ahantu hareha na stadiyo umunani (ni ukuvuga imetero 1.600), iyo mikogote ikaba yari ifise akantu kameze nk’akazu katazibiye inyuma kari ku makurudumu matomato, maze kagakwegwa n’ifarasi zibiri kibure zine zikiri nto canke zikuze.
Uguterana ingumu kwarimwo ubukazi burenze urugero kandi vyarashika umuntu akahasiga agatwe. Abarwana baba bambaye ku ngumu zabo urushato rukomeye ruteragiyemwo utwuma dutabagura urukoba. Urashobora guca ubona igituma umurwanyi umwe yitwa Stratofonte atashoboye kwimenya yiravye mu cirore inyuma y’amasaha ane yari yamaze ariko akubitana ingumu. Ibishusho be n’amashusho agizwe n’uduceduce tubengerana (bimwe bita mosaïques) vya kera biremeza yuko ababa bariko barakubitana ingumu wasanga batabaguritse mu maso ku buryo ata washobora kubamenya.
Mu bijanye n’ugukirana, amategeko yavuga yuko abakirana bashobora gufatana ku bihimba vy’umubiri vyo haruguru gusa, kandi uwatsinze ni uwaba yatanze mugenziwe kumutura hasi gatatu. Muri rwa rukino rwitwa pankarasi hoho bapfa aho bafatanye. Ababa bariko bararwana barashobora gukubitana imigere, gukubitana ingumu no guhotorana. Ibintu vyonyene vyari bibujijwe kwari ukunokorana amaso, uguharaturana be n’ukuryana amenyo. Intumbero yaba ari iyo kugumiza hasi uwo muriko murarwana maze ukamugondoza akemera ko atsinzwe. Bamwebamwe babona ko ico cari “co kintu ciza cane co kurorera mu nkino zabera i Olempiya”.
Pankarasi yo mu bihe vya kera izwi cane kuruta izindi zose bivugwa ko ari iyabaye mu 564 B.G.C. mu gihe c’inkino za nyuma z’i Olempiya. Uwitwa Arrhachion, uwariko aranigurwa, yaciye yiyumvira kuvuna rimwe mu mano y’uwo bariko barwana. Kubera yuko uwo bariko bararwana yumvise ababaye rwose, yaciye yemera ko atsinzwe, ako kanya nyene Arrhachion aca aracikana. Abari bahagarikiye urwo rukino batangaje yuko ikiziga ca Arrhachion ari co gitahukanye intsinzi!
Ugusiganwa ku mikogote ni co kintu cari gihambaye cane mu vyagirwa vyose kandi ni co kintu cakundwa cane mu bantu bifise, kubera yuko uwatahukana intsinzi atari uwaba atwaye umukogote, ahubwo yari nyene umukogote n’amafarasi. Ibiringo bikomakomeye muri iryo higanwa hari mu ntango y’isiganwa, aho abatwara imikogote bategerezwa kuguma umwe wese mu murongo wiwe, mugabo icari gihambaye kuruta vyose kikaba cari igihe haba hageze ko bahindukira bageze muri rimwerimwe mu makorosi y’ikibanza bacamwo mu gusiganwa. Wihenze gato canke ntukurikize amategeko agenga iryo siganwa, vyarashobora gukwega amasanganya yatuma iryo siganwa ryakundwa cane rirushiriza mbere kuryohera abarorerezi.
Agashimwe
Intumwa Paulo yavuze ati: “Mu birori abasiganwa biruka bose, arik’ūhērwa akaba umwe” (1 Ab’i Korinto 9:24). Gutahukana intsinzi ni co kintu cari gihambaye kuruta ibindi vyose. Nta feza canke umujumpu vyatangwa, ni ukuvuga yuko ata kibanza ca kabiri canke ica gatatu vyariho. Rya yerekanwa ryasiguye riti: “Intsinzi, ni ukuvuga ‘Nike’, yari ryo hangiro nyamukuru ry’umunonotsi. Ico conyene cari gihagije kubera yuko ari co gusa cagaragaza ukuntu umuntu ameze koko, haba ku mubiri canke mu mutima, kikongera kigatera iteka igisagara ciwe c’amavukiro”. Agatima abahiganwa baba bafise tukabonera muri iri ryungane ry’incamake ryakuwe muri ca cese ca Homère rigira riti: “Narize kwama ndi uwa mbere”.
Agashimwe kahabwa uwatsinze mu nkino z’Abagiriki kari ak’ikigereranyo gusa. Yahabwa igitsibo c’amababi. Paulo yacise “igitsibo gishira” (1 Ab’i Korinto 9:25). Yamara, ako gashimwe kari gafise insobanuro igera kure. Kagereranya inguvu zo mu bidukikije zaba zahaye ububasha uwatahukanye intsinzi. Intsinzi, iyo abahiganwa baguma bafise mu bwenge, yasobanura yuko uwayironse ari umutoni w’imana canke w’imanakazi. Rya yerekanwa ryarashize ahabona ibintu vyerekana ingene abahinguzi b’ibishusho be n’abacapisha irangi ba kera biyumvira Nike iriko iraha igitsibo nyene gutsinda, Nike ikaba yari imanakazi y’intsinzi yo mu Bugiriki ifise amababa. Ugutahukana intsinzi mu nkino z’i Olempiya cari co kintu c’agaheta umunonotsi uwo ari we wese yarondera gushikako mu mwuga wiwe.
Ibitsibo vyatangwa i Olempiya vyari bikozwe mu mababi y’umusukoni, ivyo mu nkino z’i Korinto mu mababi y’ipinusi, ivyo mu nkino z’i Delufi mu mababi y’umworeni, ivyo mu nkino z’i Neme na vyo mu mababi y’iseleri. Abatunganya inkino mu yindi mihingo, baratanga amafaranga canke utundi dushimwe kugira ngo bakwegere ba karuhariwe mu vy’uguhiganwa baze muri izo nkino. Udukono two gushariza tutari duke twerekanywe muri rya yerekanwa twari udushimwe twatanzwe mu nkino zitwa Panatenayi, zikaba zari inkino zagirirwa i Atenayi mu gutera iteka imanakazi Atena. Utwo dukono mu ntango twajamwo amavuta yava mu karere ka Atike. Igisharizo kiri ku ruhande rumwe rw’agakono kamwe muri utwo ni ishusho y’iyo manakazi, kandi kuri urwo ruhande nyene hariko amajambo avuga ngo “agashimwe kagenewe abahiganwa ba Atena”. Urundi ruhande ruriko ishusho yerekana ibirori kanaka, bikaba bishoboka ko ari ibirori aho umunonotsi yaba yaronse intsinzi.
Ibisagara vy’Ubugiriki vyarajamwo mu kwigina izina rihambaye abanonotsi bavyo baba bihesheje, intsinzi baba baronse zikaba zatuma baba ba rurangiranwa mu bibano vyabo vy’amavukiro. Ukugaruka kw’ababa batahukanye intsinzi kwiginwa hakoreshejwe amadefile y’intsinzi. Ibishusho vyo kubatera iteka vyarashingwa bwa mashikanwa yo gukengurukira ibimana vyabo, iryo rikaba ryari iteka mu bisanzwe ritaterwa abantu. Eka n’abaryoshamvugo bararirimba ubutwari bwa bene gutahukana intsinzi. Mu nyuma ababa baratahukanye intsinzi barahabwa ibibanza vy’imbere iyo habaye ibirori vy’igihugu kandi na Leta ikabaha amahera yo kubatunga.
Inyubakwa zo kwinonoreramwo imitsi be n’abazinonoreramwo
Ihiganwa ryo kunonora imitsi ryabonwa ko ari ikintu gihambaye gikomeza umusivile atumwako urugamba rushushe. Ibisagara vyose vy’Ubugiriki vyari vyifitiye inyubakwa zo kwinonoreramwo imitsi, aho abasore baronkera imyimenyerezo y’umubiri ijanirana n’inyigisho zungura ubwenge be n’ivyigwa bijanye n’ugusenga. Izo nyubakwa zaba zikikuje ikibuga kininiya cagirirwamwo imyimenyerezo, ku nkengera zaco hakaba hari hubatse utubaraza be n’ibindi bibanza bisakaye vyakoreshwa bwa bubiko bw’ibitabu n’amasomero. Mwene ivyo bigo vyajamwo ubwa mbere na mbere imikangara yo mu miryango yifise, yashobora guhebera umwanya wayo inyigisho aho kuwuhebera ugukora akazi. Igihe abanonotsi baba bari ngaho, baragira imyimenyerezo y’igihe kirekire kandi itavanako bitegurira inkino, bakaba bafashwa n’abamenyereza. Abo bamenyereza barabashingira kandi ingaburo bategerezwa gufata bakongera bakababuza kurangura amabanga mpuzabitsina.
Rya yerekanwa ryagirirwa mu Kibuga c’inkino c’i Roma ryarahaye abashitsi akaryo ko kuratira ijisho ibishusho vyizavyiza vyerekana abanonotsi ba kera, vyinshi muri vyo bikaba vyari ivyahinguwe mu gihe c’intwaro y’Abaroma, biganye ibishusho Abagiriki bari barahinguye mu ntango. Kubera ko kera biyumvira ko ubwiza bw’umubiri bwerekana ko no mu mutima no mu bwenge ari ko hameze, ubwo na bwo bukaba bwari bufiswe n’abantu b’abakire, iyo mitumba yaba ihinguwe ku burimbane y’abanonotsi bari baratahukanye intsinzi yaboneka ko iranga akaranga kabo vy’ukuri. Abaroma babona ko ari utugenegene duteye igomwe, twinshi muri two tukaba twari dusharije ibibuga vy’inkino, ubwogero, amazu ahambaye hamwe n’ibirimba.
Mu Baroma, ibirori vyuzuyemwo ubukazi wasanga bikundwa n’abantu benshi, ari co gituma mu nkino z’Abagiriki zose zakinirwa i Roma, uguterana ingumu, ugukirana, hamwe na pankarasi, ari vyo vyashimwa kuruta ibindi vyose. Mwene izo nkino zose zo kwinonora imitsi Abaroma ntibazibona nk’ukunyinyana kw’abantu bangana kugira ngo hamenyekane ubushobozi bw’umwumwe wese uko bungana, ahubwo bazibona nk’ukwinezereza gusanzwe. Iciyumviro cari kihari mu ntango c’uko inkino ari izo guhuriza hamwe abanonotsi-barwanyi karuhariwe bwa muce w’ukubamenyereza, carahebwe. Ahubwo, Abaroma barahinduye inkino z’Abagiriki, zisigara ari imyimenyerezo y’umubiri umuntu agira kugira ngo amererwe neza imbere yo kwoga, canke zisigara ari izo kurorera, zigakinwa n’ababimenyereye bo mu banyagihugu batobato, bigashaka cane gusa na kwa kugigana kw’ukwiheba kwagirwa mu ntumbero yo kunezereza abarorerezi.
Izo nkino abakirisu bazibona gute?
Ukuba izo nkino zari zijanye n’ivy’ugusenga yari imwe mu mvo zatuma abakirisu bo mu kinjana ca mbere bazamirira kure, nakare “urusengero rw’Imana ruhūza rute n’ibigirwamana?” (2 Ab’i Korinto 6:14, 16). Tuvuge iki ku bijanye n’inkino zo kwinonora imitsi zo muri iki gihe?
Biraboneka yuko inkino zo kwinonora imitsi zo muri kino gihe atari izo gutera iteka imana za gipagani. Ariko none, si ivy’ukuri yuko inkino zimwezimwe usanga zishirwamwo ishaka risa n’ugusenga, rimeze nka rimwe ryari mu nkino za kera? Vyongeye, nk’uko raporo zatanzwe muri iyi myaka ya vuba zavyerekanye, kugira ngo abanonotsi bamwebamwe batsinde, baremeye gufata ibiyayuramutwe bituma barushiriza gukina neza, ugasanga birageramira amagara yabo, eka mbere n’ubuzima bwabo.
Ku bakirisu, kugira ivyo umuntu ashitseko mu vy’umubiri, ni ikintu gifise agaciro gatoyi cane. Kamere z’ivy’impwemu z’“umuntu ahishijwe wo mu mutima” ni zo zituma tuba beza mu nyonga z’Imana (1 Petero 3:3, 4). Turemera yuko atari abaja mu vy’inkino muri iki gihe bose baba bafise agatima ko guhiganwa bimwe bikaze, mugabo benshi baba bagafise. Kwifatanya na bo none vyoba bizodufasha gukurikiza ya nkeburo yo mu Vyanditswe idusaba ‘kutagira ico dukora ku bwo gukebana canke kwifata uko tutari, ariko tukaba abicisha bugufi’? Canke mwene ukwo kwifatanya na bo ntikuzovamwo “ubgansi, intonganya, ishari, uburake, ikēba, kwitandukanya, ibice”?—Ab’i Filipi 2:3; Ab’i Galatiya 5:19-21.
Inkino nyinshi zo mu gihe ca none zirimwo uguhangana imbonankubone, usanga ari izishobora kujamwo ukugiriranira nabi. Umuntu wese aryoherwa na mwene izo nkino arakwiye kwibuka amajambo ari muri Zaburi 11:5, ari yo y’aya: “Uhoraho asuzuma abagororotsi: arik’umunyakibi n’ūkunda umuryano, umutima wiwe urabanka”.
Iyo imyimenyerezo y’umubiri ishizwe mu kibanza cayo kibereye, irashobora kuryoha, intumwa Paulo na we akaba yavuze yuko “kwimenyereza kw’umubiri kugira ikimazi kuri bike” (1 Timoteyo 4:7-10). Ariko rero, igihe Paulo yavuga mu buryo bubereye ivy’inkino z’Abagiriki, yazivuze ashaka gusa kwerekana ko bihambaye ko abakirisu bagira kamere zimwezimwe nk’ukwigumya be n’ukwihangana. Ihangiro Paulo yashaka gushikako riruta ayandi yose ryari iry’ukuronka “igitsibo” c’ubuzima budahera gitangwa n’Imana (1 Ab’i Korinto 9:24-27; 1 Timoteyo 6:12). Muri ivyo yaradusigiye akarorero.
[Akajambo k’epfo]
a Nike ni ijambo ry’ikigiriki risobanura “intsinzi”.
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 31]
Uwukubitana ingumu ahejeje kurwana
Iyi shusho y’umujumpu yo mu kinjana ca kane B.G.C. yerekana ingaruka zibabaje zava mu rukino rwa kera rwo gukubitana ingumu. Muri urwo rukino, nk’uko bivugwa n’igitabu cerekana ivyagirwa i Roma, “ukwihangana kw’umukubitanyi w’ingumu . . . yaba yagiye mu ndwano ziruhisha aho ‘uruguma rwishurwa urundi’, ni kwo kwashimagizwa ko ari akarorero keza”. Iyo ndondoro ibandanya ivuga iti: “Inguma usigaranye muhejeje kurwana ziza ziyongera ku nguma wasigaranye mu gukubitana kw’ubuheruka”.
[Ifoto ku rup. 29]
Ugusiganwa ku mikogote ni co kintu abantu bakunda cane mu mahiganwa ya kera
[Ifoto ku rup. 30]
Abahinguzi b’utugenegene ba kera bariyumviriye Nike iriko yambika igitsibo uwatahukanye intsinzi, Nike ikaba yari imanakazi y’intsinzi ifise amababa