ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/5 rup. 32
  • Woba ukomezwa n’Ijambo ry’Imana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba ukomezwa n’Ijambo ry’Imana?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/5 rup. 32

Woba ukomezwa n’Ijambo ry’Imana?

IYO uhanganye n’ibigeragezo, uvyifatamwo gute? Igihe Yezu yari ahanganye n’ibigeragezo vya Shetani, kwibuka icanditswe kibereye vyaramufashije kunanira ivyo bigeragezo (Matayo 4:1-11). Muri ubwo buryo nyene, igihe Umwami Dawidi yahangana n’ibigeragezo, yarakomejwe n’Ijambo ry’Imana. Yavuze ati: “Iy’amazinda abaye isinzi muri jewe ivyo umpumuriza binezereza ubugingo bganje”.—Zaburi 94:19.

Mu buryo nk’ubwo, kwibuka icanditswe dukunda cane birashobora kuduhumuriza canke kudukomeza igihe duhanganye n’ingorane. Nk’akarorero, uwitwa Rex, ubu akaba afise imyaka 89 y’amavuka, yabaye umwamamaji w’inkuru nziza w’igihe cose kuva mu 1931. Yamara, avuga ati: “Igihe baba banshinze igikorwa kidasanzwe mu busuku, akenshi numva yuko ata co nshoboye”. None yashoboye gute gutsinda iyo ngorane? Avuga ati: “Naribuka icanditswe nakunda cane co mu Migani 3:5 kivuga ngo: ‘Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe’. Kwibuka ico canditswe no kugishira mu ngiro, vyaramfasha kurangura neza ibikorwa nashingwa”.

Mbere n’abakiri bato barungukira ku kuba bafise icanditswe bakunda cane. Uwitwa Jack w’imyaka itandatu y’amavuka avuga yuko icanditswe akunda cane ari Matayo 24:14. Ico canditswe kiramuvyurira umutima wo kujana n’abavyeyi biwe kwamamaza. Avuga ati: “Ndakunda kuja gushinga intahe imisi yose ku wa gatandatu ndi kumwe na mawe, dawe na mushikanje”.

Cokimwe na Yezu, woba rimwe na rimwe uhangana n’ibigeragezo biza imbonankubone bigerageza ukwizera kwawe? Muri ico gihe, icanditswe co mu Ab’i Filipi 4:13 coshobora kukubera kimwe mu vyanditswe ukunda cane. Nka kumwe kw’Umwami Dawidi, woba ufise ‘amazinda’? Muri ico gihe, kwibuka Ab’i Filipi 4:6, 7, vyoshobora kugufasha kuyatsinda. Woba rimwe na rimwe uhagarika umutima wiyumvira yuko umurimo urangurira Imana ari impfagusa? Muri ico gihe, kwibuka 1 Ab’i Korinto 15:58 bizogukomeza.

Dufashe ku mutwe ivyanditswe bibereye, turatuma Ijambo ry’Imana rigira ubukuba canke ububasha mu buzima bwacu (Abaheburayo 4:12). Mwene ivyo vyanditswe dukunda cane birashobora kuturonsa inkomezi n’impumurizo.—Abaroma 15:4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika