Inkuru y’ubuzima
Naho nari impumyi amaso yanje yarahumutse!
NK’UKO VYAVUZWE NA EGON HAUSER
Hashize amezi abiri mpumye buhume, amaso yanje yarahumutse ku bijanye n’ukuri kwa Bibiliya nari narirengagije mu buzima bwanje bwose.
IYO nkubitije agatima mpembero ku myaka irenga mirongo irindwi, ibintu vyinshi vyabaye mu buzima bwanje biratuma numva nshize akanyota rwose. Iyaba hari ico nohinduye mu buzima, nohisemwo kumenya Yehova Imana nkiri muto.
Navutse mu 1927, mvukira muri Uruguay, igihugu gitoyi kiri hagati ya Arijantine na Berezile kandi kikaba gifise ibilometero n’ibirometero vy’ahantu haryoheye ijisho uko ugenda inkokoro y’Ibahari Atalantike. Ababa muri ico gihugu bagizwe ahanini n’abakomoka ku baje kukigereramwo bavuye mu Butaliyano no muri Esupanye. Ariko rero, abavyeyi banje bari Abanyahongiriya baje kugerera muri ico gihugu, kandi igihe nari nkiri muto cane, twaba mu kibano giciye bugufi, cunze ubumwe mu bintu hafi nka vyose. Ntivyari bikenewe ko dushirako amagufuri ku nzugi zacu canke ibihindizo ku madirisha yacu. Nta mwikeko ushingiye ku kudahuza ibara ry’urukoba warangwa muri twebwe. Ba kavamahanga be n’imvukira, abirabure n’abazungu, twese twari abagenzi.
Abavyeyi banje bari abagatolika b’abanyamwete, nanje nkaba nabaye umukorezi nshikanye imyaka cumi. Maze gukura, nakorana na paruwasi yo mu karere twabamwo kandi nari mu mugwi w’abajenama ba musenyeri muri diyoseze. Kubera ko nari nahisemwo gukurikirana umwuga w’ivy’ubuvuzi, naratumiwe kwitaba inama nkarishabwenge yabereye muri Venezuwela yatunganijwe na Ekeleziya gatolika. Kubera ko umugwi wacu wari ugizwe n’abadogoteri mu vy’ubuvuzi bariko banonosora ibijanye n’indwara z’abagore, waciye ushingwa kugira ubushakashatsi kuri vya binini bibuza ugusama inda vyariko bicuruzwa ico gihe.
Ibintu vya mbere vyantangaje ndi umunyeshure mu vy’ubuvuzi
Igihe nari nkiri umunyeshure mu vy’ubuvuzi yiga ibijanye n’umutumba w’umuntu, nararushirije gutangazwa n’ubukerebutsi bugaragarira mu kuntu uhinguwe. Nk’akarorero, naratangajwe n’ubushobozi umubiri ufise bwo kwikiza no kuvura igikomere, nk’akarorero igitigu canke imbavu zimwezimwe iyo babikuyeko igihimba, birashobora gukura bigasubira kungana nk’uko vyari biri kare.
Muri ico gihe nyene, narabona abantu benshi baba bashikiwe n’amasanganya akomeye, kandi vyarambabaza igihe bapfa kubera batewe amaraso. Gushika uyu musi, ndacibuka ukuntu vyari bigoye kuvugana n’incuti z’abarwayi baba bapfuye kubera ingorane zaba zavuye ku guterwa amaraso. Akenshi, bene kubura ntibabwirwa yuko umuntu wabo yapfuye bivuye ku guterwa amaraso. Ahubwo riho bababwira ko yapfuye bitumwe n’izindi mvo. Naho ubu haciye imyaka myinshi, ndacibuka ukuntu ntumva merewe neza ku bijanye n’ugutera amaraso, nkaba nahavuye nshika ku ciyumviro c’uko hari ikintu kibi mu bijanye n’ugutera amaraso. Ese iyo ico gihe mba nari nzi itegeko rya Yehova rijanye n’ubweranda bw’amaraso! Muri ico gihe, sinari gushobora kugira ayo madidane ku bijanye n’ivyo nabona bigirwa.—Ivyakozwe 15:19, 20.
Marwa akanyota n’ugufasha abantu
Hashize igihe, narabaye umuganga abaga nongera mba umuyobozi w’ikigo gifasha mu vy’ubuganga co mu gisagara ca Santa Lucía. Nari mfise kandi ibikorwa narangura mu kigo ca Leta c’ivya siyansi y’ibinyabuzima. Ivyo vyaramaze akanyota. Narafasha abantu mu bijanye n’indwara zabo, nkabagabaniriza ububabare bafise, mbere n’akatari gake narafashije mu kurokora ubuzima nongera ndafasha abavyeyi kwibaruka. Kubera ivyo nari nariboneye imbere y’aho mu bijanye n’ugutera amaraso, naririnze kuyabatera nongera ndabaga abantu ibihumbi n’ibihumbi ntakoresheje amaraso. Niyumviriye yuko ukuvirirana kw’amaraso ari cokimwe n’ukuva kw’ingunguru. Umuti nyawo wonyene uhari ni uguhoma nya hantu hava, si ukuguma wuzuza nya ngunguru.
Mvura abarwayi bo mu Vyabona
Natanguye kumenyana n’Ivyabona vya Yehova mu myaka ya 1960, igihe batangura kuza ku bitaro vyacu baje gusaba kubagwa hadakoreshejwe amaraso. Sinzokwigera nibagira ivy’umurwayi umwe yitwa Mercedes Gonzalez, akaba yari umutsimvyikazi (ni ukuvuga umusuku w’igihe cose). Yari yakamye amaraso mu mubiri ku buryo abaganga bo ku bitaro vya kaminuza batinye kumubaga, biyumvira yuko yociye apfa. Naho amaraso yiwe yariko arakama, twaramubaze ku bitaro vyacu. Ukubagwa kwiwe kwaragenze neza hanyuma arabandanya gukora ubutsimvyi mu kiringo c’imyaka 30 gushika aho aherukiye gupfa afise imyaka 86.
Nama natangajwe n’urukundo be n’ubwitwararitsi Ivyabona berekana igihe baba bariko bitaho abavukanyi babo b’abakirisu bari mu bitaro. Igihe naba ndiko ndaraba abarwayi, narakunda kubumviriza bavuga ivyo bizera, kandi narakira ibitabu bampa. Sinigeze niyumvira yuko vuba ntobaye gusa ndi umuganga wabo, ariko kandi nobaye ndi n’umuvukanyi wabo wo mu vy’impwemu.
Nahavuye ngiranira imigenderanire cane n’Ivyabona igihe nubakana na Beatriz, umukobwa w’umurwayi umwe. Benshi mu muryango wa Beatriz bari basanzwe bifatanya n’Ivyabona, kandi tumaze kwubakana, na we nyene yaciye aba Icabona w’umunyamwete. Ariko rero, jewe nari naratwawe rwose n’akazi kanje kandi nari n’umuntu akomeye mu vy’ubuvuzi. Ubuzima bwasa n’ubwifashe neza cane. Sinari nzi yuko ijuru ryari rigiye kungwako.
Nshikirwa n’ivyago
Ikintu kibi kuruta ibindi vyose gishobora gushikira umuganga abaga, ni uguhuma. Ivyo vyaranshikiye. Bukwi na bukwi, ibice vyompi vyo mu maso vyakira amashusho vyarononekaye, nca ndahuma kandi sinari nzi ko nosubiye kubona. Bamaze kumbaga, nararyamye mu gitanda amaso yanje yose ariko amapansuma maze numva ndihebuye. Nariyumvisemwo yuko ata co nkimaze na gato kandi yuko ata co nkibereyeho gushika n’aho mfata ingingo yo kwiyahura. Kubera ko nari kw’igorofa igira kane, naravuye mu gitanda hanyuma ngenda nkabakaba ku ruhome, ngerageza kurondera aho idirisha ryoba riri. Nari ngiye gusimba hanyuma nce nsanzara. Ariko rero, naciye nshikira muri koridoro, maze umuforomakazi aca ansubiza mu gitanda canje.
Sinasubiye kugerageza ico kintu. Mugabo rero, kubera ko nari impumyi, narabandanije kwihebura no kwumva umujinya. Muri ico kiringo c’uguhuma, narasezeraniye Imana yuko ndamutse nsubiye kubona, nosomye Bibiliya yose uko ingana. Amaherezo, narasubiye kubona ariko atari rwose, nkaba narashobora gusoma. Mugabo sinashobora kubandanya gukora akazi k’ukubaga. Ariko ntiwumve, hari imvugo imenyerewe cane muri Uruguay ivuga ngo “No hay mal que por bien no venga”, bisobanura ngo “Nta kintu ari kibi cane ku buryo ata ciza gishobora kuva muri co”. Nari hafi kwibonera yuko iyo mvugo ari iy’ukuri.
Ntangura nabi
Nashaka kugura Bibiliya yitwa La Bible de Jérusalem yanditse mu ndome nininini, mugabo nca menya yuko Ivyabona vya Yehova bafise Bibiliya izimbutse kuruta, Icabona umwe akiri muto akaba yaciye anyemerera ko azoyinzanira i muhira. Bukeye mu gatondo, yari yamaze gushika ku rugi afise nya Bibiliya. Umugore wanje yaruguruye urugi hanyuma aravugana na we. Naciye ntontoma ndi mu nzu mvuga yuko niba umugore wanje yamuhaye amahera kuri nya Bibiliya, ico cabona ata yindi mvo yari afise yo kwinjira mu nzu, ko rero akwiye guca ashingura ukuguru, akaba rero yaciye yigira buno nyene. Sinari nzi yuko uwo muntu nyene vuba yogize uruhara ruhambaye mu buzima bwanje.
Umusi umwe, hari ikintu nasezeraniye umukenyezi wanje ntashoboye gushitsa. Kugira ngo ndamurihe ico kintu ntari nashikije no kugira ndamunezereze, namubwiye yuko twojanye ku Cibutso c’urupfu rwa Kirisitu kigirwa uko umwaka utashe. Uwo musi ushitse, naributse ivyo nasezeranye hanyuma turajana na we kuri urwo rubanza. Naratangajwe n’igishika caharangwa be n’ukuntu banyakiriye n’umutima mwiza. Igihe umushikirizansiguro yatangura gushikiriza insiguro yiwe, narakangutse mbonye ko yari wa musore nirukana ngo amvire mu rugo. Insiguro yiwe yarankoze ku mutima cane, hanyuma numva mbabajwe rwose n’ukuntu namufashe nabi. None nari gukora iki kugira nsubize ibintu mu buryo?
Nasavye umukenyezi wanje ko yomutumira kugira tuze gusangira imfungurwa zo ku mugoroba, mugabo aca ambwira ati: “Ntubona ko vyoba vyiza wewe umutumiye? Pfa gusa kuguma hano, araza kuza ngaha”. Erega yavuze vyo. Yaciye aza kuturamutsa maze aremera n’akanyamuneza nya butumire.
Ikiyago twagize kuri uwo mugoroba yaziriyeko kutugendera cabaye yo ntango y’amahinduka menshi kuri jewe. Yaranyeretse ca gitabu La vérité qui conduit à la vie éternellea, maze nca ndamwereka amakopi atandatu y’ico gitabu. Abarwayi b’Ivyabona vya Yehova batandukanye ni bo bari barabimpaye ku bitaro, mugabo ntari bwigere ndabisoma. Mu gihe c’ugufungura be n’inyuma yaho, gushika mu gicugu, naguma ndamubaza ibibazo, vyose akaba yavyishura akoresheje Bibiliya. Ico kiganiro carabandanije gushika mu masaha y’inyuma ya sasita y’ijoro. Imbere y’uko uwo musore agenda, yansavye ko twokwigana Bibiliya dukoresheje ico gitabu La vérité. Twarangije kwiga ico gitabu mu mezi atatu maze duca tubandanya n’igitabu “Babylone la Grande est tombée!” Le Royaume de Dieu a commencé son règne!b. Inyuma y’aho, nareguriye ubuzima bwanje Yehova Imana hanyuma ndabatizwa.
Nsubira kwumva ko ndi n’ico maze
Bivuye ku guhuma mu buryo bw’umubiri, ‘amaso y’umutima wanje’ yarahumutse arabona ukuri kwa Bibiliya nari narirengagije gushika ico gihe (Abanyefeso 1:18). Kuba naramenye Yehova n’umugambi wiwe uranga urukundo, vyarahinduye ubuzima bwanje bwose. Ubu narasubiye kwumva ko hari ico maze kandi ko mpimbawe. Ndafasha abantu mu buryo bw’umubiri no mu buryo bw’impwemu nkongera nkabereka ingene bokwongereza imyaka yabo yo kubaho kandi gatoyi muri uru runkwekwe rw’ibintu no ku bw’ibihe bidahera mu rutonde rushasha.
Nagumye nza ndakarisha ubwenge mu bijanye n’ibigezweho mu vy’ubuvuzi, kandi naragize ubushakashatsi ku ngorane zishobora guterwa n’amaraso, ku buryo bwo kuvura hadakoreshejwe amaraso, ku burenganzira bw’abarwayi be no ku bijanye n’igice c’ivy’ubuvuzi cihweza uburyo bwo gufata umurwayi no kwubahiriza amahitamwo yiwe (La bioéthique). Nararonse uturyo two gusangira ayo makuru n’abaganga batari bake igihe naba natumiwe kugira ico mvuze kuri ivyo bintu mu gihe c’amanama nkarishabwenge y’ivy’ubuvuzi. Mu 1994, naritavye inama ya mbere ku bijane n’ukuvura hadakoreshejwe amaraso yabereye i Rio de Janeiro muri Berezile, hanyuma ndashikiriza ikiganiro ku bijane n’icokorwa habaye ivirirana ry’amaraso. Igice c’ayo makuru carashizwe mu kiganiro nanditse cavuga ngo “Una propuesta: Estrategias para el Tratamiento de las Hemorragias” (“Integuro y’ivyokorwa ku bijanye n’ukuvura ivirirana ry’amaraso”), casohowe mu kinyamakuru c’ivy’ubuvuzi citwa Hemoterapia.
Nguma ndi intadohoka mu gihe c’umukazo
Mu ntango, amakenga nari mfise ku bijanye n’ugutera amaraso ahanini yari ashingiye ku bumenyi nari mfise bujanye na siyansi. Ariko rero, igihe ubwanje narwarira mu bitaro, nasanze bitoroshe na gato kwanka guterwa amaraso no kwumira ku kwizera kwanje mu gihe c’umukazo w’abaganga. Maze gufatwa n’indwara ikomeye y’umutima, nabwirijwe gusigurira umuganga abaga impagararo yanje mu kiringo c’amasaha arenga abiri. Yari umuhungu w’abagenzi banje somambike, akaba yambwiye ko atokwemeye kundeka ngo mpfe kandi abona ko aramutse anteye amaraso vyoshobora kurokora ubuzima bwanje. Narasenze Yehova mu gacerere, ndamusaba ko yofasha uwo muganga gutahura no kwubahiriza impagararo yanje naho atemeranya na yo. Amaherezo, uwo muganga yaransezeraniye kwubahiriza ivyipfuzo vyanje.
Ikindi gihe na ho, nategerezwa gukurwamwo ikivyimba kinini cari ku gasaho gahingura urûzirûzi rubungabunga imbuto z’umugabo kugira zigume ari nzima. Harabaye ivirirana ry’amaraso. N’ico gihe nyene, nabwirijwe gusigura imvo zituma nanka guterwa amaraso, kandi naho natakaje ibice bibiri kuri bitatu vy’amaraso, abaganga barubahirije impagararo yanje.
Uguhindura inyifato
Kubera yuko nari mw’Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe igice c’ivy’ubuvuzi cihweza uburyo bwo gufata umurwayi no kwubahiriza amahitamwo yiwe, naragize umunezero wo kubona abaganga be n’abategetsi bahindura inyifato ku biraba uburenganzira bw’abarwayi. Inyifato abaganga bahora bafise yo kuba ari bo bafatira ingingo umurwayi iriko isubirirwa n’ukwubahiriza ihitamwo umurwayi yigirira ari uko yabanje gusigurirwa. Ubu barareka abarwayi bakihitiramwo uburyo bwo kuvurwa. Ivyabona vya Yehova ntibakibonwa nk’abantu b’ishaka rirenze urugero badakwiye kwitabwaho mu vy’ubuvuzi. Ahubwo babonwa nk’abarwayi bazi utuntu n’utundi bakwiye kwubahirizwa mu burenganzira bwabo. Mu manama nkarishabwenge y’ivy’ubuvuzi no mu biganiro vyo kuri televiziyo, abaporofeseri bazi utuntu n’utundi bavuze ngo: “Bivuye ku twigoro tw’Ivyabona vya Yehova, ubu turatahura . . . ”. “Twarigiye ku Vyabona vya Yehova . . . ” kandi “Baratwigishije uburyo bwo kuryohora”.
Vyaravuzwe ko ubuzima buhambaye kuruta ikindi kintu cose kubera yuko umwidegemvyo, uburenganzira be n’agateka ata co vyoba bivuze butariho. Benshi ubu baremera iciyumviro cemewe n’amategeko kiri hejuru ya vyose, ni ukuvuga gutahura yuko umuntu wese ari we agaba uburenganzira bwiwe bwite kandi yuko ari we wenyene ashobora kwifatira ingingo y’uburenganzira kanaka mu bwo afise bukwiye gushirwa imbere mu gihe kanaka. Muri ubwo buryo, agateka, umwidegemvyo wo kwihitiramwo be n’ivyo umuntu yemera mu vy’idini ni vyo bishirwa imbere. Umurwayi arafise ubwigenge. Inzego zitanga amakuru y’ivy’ubuvuzi, zashizweho n’Ivyabona vya Yehova, zarafashije abaganga benshi guteza imbere ugutahura bafise muri ivyo bintu.
Kuba umuryango wanje warabandanije kunshigikira vyatumye mba kirumara mu murimo wa Yehova, biranatuma kandi nsukura bwa mukurambere mw’ishengero rya gikirisu. Nk’uko namaze kubivuga, ndicuza cane kubona ntamenye ivyerekeye Yehova kuva nkiri muto. Naho ari ukwo, ndakenguruka cane kubona yarampumuye ndabona icizigiro ciza igitangaza c’ukubaho igihe Ubwami bw’Imana buzoba buganza, aho “uwaho [ata]zovuga, ati Ndarwaye”.—Yesaya 33:24c.
[Utujambo tw’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
b Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
c Umuvukanyi Egon Hauser yapfuye igihe iki kiganiro cariko kirategurwa. Yapfuye ari umwizerwa, tukaba rero tunezeranywe na we kubona icizigiro ciwe ari ntakekeranywa.
[Ifoto ku rup. 24]
Aha nari mu myaka 30 y’amavuka, nkaba nakorera ku bitaro vy’i Santa Lucía
[Ifoto ku rup. 26]
Aha nari kumwe n’umukenyezi wanje Beatriz mu 1995