ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/11 rup. 26
  • “Mbega ukuntu Ijambo ry’Imana rifise ububasha vy’ukuri!”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Mbega ukuntu Ijambo ry’Imana rifise ububasha vy’ukuri!”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ivyo bijanye
  • Ikirangamisi co mu 2011 kirashimika ku Gusenga kwo mu muryango
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/11 rup. 26

“Mbega ukuntu Ijambo ry’Imana rifise ububasha vy’ukuri!”

“IJAMBO ry’Imana [ni] rizima, rifise ubu[basha]” (Abaheburayo 4:12). Mu kwemeza ububasha ntatsindwa bw’Ijambo ry’Imana, ikirangamisi c’Ivyabona vya Yehova co mu 2003 (Calendrier des Témoins de Jéhovah 2003) carerekanye inkuru zo mu buzima zitandatu zavuye hirya no hino kw’isi. Musi y’agatwe kavuga ngo “Uravye ingene yari ameze kera n’ingene ameze ubu”, ico kirangamisi carerekanye ukuntu igikorwa c’ukwigisha c’Ivyabona vya Yehova gifasha abantu kuryohora inyifato yabo, guheba uburyo bwabo bwo kubaho bwononekaye, gukomeza umubano wabo wo mu rugo no kubungabunga ubucuti ubwabo bagiranira n’Imana.

Harabonetse amakete menshi yo gukenguruka ku bijanye n’ikirangamisi co mu 2003. Ngibi bimwebimwe mu vyavuzwe:

“Iki kirangamisi ni ikimenyamenya ku bakirisu b’ukuri c’uko hariho abandi bameze nk’abo babwirijwe kurwana urugamba rukomeye rw’ukwizera. Ubu barashobora kwitegereza amafoto akabibutsa amahinduka bamwebamwe bagize”.​—Steven wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

“Nashaka vy’ukuri kubandikira aya majambo makeyi kugira ndabamenyeshe ukuntu ikirangamisi co mu 2003 cankoze ku mutima. Nta na rimwe ikirangamisi cari bwigere kigira akosho nk’ako kuri jewe. Izo nkuru z’ubuzima zizoba zimwe mu mayagwa njana mw’isakoshi yanje yo gushinga intahe kugira ngo nereke abantu ikimenyamenya kizima kandi gitangaje c’akosho Bibiliya ishobora kugira ku bantu”.​—Marc wo mu Bubirigi.

“Narakozwe ku mutima cane n’ico kirangamisi. Naragize ikigumbagumba igihe nasoma nkongera nkabona ukuntu Yehova yahinduye ubuzima bw’abo bantu. Ivyo bituma mvyurirwa umutima wo kubandanya kugira amahinduka mu buzima bwanje. Ubu, kuruta ikindi gihe ico ari co cose, ndumva ko ndi mu bagize ikivukano cacu gikwiye kw’isi yose”.​—Mary wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

“Yezu yarakozwe ku mutima bimwe bigera ibwina n’ukuntu amasinzi y’abantu yari amerewe nabi mu vy’impwemu. Ndabakengurukiye kubona mwigana akarorero ka Kirisitu mu gusohora inkuru z’ubuzima ziboneka mu kirangamisi cacu co mu 2003. Nta na rimwe mu buzima bwanje ikirangamisi cari bwigere gituma nkorora amosozi”.​—Cassandra wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

“Igihe nari mfise imyaka 11, naratanguye kunywa itabi; mu nyuma narihereje ibiyayura umutwe. Akenshi nama niyumvira kwiyahura. Igihe nashika ku kumenya Yehova, narafashijwe guheba izo ngeso. Ico kirangamisi kiramfitiye akamaro kanini. Uburorero bw’abavukanyi n’abavukanyikazi banje bo hirya no hino kw’isi burankomeza. Ubu ndazi yuko ntari jenyene muri urwo rugamba be n’uko igihambaye kuruta ibindi vyose ari ugukunda Yehova no kumusukurira n’umutima wose”.​—Margaret wo muri Polonye.

“Yoo! Mbega ukuntu Ijambo ry’Imana rifise ububasha vy’ukuri! Igihe naronka ikirangamisi co mu 2003, nta kindi nashoboye kugira atari ukwigumya ngo sindire. Izo nkuru hamwe n’amafoto, ni ibintu bikomeza ukwizera rwose”.​—Darlene wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

“Ubuzima bamwebamwe muri abo bantu bahora bafise burasa cane n’ubwo nahora mfise. Yehova yarampaye inkomezi zo guheba ingeso mbi nabona ko umenga sinoshoboye guheba. Ndabakengurukiye cane ku bw’izo nkuru zo mu buzima zabaye”.​—William wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika