ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/11 rup. 27
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki Ivyabona vya Yehova badahimbaza imisi mikuru y’ivuka?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Imisi mikuru yose yoba ihimbara Imana?
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Imisi mikuru idahimbara Imana
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Imisi mikuru yose yoba ihimbara Imana?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/11 rup. 27

Ibibazo vy’abasomyi

Abakirisu bakwiye kubona gute ivyo gukoresha utubuyenge twibutsa ivuka ry’umuntu?

Mu mico kama imwimwe, utubuyenge twibutsa ivuka ry’umuntu tujanye n’ukwezi yavukiyeko. Nimba umukirisu yokwambara canke atokwambara impeta iriko akabuye kanaka k’igiciro ni ingingo yifatira (Ab’i Galatiya 6:5). Mu gufata iyo ngingo, hari ibintu bihambaye umuntu akwiye kurimbura.

Inkoranyabumenyi imwe (Encyclopaedia Britannica) ivuga yuko akabuyenge kibutsa ivuka ry’umuntu ari “akabuye k’igiciro kajanye n’itariki umuntu yavukiyeko, kukambara bikaba bikunda kuvugwa yuko bituma umuntu agira umugisha canke amagara meza”. Ico gitabu congerako giti: “Hashize igihe kirekire abaragurishanyenyeri bitirira ububasha nsingabwenge utubuye tw’igiciro tumwetumwe”.

Mu bihe vya kera ni ho canecane wasanga abantu benshi bemera yuko akabuyenge kibutsa ivuka ry’umuntu kazanira umugisha uwukambaye. Umukirisu w’ukuri yoba avyemera? Oya, kubera azi yuko Yehova yiyamirije abamutaye bakizigira “imana y’Ibahati”.​—Yesaya 65:11, NW.

Muri ca Kiringo co hagati y’Ikinjana ca 5 n’ica 15, abaraguzi barahitiramwo ukwezi kumwekumwe kwose kw’umwaka akabuyenge. Baremesha abantu kwambara akabuyenge gahuje n’ukwezi bavukiyemwo, kakaba kafatwa yuko gakingira inabi nyene kukambara. Yamara ku bakirisu, vyari kuba biteye kubiri n’Ivyanditswe gukurikiza ubuyobozi bw’abaraguzi karuhariwe babura ibizoba kubera yuko Bibiliya ibiyamiriza.​—Gusubira mu vyagezwe 18:9-12.

Ntivyari kuba kandi bibereye ko abakirisu baha insobanuro idasanzwe ivy’ukuba impeta iriko akabuyenge kibutsa ivuka ry’umuntu. Ivyabona vya Yehova ntibahimbaza imisi mikuru y’ivuka. Ivyo babitumwa n’uko imisi mikuru nk’iyo ishimika cane ku muntu vyongeye imisi mikuru y’ivuka yonyene ivugwa muri Bibiliya ni iy’abategetsi batasukurira Imana.​—Itanguriro 40:20; Matayo 14:6-10.

Abantu bamwebamwe biyumvira yuko kwambara impeta iriko akabuyenge kibutsa ivuka ry’umuntu bigira akosho keza kuri kamere ya nyene kuyambara. Ariko rero, ivyo abakirisu b’ukuri ntibavyemera, kubera yuko batahura ko “wa muntu musha” yambarwa bivuye ku kosho k’impwemu yera y’Imana no ku gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe.​—Abanyefeso 4:22-24.

Ikintu gihambaye ni imvo umuntu akorana. Mu guhitamwo nimba yokwambara impeta iriko mwene ako kabuyenge canke atoyambara, umukirisu yoshobora kwibaza ati: ‘Noba nshaka kwambara iyi mpeta kubera gusa yuko ako kabuye k’igiciro kankwegera, naho bishika kandi kakitwa ngo ni akabuyenge kibutsa ivuka ry’umuntu? Canke hoba hari ukuntu nagizweko akosho n’ivyiyumviro vy’ibintazi abantu bamwebamwe bahaye utubuye nk’utwo’?

Umukirisu akwiye gusuzuma umutima wiwe kugira ngo amenye imvo akorana. Ivyanditswe bivuga ngo: “Rinda umutima wawe kurusha uko worinda ikindi cose, kukw ari ho ubu[uzima] bududubiriza” (Imigani 4:23). Mu gufata ingingo ku bijanye n’utwo tubuyenge twibutsa ivuka ry’umuntu, umukirisu wese vyoba vyiza arimbuye imvo ibituma be n’ingaruka ingendo yiwe ishobora kugira kuri we ubwiwe no ku bandi.​—Abaroma 14:13.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika