“Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra”
Uravye ingene yari ameze kera n’ingene ameze ubu, ingingo ngenderwako za Bibiliya zaratumye ahinduka
ADRIAN akiri muto yari umuntu afise uburake bwinshi n’umururazi. Ugushavura ningoga kwiwe kwatuma agira uburakari bukaze. Yaranywa inzoga n’itabi, akongera akagira ubuzima burangwa n’ubuhumbu. Adrian yari azwi ko ari mu muhari w’abapanki kandi akaba yararonse ikidodo cerekana ko yemera ivy’ubusimbirahamwe. Mu kudondora iyo myaka, avuga ati: “Namosha umushatsi nk’uko abapanki bari basanzwe bimosha, nkayisigamwo ibintu bituma iguma ishinze, kandi rimwe na rimwe narayitukuza canke nkayiha irindi bara”. Adrian yari yaratoboje n’izuru.
Adrian yarimukiye mu kizu cononekaye, akaba yakibanamwo n’abandi bakiri bato bakeyi b’abagarariji. Ni ho banywera inzoga bakihereza n’ibiyayura umutwe. Adrian yibuka ibi: “Narafata ibiyayura umutwe vyitwa amphétamines, nkavyitera mu mitsi ndabivanganije n’umuti witwa Valium be n’ikindi ico ari co cose nshoboye kuronka. Igihe hatabonetse ibiyayura umutwe canke uburembo bw’ikizungu, naca nkwega irinsansi mu miduga y’abantu, maze ngaca mborerwa”. Kubera ko Adrian yari abayeho ari inkozi y’ikibi yo mw’ibarabara, yacitse umuntu ateye ubwoba kandi w’inkazi karuhariwe. Abantu muri rusangi bamuca kure. Muri ico gihe nyene, izina yari yarihesheje ryatumye aronka abagenzi babi.
Buhorobuhoro, Adrian yaratahuye yuko abitwa ngo ni abagenzi biwe bifatanya na we kubera gusa ico bashobora kumukurako. Vyongeye, yarashitse aho abona yuko “uburakari bwose be n’ubukazi bwose ata co bwari bwaramushikanyeko”. Yarumva ko ata co amaze kandi akaguma ababaye, aca araheba abo bagenzi biwe. Igihe yaronka ikopi y’Umunara w’Inderetsi ahantu hariko harubakwa inzu, yarakwegerewe n’ubutumwa bushingiye kuri Bibiliya bwari muri yo, bica bituma yigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Adrian yarakiranye igishika ubu butumire: “Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra” (Yakobo 4:8). Ico vyavuyemwo, ni uko Adrian atatevye kubona yuko akeneye gutangura gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe Vyeranda.
Ubumenyi bwa Bibiliya yarushiriza kuronka bwaragize ingaruka nziza kw’ijwi ryo mu mutima rya Adrian bwongera burahindura ingendo yiwe y’ubuzima. Yarafashijwe gutsinda kamere yari afise yo gushavura ningoga yongera arafashwa gutsimbataza ukwigumya. Adrian abikesheje ububasha bw’Ijambo ry’Imana, kamere yiwe yarahindutse rwose.—Abaheburayo 4:12.
Ariko none, Bibiliya yashoboye gute kugira akosho k’ububasha kageze iyo hose? Ubumenyi bw’Ivyanditswe buradufasha “k[w]ambara wa muntu musha” (Abanyefeso 4:24). Egome, kamere yacu irahindurwa n’ugushira mu ngiro ubumenyi ntagakosa bwo muri Bibiliya. Mugabo none, ubumenyi nk’ubwo buhindura abantu gute?
Ubwa mbere, Bibiliya irashira ahabona ingeso ziranga kamere mbi umuntu akeneye kwiyambura (Imigani 6:16-19). Ubwa kabiri, Ivyanditswe biradusunikira ku kugaragaza kamere z’igikundiro impwemu yera y’Imana yama. Aho harimwo “urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, [“kumera neza”, NW], kuba umwizigirwa, ubugwaneza, ukwirinda”.—Ab’i Galatiya 5:22, 23.
Gutahura ivyo Imana isaba bimwe bigera ibwina, vyarafashije Adrian kwisuzuma no kubona ingeso yari akeneye gutsimbataza be n’izo yari akwiye kwiyambura (Yakobo 1:22-25). Mugabo iyo yari intango gusa. Uretse ubumenyi, Adrian yari akeneye ikintu comusunikiye ku kugira ico akoze, ni ukuvuga ikintu comuvyuriye ingiro ku buryo yipfuza guhinduka.
Adrian yaramenye yuko wa muntu musha ahimbaye, abumbabumbwa hakurikijwe “ishusho y’Iyamuremye” (Ab’i Kolosayi 3:10). Yarashitse aho atahura yuko kamere y’umukirisu itegerezwa gusa na kamere y’Imana bwite (Abanyefeso 5:1). Biciye ku kwiga Bibiliya, Adrian yaramenye ukuntu Yehova afata abantu yongera arabona kamere nziza z’Imana, nk’urukundo, ubuntu, kumera neza, imbabazi be n’ubugororotsi. Ubumenyi nk’ubwo bwatumye Adrian akunda Imana yongera arihatira kuba umuntu Yehova ashima.—Matayo 22:37.
Hashize igihe kandi afashijwe n’impwemu yera y’Imana, Adrian yarashoboye gutsinda kamere yiwe yo kuba umuntu w’inkazi. We n’umukenyezi wiwe, ubu bariko bakora cane mu gufasha abandi guhindura ubuzima bwabo bafashijwe n’ubumenyi bwa Bibiliya. Adrian avuga ati: “Jeho simeze nk’abatari bake mu bahora ari abagenzi banje ubu bamaze gupfa, ndi muzima kandi ndinovora ubuzima bwo mu rugo buhimbaye”. Adrian ni ikimenyamenya kizima c’uko Bibiliya ifise ububasha bwo guhindura ubuzima bukaba bwiza.
[Iciyumviro ku rup. 25]
“Uburakari bwose be n’ubukazi bwose nta co bwari bwaramushikanyeko”
[Uruzitiro ku rup. 25]
Ingingo ngenderwako za Bibiliya ziragira ico zikoze
Ngizi ingingo ngenderwako za Bibiliya zimwezimwe zafashije abantu benshi barakara kandi b’inkazi gucika abanyamahoro:
“Mwuzure n’abantu bose. Abo nkunda, ntimwīhōrane, ariko muhe uburyo uburake bg’Imana” (Abaroma 12:18, 19). Reka Imana abe ari yo imenya igihe co guhora be n’abo ibigirira. Ishobora kubigira izi neza uko ibintu biri, kandi igihano ico ari co cose itanga kizogaragaza ubutungane bwayo butagira agahaze.
“Ni mwaraka ntibibakoreshe icaha: izuba ntirirenge mukiratse, kandi ntimuhe wa Murwanizi icicaro” (Abanyefeso 4:26, 27). Hari igihe umuntu ashobora kurakara mu buryo bwumvikana. Igihe ivyo bibaye, akwiye kutaguma ‘aratse’. Kubera iki? Kubera yuko ivyo vyotuma akora ikibi, gutyo akaba ahaye “wa Murwanizi icicaro”, bigatuma adashimwa na Yehova Imana.
“Reka ishavu, va mu burake, ntuhagarike umutima, kukw ico kizana gukora ibibi gusa” (Zaburi 37:8). Inyiyumvo zidacungerewe zituma umuntu akora ivyo atari gukora. Igihe umuntu atwawe n’uburakari, vyoshoboka ko avuga canke akora ibintu bibabaza uwo ari we wese abibwiwe canke abikorewe.