Ibibazo vy’Abasomyi
Indagano umuntu yagize ku Mana yoba aguma azibohereweko?
Nk’uko Ivyanditswe bivuga, indagano ni isezerano umuntu asezeranira Imana ata gukina ryo gukora ikintu kanaka, ryo gutanga ikintu kanaka, kwinjira mu murimo kanaka canke kugira uruhara kanaka, canke kureka gukora ibintu bimwebimwe ubwavyo bidateye kubiri n’amategeko. Bibiliya irimwo inkuru zivuga ivy’indagano zagizwe habanje gusezeranwa ikintu, kubera yuko izo ndagano zarimwo ivyo gusezerana gukurikira ingendo yinaka yavuzwe, Imana ibanje kugira ikintu kanaka ikoze. Nk’akarorero, Hana nyina w’umuhanuzi Samweli, “[y]asezeran[ye] isezerano, at’Ewe Uhoraho Nyen’ingabo, ni warāba umubabaro wanje incoreke yawe, ukanyibuka, ntunyibagire jewe incoreke yawe, ukantabaza umwana w’umuhungu, nanje nzomuguha, Uhoraho, abe uwawe kuzorinda apfa, kandi nta rupfuhe ruzomugera ku mutwe.” (1 Samweli 1:11) Bibiliya iradondora kandi ko indagano ari ikintu umuntu agira avyigombeye. Indagano zishingiye ku Vyanditswe umuntu yagize zimuboha ku rugero rungana iki?
Umwami Salomo wa Isirayeli ya kera avuga ati: “Ni wasezerana isezerano ku Mana, ntutebe kurishitsa.” Yongerako ati: “Ushitse ico wasezeranye. Wopfuma utagira ico usezerana, hak’usezerana ntushitse.” (Umusiguzi 5:4, 5) Ivyagezwe Isirayeli yahawe biciye kuri Musa, bivuga biti: “Muri mwebge ni hagira ūsezeranira isezerano Uhoraho Imana yiwe, ntaz’atebe kurishitsa; kuk’Uhoraho Imana yiwe itazobura kubimubaza, agasanga vyamuhindukiye icaha.” (Gusubira mu Vyagezwe 23:21) Biratomoye yuko kugira indagano ku Mana atari ikintu co gukina. Bitegerezwa kugirwa bivuye ku mvo nziza, kandi uwubigira akwiye kuba adakekeranya ku bushobozi afise bwo gushitsa ivyo yasezeranye muri nya ndagano. Ahandi hoho, vyoba vyiza atagize nya ndagano. Nya ndagano umuntu amaze kuzigira, zose zoba none zimuboha?
Tuvuge iki hamwe umuntu yosanga ivyo asabwa n’indagano yari yaragize bidahuye n’ivyo Imana igomba? Dufate ko yari indagano yoba ifatanya ubushegabo n’ugusenga kw’ukuri. (Gusubira mu Vyagezwe 23:18) Biragaragara ko indagano nk’izo zitaboha umuntu. Vyongeye, mu gihe c’Ivyagezwe vya Musa, indagano yagizwe n’umugore yarashobora gukurwaho na se canke n’umugabo wiwe.—Guharūra 30:3-15.
Rimbura kandi ivy’umuntu yagize indagano ku Mana yo kuguma ari umwirebange mugabo ubu agasanga ageze ahantu atabona ico ari bufate n’ico ari bureke. Indagano yagize yatumye ashika ahantu yumva ko kuyishitsa biriko bishaka gutuma arenga ku ngingo mfatirwako z’Imana zerekeye inyifato runtu. Yoba akwiye kuguma yihatira gushitsa indagano yiwe? Ntivyoba vyiza yikingiye kwagirwa n’ubushegabo mu kudashitsa indagano yiwe maze agaheza agatakambira Imana ngo imugirire ikigongwe kandi agasaba uguharirwa? We nyene ubwiwe ni we ashobora gufata ingingo y’ico yokora. Nta wundi muntu ashobora kuyimufatira.
Tuvuge iki mu gihe umuntu agize indagano mu nyuma agatahura ko yayifashe gihuruduka? Yoba akwiye kuguma arondera gushitsa nya ndagano? Kuri Yefuta, ntivyari vyoroshe gushitsa indagano yagize ku Mana, mugabo yarayishikije abishizeko umutima. (Abacamanza 11:30-40) Umuntu ananiwe gushitsa indagano, vyoshobora gushikana ku gutuma Imana ‘iraka,’ maze ikagwiza n’ubusa ivyo nya muntu yari yararanguye. (Umusiguzi 5:6) Gufata minenegwe ivy’ugushitsa indagano vyoshobora gutuma umuntu adatoneshwa n’Imana.
Yezu Kirisitu yavuze ati: “Arikw ijambo ryanyu ribe Ego, ego; Oya, oya: ikirenze ivyo kiva kuri wa Mubi.” (Matayo 5:37, ni twe tubihiritse.) Umukirisu ntategerezwa kwitwararika gusa gushitsa indagano yagize ku Mana, ariko kandi ategerezwa kwitwararika ivy’ukugaragaza ko ari umwizigirwa ku Mana no ku bantu mu vyo avuga vyose. Bite ho mu gihe asanze ari mu bintu bigoye bivanye n’uko hari ivyo yemeranije n’uwundi muntu bikaba vyasa n’uko ari vyiza mu ntango, mugabo amaze gusuzuma yitonze bikaboneka ko biranga ubupfu? Ntakwiye gufata minenegwe ibintu nk’ivyo. Mugabo, bitewe n’uko babiganiriye ata gufyina, uwo wundi muntu yoshobora gufata ingingo yo kumuremurura ivyo yasabwa gushitsa.—Zaburi 15:4; Imigani 6:2, 3.
Ku bijanye n’indagano be n’ibindi bintu vyose, ni igiki dukwiye kwitwararika imbere y’ibindi vyose? Nimuze twame turondera kuzigama ubucuti bwiza na Yehova Imana.
[Amafoto ku rup. 30, 31]
Hana ntiyagonanywe gushitsa indagano yiwe
[Amafoto ku rup. 30, 31]
Naho bitari vyoroshe kubigira, Yefuta yarashikije indagano yiwe