Utwigoro Turemesha Ingingo Mfatirwako Nziza Zerekeye Inyifato Runtu
Mu mpera z’umwaka w’2001, abumvirije Iradiyo y’igihugu ca Mozambike barumvise iri tangazo:
“Umukuru w’Igihugu yaragendeye inyubakwa z’ishami z’Ivyabona vya Yehova mu gisagara ca Maputo. Yararemesheje ivyo Vyabona vya Yehova kwongereza utwigoro bagira mu kuremesha ingingo mfatirwako nziza zerekeye inyifato runtu mu miryango no kutwongereza mu kwigisha abakuze biciye mu maporogarama yabo yo kwigisha gusoma no kwandika. Abantu nk’10.000 baramaze kwungukira kuri izo porogarama. Nk’uko Umukuru w’Igihugu Chissano yabivuze, amaporogarama nk’ayo arakwiye gushemagizwa kubera yuko ari intererano y’agaciro ku kibano, mu gutorera umuti ingorane zo mu vy’inyigisho iki gihugu kikiriko kirahangana na zo.”
Iryo tangazo ryabandanije rivuga agace gakurikira ko mu nsiguro umukuru w’igihugu yashikirije kavuga gati: “Biraturemesha cane kubona abantu benshi bitwararika ivyo kwiga gusoma no kwandika. Biratwereka yuko abanyagihugu basanzwe bagiye kudufasha kwongereza igitigiri c’abazi gusoma no kwandika. Ni co gituma nashaka kuremesha Ivyabona vya Yehova kwongereza amaporogarama bagira yo kwigisha gusoma no kwandika mu rurimi urwo ari rwo rwose. Igihambaye mu vy’ukuri ni uko habaho ivy’ukwigisha gusoma no kwandika be n’uko abantu boshobora guhanahana amakuru mu buryo bworoshe kuruta, maze muri kazoza abantu bitabira inyigisho bakazorushiriza kuba benshi.”
Ivyabona vya Yehova bo muri Mozambike bafise amashure y’ukwigisha gusoma no kwandika mu bibanza 850 mu gihugu cose kugira ngo abantu bashobore kwisomera Ijambo ry’Imana. Vyongeye, ku ndwi ku ndwi bararongora nk’inyigisho za Bibiliya zo ku muhana 50.000 zigirwa ku buntu. Ivyo vyose biri mu bigize porogarama y’ukwigisha Bibiliya irangurirwa kw’isi yose, ubu ikaba igirwa mu bihugu 235. (Matayo 24:14) Na wewe urashobora kwungukira kuri iyo porogarama. Turakwinginze ntiwitinye gushikira Ivyabona vya Yehova bo mu karere iwanyu.