Barihanganiye Amahwa Mu Mibiri Yabo
“Narashinzwe [“ihwa,” “NW”] mu mubiri, intumwa ya Shetani iza iranokeza.”—2 ABAKORENTI 12:7, UB.
1. Ni ingorane zimwezimwe izihe abantu bahangana na zo muri iki gihe?
WOBA uriko uranyinyana n’ikigeragezo kinaka kidahera? Nimba uriko uranyinyana na co, nturi wenyene. Muri ibi “bihe bigoye,” Abakirisu b’abizerwa barihanganira uruhamo rukaze, ingorane zo mu rugo, indwara, imyitwarariko y’amahera, umubabaro wo mu kanyengetera, ukubura ababo n’izindi ngorane. (2 Timoteyo 3:1-5) Mu bihugu bimwebimwe, ubuzima bwa benshi burageramiwe n’ubukene bw’ibifungurwa be n’intambara.
2, 3. Ni inyifato yo kutabona ibintu neza iyihe ishobora guterwa n’ingorane zimeze nk’amahwa duhangana na zo, kandi zoshobora kuba ingeramizi gute?
2 Ingorane nk’izo zirashobora gutuma umuntu yumva ko arengewe, na canecane igihe ingorane nyinshi ziziye icarimwe. Raba ico Imigani 24:10 havuga. Hagira hati: “Ni wadendebukirwa ku musi w’ivyago inkomezi zawe zizoba zari nke.” Emwe, gucika intege mu gihe c’ibigeragezo birashobora kudutwara inkomezi nyinshi dukeneye kandi bigashobora gutuma umwiyemezo wacu wo kwihangana gushitsa kw’iherezo ugoyagoya. Uti gute?
3 Ugucika intege kurashobora gutuma tutabona ibintu nk’uko biri koko. Nk’akarorero, biroroshe yuko ingorane zacu tuzigira izikomeye cane maze tugatangura kwumva ko tugowe. Bamwebamwe barashobora mbere gutakambira Imana bati: “Ni kuki ureka ibi bintu bikanshikira?” Igihe inyifato nk’iyo yo kutabona ibintu neza yoshinga imizi mu mutima w’umuntu, yoshobora kumutwara umunezero be n’icizigiro. Umusavyi w’Imana yoshobora gucika intege ku buryo mbere yoshobora guheba kurwana “intambara nziza yo kwizera.”—1 Timoteyo 6:12.
4, 5. Mu bihe bimwebimwe, ingorane zacu Shetani azigiramwo uruhara gute, yamara ni icizigiro ikihe dushobora kugira?
4 Yehova Imana mu vy’ukuri si we aduteza ibigeragezo. (Yakobo 1:13) Ibigeragezo bimwebimwe bidushikira kubera gusa turiko turagerageza kuba abizerwa kuri we. Kukaba nkako, abakorera Yehova bose bituma wa mwansi mukuru, ari we Shetani wa Murwanizi ari bo aca aza aragirira nabi. Mu gihe gito asigaje, iyo “mana y’iki gihe” y’ububisha iriko iragerageza gutuma umuntu wese akunda Yehova aheba gukora ivyo agomba. (2 Ab’i Korinto 4:4) Shetani arateza umubabaro mwinshi uko ashoboye umuryango wose w’abavukanyi hirya no hino kw’isi. (1 Petero 5:9) Ego ni ko, Shetani si we yama aduteza ingorane zose dufise, mugabo arashobora gukoresha ingorane duhangana na zo, arondera gusongera isibe.
5 Ariko rero, Shetani yaba akomeye gute canke ibirwanisho vyiwe vyaba bikomeye gute, turashobora kumutsinda! Twokwemezwa n’iki ko dushobora kumutsinda? Kubera yuko Yehova Imana aturwanira. Arazi neza yuko abasavyi biwe batayobewe imigabo ya Shetani. (2 Ab’i Korinto 2:11) Nkako, Ijambo ry’Imana riratubwira vyinshi ku vyerekeye ibigeragezo bishikira Abakirisu nyakuri. Ku vyerekeye intumwa Paulo, Bibiliya yakoresheje imvugo ngo “[ihwa] mu mubiri.” Kubera iki? Nimuze dusuzume ingene Ijambo ry’Imana risigura iyo mvugo. Maze turaza kubona yuko atari twebwe gusa dukeneye gufashwa na Yehova kugira ngo dutsinde ibigeragezo.
Igituma Ibigeragezo Bimeze nk’Amahwa
6. Paulo yashaka kuvuga iki igihe yavuga ngo “[ihwa] mu mubiri,” kandi iryo hwa rishobora kuba ryari iki?
6 Paulo amaze kugeragezwa bimwe birenze urugero, yarahumekewe kwandika ati: “Narashinzwe [ihwa] mu mubiri, intumwa ya shetani iza iranokeza ngo sinishime.” (2 Abakorenti 12:7, UB) Iryo hwa ryari mu mubiri wa Paulo ni iki? Nta nkeka, ihwa rizibuye rikinjira mu ruhu rirababaza. Ni co gituma iyo mvugo mberanya yerekana ikintu catuma Paulo agira umubabaro, haba ku mubiri, mu kanyengetera canke akawugira aho hompi. Birashoboka yuko Paulo yari agwaye ijisho canke afise ubundi bumuga bunaka bw’umubiri. Canke iryo hwa rishobora kuba rijanye n’abantu bahaririye ku bimenyamenya vyemeza ko Paulo ari intumwa vyongeye bakagira amakenga ku gikorwa ciwe co kwamamaza no kwigisha. (2 Ab’i Korinto 10:10-12; 11:5, 6, 13) Ivyo ari vyo vyose, iryo hwa ryaramugumyemwo kandi ntiryari gushobora gukurwaho.
7, 8. (a) Imvugo ngo “kunokeza” yerekana iki? (b) Ni kuki bihambaye yuko twihanganira ihwa iryo ari ryo ryose ritubabaza muri iki gihe?
7 Urabona yuko iryo hwa ryaguma rinokeza Paulo. Birashimishije kubona irivuga ry’Ikigiriki Paulo yakoresheje hano rivuye mw’ijambo rikoreshwa kuri turya “tugufa tw’intoke dutarama iyo umuntu apfunze igipfunsi.” Iryo jambo rirakoreshwa urudome ku rundi muri Matayo 26:67 (NW) no mu buryo bw’ikigereranyo mu 1 B’i Korinto 4:11 (NW). Muri ivyo vyanditswe, ritanga iciyumviro co gukubitwa ibipfunsi. Turavye urwanko rukaze Shetani yanka Yehova be n’abasavyi biwe, turashobora kudakeka yuko Shetani wa Murwanizi yahimbarwa n’uko ihwa riguma rinokeza Paulo. Muri iki gihe, Shetani aranezerwa nk’ukwo nyene igihe tubabajwe muri ubwo buryo n’ihwa mu mubiri.
8 Ni co gituma, nka kumwe kwa Paulo dukeneye kumenya ingene twihanganira amahwa mwene ayo. Kubigira ni bwo buzima! Niwibuke yuko Yehova ashaka ko ubuzima bwacu bubandanya kubaho ibihe bidahera mw’isi nshasha yiwe, aho ingorane zimeze nk’amahwa zitazokwigera zisubira kutubangamira. Kugira ngo Imana idufashe gutsindira iyo mpera nziza igitangaza, yaraduhaye uburorero bwinshi mw’Ijambo ryayo ryeranda, Bibiliya, butwereka yuko abasavyi bayo b’abizerwa bihanganiye amahwa mu mibiri yabo bakererwa. Bari abantu basanzwe, b’abanyakanenge nk’uko na twebwe nyene tumeze. Kurimbura bamwebamwe muri ico “gipfungu c’ivyabona” vyinshi birashobora kudufasha “[g]usiganirw[a] ivyo twashizwe imbere twihanganye.” (Abaheburayo 12:1) Kuzirikana ku vyo bihanganiye birashobora kwubaka ukwizigira kwacu yuko dushobora kwihanganira ihwa iryo ari ryo ryose Shetani yokoresha mu kuturwanya.
Amahwa Yababaje Mefibosheti
9, 10. (a) Vyagenze gute ngo Mefibosheti agire ihwa mu mubiri wiwe? (b) Ni ubuntu ubuhe Umwami Dawidi yagaragarije Mefibosheti, kandi twokwigana Dawidi gute?
9 Rimbura ivya Mefibosheti, umuhungu wa Yonatani, umugenzi wa Dawidi. Igihe Mefibosheti yari amaze imyaka itanu, haraje inkuru zivuga yuko se Yonatani na sekuru Umwami Sauli bishwe. Umurezi w’ako gahungu yarataye umutwe. Aca “aramuhitana . . . , akinyaragasa ahunga, aramukorakana, yikubita hasi, aca a[ra]mugara.” (2 Samweli 4:4) Ubwo bumuga butegerezwa kuba bwabaye ihwa Mefibosheti yihanganira uko yagenda arakura.
10 Haciye imyaka nk’ingahe, Umwami Dawidi, abitumwe n’urukundo rwinshi yakunda Yonatani, yaragaragarije ubuntu mvarukundo Mefibosheti. Dawidi yaramuhaye itongo ryose ryegukira Sauli kandi ategeka umusuku wa Sauli Ziba kwitwararika iryo tongo. Dawidi kandi yabwiye Mefibosheti ati: ‘Uzohora urira ku meza yanje na ntaryo.’ (2 Samweli 9:6-10) Nta gukeka, ubwo buntu mvarukundo Dawidi yagiriye Mefibosheti bwaramuhumurije bwongera buramufasha kugabanya umubabaro uva ku bumuga yari afise. Mbega ukuntu ari icigwa ciza! Na twebwe turakwiye kugaragariza ubuntu abariko baranyinyana n’ihwa mu mubiri.
11. Ni ibiki Ziba yivugishije ku vyerekeye Mefibosheti, mugabo tuzi gute yuko ivyo yivugishije cari ikinyoma? (Raba akajambo k’epfo.)
11 Mu nyuma, Mefibosheti yategerejwe kunyinyana n’irindi hwa mu mubiri wiwe. Umusuku wiwe Ziba yaramubesheye ku Mwami Dawidi, uwari ico gihe yarahunze Yeruzalemu kubera ubugarariji bwa Abusalomo, umuhungu wiwe. Ziba yavuze yuko Mefibosheti yari yarahemutse aguma i Yeruzalemu yizigiye kwigarurira ubwami.a Dawidi yaremeye ico kinyoma ca Ziba maze yaka Mefibosheti itongo ryose yari afise kubera ico kinyoma!—2 Samweli 16:1-4.
12. Uko ivyiwe vyari vyifashe Mefibosheti yavyakiriye gute, kandi ni gute ari akarorero keza kuri twebwe?
12 Ariko rero, igihe amaherezo Mefibosheti yahura na Dawidi, yarabwiye uwo mwami ivyari vyabaye koko. Yariko yitegurira gukurikira Dawidi igihe Ziba yamuhenda ashaka kuja mu kibanza ciwe. Dawidi yoba yarakosoye ako kadenderezo? Si rwose. Iryo tongo yaciye arigaburira abo bantu babiri. Hano rero ryari irindi hwa rikomeye mu mubiri wa Mefibosheti. Yoba yaravunitse umutima rwose? Yoba yaranse iyo ngingo Dawidi yafashe, akavuga yuko atakoresheje ubutungane? Oya, yaricishije bugufi arashira aho ivyipfuzo vy’umwami bishize. Yashinze ijisho ku bintu vyiza, aranezerwa kubona umwami agororotse wa Isirayeli yaragarutse ata nkomanzi. Mefibosheti mu vy’ukuri yaratanze akarorero ntangere mu kwihanganira ubumuga, akadenderezo be n’ukuvunika umutima.—2 Samweli 19:24-30.
Nehemiya Yarihanganiye Ibigeragezo Yarimwo
13, 14. Ni amahwa ayahe Nehemiya yategerejwe kwihanganira igihe yasubira kwubaka impome za Yeruzalemu?
13 Niwiyumvire ivyerekeye amahwa y’ikigereranyo Nehemiya yihanganiye igihe yasubira mu gisagara c’i Yeruzalemu kitubakiye impome mu kinjana kigira gatanu B.G.C. Yasanze ico gisagara kitagira gitabara, n’Abayuda bari baratashe bari impehe nsa, baracitse intege kandi bahumanye mu nyonga za Yehova. Naho yari yaremerewe n’Umwami Aritazeruzi gusubira kwubaka impome za Yeruzalemu, Nehemiya ntiyatevye kumenya yuko igikorwa yaje kurangura kitashimishije ba buramatari bo mu bihugu bibanyi. “Bibamerera nabi cane yuko haje umuntu ababaye Abisirayeli.”—Nehemiya 2:10.
14 Abo bamurwanya bo mu yandi mahanga barakoze uko bashoboye kwose kugira ngo bahagarike igikorwa ca Nehemiya. Iterabwoba bagira, ibinyoma, ukumusiga iceyi, ukumutera ubwoba, ushizemwo n’abaperereji bakoreshejwe kugira ngo baje kumuca intege, bitegerezwa kuba vyabaye nk’amahwa yamubabaza ubudahengeshanya mu mubiri wiwe. Yoba yaratsinzwe n’amayeri y’abo bansi? Namba! Yarizigiye Imana aherezako, ntiyacika intege. Ni co gituma igihe amaherezo impome za Yeruzalemu zubakwa, vyatanze ikimenyamenya gikomeye c’uko Nehemiya yashigikiwe na Yehova bimwe biranga urukundo.—Nehemiya 4:1-12; 6:1-19.
15. Ni ingorane izihe zari mu Bayuda zababaje cane Nehemiya?
15 Bwa buramatari, Nehemiya kandi yategerezwa kunyinyana n’ingorane nyinshi zari mu gisata c’Imana. Izo ngorane zari zimeze nk’amahwa yamubabaza cane kubera yuko zagira ico zikoze ku bucuti ico gisata cari gifitaniye na Yehova. Abatunzi baraka inyungu z’umurengera, abavukanyi babo b’abakene na bo, kugira ngo barihe imyenda be n’ikori ry’Abaperesi, bategerezwa guheba amatongo yabo mbere bakanagurisha abana babo mu buja. (Nehemiya 5:1-10) Abayuda benshi bararenga kw’Isabato kandi ntibashigikira Abalewi be n’urusengero. Vyongeye, bamwebamwe bari bararongoye “abagore bo mu Banyashidodi no mu Bamoni no mu Banyamowabu.” Mbega ukuntu ivyo vyababaje Nehemiya! Mugabo nta hwa na rimwe muri ayo ryamubujije ico yikorera. Yaguma yihata akumira ku mategeko agororotse y’Imana ashirutse ubute. Nk’ukwo kwa Nehemiya, nimuze ntitureke ngo ingendo mbi y’abandi itubuze gukorera Yehova tutadohoka.—Nehemiya 13:10-13, 23-27.
Abandi Bizerwa Benshi Bihanganye
16-18. Umuryano wo mu rugo wari ubangamiye gute Isaka na Rebeka, Hana, Dawidi na Hoseya?
16 Bibiliya irimwo ubundi burorero bwinshi bw’abantu bihanganiye ibintu bitesha umutwe vyari bimeze nk’amahwa. Inkomoko imwe rusangi ya mwene ayo mahwa zari ingorane zo mu rugo. Abagore babiri ba Esau “ba[ra]tuntuza imitima ya Isaka na Rebeka,” abavyeyi ba Esau. Rebeka yaranavuze yuko adundumiwe n’ubuzima bwiwe kubera abo bagore. (Itanguriro 26:34, 35; 27:46) Niwiyumvire kandi Hana hamwe n’ingene mukeba wiwe, Penina “[ya]mutera intuntu” kubera yari ingumba. Kumbure Hana yarihanganiye ako gashinyaguro akatari gake i muhira yiherereye. Penina kandi yaramuturubika mu bantu, nta nkeka ivyo yabigirira imbere y’incuti n’abagenzi, mu gihe umuryango waba witavye umusi mukuru i Shilo. Ivyo vyari bimeze nk’ukuzibura ihwa mu mubiri wa Hana.—1 Samweli 1:4-7.
17 Zirikana ivyo Dawidi yihanganiye bitumwe n’ishari ry’ubusazi rya sebukwe, Umwami Sauli. Kugira ngo arokore agatwe, Dawidi yabwirijwe kuba mu masenga y’amabuye mu bugaragwa bw’i Eni-gedi, aho mu kurengana yategerezwa kwurira ibitandara birebire birimwo akaga. Ako karenganyo gategerezwa kuba karababaza, kubera ata kintu na kimwe kibi yari yarakoreye Sauli. Mugabo Dawidi yategerejwe kubaho imyaka n’imyaka yinyegeza, ivyo vyose bitewe n’ishari rya Sauli.—1 Samweli 24:14, 15; Imigani 27:4.
18 Niwibaze umuryano wo mu rugo wari ubangamiye umuhanuzi Hoseya. Umugore wiwe yacitse imaraya. Ubumaraya bwiwe butegerezwa kuba bwari bumeze nk’amahwa azibura mu mutima wa Hoseya. Vyongeye mbega ukuntu ategerezwa kuba yaratuntuye igihe yavyara abana babiri bivuye kuri ubwo busambanyi!—Hoseya 1:2-9.
19. Ni uruhamo uruhe rwashikiye umuhanuzi Mikaya?
19 Irindi hwa ryo mu mubiri ni uruhamo. Rimbura ivyabaye ku muhanuzi Mikaya. Abonye yuko Umwami w’umubisha Ahabu akikujwe n’abahanuzi b’ibinyoma kandi yuko Ahabu yemera ibinyoma vyabo bigaragara, bitegerezwa kuba vyarababaje ubugingo bwa Mikaya, umugororotsi. Maze, igihe Mikaya yabwira Ahabu yuko abo bahanuzi bose bariko bavugishwa n’“impwemu y’ibinyoma,” indongozi y’abo babeshi yaciye ikora iki? Emwe, yaciye ‘ikubita Mikaya urushi’! Mbere n’icarushirije kuba kibi ni ukuntu Ahabu yakiriye imburizi ya Yehova ivuga ko gusubira kwigarurira Remoti-gileyadi bitari gushoboka. Ahabu yategetse yuko Mikaya atabwa mu munyororo bakagabanya n’ivyo bamugaburira. (1 Abami 22:6, 9, 15-17, 23-28) Niwibuke kandi Yeremiya be n’ukuntu yafashwe n’abamuhama b’abicanyi.—Yeremiya 20:1-9.
20. Ni amahwa ayahe Nawomi yihanganiye, kandi yaronkejwe impera gute?
20 Kubura uwawe ni ikindi kintu kibabaje gishobora kumera nk’ihwa mu mubiri. Nawomi yategerejwe kwihanganira umubabaro uvuye ku kubura umugabo wiwe be n’abahungu biwe babiri. Kubera ukuguma yumva umubabaro mwinshi, yaciye asubira i Betelehemu. Yabwiye abagenzi biwe ngo ntibamwite Nawomi ahubwo bamwite Mara, izina ryagaragaza ko yashikiwe n’ibintu biteye umujinya. Ariko rero amaherezo, Yehova yaramuronkeje impera kubera ukwihangana kwiwe, amuha umwuzukuru yacitse uwo mu mamuko ya Mesiya.—Rusi 1:3-5, 19-21; 4:13-17; Matayo 1:1, 5.
21, 22. Yobu yabangamiwe gute n’ukubura ivyo yari afise, kandi yavyakiriye gute?
21 Iyumvire ukuntu Yobu ategerezwa kuba yarakubiswe n’inkuba igihe yumva ivyerekeye urupfu rushitse giturumbuka kandi rukaze rw’abana biwe cumi yakunda, tutavuze ugutakaza amasho yiwe yose be n’abasuku biwe. Ubwo nyene, wamenga isi yose imuguyeko! Maze mu gihe Yobu yari agituntujwe n’ivyo vyago, Shetani amuteza indwara. Yobu ashobora kuba yariyumviriye yuko iyo ndwara ibabaje yari igiye kumutwara agahanga. Umubabaro wiwe wacitse uwo adashobora kwihanganira ku buryo yiyumvisemwo yuko urupfu rwomubera uburuhukiro.—Yobu 1:13-20; 2:7, 8.
22 Nk’aho umenga ivyo vyose ntivyari bihagije, umugore wiwe, ababaye cane kandi atuntuye yaramwegereye maze arasemerera ati: “Tuka Imana, upfe uveho!” Mbega ukuntu iryo ryari ihwa ribabaza mu mubiri wiwe! Ubukurikira, ba bagenzi batatu ba Yobu, aho kumwirura, baramuteye bakoresheje ivyiyumviro bitari vyo biyobagiza ukuri, bamwagiriza ko akorera ivyaha mu mpisho kandi bakaguma bavuga yuko uwo mubabaro afise ari co wavuyeko. Ivyiyumviro vyabo bitari vyo, ni nk’aho vyarushirije kuzibura amahwa mu mubiri wiwe. Niwibuke kandi yuko Yobu atari azi igituma ivyo bintu bibi vyariko biramushikira; eka ntiyari azi kandi yuko ubuzima bwiwe bwozigurijwe. Yamara, “mur’ivyo vyose Yobu ntiyakoze icaha, canke ngw aherereze amafuti ku Mana.” (Yobu 1:22; 2:9, 10; 3:3; 14:13; 30:17) Naho yabangamiwe n’amahwa menshi icarimwe, ntiyigeze aheba ingendo yiwe y’ukudahemuka. Mbega ukuntu biremesha!
23. Ni kuki abizerwa twaganiriyeko bashoboye kwihanganira amahwa atandukanye yo mu mubiri?
23 Uburorero duhejeje kuvuga si bwo bwonyene gusa. Bibiliya irimwo n’ubundi bwinshi. Abo basavyi b’abizerwa bose bategerejwe kunyinyana n’amahwa yabo bwite yo mu buryo bw’ikigereranyo. Kandi ese ukuntu bahanganye n’ingorane nyinshi zitandukanye! Yamara, hariho ikintu kimwe bahurijeko. Nta n’umwe muri bo yahevye gukorera Yehova. Naho bari muri ivyo bigeragezo vyose bitesha umutwe, baranesheje Shetani bafashijwe n’inkomezi Yehova yabahaye. Gute? Ikiganiro gikurikira kiraza kwishura ico kibazo congere kitwereke ukuntu na twebwe dushobora kwihanganira ikintu ico ari co cose kimeze nk’ihwa mu mubiri wacu.
[Utujambo tw’epfo]
a Imigambi yo guhahamira ubukuru nk’iyo, yari kure nk’ukwezi kuri Mefibosheti, umuntu mwene uyo akenguruka, yicisha bugufi. Nta nkeka yari azi neza inkuru iranga ubwizerwe yavugwa kuri se, Yonatani. Naho Yonatani yari umuhungu w’Umwami Sauli, yari yaricishije bugufi aratahura yuko Yehova yahisemwo Dawidi ngo azobe umwami aganza Isirayeli. (1 Samweli 20:12-17) Kubera umuvyeyi wa Mefibosheti, ari we Yonatani yatinya Imana akaba n’umugenzi w’umwizerwa wa Dawidi, ntiyari kwigisha agahungu kiwe kwipfuza ubutware bwa cami.
Wokwishura Gute?
• Ni kuki ingorane duhangana na zo zishobora kugereranywa n’amahwa mu mubiri?
• Ni amahwa amwamwe ayahe Mefibosheti na Nehemiya bategerejwe kwihanganira?
• Mu burorero bwo mu Vyanditswe bwerekeye abagabo n’abagore bihanganiye amahwa atandukanye mu mubiri, ni ubuhe wasanze canecane bukora ku mutima, kandi kubera iki?
[Amafoto ku rup. 9]
Mefibosheti yategerejwe kwihanganira ubumuga, akadenderezo no kuvunika umutima
[Ifoto ku rup. 11]
Nehemiya yarakomeye ku muheto naho yarwanywa