ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/12 rup. 8-13
  • Abakirisu Bararonkera Ubuhirwe mu Gukorera Abandi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abakirisu Bararonkera Ubuhirwe mu Gukorera Abandi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umurimo Yezu Akorera Abantu
  • N’Abakirisu Bararangura Umurimo Ukorerwa Abantu
  • Nurangure Umurimo Mweranda
  • Ni Hehe Turangurira Umurimo Mweranda?
  • Umurimo Mweranda Utemerwa
  • Woba ubona ibintu vyeranda nk’uko Yehova abibona?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Izindi Ntama na rya Sezerano Risha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/12 rup. 8-13

Abakirisu Bararonkera Ubuhirwe mu Gukorera Abandi

“Gutanga kuzana [ubuhirwe], kuruta guhabga.”​—IVYAKOZWE 20:35.

1. Ni agatima katari ko akahe kiganje muri iki gihe, kandi ni kuki konona?

MU MYAKA mirongo irangiza iy’1900, ijambo ry’Icongereza risobanura ngo “ubujewe” ryarumvikana kenshi. Kukaba nkako, “ubujewe” bisobanura “jewe imbere” kandi bigaragaza agatima karimwo ubwikunzi n’umwina birimwo n’ukubura ukwitaho abandi. Turashobora kudakeka yuko mu mwaka w’2000, ubujewe ataho bwagiye. Ni incuro zingahe wumva ibibazo nk’ibi ngo “Bimfitiye akamaro akahe?” canke ngo “Nzobikuramwo iki?” Mwene ako gatima k’ubwikunzi ntigatuma haba ubuhirwe. Karahushanye cane n’ingingo Yezu yavuze, igira iti: “Gutanga kuzana [ubuhirwe], kuruta guhabga.”​—Ivyakozwe 20:35.

2. Biboneka gute yuko gutanga kuzana ubuhirwe?

2 Vyoba ari ivy’ukuri yuko gutanga kuzana ubuhirwe burushirije kuruta guhabwa? Egome. Iyumvire Yehova Imana. Aho ari ni ho hari “isōko y’ubu[zima].” (Zaburi 36:9) Araduha ikintu cose dukeneye kugira ngo bitume duhimbarwa kandi turoranirwa. Kukaba nkako, ni we Soko ry’“ugutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose.” (Yakobo 1:17) Yehova, ya “Mana ihimbawe,” yama nantaryo atanga. (1 Timote 1:11, UB) Arakunda ibiremwa-bantu vyiwe, ivyo aha ibintu vyinshi cane. (Yohana 3:16) Iyumvire kandi ivy’umuryango w’abantu. Nimba uri umuvyeyi, urazi utwigoro bisaba, ivyo utanga uko bingana kugira ngo urere umwana. Kandi umwana amara imyaka itari mike atazi utwigoro ugira. Twose adufata ko ari ugukora ivyo wategerezwa. Mugabo biragutera agahimbare kubona umwana wawe asagamba bivuye ku gutanga kwawe utitangiriye itama. Kubera iki? Kubera umukunda.

3. Ni kuki bihimbaye gukorera Yehova n’abo dusangiye ukwizera?

3 Muri ubwo buryo nyene, ugusenga kw’ukuri kurangwa n’ugutanga gushingiye ku rukundo. Kubera ko dukunda Yehova kandi tugakunda n’abo dusangiye ukwizera, turahimbarwa no kubakorera, no kubihebera. (Matayo 22:37-39) Uwo ari we wese asengana imvo z’ubwikunzi amaherezo agira umunezero muke cane. Mugabo abakora ata bwikunzi, bakarushiriza kwitaho ivyo bashobora gutanga kuruta ivyo bizigira guhabwa, baragira vy’ukuri ubuhirwe. Ukuntu ivyo ari kwo bimeze bibonekera mu kurimbura ingene amajambo amwamwe ya Bibiliya ajanye n’ugusenga kwacu akoreshwa mu Vyanditswe. Turaja guca irya n’ino amajambo atatu muri yo muri iki kiganiro no mu gikurikira.

Umurimo Yezu Akorera Abantu

4. Ni igiki kiranga “umurimo ukorerwa abantu” mu Bitwa Abakirisu?

4 Mu Kigiriki c’intango, ijambo rimwe rihambaye rifitaniye isano no gusenga ni lei·tour·giʹa, rihindurwa ngo “umurimo ukorerwa abantu” muri Traduction du monde nouveau. Mu Bitwa Abakirisu lei·tour·giʹa ryavyaye ijambo “liturujiya.”a Ariko rero, amaliturujiya yo guheza umwuga y’Abitwa Abakirisu mu vy’ukuri si umurimo ukorerwa abantu uzana akunguko.

5, 6. (a) Ni umurimo ukorerwa abantu uwuhe warangurwa muri Isirayeli, warimwo inyungu izihe? (b) Ni umurimo ukorerwa abantu uwuhe uhambaye kuruta wasubiriye uwarangurwa muri Isirayeli, kandi kuki?

5 Intumwa Paulo yakoresheje ijambo ry’Ikigiriki rifitaniye isano na lei·tour·giʹa aryerekeza ku baherezi ba Isirayeli. Yavuze ati: “Umuherezi wese ahagarara uko bukeye [“arangura umurimo ukorerwa abantu,” NW] [inyubako ya lei·tour·giʹa], atanga kenshi ivyo bimazi nyene.” (Abaheburayo 10:11) Abaherezi b’Abalewi barakorera abantu umurimo w’agaciro kanini muri Isirayeli. Barigisha Ivyagezwe vy’Imana bakongera bagashikana ibimazi vyapfuka ivyaha vy’abantu. (2 Ngoma 15:3; Malaki 2:7) Igihe abaherezi hamwe n’abantu bakurikiza Ivyagezwe vya Yehova, iryo hanga ryaba rifise impamvu zo kunezerwa.​—Gusubira mu Vyagezwe 16:15.

6 Kurangura umurimo ukorerwa abantu mu gihe c’Ivyagezwe, kari agateka nyako ku baherezi b’Abisirayeli, mugabo umurimo wabo waretse kugira agaciro ako ari ko kose igihe Isirayeli yaterwa akagere kubera ubuhemu. (Matayo 21:43) Yehova yararinganije ikintu gihambaye kuruta, ari wo murimo ukorerwa abantu waranguwe na Yezu, wa Muherezi Mukuru ahambaye. Ku bimwerekeye, dusoma duti: “Uyo we, kuko yamah’ibihe bidashira, afise ubuherezi budakūrwaho. Ni co gituma ashobora gukiza rwose abashikīra Imana kubgiwe, kuko na ntaryo yamaho ngw abasabire.”​—Abaheburayo 7:24, 25.

7. Ni kuki umurimo Yezu akorera abantu uzana ivyiza ntangere?

7 Yezu abandanya ari umuherezi ibihe bidahera, ata musubirizi. Gutyo, ni we gusa ashobora gukiza abantu rimwe rizima. Ntarangurira uwo murimo ntangere ukorerwa abantu mu rusengero rwubatswe n’umuntu, mugabo awurangurira mu rusengero rw’ikigereranyo, ari yo ndinganizo ihambaye ya Yehova y’ivy’ugusenga yatanguye gukora mu 29 G.C. Yezu ubu akorera Ahera Cane h’urwo rusengero, ni ukuvuga mw’ijuru. Ni we “[“mukozi w’abantu,” NW] [lei·tour·gosʹ] akorera ahēra, no mw ihema nyakuri, ryashinzwe n’Uhoraho atar’abantu.” (Abaheburayo 8:2; 9:11, 12) Naho Yezu afise ikibanza co hejuru, aguma ari “umukozi w’abantu.” Akoresha ubukuru bwiwe buri hejuru mu gutanga, atari mu kwakira. Kandi mwene ukwo gutanga kuramutera umunezero. Uri mu bigize “umunezero yashizwe imbere” kandi uwo waramukomeje kugira ngo yihangane mu ngendo y’ubuzima yiwe yose yo kw’isi.​—Abaheburayo 12:2.

8. Yezu yaranguye gute umurimo ukorerwa abantu kugira ngo usubirire isezerano ry’Ivyagezwe?

8 Hariho uwundi muce w’umurimo Yezu akorera abantu. Paulo yanditse ati: ‘[“Umurimo ukorerwa abantu,” NW] [Yezu] yahawe urusha uwabo kuba mwiza, nk’ukw ari umuhūza w’isezerano riruta iryabo, kuko ryashizweho n’ivyasezeranywe biruta ivy’iryabo.’ (Abaheburayo 8:6) Musa yari umuhuza w’isezerano ryari ishingiro ry’ubucuti hagati ya Isirayeli na Yehova. (Kuvayo 19:4, 5) Yezu yari umuhuza w’isezerano rishasha, iryatumye hashobora kuvuka ihanga rishasha, ‘Isirayeli y’Imana,’ igizwe n’Abakirisu basizwe impwemu bavuye mu mahanga menshi. (Ab’i Galatiya 6:16; Abaheburayo 8:8, 13; Ivyahishuriwe 5:9, 10) Ese ukuntu uwo wari umurimo ukorerwa abantu mwiza igitangaza! Ese ukuntu duhiriwe kuba tuzi neza Yezu, umukozi akorera abantu biciye kuri we tugashobora gusenga Yehova mu buryo yemera!​—Yohana 14:6.

N’Abakirisu Bararangura Umurimo Ukorerwa Abantu

9, 10. Ni imirimo ikorerwa abantu imwimwe iyihe yaranguwe n’Abakirisu?

9 Nta muntu arangura umurimo ukorerwa abantu uri hejuru nk’uwa Yezu. Ariko rero, igihe Abakirisu basizwe baronse impera yabo yo mw’ijuru, bafata ibibanza vyabo i ruhande ya Yezu kandi bakagira uruhara mu murimo akorera abantu ari abami bakaba n’abaherezi mw’ijuru. (Ivyahishuriwe 20:6; 22:1-5) Yamara, Abakirisu kw’isi bararangura umurimo ukorerwa abantu, kandi babigize baraharonkera umunezero mwinshi. Nk’akarorero, igihe hari ubukene bw’imfungurwa i Palesitina, intumwa Paulo yaratwaye imfashanyo zivuye ku bavukanyi b’i Buraya kugira ngo zifashe mu kugabanya amagorwa Abakirisu b’Abayuda b’i Yudaya bari bafise. Uwo wari umurimo ukorerwa abantu. (Abaroma 15:27; 2 Ab’i Korinto 9:12) Muri iki gihe, Abakirisu barahimbarwa no gukora umurimo nk’uwo nyene, mu gutanga imfashanyo zihutirwa igihe abavukanyi babo bashikiwe n’amarushwa, ivyago vy’ivyaduka, canke ayandi makuba.​—Imigani 14:21.

10 Paulo yerekeje ku wundi murimo ukorerwa abantu, igihe yandika ati: “Asangwa nkwiye gusukwa ku kimazi c’ukwizera kwanyu no k[u] [“murimo ukorerwa abantu,” NW] [w]akwo, ndanezerwa, nnezeranwa namwe mwese.” (Ab’i Filipi 2:17) Igikorwa Paulo yakoze agatama ku bw’ineza y’Abafilipi cabaye umurimo ukorerwa abantu ukoranwa urukundo n’ubwira. Umurimo ukorerwa abantu nk’uwo nyene uriko urarangurwa muri iki gihe, canecane n’Abakirisu basizwe, abasukura bagize “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (NW) ariko atanga imfungurwa z’ivy’impwemu ku gihe kibereye. (Matayo 24:45-47) Ikindi kandi, uko bagize umugwi, abo ni “ubuherezi [bweranda],” bashinzwe ibanga ryo “[gutanga] ibimazi mu buryo bg’impwemu, bishimwa n’Imana kubga Yesu Kristo” no “[gukwiza] ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje.” (1 Petero 2:5, 9) Cokimwe na Paulo, baranezererwa mwene utwo duteka naho ‘bisuka’ mu kurangura amabanga yabo. Kandi bagenzi babo bo mu “zindi ntama” barifatanya na bo vyongeye bakabashigikira mu gikorwa co kubwira abantu ivyerekeye Yehova n’imigambi yiwe.b (Yohana 10:16; Matayo 24:14) Ese ukuntu uwo ari umurimo ukorerwa abantu uhambaye kandi uteye umunezero!​—Zaburi 107:21, 22.

Nurangure Umurimo Mweranda

11. Ni gute umuhanuzikazi Ana yatanze akarorero keza ku Bakirisu bose?

11 Irindi jambo ry’Ikigiriki rifitaniye isano n’ugusenga kwacu ni la·treiʹa, rihindurwa ngo “umurimo mweranda” muri Traduction du monde nouveau. Umurimo mweranda werekeye ibikorwa vy’ugusenga. Nk’akarorero, wa mupfakazi Ana yari amaze imyaka 84 akaba n’umuhanuzikazi, adondorwa ko “[atava] mu rusengero [“arangura umurimo mweranda,” NW] [ijambo ry’Ikigiriki rijanye na la·treiʹa], yisonzesha yinginga, ku murango no mw ijoro.” (Luka 2:36, 37) Ana yasenga Yehova adatezura. Ana ni akarorero keza kuri twese​—abato n’abakuze, abagabo n’abagore. Nk’uko Ana yasengana ubwira Yehova kandi akamusenga ubudahorereza ku rusengero, umurimo wacu mweranda urimwo ugusenga n’ukwitaba amakoraniro.​—Abaroma 12:12; Abaheburayo 10:24, 25.

12. Umuce nyamukuru w’umurimo wacu mweranda ni uwuhe, kandi ni gute uwo muce na wo nyene ari umurimo ukorerwa abantu?

12 Intumwa Paulo yaracishijemwo umuce uhambaye w’umurimo wacu mweranda, igihe yandika ati: “Imana, [“ndangurira umurimo mweranda,” NW] [n’u]mutima wanje mvuga ubutumwa bgiza bg’Umwana wayo, ni yo ntanzekw icabona yuko mbahoza mu kanwa ubudasība.” (Abaroma 1:9) Egome, ukwamamaza inkuru nziza si umurimo ukorerwa abantu bayumva gusa, ahubwo kandi ni igikorwa co gusenga Yehova Imana. Twaba turonka abadutega ugutwi canke tutabaronka, igikorwa co kwamamaza ni umurimo mweranda turangurira Yehova. Ukwita ku rutare kwacu kugira ngo tubwire abandi ivyerekeye kamere nziza be n’imigambi nzanakunguko vya Dawe wa twese mukundwa wo mw’ijuru, nta nkeka biratuzanira umunezero mwinshi.​—Zaburi 71:23.

Ni Hehe Turangurira Umurimo Mweranda?

13. Abarangurira umurimo mweranda mu kirimba c’urusengero rw’ivy’impwemu rwa Yehova bafise icizigiro ikihe, kandi ni bande banezeranwa na bo?

13 Paulo yandikiye Abakirisu basizwe ati: “Kuko twākīra ubgami budashobora kunyiganyizwa, dukwiye gukenguruka, kugira ngo tubone ingene [“turangurira Imana umurimo mweranda,” NW] tuyihimbaye, tuyubaha tuyitinya.” (Abaheburayo 12:28) Biteze badakeka kuragwa Ubwami, abasizwe ntibayegayezwa mu kwizera mu gihe basenga Rudasumbwa. Ni bo bonyene bashobora kumurangurira umurimo mweranda mu gice c’Ahera no mu kirimba c’urusengero rw’ivy’impwemu rwa Yehova, kandi biteganye igishika umunezero wo gukorana na Yezu Ahera Cane, mw’ijuru ubwaho. Bagenzi babo, abagize umugwi w’izindi ntama, baranezeranwa na bo mu cizigiro cabo c’akaroruhore.​—Abaheburayo 6:19, 20; 10:19-22.

14. Ishengero ryinshi ryungukira gute ku murimo Yezu akorera abantu?

14 Ariko rero, tuvuge iki ku vyerekeye abo mu zindi ntama? Nk’uko intumwa Yohani yabibonye imbere y’igihe, ishengero ryinshi ryo muri bo ryaraserutse muri iyi misi y’iherezo, kandi “bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi.” (Ivyahishuriwe 7:14) Ivyo bisobanura yuko, nka kumwe kw’abo bahurikiye hamwe mu gusenga basizwe, bagaragaza ukwizera mu murimo Yezu akorera abantu, ari co kimazi c’ubuzima bw’umuntu butagira agasembwa yatanze ku bw’ubwoko-muntu. Izindi ntama na bo nyene barungukira ku murimo Yezu akorera abantu mu buryo bw’uko bariko “ba[r]abangiriza isezerano [rya Yehova].” (Yesaya 56:6) Oya, ntibafise uruhara mw’isezerano rishasha, mugabo baribangiriza mu buryo bw’uko bagamburuka amategeko ajanye na ryo kandi bagakurikiza indinganizo zigirwa biciye kuri ryo. Barifatanya na Isirayeli y’Imana, bagafungurira ku meza imwe y’ivy’impwemu kandi bagakorana n’abayigize, mu gushemeza Imana icese no mu gushikana ibimazi vyo mu vy’impwemu biyihimbara.​—Abaheburayo 13:15.

15. Ishengero ryinshi barangurira hehe umurimo mweranda, kandi uwo muhezagiro ugira ico ukoze gute kuri bo?

15 Ni co gituma ishengero ryinshi babonwa “bahagaze imbere y’iyo ntebe n’imbere y’Umwagazi w’intama, bambaye imvune zera.” Vyongeye, “baba imbere y’intebe y’Imana, [“bakayirangurira umurimo mweranda” NW] mu rusengero rwayo ku murango no mw ijoro: kand’Īvyagiye kur’irya ntebe izosanza ihema ryayo hejuru yabo.” (Ivyahishuriwe 7:9, 15) Muri Isirayeli, abahindukiriye idini y’Abayuda basengera mu ntangaro y’urusengero rwa Salomo. Muri ubwo buryo nyene, ishengero ryinshi basengera Yehova mu ntangaro y’urusengero rwiwe rwo mu vy’impwemu. Gusukurira ngaho birabatera umunezero. (Zaburi 122:1) No mu gihe nyene uwa nyuma muri abo bafatanije basizwe azoba amaze kuronka intoranwa yiwe y’ijuru, bazobandanya kurangurira Yehova umurimo mweranda ari abasavyi biwe.​—Ivyahishuriwe 21:3.

Umurimo Mweranda Utemerwa

16. Ni imburizi izihe zitangwa ku vyerekeye umurimo mweranda?

16 Mu gihe ca Isirayeli ya kera, umurimo mweranda wategerezwa kurangurwa mu buryo buhuje n’ivyagezwe vya Yehova. (Kuvayo 30:9; Abalewi 10:1, 2) No muri iki gihe nyene, hariho ivyo dusabwa kwitondera nimba dushaka yuko umurimo wacu mweranda wemerwa na Yehova. Ni co gituma Paulo yandikiye Abakolosayi ati: “[Ntidu]hengeshanya kubasengera, no kubasabira ngo mwuzuzwe ukumenya ivy’igomba n’ubgenge bgose no kumenya ivy’impwemu, kugira ngo mugende nk’uko bibereye ab’Umwami wacu, mumunezereza muri vyose, mwama imbuto mu bikorwa vyiza vyose, mugwizwa no kumenya Imana.” (Ab’i Kolosayi 1:9, 10) Si ivyacu gushinga uburyo bubereye bwo gusenga Imana. Ubumenyi nyakuri bw’Ivyanditswe, ugutahura ivy’impwemu be n’ubukerebutsi buva ku Mana ni ivya nkenerwa. Ahandiho, ibintu vyoshobora kuyangara.

17. (a) Umurimo mweranda wagoretswe gute mu gihe ca Musa? (b) Ni gute umurimo mweranda woshobora gukorwa ukutariko muri iki gihe cacu?

17 Niwibuke Abisirayeli bo mu gihe ca Musa. Dusoma duti: “Imana irora irya, irabaheba ngo [“barangurire umurimo mweranda,” NW] ingabo zo kw ijuru.” (Ivyakozwe 7:42) Abo Bisirayeli bari barabonye ibikorwa vy’ububasha Yehova yabakoreye. Yamara, bahindukiriye izindi mana igihe biyumvira yuko ivyo vyobazaniye akunguko. Ntibabaye intahemuka, kandi ukudahemuka ari nkenerwa niba dushaka yuko umurimo mweranda wacu uhimbara Imana. (Zaburi 18:25) Ni ko, bake muri iki gihe ni bo boheba Yehova bakaja gusenga inyenyeri canke inyana z’inzahabu, mugabo hariho ubundi buryo bw’ugusenga ibigirwamana. Yezu yaragabishije ku vyerekeye gukorera “Itunga,” Paulo na we ukwipfuza ivy’abandi akwita ugusenga ibigirwamana. (Matayo 6:24; Ab’i Kolosayi 3:5) Shetani yiyerekana nk’imana. (2 Ab’i Korinto 4:4) Mwene ubwo bwoko bw’ugusenga ibigirwamana bwarimonogoje kandi ni umutego. Nk’akarorero, iyumvire umuntu yivugisha yuko akurikira Yezu mugabo intumbero yiwe nyakuri mu buzima ikaba iyo gucika umutunzi, canke akaba vy’ukuri ata kindi yizigira atari we ubwiwe n’ivyiyumviro vyiwe bwite. Mu vy’ukuri ariko akorera nde? Mbega yoba atandukaniye he n’Abayuda bo mu gihe ca Yesaya barahira mw’izina rya Yehova mugabo ibikorwa vyiwe bihambaye bakavyitirira ibigirwamana bihumanye?​—Yesaya 48:1, 5.

18. Ni gute umurimo mweranda waranguwe ukutariko muri kahise no muri iki gihe?

18 Yezu kandi yabuye ati: “Igihe kigiye kuza, ūzobīca wese azogira ng[o] [“aranguriye Imana umurimo mweranda,” NW].” (Yohana 16:2) Sauli, uwahavuye aba intumwa Paulo, nta nkeka yiyumvira yuko ariko arakorera Imana igihe ‘yashima ko Stefano yicwa’ n’igihe ‘yafuhagira, afitiye abigishwa b’Umwami imihigo n’ubgicanyi.’ (Ivyakozwe 7:60; 9:1) Muri iki gihe, abantu bamwebamwe bakora ivy’ugustemba ubwoko bunaka canke kugira ihonyabwoko na bo nyene bivugisha ko basenga Imana. Hariho abantu benshi bivugisha yuko basenga Imana, mugabo ugusenga kwabo mu vy’ukuri kwerekezwa ku mana z’ukwishimira igihugu, z’amacakubiri ashingiye ku moko, z’itunga, z’ukuba satuntutwanje canke ku zindi mana zimwezimwe.

19. (a) Umurimo mweranda wacu tuwubona gute? (b) Ni umurimo mweranda bwoko ki uzotuzanira umunezero?

19 Yezu yavuze ati: “Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’abe ari yo [“urangurira umurimo mweranda,” NW] yonyene.” (Matayo 4:10) Yariko abibwira Shetani, mugabo ese ukuntu ari nkenerwa yuko twese dushira ku mutima amajambo yavuze! Kurangurira umurimo mweranda Umukama Segaba w’ijuru n’isi ni agateka ko hejuru cane, gateye akoba. Vyongeye dushobora kuvuga iki ku vyerekeye kurangura umurimo ukorerwa abantu ufitaniye isano no gusenga kwacu? Gukora uwo murimo ku bw’ineza y’abantu nkatwe ni igikorwa giteye umunezero kizana ubuhirwe ntangere. (Zaburi 41:1, 2; 59:16) Yamara, mwene uwo murimo uzana ubuhirwe nyakuri, igihe gusa ushikanywe n’umutima wose kandi mu nzira igororotse. Ni bande vy’ukuri bariko basenga Imana mu buryo bubereye? Yehova yoba yemera umurimo mweranda wa bande? Turashobora kwishura mwene ivyo bibazo mu gihe tworimbura ijambo rigira gatatu ryakoreshejwe muri Bibiliya rifitaniye isano no gusenga kwacu. Ivyo turaja kubigira mu kiganiro gikurikira.

[Utujambo tw’epfo]

a Amaliturujiya y’Abitwa Abakirisu muri rusangi usanga ari inkuka y’imisa canke imihamuro yinaka, nk’Ikomuniyo igirwa muri Ekeleziya Gatolika ya Roma.

b Mu Vyakozwe 13:2, havuga yuko abahanuzi be n’abigisha b’i Antiyokiya “basukurira icese” (NW) (ikaba ari imvugo yahinduwe mw’ijambo ry’Ikigiriki rijanye na lei·tour·giʹa) Yehova. Bisa n’uko ukwo gusukura icese harimwo no kwigisha abantu.

Wokwishura Gute?

• Ni umurimo ukorerwa abantu uhambaye uwuhe Yezu yaranguye?

• Ni umurimo ukorerwa abantu uwuhe Abakirisu barangura?

• Umurimo mweranda w’Abakirisu ni iki, kandi ukorerwa hehe?

• Ni ibiki dutegerezwa kuba dufise nimba dushaka yuko umurimo mweranda wacu uhimbara Imana?

[Ifoto ku rup. 8]

Abavyeyi bararonkera umunezero mwinshi mu gutanga

[Ifoto ku rup. 11]

Abakirisu bararangura umurimo ukorerwa abantu igihe basahiriza abandi n’igihe bamamaza inkuru nziza

[Ifoto ku rup. 12]

Turakeneye ubumenyi n’ugutahura nyakuri kugira ngo dushire amazinda yuko umurimo mweranda wacu wemerwa n’Imana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika