ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/12 rup. 5-7
  • Bibiliya—Igitabu Gifasha mu Kubaho

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya—Igitabu Gifasha mu Kubaho
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igitabu Gitanga Intumbero
  • Iratuma Ubuzima Budurumbanye Burushiriza Gutekana
  • Irafasha mu Gutsinda Ingorane z’Akanyengetera
  • Impanuro Ngirakimazi ku Vyerekeye Ubuzima bwo mu Rugo
  • Impanuro Iramba
  • Imana yoba vy’ukuri ikubabaye?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Niwigane Daniyeli
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Daniyeli
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Nugumye Ijambo ry’Imana
    Senga Imana yonyene y’ukuri
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/12 rup. 5-7

Bibiliya​—Igitabu Gifasha mu Kubaho

“IJAMBO ry’Imana [ni] rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubg’inkota zose . . . risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira.” (Abaheburayo 4:12) Iyi ndondoro y’ivyo Ijambo ry’Imana rishobora gushitsa nta nkeka iraranga ko Bibiliya atari igitabu ciza gusa.

Umwanditsi w’idini umwe yavuze mu buryo burashe ati: “Ubutumwa buri muri yo burahambaye ku buzima bwacu cokimwe n’uguhumeka tugira.” Maze yongeyeko ati: “Igihe urimbuye ikibazo c’ukuntu ducambirwa gukizwa n’ingene tubikeneye muri iki gihe hanyuma ugasoma Bibiliya wisunze ivyo, ivyo ushikako usanga ari igitangaza.” Nka kurya kw’itara ryaka rikayangana, ni ko na Bibiliya irasira umuco ku bibazo vyinshi n’ingorane nyinshi vy’urusobe vyerekeye ukubaho kwa kino gihe.​—Zaburi 119:105.

Kukaba nkako, ubukerebutsi buserurwa muri Bibiliya burafise ububasha bwo kubumbabumba ivyiyumviro vyacu, bukadufasha gutorera umuti ingorane, kuryohora ubuzima bwacu, bukongera bukaduha ubuhanga bw’ukwirwanako muri ivyo bintu tudashobora guhindura. Igihambaye kuruta, Bibiliya iradushoboza gushika ku kumenya no gukunda Imana.

Igitabu Gitanga Intumbero

Uwandikishije Bibiliya, Yehova Imana, ‘arazi iminyuro yacu yose.’ Arazi vyinshi ku vyerekeye ivyo dukeneye mu vy’umubiri, mu vy’akanyengetera no mu vy’impwemu kuruta mbere uko twebwe tubizi. (Zaburi 139:1-3) Mu buryo buranga ko azirikana abantu, arabashiriraho uturimbi dutomoye mu buryo bigenza. (Mika 6:8) Birumvikana ko tworondera gutahura utwo turimbi n’ubuyobozi tukongera tukiga kubaho tuvyisunga. Umwanditsi wa Zaburi avuga yuko hahirwa umuntu “ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy’Uhoraho . . . Ic’azokora cose kizomubera ko.” (Zaburi 1:1-3) Mwene ico cizigiro nta nkeka birakwiriye ko tugisuzuma.

Maurice, umwigisha yakukurutse, yamye yemera yuko Bibiliya ifise agaciro kanaka mu vya kahise no mu vy’ibisomwa. Yamara, yarakekeranya ku vy’uko yahumetswe n’Imana. Amaze kwumviriza insobanuro y’igituma Imana yahaye abantu Ijambo ryayo ryanditse, Maurice yarasuzumye ubuhanuzi butandukanye bwa Bibiliya. Akiri umusore, yarize inkuru za kahise ka kera, ivy’ibisomwa, siyansi, hamwe n’indondabihugu. Ariyemerera yuko ico gihe yibona ko azi ubwenge cane ku buryo vyatumye adashobora kubona uburorero indiri bushigikira ko Bibiliya ari iy’ukuri. “Naratwawe umutima no gupfa ivyo nkurikiranye ndondera amaraha, ubutunzi be n’ibinezereza vyo mu buzima. Ikibabaje ni uko ntigeze menya ubwiza bw’igitabu gihambaye kuruta ivyigeze kwandikwa vyose n’ukuntu ari ic’ukuri.”

Ubu amaze kurengana imyaka 70, Maurice akikiririje kuri ya nkuru yerekeye ukuntu Yezu yiyeretse intumwa Toma, avuga abigiranye ugukenguruka ati: “Ikiganza canje carajanywe ku ‘gisebe kiva amaraso’ kizohanagura buhere mu muzirikanyi wanje amakenga yose yuko Bibiliya ata kindi iri atari ukuri.” (Yohana 20:24-29) Nk’uko intumwa Paulo yabivuze bikwiriye, Bibiliya irashira ahabona ivyo umutima ugabira, kandi igatuma ubuzima bugira ico buvuze. Ni igitabu vy’ukuri gifasha mu kubaho.

Iratuma Ubuzima Budurumbanye Burushiriza Gutekana

Bibiliya iratanga kandi impanuro zifasha abantu kwikunkumura ingeso mbimbi. Daniel yarashoboye gutsinda ingeso zihumanye z’ukunywa itabi, hamwe no guheba ibiteramo bitarangwa no kwigerera be n’akaborerwe. (Abaroma 13:13; 2 Ab’i Korinto 7:1; Ab’i Galatiya 5:19-21) Ata kwibesha, kurandurana n’imizi mwene izo ngeso be no kwambara “wa muntu musha” bisaba akigoro gakomeye. (Abanyefeso 4:22-24) Daniel avuga ati: “Ntivyari vyoroshe kubera turi abanyagasembwa cane.” Naho ari ukwo, yarerewe. Ubu Daniel asoma Ijambo ry’Imana ku musi ku musi, kandi bituma aguma yiyegereje Yehova.

Uko yakura, Daniel yaguma nantaryo yubaha cane Bibiliya​—naho atigera ayisoma—​kandi yarasenga Imana buri joro. Yamara, hari ikintu yari abuze. Umunezero wari waramucitse. Ibintu vyaje guhinduka igihe yabona izina ry’Imana muri Bibiliya ari bwo bwa mbere. (Yesaya 12:2; 26:4) Inyuma yaho, yarakoresha izina Yehova mu gusenga, maze amasengesho yiwe arushiriza kuba ayaturwa umuntu abaho koko. “Yehova yacitse umuntu niyegereza kuruta, kandi aracari umugenzi wanje ashika.”

Imbere y’uko Daniel yiga ivyerekeye Bibiliya, ukuntu yabona ivyerekeye kazoza kwari mu mwiza. Avuga ati: “Ntibisaba ubwenge bwinshi kugira ngo umuntu abone ibiriko biraba mw’isi. Nari narafashwe n’ubwoba, hanyuma ngerageza kugira vyinshi nkora kugira ngo ndavyikuremwo.” Maze yarize yuko Imana izoshiriraho ubutungane abantu bose kw’isi ihumanuye, aho abantu bagamburuka bashobora kwinovora amahoro n’ubuhirwe bihoraho. (Zaburi 37:10, 11; Daniyeli 2:44; Ivyahishuriwe 21:3, 4) Ubu Daniel afise icizigiro ntakekeranywa. Ako kosho kazana itekane ka Bibiliya gatuma ashobora kuzigama ukubona ibintu mu buryo bwiza ku vyerekeye ubuzima.

Irafasha mu Gutsinda Ingorane z’Akanyengetera

George yari afise imyaka indwi igihe nyina yapfa. Yaratinya cane kuja kuryama mw’ijoro, atazi yuko yoshobora kuvyuka ku musi ukurikira. Maze asoma ivyo Yezu yavuze ku vyerekeye urupfu n’izuka ati: “Igihe kija kuza, ah’abari mu mva bose bazokwumvira ijwi [rya Yezu], bakazivamwo.” Vyongeye yarakozwe ku mutima n’amajambo ya Yezu agira ati: “Ni jewe kuzuka n’ubu[zima]. Ūnyizera n’iyo yoba yarapfuye, azobaho.” (Yohana 5:28, 29; 11:25) Mwene ivyo vyiyumviro yumvise ari ibitegereka, ivyumvikana n’ibihumuriza. George avuga ati: “Ukwo kuri ntigukwegera umuzirikanyi gusa ahubwo kandi kurakora ku mutima.”

Daniel twacishijemwo kare, na we nyene yari afise ubwoba. Nyina wiwe ntiyari ashoboye kumurera ari wenyene, ni co gituma yamurungitse mu marerero nk’angahe. Nantaryo yiyumva nk’uwutari mu muryango, kandi yaracambirwa umutekano wo kuba mu bagize umuryango urangwa n’urukundo. Impera n’imperuka, yarubuye ico yahora arondera biciye ku kwiga Bibiliya. Daniel yahavuye yifatanya n’ishengero rya gikirisu ry’Ivyabona vya Yehova yongera acika uwo mu bagize umuryango wo mu vy’impwemu, aho yiyumvisemwo ukwisanga n’ugukundwa n’abandi. Vy’ukuri, Bibiliya ni nzanakunguko mu buryo ngirakimazi kandi bushika ku nyota.

Niwibuke ko Yehova abona ibiri mu mutima wacu kandi ko azi ivyo turiko turarondera. Imana ni yo “[i]gera imitima ku munzane,” kandi igerera “umuntu wese ibikwiranye n’ingeso ziwe.”​—Imigani 21:2; Yeremiya 17:10.

Impanuro Ngirakimazi ku Vyerekeye Ubuzima bwo mu Rugo

Bibiliya iratanga impanuro ngirakimazi ku biraba imigenderanire y’abantu. George avuga ati: “Ukudahuza kamere canke ugutahurana ukutariko biri mu bintu bitesha umutwe kuruta mu buzima.” Avyifatamwo gute? Avuga ati: “Iyo niyumvisemwo ko hari ico dupfa n’umuntu, nca nshira mu ngiro impanuro itomoye yo muri Matayo 5:23, 24 ivuga iti: ‘Wikiranure na mugenzawe.’ Kuba gusa nshobora kuvuga ivyerekeye ayo matati, biri n’ico bivamwo. Ndashobora kwiyumvamwo amahoro y’Imana Bibiliya ivuga. Impanuro ya Bibiliya irakora. Ni ngirakimazi cane.”​—Ab’i Filipi 4:6, 7.

Igihe umugabo n’umugore batumvikanye, bompi bakeneye ‘kwihutira kwumva, guteba kuvuga, guteba kuraka.’ (Yakobo 1:19) Mwene iyo mpanuro irongerereza uguseruriranira akari ku mutima. George yongerako ati: “Igihe nshize mu ngiro impanuro yo gukunda no gufata umugore wanje nk’uko nifata, nca mbona ibica bivamwo. Birarushiriza kumworohera kunyubaha kuruta.” (Abanyefeso 5:28-33) Egome, Bibiliya iratwigisha ukuntu twokwemera icese udusembwa twacu bwite n’ukuntu twovyifatamwo hamwe n’ingene twokwererwa mu guhangana n’utw’abandi.

Impanuro Iramba

Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yavuze ati: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.” (Imigani 3:5, 6) Ese ukuntu ayo majambo yoroshe, yamara yimbitse!

Bibiliya ni inguvu ituma dukora iciza. Iratuma abakunda Imana bashobora guhuza ubuzima bwabo n’ivyo igomba kandi bakaronka ubuhirwe mu “[ku]gendera mu vyagezwe vy’Uhoraho.” (Zaburi 119:1) Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, Bibiliya irimwo ubuyobozi n’impanuro dukeneye. (Yesaya 48:17, 18) Nuyisome ku musi ku musi, uzirikane ku vyo usoma, wongere ubishire mu ngiro. Bizotuma umuzirikanyi wawe uguma utomokewe kandi witunira ku bintu bityoroye kandi vyizavyiza. (Ab’i Filipi 4:8, 9) Ntuzokwiga gusa ukuntu wobaho n’ukuntu wokwinovora ubuzima, ariko uzokwiga n’ingene wokunda Umuremyi w’ubuzima.

Ukurikiye mwene iyo ngendo, Bibiliya kuri wewe izocika igitabu atari ciza gusa nk’uko biri ku bandi bantu amamiliyoni. Izogaragara vy’ukuri ko ari igitabu gifasha mu kubaho!

[Ifoto ku rup. 6]

Bibiliya irashobora gukomeza umwiyemezo ufata wo gutsinda ingeso zonona

[Ifoto ku rup. 7]

Bibiliya irakwigisha ukuntu wokwiyegereza Imana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika