ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/8 rup. 26-31
  • ‘Ubgenge Bubana n’Abifata Ruto’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Ubgenge Bubana n’Abifata Ruto’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Paulo​—‘Umusuku’ Akaba n’‘Umubwiriza’
  • Tugire Ukwifata Ruto mu Buryo Tubona Uduteka Twacu
  • Gideyoni​—“Umuhererezi” mu Nzu ya Se
  • Kugaragaza Ukwifata Ruto n’Ukwigengesera
  • Yezu​—Karorero Kaminuza mu vyo Kwifata Ruto
  • Niwigane Akarorero ka Yezu ko Kwifata Ruto
  • Igituma kwifata ruto bigihambaye
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Turashobora kuguma twifata ruto mu bihe bitoroshe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Yemwe bakurambere, nimwigane akarorero ka Gideyoni
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • ‘Ubwenge bubana n’abifata ruto’
    Ririmbira Yehova amashemezo
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/8 rup. 26-31

‘Ubgenge Bubana n’Abifata Ruto’

“Har’ikindi Uhoraho akugombako, atar[i] . . . kugendana n’Imana yawe [“wifashe ruto,” “NW”]?”​—MIKA 6:8.

1, 2. Ukwifata ruto ni iki, kandi gutandukanye gute n’ubwibone?

INTUMWA yemerwa cane iranka kwiyerekana. Umucamanza w’Umwisirayeli w’umurindutsi yiyita muto gusumba abo mu nzu ya se wiwe bose. Umuntu ahambaye kuruta ababayeho bose aremera icese yuko ubukuru bwiwe buri n’aho bugarukira. Umwe wese muri abo bantu aragaragaza ukwifata ruto.

2 Ukwifata ruto ni igihushane c’ubwibone. Umuntu yifata ruto ntarenza urugero mu kuntu ashima kamere ziwe n’agaciro afise, kandi ntiyiyemera. Aho kuba umunyabwishime, uwirarira, canke uhahamira ubukuru, umuntu yifata ruto yama azi aho ubushobozi bwiwe bugarukira. Ni co gituma yubaha kandi agasonera bimwe bibereye inyiyumvo n’ivyiyumviro vy’abandi.

3. Ni mu buryo ki ubukerebutsi “bubana n’abifata ruto”?

3 Bibiliya ivuga bikwiriye iti: “Ubgenge bubana n’[“abifata ruto,” NW].” (Imigani 11:2) Umuntu yifata ruto ni inkerebutsi kubera akurikira ingendo Imana yemera, kandi aririnda agatima k’ubwibone kavamwo uguteterwa. (Imigani 8:13; 1 Petero 5:5) Ubukerebutsi buri mu kwifata ruto buremezwa n’ingendo yo mu buzima y’abasavyi b’Imana batari bake. Nimuze turimbure uturorero dutatu twavuzwe mu ngingo itangura.

Paulo​—‘Umusuku’ Akaba n’‘Umubwiriza’

4. Ni agateka kadasanzwe akahe Paulo yaronse?

4 Paulo yari umuntu yemerwa cane mu Bakirisu ba kare, kandi ivyo birumvikana. Mu gikorwa ciwe, yagenze ibirometero ibihumbi n’ibihumbi mu biyaga no ku butaka, kandi yarashinze amashengero menshi. Ikigeretse kuri ivyo, Yehova yarahezagiye Paulo mu kuza aragira ivyo yerekwa be n’ingabirano yo kuvuga mu zindi ndimi z’inyamahanga. (1 Ab’i Korinto 14:18; 2 Ab’i Korinto 12:1-5) Yarahumekeye kandi Paulo kugira yandike amabaruwa 14 ubu agize umuce w’Ivyanditswe vy’Ikigiriki vy’Abakirisu. Birumvikana, birashobora kuvugwa yuko ibikorwa vya Paulo vyaruse ivy’izindi ntumwa zose.​—1 Ab’i Korinto 15:10.

5. Paulo yagaragaje gute yuko yibona mu buryo buranga ukwifata ruto?

5 Kubera Paulo yari imbere mu bikorwa vya gikirisu, bamwebamwe bashobora kuba biteze ko aba rurangiranwa, mbere akishima ku bukuru bwiwe. Ariko rero, si uko vyagenze, kubera Paulo yifata ruto. Yiyise uw’“inyuma y’izindi ntumwa zose,” yongerako ati: “Sinkwiye no kwitwa intumwa, kuko nahama ishengero ry’Imana.” (1 Ab’i Korinto 15:9) Kubera yahoze ahama Abakirisu, Paulo ntiyigeze yibagira yuko iyo bitava gusa ku buntu adakwiriye atoshoboye na gato kugiranira ubucuti n’Imana, ukwinovora uduteka tudasanzwe tw’umurimo vyovyo ntituvuge. (Yohana 6:44; Abanyefeso 2:8) Ni co gituma Paulo atumvise yuko ivyo yashitseko bidasanzwe mu gikorwa vyamutumye aruta abandi.​—1 Ab’i Korinto 9:16.

6. Paulo yagaragaje gute ukwifata ruto mu vyo yakorana n’Abanyakorinto?

6 Ukwifata ruto kwa Paulo kwaribonekeje canecane mu vyo yakorana n’Abanyakorinto. Bisa n’uko bamwebamwe muri bo bakorwa ku mutima n’abantu biyumvira ko ari abacungezi bemerwa cane, ushizemwo Apolo, Kefa, hamwe na Paulo ubwiwe. (1 Ab’i Korinto 1:11-15) Paulo ntiyasavye ko Abanyakorinto bamurata, eka ntiyanaririyemwo mbege kubera bamutamarira. Igihe yabagendera, ntiyigize “agakūra mu majambo canke mu bgenge.” Ahubwo, Paulo yavuze ku bimwerekeye no ku vyerekeye abo bagendana ati: “Umuntu n’atwiyumvire yuko tur’abasuku ba Kristo, n’ababgiriza b’amabanga y’Imana.”a​—1 Ab’i Korinto 2:1-5; 4:1.

7. Paulo yagaragaje gute ukwifata ruto no mu gihe yaba ariko aratanga impanuro?

7 Paulo yaranagaragaje ukwifata ruto igihe yabwirizwa gutanga impanuro zikomeye n’ubuyobozi. Yinginze Abakirisu bagenziwe “kubg’imbabazi z’Imana” no “kubg’urukundo” aho gukoresha uburemere bw’ubukuru yari afise bwa ntumwa. (Abaroma 12:1, 2; Filemoni 8, 9) Ni kuki Paulo yagize ivyo? Kubera ko mu vy’ukuri yibona bwa ‘mukozi akorana’ n’abavukanyi biwe, atari ‘uwuganza ukwizera kwabo.’ (2 Ab’i Korinto 1:24) Nta gukeka ko ukwifata ruto kwa Paulo ari kwo kwamufashije gutuma akundwa mu buryo budasanzwe n’amashengero y’Abakirisu yo mu kinjana ca mbere.​—Ivyakozwe 20:36-38.

Tugire Ukwifata Ruto mu Buryo Tubona Uduteka Twacu

8, 9. (a) Ni kuki dukwiye kwibona mu buryo buranga ukwifata ruto? (b) Ni mu buryo ki abafise urugero runaka rw’amabanga bashobora kugaragaza ukwifata ruto?

8 Paulo yarashiriyeho akarorero keza Abakirisu muri iki gihe. Amabanga twashinzwe yaba ari ayahe, nta n’umwe muri twebwe akwiye kwumva yuko aruta abandi. Paulo yanditse ati: “Umuntu ni yiyumvira kw ar’agakomeye, kand’ata co amaze, arībesha.” (Ab’i Galatiya 6:3) Kubera iki? Kubera “bose bākoze ivyaha, ntibashikīra ubgiza bg’Imana.” (Abaroma 3:23, ni twe tubihiritse; Abaroma 5:12) Egome, ntidukwiye kwigera twibagira yuko twese twarazwe na Adamu icaha n’urupfu. Uduteka tudasanzwe ntidushira twebwe hejuru ngo tudukure ku kuba turi hasi kubera icaha. (Umusiguzi 9:2) Nk’uko vyari biri kuri Paulo, iyo bitava ku buntu gusa abantu badakwiriye ntiboshobora na gato kugiranira ubucuti n’Imana, habe no kumukorera mu kibanza c’agateka kanaka.​—Abaroma 3:12, 24.

9 Atahuye ivyo, umuntu yifata ruto ntiyishima ku duteka yatewe canke ngo yiratire ivyo yashitseko. (1 Ab’i Korinto 4:7) Igihe ariko araha abantu impanuro canke ubuyobozi, abigira nk’umukozi akorana na bo​—atari nka shebuja. Nta nkeka, vyoba ari bibi ku muntu akora neza cane ibikorwa binaka gusaba kuvugwa neza canke kuriramwo mbege igihe ashimwa n’abo basangiye ukwizera. (Imigani 25:27; Matayo 6:2-4) Ukuvugwa neza kwonyene kw’agaciro ni ukuva ku bandi​—kandi gukwiye kuza umuntu atagusavye. Iyo tuvuzwe neza, ntidukwiye kureka ngo bitume twishira hejuru.​—Imigani 27:2; Abaroma 12:3.

10. Nusigure ukuntu bamwebamwe basa n’abatobato bashobora mu vy’ukuri kuba “abatunzi mu kwizera.”

10 Igihe dushikirijwe urugero runaka rw’amabanga, ukwifata ruto kuzodufasha kwirinda ivy’ukwiyerekana kutabereye, mu gushira mu bantu iciyumviro c’uko ishengero ririko rirasagamba kubera gusa utwigoro n’ubuhanga vyacu. Nk’akarorero, dushobora kuba canecane twarahawe ingabirano mu vy’ukwigisha. (Abanyefeso 4:11, 12) Ariko rero, n’ukwifata ruto kwose, dutegerezwa kwemera icese yuko bimwebimwe mu vyigwa bihambaye twigira mu makoraniro y’ishengero bidatangirwa ku mukiruruko. Nturemeshwa igihe ubona nk’akarorero, umuvyeyi yirerana abana aza ubudahorereza ku Ngoro y’Ubwami ari kumwe n’abana? Canke uwudendebuwe n’umubabaro aza ku makoraniro adahemuka naho aguma afise inyiyumvo z’uko ataco amaze? Canke uwukiri muto aguma atera imbere mu vy’impwemu naho ahura n’utwosho tubitubi kw’ishure n’ahandi? (Zaburi 84:10) Abo bantu bashobora kuba batari rurangiranwa. Ibigeragezo vy’ukutadohoka bahangana na vyo ahanini ntibimenywa n’abandi. Yamara, bashobora kuba ari “abatunzi mu kwizera” cokimwe n’abarushirije kugira ubukuru. (Yakobo 2:5) Na kare, impera n’imperuka ubwizigirwa ni bwo butuma umuntu atoneshwa na Yehova.​—Matayo 10:22; 1 Ab’i Korinto 4:2.

Gideyoni​—“Umuhererezi” mu Nzu ya Se

11. Ni mu buryo ki Gideyoni yagaragaje ukwifata ruto mu kuvugana n’umumarayika w’Imana?

11 Gideyoni, umusore akomeye wo mu muryango wa Manase, yabayeho mu gihe kidurumbanye co muri kahise ka Isirayeli. Igisata c’Imana cari kimaze imyaka indwi gicinyizwa n’Abamidiyani. Ariko rero, ubwo igihe cari gishitse c’uko Yehova abohora igisata ciwe. Ni co gituma umumarayika yiyeretse Gideyoni maze amubwira ati: “Uhoraho ari kumwe nawe, ewe wa muhizi w’inkomezi!” Kubera Gideyoni yifata ruto, ntiyanezererewe ukuninahazwa kuva kuri ukwo gushimagizwa atari yiteze. Ahubwo n’icubahiro cinshi yabwiye uwo mumarayika ati: “Mugenzi, namb’Uhoraho ari kumwe natwe, n’iki gituma ivyo vyose bitubako?” Wa mumarayika yaratomoye ibintu maze abwira Gideyoni ati: “U[zo]kiz[a] Abisirayeli ubakūre mu maboko y’Abamidiyani.” Gideyoni yavyakiriye gute? Aho guca asimbira kuri ico gikorwa ngo kamubere akaryo ko kwigira incungu y’igihugu, Gideyoni yishuye ati: “Mbeg’Abisirayeli nobakiza nte ga Mwami wanje? Inzu yacu kw ar’iyo hasi mu muryango wa Manase, nanje nkaba nd’umuhererezi kwa data!” Ese ukuntu kwari ukwifata ruto!​—Abacamanza 6:11-15.

12. Gideyoni yagaragaje gute ukwigengesera mu kurangura igikorwa yari ashinzwe?

12 Imbere y’ukurungika Gideyoni mu ntambara, Yehova yaramusuzumye. Gute? Gideyoni yabwiwe gusenyura igicaniro se wiwe yari yubakiye Bayali no kwicira inkingi y’ikigirwamana yari ishinzwe iruhande yaco. Ico gikorwa cosavye uburindutsi, mugabo Gideyoni kandi yaragaragaje ukwifata ruto n’ukwigengesera mu buryo yakiranguye. Aho kubigira ku mugaragaro ngo yiyerekane, Gideyoni yabigize yikinze ijoro hamwe vyosa rwose n’akamizwe n’ingoma. Ikindi kandi, Gideyoni igikorwa ciwe yagikoranye ukwiyubara. Yajanye n’abasuku cumi​—kumbure kugira ngo bamwe bashobore kuguma bahagaze baraririye mu gihe abasigaye bamufasha gusenyura ca gicaniro na ya nkingi y’ikigirwamana.b Uko ibintu vyari vyifashe kwose, ahezagiwe na Yehova, Gideyoni yararanguye igikorwa ciwe, maze mu nyuma arakoreshwa n’Imana mu kubohoza Isirayeli ikava mu minwe y’Abamidiyani.​—Abacamanza 6:25-27.

Kugaragaza Ukwifata Ruto n’Ukwigengesera

13, 14. (a) Dushobora kugaragaza gute ukwifata ruto igihe duhawe agateka k’umurimo? (b) Umuvukanyi A. H. Macmillan yasize gute akarorero keza mu vy’ukugaragaza ukwifata ruto?

13 Hari vyinshi dushobora kwigira ku kwifata ruto kwa Gideyoni. Nk’akarorero, tuvyakira gute igihe duhawe agateka k’umurimo? Twoba twiyumvira ubwa mbere ubukuru canke icubahiro ivyo bizodutera? Canke twoba turimbura twifashe ruto kandi mw’isengesho tukaraba nimba dushobora kurangura ivyo ico gikorwa gisaba? Umuvukanyi A. H. Macmillan, uwarangije ubuzima bwiwe bwo kw’isi mu 1966, yaratanze akarorero keza muri ivyo. C. T. Russell, perezida wa mbere wa Watch Tower Society, igihe kimwe yabajije umuvukanyi Macmillan ivyiyumviro afise ku woshobora guhagarikira igikorwa we [Russell] atahari. Mu kiganiro cakurikiye, Umuvukanyi Macmillan ntiyigeze na rimwe avuga ko abikwiriye ubwiwe, naho vyobaye bibereye ko ari we abikora. Amaherezo, Umuvukanyi Russell yasavye Umuvukanyi Macmillan kurimbura ivy’uko yokwemera gushingwa ico gikorwa. Haheze imyaka n’iyindi, Umuvukanyi Macmillan yanditse ati: “Nahagaze ngaho njumarariwe! Narabirimbuye, eka ndavyitondeye rwose, vyongeye ndamara igihe ndabishira mw’isengesho imbere y’uko amaherezo ndamubwira ko nohimbarwa no gukora ibintu vyose noshobora kugira ngo ndamusahirize.”

14 Ata n’igihe kihaciye, Umuvukanyi Russell yarapfuye, asiga ibiro vya perezida wa Watch Tower Society bigaragara. Kubera Umuvukanyi Macmillan yari abihagarikiye mu gihe c’urugendo rwa nyuma Umuvukanyi Russell yagize rw’ukwamamaza inkuru nziza, umuvukanyi umwe yamubwiye ati: “Mac, weho uraronse akaryo gahambaye ko kwishikirayo. Wari umuserukizi adasanzwe w’Umuvukanyi Russell igihe yari yagiye, kandi twese yatubwiye gukora uko utubwira. Emwe, yaragiye kandi ntiyigeze agaruka. Bisa n’uko ari we uri umugabo wo kubibandanya.” Umuvukanyi Macmillan yishuye ati: “Muvukanyi, ubwo si bwo buryo bwo kuraba iki gikorwa. Iki ni igikorwa c’Umukama, kandi ikibanza conyene uronka mw’ishirahamwe ry’Umukama ni ico Umukama abona ko bikwiriye ko aguha; kandi ndazi yuko atari jewe nkwiriye ico gikorwa.” Maze Umuvukanyi Macmillan yaciye avugira neza uwundi muntu ngo abe ari we aja muri ico kibanza. Nka kumwe kwa Gideyoni, uwo muvukanyi yibona mu buryo buranga ukwifata ruto, kandi ukwo ni ko twese dukwiye kubona ibintu.

15. Ni uburyo bumwebumwe ubuhe nyakimazi dushobora gukoreshamwo ugutegera igihe twamamaza inkuru nziza ku bandi?

15 Na twebwe turakwiye kuba abifata ruto mu buryo turangura igikorwa tujejwe. Gideyoni yarigengesera, kandi yarihata kugira ngo ntarakaze abamurwanya bidakenewe. Nk’ukwo nyene, mu gikorwa cacu c’ukwamamaza inkuru nziza, dukwiye kuba abifata ruto kandi bigengesera ku vyerekeye ukuntu tuganiriza abandi. Ego ni ko, turi mu ntambara yo mu vy’impwemu kugira ngo dushingure “ibintu bihamangiye mu buryo bukomeye” (NW), be n’“impari.” (2 Ab’i Korinto 10:4, 5) Mugabo ntidukwiye kuvugisha abandi n’agakengerwe canke ngo dutume bagira ikintu gifadika na kimwe kibabaza mu butumwa dushikiriza. Ahubwo, dukwiye kwubahiriza ivyiyumviro vyabo, tugashimikira ku vyo twoba duhurirako, hanyuma maze tugashimikira ku bintu vyizigiza vyo mu butumwa dushikiriza.​—Ivyakozwe 22:1-3; 1 Ab’i Korinto 9:22; Ivyahishuriwe 21:4.

Yezu​—Karorero Kaminuza mu vyo Kwifata Ruto

16. Yezu yagaragaje gute yuko yibona mu buryo buranga ukwifata ruto?

16 Akarorero keza bihebuje mu vyo kwifata ruto ni aka Yezu Kirisitu.c Naho yari afitaniye ubucuti bwa somambike na Se wiwe, Yezu ntiyagonanwe kwemeza icese yuko hari ibintu bimwebimwe birengeye ububasha bwiwe. (Yohana 1:14) Nk’akarorero, igihe nyina wa Yakobo na Yohani yasaba yuko abahungu biwe babiri bokwicara i ruhande ya Yezu mu bwami bwiwe, Yezu yavuze ati: “Gutanga ivyicaro i buryo bganje n’i bumoso, s’ivyanje.” (Matayo 20:20-23) Ikindi gihe na ho, Yezu yariyemereye atarya umunwa ati: “Nta co nshobora gukora nigeneye . . . [Sindo]ndera ivyo nigombera, ariko ndondera ivyo uwantumye agomba.”​—Yohana 5:30; 14:28; Ab’i Filipi 2:5, 6.

17. Yezu yagaragaje gute ukwifata ruto mu migenderanire yiwe n’abandi?

17 Yezu yararuta abantu b’abanyagasembwa mu buryo bwose, kandi yari yifitiye ubukuru ntangere yahawe na Se wiwe, Yehova. Ariko rero, Yezu yarifata ruto mu migenderanire yagiriranira n’abayoboke biwe. Ntiyabaremereje mu kubereka ubumenyi afise kugira abatangaze. Yaragaragaje ugutahura be n’imbabazi, ntiyirengagiza ivyo bakeneye vy’umubiri. (Matayo 15:32; 26:40, 41; Mariko 6:31) Gutyo, naho Yezu atagira agasembwa, ntiyarondera ko ibintu vyose biba ibitagira agahonzi. Ntiyigeze asaba abigishwa biwe ibiruta ivyo boshora gutanga, kandi ntiyigeze abikoreza ibirenze ivyo boshobora kwikorera. (Yohana 16:12) Ntibitangaje kuba benshi basanze Yezu ari uburuhukiro!​—Matayo 11:29.

Niwigane Akarorero ka Yezu ko Kwifata Ruto

18, 19. Dushobora kwigana gute ukwifata ruto kwa Yezu (a) mu buryo twibona ubwacu, no (b) mu buryo dufata abandi?

18 Nimba umuntu ahambaye kuruta ababayeho bose yaragaragaje ukwifata ruto, tweho rero dukwiye kurushiriza. Abantu b’abanyagasembwa kenshi baragonanwa kwemera yuko basanzwe badafise ubukuru buherejeko. Ariko rero mu kwigana Yezu, Abakirisu barihatira kuba abifata ruto. Ntibagira ubwibone butuma badashinga ibanga abakwije ibisabwa kugira ngo barishingwe; eka mbere ntibishima ngo babure umutima wo kwemera ubuyobozi buvuye ku bafise uburengazira bwo kubutanga. Mu kugaragaza agatima ko gusenyera ku mugozi umwe n’abandi, barareka ibintu vyose mw’ishengero ‘bigatungana neza, bikarorana.’​—1 Ab’i Korinto 14:40.

19 Ukwifata ruto kandi kuzotuma tugira ibitegereka mu vyo twitega ku bandi, kandi ntitwiyobagize ivyo bakeneye. (Ab’i Filipi 4:5) Dushobora kuba dufise ububangukirwe be n’inkomezi kanaka abandi bashobora kuba babuze. Yamara, mu gihe twifata ruto, ntituzokwitega ko abandi nantaryo bakora nk’uko twipfuza ko babigira. Tuzi yuko umuntu wese afise aho agarukira, mu kwifata ruto kwose tuzokwihoza utunenge tw’abandi. Petero yanditse ati: “Ikiruta vyose, mukovye mu gukundana, kuk’urukundo rupfuka ivyaha vyinshi.”​—1 Petero 4:8.

20. Dushobora gukora iki kugira ngo dutsinde impengamiro iyo ari yo yose y’ubwishime?

20 Nk’uko duhejeje kuvyiga, ubukerebutsi mu vy’ukuri bubana n’abifata ruto. Ariko none, bite ho mu gihe ubona yuko ufise impengamiro z’ubwishime canke z’ubwibone? Ntucike intege. Ahubwo, nukurikire akarorero ka Dawidi, we yasenze ati: “Wame uzigama umusavyi wawe sinze nkore ivyaha ibigirankana, ntibize binganze.” (Zaburi 19:13) Mu kwigana ukwizera kw’abantu nka Paulo, Gideyoni, na canecane Yezu Kirisitu, ubwacu tuzokwibonera ukuri kw’aya majambo avuga ati: “Ubgenge bubana n’[“abifata ruto,” NW].”​—Imigani 11:2.

[Utujambo tw’epfo]

a Ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwe ngo “abasuku” rishobora kwerekeza ku mushumba asozera ku murongo wo hasi w’ingafe zo mu bwato bunini. “Ababgiriza” bobo bashobora gushingwa amabanga arengeye, kumbure kubungabunga itongo. Ariko rero, mu maso ya ba shebuja benshi, umubwiriza yari mu buja cokimwe n’umushumba wo mu bwato.

b Ukwigengesera n’ukwiyubara vya Gideyoni ntibikwiye gufatwa ukutariko nk’ikimenyetso c’uko yoba yari umunyabwoba. Ahubwo, uburindutsi bwiwe buremezwa n’⁠Abaheburayo 11:32-38, ahashira Gideyoni mu ‘bacikishijwe ab’inkomezi’ be no mu “[babaye] agahebuza mu ntambara.”

c Kubera ko mu kwifata ruto harimwo n’ukumenya aho umuntu agarukira, Yehova ntivyoba bikwiriye ko avugwa ko yifata ruto. Ariko rero, aricisha bugufi.​—Zaburi 18:35.

Woba Wibuka?

• Ukwifata ruto ni iki?

• Dushobora kwigana gute ukwifata ruto kwa Paulo?

• Dushobora kwigira iki ku kwifata ruto dufatiye ku karorero ka Gideyoni?

• Yezu yasize gute akarorero kaminuza mu vyo kwifata ruto?

[Ifoto ku rup. 27]

Ukwifata ruto kwa Paulo kwatumye akundwa cane n’Abakirisu bagenziwe

[Ifoto ku rup. 29]

Gideyoni yakoresheje ukwigengesera mu kurangura ivyo Imana igomba

[Ifoto ku rup. 31]

Yezu, Umwana w’Imana, aragaragaza ukwifata ruto mu bintu vyose akora

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika