Ubukerebutsi Buva ku Mana—Bugaragazwa Gute?
“UBGENGE bga wa mworo bgarakengērewe, n’amajambo yiwe ntibaba bakiyemera.” Umwami w’inkerebutsi Salomo yakoresheje ayo majambo mu gusozera inkuru y’umugabo nyarucari mugabo w’inkerebutsi yarokoye igisagara kizima atuma kidasangangurwa. Ariko rero ikibabaje, “ntihaba[ye] hakigira umuntu yibuka wa mworo.”—Umusiguzi 9:14-16.
Abantu bafise impengamiro yo gukengera abantu batifise, naho abo bakene baba barakoze ibikorwa bikwiye gushimwa. Ukwo ni ko vyagendeye Yezu. Yesaya yarabuye ibimwerekeye ati: “Yarakēngērwa, agahurwa n’abantu; yar’umunyamibabaro, yar’azi intimba ic’ari co.” (Yesaya 53:3) Yezu yarakengerwa na bamwebamwe kubera gusa atari afise igiti canke ngo abe uwukomeye nka ba bayobozi bo mu gihe ciwe. Yamara, yari afise ubukerebutsi buruta kure n’iyo ubw’umuntu wese w’umucumuzi. Abantu bo mu gisagara Yezu yaturukamwo baranse kwemera icese yuko uwo “mwana w’umubāji” yagaragaje ubukerebutsi nk’ubwo akongera agakora ibikorwa vy’ububasha nk’ivyo. Ariko rero, iryo ryari ikosa rikomeye, kubera iyo nkuru ibandanya ivuga yuko Yezu “[a]ta bitanga[ro] vyinshi yahakoreye, kubg’ukutizera kwabo.” Ese ukuntu abo bantu bahahombeye!—Matayo 13:54-58.
Ntitugakore ikosa nk’iryo. Yezu yavuze ati: “Ubgenge burangwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabgo.” Abariko barakora igikorwa c’Imana kandi bariko baratanga ubukerebutsi bwo mw’ijuru ntibamenyekanira ku giti canke ku kibanza bafise mu kibano, mugabo bamenyekanira ku “vyamwa vyiza” bagaragaza, ni ukuvuga ukwizera n’ibikorwa vyabo bishingiye kuri Bibiliya.—Matayo 7:18-20; 11:19.