Nidushigikire Dushikamye Inyigisho Ijanye n’Ukuyoboka Imana
“Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.”—IMIGANI 3:5, 6.
1. Ni gute ubumenyi bw’abantu budushikira kuruta ikindi gihe cose cabayeho?
MURI iki gihe, hari ubwoko nk’9.000 bw’ibinyamakuru bisohoka ku musi ku musi bikwiragizwa kw’isi yose. Muri Leta Zunze Ubumwe honyene, ku mwaka hasohorwa ibitabu bishasha nk’200.000. Nk’uko igereranya rimwe ryagizwe ryavyerekanye, gushika muri Ntwarante 1998, kuri bwa buhinga bwa Internet hariko ibintu vyoja ku mpapuro nk’imiliyoni 275. Ico gitigiri bavuga yuko ciyongera nk’impapuro imiliyoni 20 ku kwezi. Kuruta ikindi gihe cose, abantu barashikira amakuru yerekeye ikibazo ico ari co cose. Naho ivyo bintu bitama ari bibi, iryo segenya ry’amakuru ryarateje ingorane.
2. Ni izihe ngorane zishobora kuva ku gushobora kurahura isegenya ry’amakuru?
2 Abantu bamwebamwe baracitse abaja b’ivyo gusuma amakuru, bakama nantaryo barondera guhaza icipfuzo kidahera co kumenya ibigezweko mu gihe bafata minenegwe ibintu bihambaye gusumba. Abandi baronka amakuru atuzuye ku biraba ibisata kanaka vy’ubumenyi bigoye itahura, maze rero bagaca bibona ko ari abahanga. Bishimikije gusa ugutahura kubayabaye, boshobora gufata ingingo zihambaye zishobora kubagirira nabi canke zikagirira nabi abandi. Kandi hama nantaryo hari ingeramizi zo guhava umuntu yihereza amakuru y’ikinyoma canke arimwo amakosa. Kenshi nta buryo bwizigirwa buhari bwo gutohoza yuko isegenya ry’amakuru ata makosa ririmwo canke ko riri ku burimbane.
3. Ni imburizi izihe dusanga muri Bibiliya ku vyerekeye ukwiruka inyuma y’ubwenge bw’abantu?
3 Urusaku rwamye ari akageso kari mu muntu kuva kera. Ingeramizi zo guhava umuntu apfisha ubusa umwanya munini mu gukurikirana amakuru atagira ikimazi canke mbere yomugirira nabi, zaramenyekanye kera mu misi y’Umwami Salomo. Yavuze ati: “Uhanurwe: kwandika ibitabo vyinshi ntikugira iherezo; kand’ukwiga cane kuruhisha umubiri.” (Umusiguzi 12:12) Inyuma y’ibinjana n’ibindi, intumwa Paulo yandikiye Timoteyo ati: “Wame uzigama ico wabikijwe, utere ibitugu ibizira vy’amagambo ahumanya n’ukurwana kw’ivyitwa ubgenge atari bgo, ubgo bamwe bīvuga ko babufise bakazimira, bagata ukwizera.” (1 Timoteyo 6:20, 21) Egome, Abakirisu muri iki gihe barakeneye kwirinda kwishira mu vyiyumviro vyonona bidakenewe.
4. Ni mu buryo bumwe ubuhe dushobora kugaragaza ko twizigira Yehova n’inyigisho ziwe?
4 Abasavyi ba Yehova biraba vyiza kandi bumviye amajambo yo mu Migani 3:5, 6 agira ati: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.” Kwizigira Yehova birimwo kwamirira kure iciyumviro ico ari co cose giteye kubiri n’Ijambo ry’Imana, caba camutse mu vyiyumviro vyacu bwite canke mu vy’uwundi muntu nka twe. Kugira ngo twikingire mu vy’impwemu, ni ngirakamaro cane ko tumenyereza ububasha bwacu bwo gutegera kugira ngo dushobore kumenya amakuru yonona maze tuyirinde. (Abaheburayo 5:14) Nimuze tuyage ku masoko amwamwe y’amakuru mwene ayo.
Isi Yigaruriwe na Shetani
5. Isoko rimwe ry’ivyiyumviro vyonona ni irihe, kandi ni nde ari inyuma yaryo?
5 Iyi si ni isoko ryuzuyemwo ivyiyumviro vyonona. (1 Ab’i Korinto 3:19) Yezu Kirisitu yarasenze Imana ku biraba abigishwa biwe ati: “Singusaba ng’ubakūre mw isi, ariko ng’ubarinde wa mubi.” (Yohana 17:15) Kuba Yezu yasavye ko abigishwa biwe barindwa “wa mubi” vyaremeje icese ko Shetani afise akosho mw’isi. Ukuba turi Abakirisu, ubwavyo ntibica bitubera inkinzo idukingira utwosho tubi tw’iyi si. Yohani yanditse ati: “Turazi yuko tur’ab’Imana, kand’isi yose iri muri wa Mubi.” (1 Yohana 5:19) Canecane muri iki gice ca nyuma c’imisi y’iherezo, tubwirizwa kwitega ko Shetani n’amadayimoni yiwe vyuzuza iyi si amakuru yonona.
6. Ivy’ukwinezereza bishobora gute gutuma abantu batagiterwa n’isoni mu vy’inyifato runtu?
6 Tubwirizwa kandi kwitega ko amwamwe muri ayo makuru yonona yoshobora gusa n’ayatagira ico atwaye. (2 Ab’i Korinto 11:14) Nk’akarorero, rimbura ivyerekeye ukwinezereza, kurimwo ibiganiro vyo kuri televiziyo, amasenema, imiziki, be n’ibitabu. Benshi baremera yuko kenshi na kenshi ubwoko bumwebumwe bw’ivy’ukwinezereza butsimbataza ingeso zitesha ubuntu, nk’ubuhumbu, ubukazi n’ugufata ibiyayura umutwe. Abantu bakibona ubwoko bw’ibinezereza buteye isoni kuruta ubwo bahora bamenyereye, barashobora kwumva babuze iyo banyikira. Mugabo ukuguma umuntu aza arabiraba birashobora kutaba bikimutera isoni. Ntidukwiye kwigera tubona ko uburyo bwo kwinezereza butsimbataza ivyiyumviro vyonona ari bwiza canke ko ataco butwaye.—Zaburi 119:37.
7. Ni ubwenge bwoko ki bw’abantu bushobora gutitura ukwizigira Bibiliya kwacu?
7 Rimbura irindi soko ry’amakuru yoshobora kwonona—na ryo rikaba ari isegenya ry’ivyiyumviro bisohorwa n’abanyasiyansi be n’abahinga bamwebamwe batemera ko Bibiliya ari iy’ukuri. (Gereranya na Yakobo 3:15.) Mwene ayo mayagwa aseruka kenshi mu binyamakuru bikurubikuru no mu bitabu bihurumbirwa na benshi, kandi arashobora gutitura ukwizigira Bibiliya. Abantu bamwebamwe bishimira kugabanya ubukuru bw’Ijambo ry’Imana bakoresheje ivyiyumviro bidahera kandi bitagira ishingiro. Ingeramizi nk’iyo yari ihari mu misi y’intumwa, nk’uko bigaragarira mu majambo y’intumwa Paulo agira ati: “Mwirinde, ntihakagire ūbagira inyagano, abanyagishije ubgenge bg’abantu ar’ibihendo vy’ubusa, bikurikira akaronda k’imigenzo y’abantu, bikurikira ivya mbere vyo mw isi, bidakurikira Kristo.”—Ab’i Kolosayi 2:8.
Abansi b’Ukuri
8, 9. Ubuhakanyi buriko burigaragaza gute muri iki gihe?
8 Abahakanyi barashobora kutubera akandi kaga mu vy’impwemu. Intumwa Paulo yabuye yuko ubuhakanyi bwokwadutse mu biyita Abakirisu. (Ivyakozwe 20:29, 30; 2 Ab’i Tesalonike 2:3) Mw’iranguka ry’amajambo yiwe, inyuma y’urupfu rw’intumwa, ubuhakanyi buhambaye bwashikanye kw’ivuka ry’Abitwa Abakirisu. Muri iki gihe, nta buhakanyi buhambaye buriko buraba mu basavyi b’Imana. N’aho ari ukwo, abantu bake baratwiyonkoyeko, kandi bamwebamwe muri bo biyemeje gutyoza Ivyabona vya Yehova mu gukwiragiza ibinyoma be n’amakuru arimwo amakosa. Bake muri bo bakorana n’iyindi migwi y’abishize hamwe ngo barwanye ugusenga kw’ukuri. Mu kubigenza baryo, baja ku ruhande rwa wa muhakanyi wa mbere na mbere ari we Shetani.
9 Abahakanyi bamwebamwe bariko bararushiriza gukoresha ibisata biha amakuru abantu benshi icarimwe, harimwo na bwa buhinga bwa Internet, kugira ngo bakwiragize amakuru y’ibinyoma ku Vyabona vya Yehova. Ico bivamwo ni uko igihe abantu b’inziraburyarya bariko bararondera amakuru kuvyerekeye ivyo twemera, bashobora gutsitara ku maporopagande y’abahakanyi. Mbere n’Ivyabona vya Yehova bamwebamwe basanze barahura ayo mayagwa yonona batabizi. Si ivyo gusa, abahakanyi rimwe na rimwe baragira uruhara mu biganiro bica ku nsamirizi canke kuri televiziyo. None turavye ivyo bintu vyose, ingendo iranga ubukerebutsi umuntu yofata ni iyihe?
10. Twovyifatamwo gute mu buryo buranga ubukerebutsi igihe duhuye na poropagande y’abahakanyi?
10 Intumwa Yohani yarihanikirije Abakirisu ngo ntibakire abahakanyi mu ngo zabo. Yanditse ati: “Ni hagira umuntu aza i wanyu, akaza atazanye iyo nyigisho, ntimuze mumwakire mu nzu zanyu, kandi ntimuze [“mumubwire ijambo ry’indamutso. Kuko uwumuramukije,” NW] azoba afatanije na we mu bikorwa vyiwe bibi.” (2 Yohana 10, 11) Kwirinda mu buryo bwose kwifatanya n’abo baturwanya bizodukingira ivyiyumviro vyabo vyononekaye. Kwishira mu nyigisho z’abahakanyi biciye mu buryo bunyuranye bwa none bwo guhanahana amakuru, vyonona nka kurya nyene kwakira umuhakanyi ubwiwe mu ngo zacu vyonona. Ntitukigere na rimwe tureka ngo urusaku rudukwegere muri iyo ngendo nzanavyago!—Imigani 22:3.
Mw’Ishengero
11, 12. (a) Mw’ishengero ryo mu kinjana ca mbere, ivyiyumviro vyonona vyava kw’isoko irihe? (b) Ni gute Abakirisu bamwebamwe bananiwe gushikama mu gushigikira inyigisho zijanye no kuyoboka Imana?
11 Rimbura n’irindi soko rishoboka ry’ivyiyumviro vyonona. Umukirisu yiyeguriye Imana, naho yoba adafise intumbero yo kwigisha ibinyoma, arashobora gutsimbataza akamenyero ko kuvuga ibisunitswe n’impwemu. (Imigani 12:18) Kubera agasembwa dufise, twese rimwe na rimwe turacumura n’ururimi rwacu. (Imigani 10:19; Yakobo 3:8) Bisa n’uko mu misi y’intumwa Paulo, mw’ishengero hariho abantu bananirwa gufata indimi zabo bakisuka mu bihari bitagira mvura mu majambo. (1 Timoteyo 2:8) Hariyo abandi bishimira cane ivyiyumviro vyabo ku buryo bashika no ku guhigisha ubukuru bwa Paulo. (2 Ab’i Korinto 10:10-12) Agatima nk’ako kavyara amatati adakenewe.
12 Rimwe na rimwe ukwo kutumvikana kwarakura kugashika ku “mitongano ikaze ku tuntu tudashemeye.” (1 Timoteyo 6:5, NW; Ab’i Galatiya 5:15) Ku vyerekeye abatera izo mpari Paulo yanditse ati: “Umuntu ni yigisha ukundi, ntiyemere amajambo mazima, ari yo majambo y’Umwami wacu Yesu Kristo, n’inyigisho zihūra n’ukwubaha Imana; azoba yikakishije, ata co azi, arwaye ibihāri, n’intambara z’amagambo zivamw’igono, no gutongana, n’ibitutsi, n’ikēkwe ribi.”—1 Timoteyo 6:3, 4.
13. Mu kinjana ca mbere Abakirisu benshi bigenza gute?
13 Igihimbaye ni uko mu gihe c’intumwa benshi mu Bakirisu bari abizigirwa kandi bakaguma bihatiye igikorwa co gutangaza inkuru nziza z’Ubwami bw’Imana. Bicurumbira mu kwitaho “kurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo” no kwama birinda “nti[b]anduzwe n’ivy’isi,” aho guta umwanya wabo mu bihari bitagira epfo na ruguru vyerekeye amajambo. (Yakobo 1:27) Baririnda ‘abagenzi babi’ no mw’ishengero ry’Abakirisu nyene, kugira ngo bikingire mu vy’impwemu.—1 Ab’i Korinto 15:33; 2 Timoteyo 2:20, 21.
14. Tutabaye maso, uguhanahana ivyiyumviro gusanzwe gushobora gute kuvamwo ibihari vyonona?
14 Muri ubwo buryo nyene, ibintu vyadondowe mu ngingo ya 11 ntibikunda gushika mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova muri iki gihe. N’aho ari ukwo, vyoba vyiza twemanze ko ibihari nk’ivyo bitagira epfo na ruguru bishobora kwaduka. Ego ni ko, ni ibisanzwe kuganira ku nkuru za Bibiliya canke kwibaza ibibazo bitarahishurwa ku vyerekeye imice minaka ya ya si nshasha yasezeranywe. Vyongeye, nta kibi kiri mu guhanahana ivyiyumviro ku bintu biraba umuntu ubwiwe, nk’inyambaro, ukwiryohora n’uburyo ahitamwo bwo kwinezereza. Ariko rero, igihe twemeza ku nguvu ivyiyumviro vyacu kandi tukababara igihe abantu batemeranije na twe, amaherezo ishengero rirashobora kwica ibice bivuye ku tubazo dutoduto. Ikintu gitangura ari ikiganiro gito ataco gitwaye gishobora gucika iconona koko.
Tuzigame Imbitso Twabikijwe
15. “Inyigisho z’abadayimoni” zishobora kutwonona mu vy’impwemu ku rugero rungana iki, kandi ni impanuro iyihe itangwa mu Vyanditswe?
15 Intumwa Paulo ituburira iti: “[Im]pwemu [i]vuga [i]vyeruye yuko mu bihe bizoza bamwe bazota ivyizerwa, bagashira umutima ku vy’impwemu zizimiza no ku vy’inyigisho z’abadayimoni.” (1 Timoteyo 4:1) Egome, ivyiyumviro vyonona biraduhanamiye vy’ukuri. Birumvikana kubona Paulo yaringinze mugenziwe mukundwa Timoteyo ati: “Ewe Timoteyo, wame uzigama ico wabikijwe, utere ibitugu ibizira vy’amagambo ahumanya n’ukurwana kw’ivyitwa ubgenge atari bgo, ubgo bamwe bīvuga ko babufise bakazimira, bagata ukwizera.”—1 Timoteyo 6:20, 21.
16, 17. Imana yatubikije iki, kandi dukwiye kukizigama gute?
16 Muri iki gihe dushobora gute kwungukira kuri iyo mburizi iranga urukundo? Timoteyo yari yarahawe imbitso—ni ukuvuga ikintu c’agaciro co kubungabunga no gukingira. Cari igiki? Paulo asigura ati: “Gumya icitegererezo c’amajambo mazima wanyumvanye, ukigumishe ukwizera n’urukundo rubonerwa muri Kristo Yezu. Ikibītsanyo ciza wabīkijwe, ukizigamishe [im]pwemu [y]era [i]ba muri twebge.” (2 Timoteyo 1:13, 14) Egome, imbitso yahawe Timoteyo yarimwo “amajambo mazima,” ni ukuvuga “inyigisho zihūra n’ukwubaha Imana.” (1 Timoteyo 6:3) Mu buryo buhuje n’ayo majambo, Abakirisu muri iki gihe biyemeje gukingira ukwizera kwabo be n’ibintu vyose vy’ukuri babikijwe.
17 Kuzigama iyo mbitso harimwo nko gutsimbataza akamenyero keza mu vy’ukwiga Bibiliya no gukomera ku muheto mu gusenga, mu gihe tugirira “bose neza, cane-cane ab’inzu y’abizera.” (Ab’i Galatiya 6:10; Abaroma 12:11-17) Paulo yakebuye kandi ati: “[Kurikira] ukugororoka, n’ukwubaha Imana, n’ukwizera, n’urukundo, n’ukwihangana, n’ubugwaneza, wame urwana intambara nziza yo kwizera, ucakire ubu[zima] budashira, ubgo wahamagariwe, ukabgaturira ukwatura kwiza mu maso y’ivyabona vyinshi.” (1 Timoteyo 6:11, 12) Ukuba Paulo yarakoresheje imvugo nka ‘rwana intambara nziza’ na “ucakire” biragaragaza ko dutegerezwa kugira ubwira n’umwiyemezo kugira tunanire utwosho twotugirira nabi mu vy’impwemu.
Ubukerebutsi Burakenewe
18. Dushobora gute kugaragaza uburimbane buranga Abakirisu mu kuntu tubona amakuru yo mw’isi?
18 Birumvikana ko mu kurwana intambara nziza y’ukwizera ubukerebutsi bukenerwa. (Imigani 2:11; Ab’i Filipi 1:9) Nk’akarorero, vyoba bitumvikana kutizigira ikintu cose citwa inkuru yo mw’isi. (Ab’i Filipi 4:5; Yakobo 3:17) Si ivyiyumviro vy’abantu vyose bitera kubiri n’Ijambo ry’Imana. Yezu yaravuze ivy’uko bikenewe ko abarwayi bashikira umuvuzi abishoboye, ako kazi na ko kakaba ari ako mw’isi. (Luka 5:31) Naho mu misi ya Yezu ubuvuzi butaribwatere imbere ugereranije, yaremeye icese yuko hari iciza kinaka umuntu akura ku mfashanyo iva ku muvuzi. Abakirisu muri iki gihe baragaragaza uburimbane mu vyerekeye amakuru yo mw’isi, mugabo bararwanya ivy’ukwiha amakuru ashobora kubagirira nabi mu buryo bw’impwemu.
19, 20. (a) Abakurambere bakorana ubukerebutsi gute igihe basahiriza abavuga ibintu mu buryo butaranga ubwenge? (b) Ishengero ritunganya gute ivyerekeye abashishikara gutsimbataza inyigisho z’ikinyoma?
19 Ubukerebutsi burakenewe cane no ku bakurambere igihe basabwa gusahiriza abatavugana ubwenge. (2 Timoteyo 2:7) Rimwe na rimwe, abagize ishengero barashobora gufatwa mpiri mu mitongano yerekeye ibintu bitagira shinge na rugero hamwe n’ibihari bitagira aho bihagaze. Kugira ngo bakingire ubumwe bw’ishengero, abakurambere bakwiye kwihutira kwicarira ingorane nk’izo. Muri ico gihe nyene, birinda kwikeka akabi ku bandi bavukanyi kandi ntibihutire guca bababonamwo abahakanyi.
20 Paulo yaradondoye umutima iyo nsahirizo ikwiye gutanganwa. Yagize ati: “Bene Data, umuntu n’iyo yobonekakw icaha, mwebge ab’impwemu mutunganye ūmeze artyo, mumuhanūrishe umutima w’ubugwaneza.” (Ab’i Galatiya 6:1) Mu kuvuga adoma urutoke ku Bakirisu banyinyana n’ugukekeranya, Yuda yanditse ati: “[“Abafise amadidane,” NW] mubahanūre: abandi mubakize, mubokore mu muriro.” (Yuda 22, 23) Mugabo ntiwumve, igihe umuntu amaze gukeburwa incuro n’izindi mugabo akanana mu kuguma atsimbataza inyigisho z’ikinyoma, abakurambere baba bakeneye gufata ingingo ruhasha kugira ngo bakingire ishengero.—1 Timoteyo 1:20; Tito 3:10, 11.
Twuzuze Imizirikanyi Yacu Ibintu vyo Gushimwa
21, 22. Dukwiye kuba abarobanuzi ku vyerekeye iki, kandi dukwiye kwuzuza iki imizirikanyi yacu?
21 Ishengero ry’Abakirisu rirahunga amajambo yonona “yandukira nk’akaranda.” (2 Timote 2:16, 17, UB; Tito 3:9) Ivyo ni ko bimeze, amajambo nk’ayo yaba agaragaza “ubwenge” bw’isi buyovya, porobagande z’abahakanyi, canke amajambo asunitswe n’impwemu mw’ishengero. Naho icipfuzo ciza co kwiga ibintu bishasha gishobora kuba nzanakunguko, urusaku rudacungerewe rurashobora kudushira imbere y’ivyiyumviro vyonona. Ntituyobewe imigabo ya Shetani. (2 Ab’i Korinto 2:11) Turazi yuko ariko aragira utwigoro dukomakomeye two kutuyovya kugira ngo atudendebure mu murimo turangurira Imana.
22 Nk’abasuku beza, nimuze ducakire ubutarekura inyigisho iranga ukuyoboka Imana. (1 Timoteyo 4:6) Nimuze dukoreshe n’ubukerebutsi umwanya wacu mu kuba abantu badapfa kwakira amakuru ayo ari yo yose. Gutyo ntibizokworohera porobagande ikokezwa na Shetani kuduhungabanya. Egome, nimuze tugume turimbura “ivy’ukuri vyose, ivyo kwubahwa vyose, ibigororotse vyose, ibitānduye vyose, ivy’igikundiro vyose, ibishimwa vyose, ni haba har’ingeso nziza, [be n’ivyo] gushimwa.” Twujuje imizirikanyi n’imitima vyacu ibintu nk’ivyo, ya Mana y’amahoro izoba kumwe natwe.—Ab’i Filipi 4:8, 9.
Twize Iki?
• Ubukerebutsi bwo muri iyi si bwoshobora kuduhanamira gute mu vy’impwemu?
• Dushobora gukora iki kugira ngo twikingire amakuru y’abahakanyi yotugirira nabi?
• Ni imvugo bwoko ki zikwiye kwirindwa mw’ishengero?
• Uburimbane bw’Umukirisu bugaragazwa gute igihe arimbura isegenya ry’amakuru ryo muri iki gihe?
[Ifoto ku rup. 21]
Ibinyamakuru n’ibitabu vyinshi bihurumbirwa na benshi usanga biteye kubiri n’inyifato rukirisu yacu
[Ifoto ku rup. 22]
Abakirisu barashobora guhanahana ivyiyumviro ariko batemeza ivyiyumviro vyabo ku nguvu