ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/5 rup. 24-28
  • Niwumve Ico Impwemu Ivuga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwumve Ico Impwemu Ivuga
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Ivyanditswe Vyose Vya[ra]humetswe”
  • “Ibifungurwa ku Gihe Kibereye”
  • Ukurongorwa n’Ijwi Ryacu ryo mu Mutima
  • Hahirwa Abumviriza Kandi Bakagamburuka
  • Ijwi ryawe ryo mu mutima ryoba ryaramenyerejwe neza?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ingene wogumana ijwi ryo mu mutima ryiza
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Nugire ijwi ryo mu mutima ryiza
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Ijwi ryawe ryo mu mutima ryoba rikuyobora mu buryo bwo kwizigirwa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/5 rup. 24-28

Niwumve Ico Impwemu Ivuga

“Ni mwakikamira i buryo cank’i bumoso, amatwi yanyu azokwumva ijambo ribaturutse inyuma rivuga, rit’Iyi ni yo nzira, mube ari yo mujana.”​—YESAYA 30:21.

1, 2. Yehova yamenyesheje ibintu abantu gute muri kahise kose?

MW’IZINGA rya Porto Rico ni ho hari icuma co gukwega amajwi aca mu kirere kinini kandi gikomeye kuruta ibindi vyose. Abahinga mu vya siyansi baramaze imyaka mirongo bizigira kuronka ubutumwa buvuye ahantu harengeye isi, bifashishije ico gikoresho amahanga. Mugabo nta butumwa nk’ubwo barigera baronka. Ariko rero, igitwengeje ni uko hariho ubutumwa butomoye buva mu kandi karere katari ak’abantu umwe wese muri twebwe ashobora kuronka igihe ico ari co cose, atarinze gukoresha ivyuma bihanitse. Ubwo buva kw’Isoko riri hejuru kuruta cane ikintu cose cokwiyumvirwa c’ahantu harengeye isi. None ni nde Soko ry’ivyo bintu bimenyeshwa, kandi ni bande babimenyeshwa? Ubwo butumwa buvuga iki?

2 Ivyanditse muri Bibiliya birimwo inkuru zitari nke zivuga ivy’ibihe ubutumwa buturuka ku Mana bwigeze kwumvikanishwa ku matwi y’abantu. Rimwe na rimwe, ubwo butumwa bwashikirizwa n’ibiremwa vy’impwemu bikora bwa ntwarabutumwa b’Imana. (Itanguriro 22:11, 15; Zekariya 4:4, 5; Luka 1:26-28) Incuro zitatu, ijwi rya Yehova ubwiwe ryarumvikanye. (Matayo 3:17; 17:5; Yohana 12:28, 29) Imana yaravuze kandi ibicishije ku bamenyeshakazoza b’abantu, benshi muri bo bakaba baranditse ivyo yabahumekeye ngo bavuge. Muri iki gihe turafise Bibiliya, iyanditsemwo vyinshi muri ivyo bintu vyamenyeshejwe, ikabamwo n’inyigisho za Yezu be n’iz’abigishwa biwe. (Abaheburayo 1:1, 2) Si ivy’imbeshere, Yehova yamye koko ashikiriza amakuru ibiremwa-bantu vyiwe.

3. Ubutumwa bw’Imana bufise iyihe ntumbero, kandi twitezweko iki?

3 Ubwo butumwa bwahumetswe bwose buva ku Mana buhishura bike ku vyerekeye isi n’ikirere. Bwibanda ku bibazo bihambaye kuruta, ibifise ico bikora ku buzima bwacu ubu no muri kazoza. (Zaburi 19:7-11; 1 Timoteyo 4:8) Yehova arabukoresha mu kumenyesha ivyo agomba no mu kuduha uburongozi bwiwe. Ni bumwe mu buryo amajambo y’umuhanuzi Yesaya ariko arangukirako. Agira ati: “Ni mwakikamira i buryo cank’i bumoso, amatwi yanyu azokwumva ijambo ribaturutse inyuma rivuga, rit’Iyi ni yo nzira, mube ari yo mujana.” (Yesaya 30:21) Yehova ntaduhata kwumviriza “ijambo” ryiwe. Gukurikira ubuyobozi bw’Imana no kugendera mu nzira zayo bituvako. Ku bw’iyo mvo, Ivyanditswe biradukebura kwumviriza ibintu tumenyeshwa na Yehova. Mu gitabu c’Ivyahishuriwe, indemesho yo ‘kwumva ico impwemu ivuga’ iseruka incuro indwi.​—Ivyahishuriwe 2:7, 11, 17, 29; 3:6, 13, 22.

4. Vyoba ari ivyumvikana kwitega ko muri iki gihe Imana ubwayo imenyesha ibintu iri mw’ijuru?

4 Muri iki gihe, Yehova ubwiwe ntavugana natwe ari mu karere ko mw’ijuru. No mu bihe vya Bibiliya nyene, ukwo kumenyesha ibintu mu buryo burengeye itahura kwari imbonekarimwe, rimwe na rimwe hakaza haraca ibinjana mu ko kuba. Muri kahise kose, Yehova kenshi yamenyesha ibintu abasavyi biwe mu buryo burashe kuruta. Ukwo ni ko bimeze muri iki gihe cacu. Nimuze turimbure uburyo butatu Yehova atumenyesherezamwo ibintu muri iki gihe.

“Ivyanditswe Vyose Vya[ra]humetswe”

5. Igikoresho nyamukuru Yehova akoresha mu kumenyesha ibintu muri iki gihe ni ikihe, kandi dushobora dute kucungukirako?

5 Igikoresho nyamukuru c’ukuganira hagati y’Imana n’abantu ni Bibiliya. Yahumetswe n’Imana, kandi ibintu vyose biri muri yo birashobora kutubera nzanakunguko. (2 Timoteyo 3:16) Bibiliya yuzuye uturorero tw’abantu babayeho koko, bakoresheje uburenganzira bwabo bwo kwihitiramwo mu gufata ingingo yo gutega ugutwi canke kudatega ugutwi ijwi rya Yehova. Uturorero mwen’utwo tutwibutsa igituma ari ngirakamaro cane kwumviriza ico impwemu y’Imana ivuga. (1 Ab’i Korinto 10:11) Bibiliya irimwo kandi ubukerebutsi ngirakimazi, ikaduha impanuro twokurikiza igihe twoba duhanganye n’ingingo zo gufata mu buzima. Ni nk’aho Imana yoba iri inyuma yacu, itwongorera iti: “Iyi ni yo nzira, [n]ube ari yo [u]jana.”

6. Ni kuki Bibiliya iruta kure n’iyo ibindi vyandikano vyose?

6 Kugira ngo twumve ivyo impwemu ivuga biciye kuri Bibiliya, dutegerezwa kuyisoma tudahorereza. Bibiliya si igitabu canditswe neza gusa, gikundwa na benshi, kimwe mu bindi vyinshi biriho muri iki gihe. Bibiliya yahumetswe n’impwemu kandi irimwo ivyiyumviro vy’Imana. Mu Baheburayo 4:12 havuga hati: “Ijambo ry’Imana [n]i rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubg’inkota zose, rikinjira n’aho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’umusokōro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira.” Uko dusoma Bibiliya, ibirimwo biramena bigashika imbere mu vyiyumviro vyacu no mu migabo yacu nka kurya kw’inkota, bigahishura urugero ubuzima bwacu bugezako mu guhuza n’ivyo Imana igomba.

7. Ni kuki gusoma Bibiliya ari ngirakamaro cane, kandi turemeshwa kuza turabigira ku rugero rungana iki?

7 “Ivyo umutima wiyumvira, ukagabira” birashobora guhinduka uko igihe kirengana be n’uko ivyabaye mu buzima bwacu, bitugirako ingaruka, vyaba ibihimbaye canke ibirimwo ingorane. Mu gihe tutokwama twiga Ijambo ry’Imana tudahengeshanya, ivyiyumviro vyacu, inyifato zacu be n’inyiyumvo zacu ntibizoba bigihuza n’ingingo ngenderwako ziranga ukuyoboka Imana. Ni co gituma Bibiliya idukebura iti: “[“Gume,” “NW”] mwisuzuma, mumenye yuko muhagaze mu kwizera, [“gume,” “NW”] mwirāba.” (2 Ab’i Korinto 13:5) Niba dushaka kubandanya twumva ico impwemu ivuga, dukwiye gutega yompi impanuro yo gusoma Ijambo ry’Imana ku musi ku musi.​—Zaburi 1:2.

8. Ni amajambo ayahe y’intumwa Paulo adufasha kwisuzuma mu vyerekeye ugusoma Bibiliya?

8 Ikintu gihambaye abasomyi ba Bibiliya bibukijwe ni iki: Nimwihe umwanya uhagije wo kuzirikana ivyo musoma! Mu kigoro ko gushira mu ngiro impanuro yo gusoma Bibiliya imisi yose, ntitwoshima ko dusanga turiko turihutagiza kugira tumare ibigabane nka bingahe tudatahura neza ivyo dusoma. Naho gusoma Bibiliya tudahengeshanya ari ngirakamaro cane, ikibidutuma ntigikwiye gusa kuba ari ugukurikiza urutonde runaka; dukwiye kugira icipfuzo nyakuri co kwiga ivyerekeye Yehova n’imigambi yiwe. Muri ivyo, mu kwisuzuma turashobora neza gukoresha aya majambo y’intumwa Paulo. Igihe yandikira Abakirisu bagenziwe, yavuze ati: “Mpfukamira Data wa twese, ngw abahe . . . Kristo abe mu mitima yanyu kubg’ukwizera; kugira ngo mugize imizi ishinzwe mu rukundo, n’amabuye y’itanguriro arwubatswemwo, mugire inkomezi zibashoboza gutahurira hamwe n’abera bose uburebure bg’ubgaguke n’ubg’amakika n’ubg’igihagararo n’ubg’amajepfo ubg’ari bgo, mumenye urukundo rwa Kristo ruruta uko rwomenywa; ngo mubone kunengeserezwa mushitse ku kunengesera kw’Imana kwose.”​—Abanyefeso 3:14, 16-19.

9. Dushobora gutsimbataza no gukuza gute icipfuzo cacu co kwigira ibintu kuri Yehova?

9 Ikizwi coco, muri twebwe hariho bamwe basanzwe badakunda gusoma, mu gihe abandi usanga ari abasomyi ba cane. Ariko rero, uko twoba tumeze kwose, turashobora gutsimbataza no kwongereza icipfuzo cacu co kwigira kuri Yehova. Intumwa Petero yasiguye yuko dukwiye gucambirwa ubumenyi bwa Bibiliya, kandi yaremeye icese yuko mwene ico cipfuzo cotegerezwa gutsimbatazwa. Yanditse ati: “Nk’inzoya zivutse vuba, nimucambirwe amata adafunguye ya rya jambo, kugira ngo biciye kuri yo mukure gushika ku bukiriro.” (1 Petero 2:2, NW) Kwigumya ni ngirakamaro cane niba dushaka “gucambirwa” ukwiga Bibiliya. Nk’uko nyene dushobora gutsimbataza ugukunda imfungurwa tutari tumenyereye mu kuzihonja incuro zitari nke, agatima dufise mu vy’ugusoma no kwiga karashobora guhinduka kakaba keza mu gihe twihatiye gukurikira akamenyero kanaka tudahorereza.

“Ibifungurwa ku Gihe Kibereye”

10. Ni ba nde bagize wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge,” kandi Yehova ariko abakoresha gute muri iki gihe?

10 Iyindi nzira Yehova atuvugishirizamwo muri iki gihe yerekanwa na Yezu muri Matayo 24:45-47 (NW). Aho, yavuze ivyerekeye ishengero ry’Abakirisu basizwe impwemu, ari bo bagize wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge,” bagenywe kugira ngo baturonse “ibifungurwa [vyo mu buryo bw’impwemu] ku gihe kibereye.” Dufashe umwumwe wese ukwiwe, abagize uwo mugwi ni “abasuku” ba Yezu. Abo, bari hamwe n’“ishengero ryinshi” ry’abagize “izindi ntama,” bararonka indemesho n’uburongozi. (Ivyahishuriwe 7:9; Yohana 10:16) Nyinshi muri izo mfungurwa zitangwa ku gihe kibereye ziza mu buryo bw’ibisohokayandikiro bicapuwe, nk’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! be n’ibindi bisohokayandikiro. Ibindi bifungurwa biratangwa mu buryo bw’insiguro n’imyerekano ku materaniro y’intara no ku y’umuzunguruko, be no mu makoraniro y’ishengero.

11. Tugaragaza gute ko twakiriza yompi ico impwemu ivuga biciye kuri wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge”?

11 Amakuru ashikirizwa na wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” agenewe gukomeza ukwizera kwacu no kumenyereza ububasha bwacu bwo gutegera. (Abaheburayo 5:14) Impanuro mwene izo zishobora kuba zitangwa muri rusangi kugira ngo umwe wese ashobore kugira uko azirabishako ubwiwe. Rimwe na rimwe, turaronka kandi impanuro zerekeye imice kanaka y’uburyo twigenza. Ni inyifato iyihe dukwiye kugira mu gihe twoba vy’ukuri twumviriza ico impwemu ivuga biciye ku mugwi w’uwo mushumba? Intumwa Paulo yishura ati: “Mwumvire ababaganza, mubagamburukire.” (Abaheburayo 13:17) Ni vyo, abari muri ico kibanza bose ni abagabo b’abanyagasembwa. Naho ari ukwo, Yehova arahimbarwa no gukoresha abasuku biwe b’abantu, naho ari abanyagasembwa, kugira ngo baturongore muri iki gihe c’iherezo.

Ukurongorwa n’Ijwi Ryacu ryo mu Mutima

12, 13. (a) Ni irindi soko ry’uburongozi irihe Yehova yaduhaye? (b) Ijwi ryo mu mutima rishobora kugira akahe kosho keza no ku bantu badafise ubumenyi nyakuri bw’Ijambo ry’Imana?

12 Yehova yaraduhaye irindi soko ry’uburongozi: ijwi ryacu ryo mu mutima. Yaremanye umuntu agatima ko gutandukanya iciza n’ikibi. Ako ni mvukanwa. Mw’ikete yandikiye Abaroma, intumwa Paulo yasiguye iti: “Abanyamahanga badafise ivyagezwe n’Imana iyo bakoze ibibgirizwa na vyo kubgabo, baba bihindukiye ivyagezwe naho batabifise: kuko berekana igikorwa kibgirijwe n’ivyagezwe canditswe mu mitima yabo, ijwi ryo mu mitima yabo ribgiririkanya na co, ar’icabona cavyo, kand’ivyo biyumvira bifatanya kubarega canke kubaregura.”​—Abaroma 2:14, 15.

13 Benshi batazi Yehova barashobora guhuza ivyiyumviro n’ibikorwa vyabo ku rugero runaka n’ingingo ngenderwako ziranga ukuyoboka Imana zerekeye iciza n’ikibi. Ni nk’aho boba bariko barumva imbere muri bo akajwi kabongorera kakabarongora mu nzira itazimiza. Niba ku bantu badafise ubumenyi nyakuri bw’Ijambo ry’Imana bishobora kugenda ukwo, ca wibaza ukuntu iryo jwi ry’imbere mu muntu rikwiye kurushiriza kuvuga ku muntu ari Umukirisu w’ukuri! Nta nkeka, ijwi ryo mu mutima ry’Umukirisu ryatyorowe n’ubumenyi nyakuri bw’Ijambo ry’Imana kandi rikaba rikora ibihuje n’impwemu yera ya Yehova, rirashobora gutanga uburongozi bwizigirwa.​—Abaroma 9:1.

14. Ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya rishobora gute kudufasha gukurikira uburongozi bw’impwemu ya Yehova?

14 Ijwi ryo mu mutima ryiza, iryamenyerejwe na Bibiliya, rirashobora kutwibutsa inzira impwemu ishaka ko ducamwo. Harashobora kuba ibihe, vyaba Ivyanditswe canke ibisohokayandikiro vyacu bishingiye kuri Bibiliya ata na kimwe bivuga mu buryo butomoye ku bintu binaka dushobora kuba turimwo. Naho ari ukwo, ijwi ryo mu mutima ryacu rirashobora gusamiriza imburizi, rikatugabisha ku ngendo ishobora kwonona. Muri ivyo bihe, kwica amatwi ntitwumvirize ico ijwi ryo mu mutima ryacu ritubwira, vyoshobora kuba nk’aho twirengagije ico impwemu ya Yehova ivuga. Ku rundi ruhande, twize kwiheka kw’ijwi ryo mu mutima rya gikirisu ryacu ryamenyerejwe, turashobora kugira amahitamwo meza no mu gihe mbere hatariho ubuyobozi burashe bwanditswe. Ariko rero, ni ngirakamaro cane ko tugumiza mu muzirikanyi yuko igihe ata ngingo ngenderwako, ibwirizwa canke itegeko vyatanzwe n’Imana biriho, bitoba bibereye guhatira Abakirisu bagenzi bacu ku co ijwi ryo mu mutima ryacu bwite rivuga ku bintu biraba umuntu ubwiwe.​—Abaroma 14:1-4; Ab’i Galatiya 6:5.

15, 16. Ni ibiki bishobora gutuma ijwi ryacu ryo mu mutima rikora nabi, kandi ni gute dushobora kubuza ivyo ngo ntibishike?

15 Ijwi ryo mu mutima rityoroye, ryamenyerejwe na Bibiliya, ni ingabirano nziza iva ku Mana. (Yakobo 1:17) Mugabo dutegerezwa gukingira iyo ngabirano utwosho twonona niba dushaka ko ikora mu buryo bubereye bwa gikoresho gituma tugumana inyifato runtu. Imico kama, imigenzo be n’ibintu bimenyerewe vy’aho tuba biteye kubiri n’ingingo ngenderwako z’Imana, tubikurikiye birashobora gutuma ijwi ryacu ryo mu mutima rikora nabi rikongera rikananirwa kudusunikira mu nzira nziza. Twoshobora gusanga tudashoboye kubona ibintu neza, kandi tugashobora no kwibesha mu kwemera yuko igikorwa kibi ari ciza koko.​—Gereranya na Yohana 16:2.

16 Tubandanije kwiyobagiza imburizi z’ijwi ryacu ryo mu mutima, rizoza rirarushiriza kugoyagoya gushika aho ataco tuzoba tucumva, canke dukomantare mu nyifato runtu. Umwanditsi wa Zaburi yaravuze ivyerekeye abantu mwene abo igihe yagira ati: “Imitima yabo [“yaratimvye,” NW] nk’ibinure.” (Zaburi 119:70) Bamwebamwe mu birengagiza imburizi z’ijwi ryabo ryo mu mutima baratakaza ubushobozi bwabo bwo kwiyumvira neza. Ntibaba bakirongorwa n’ingingo ngenderwako zijanye n’ukuyoboka Imana, kandi bituma badashobora gufata ingingo zibereye. Kugira ngo twirinde ikintu mwene ico, dukwiye gukurikiza ubuyobozi bw’ijwi ryacu ryo mu mutima rya gikirisu no mu gihe mbere ibibazo bidushikiye bisa na bitobito.​—Luka 16:10.

Hahirwa Abumviriza Kandi Bakagamburuka

17. Uko twumviriza ‘ijambo riduturuka inyuma’ tukongera tukumvira ico ijwi ryacu ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya ritubwira, tuzohezagirwa gute?

17 Uko dushinga uburyo bwo kwumviriza ‘ijambo riduturuka inyuma,’ nk’uko ritangwa biciye ku Vyanditswe no kuri wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge, tukongera tukumvira ivyo twibutswa n’ijwi ryacu ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya, Yehova azoduhezagiza impwemu yiwe. Impwemu yera na yo izoca yongereza ubushobozi bwacu bwo kwakira no gutahura ivyo Yehova atubwira.

18, 19. Uburongozi bwa Yehova bushobora gute kutwungura mu murimo wacu no mu buzima bwacu bwite?

18 Impwemu ya Yehova kandi izotuma dushira amanga kugira ngo duhangane n’ibintu bigoye, dufise ubukerebutsi n’umutima rugabo. Nk’uko vyagendeye intumwa, impwemu y’Imana irashobora kuvyura ububasha bw’ubwenge bwacu ikongera ikadufasha kwama nantaryo dukora kandi tukavuga ibintu mu buryo buhuje n’ingingo ngenderwako za Bibiliya. (Matayo 10:18-20; Yohana 14:26; Ivyakozwe 4:5-8, 13, 31; 15:28) Impwemu ya Yehova n’utwigoro twacu bwite bifatanije, bizotuma twererwa uko dufata ingingo zihambaye mu buzima, biduhe umutima rugabo wo gukurikiza izo ngingo twafashe. Nk’akarorero, ushobora kuba uriko urazirikana ivyo kugira ico uhindura mu buryo bwawe bwo kubaho, n’ukuntu wokwironderera umwanya urushirije w’ibintu vy’impwemu. Canke, ushobora kuba uhanganye n’amahitamwo ahambaye, ahindura ibintu mu buzima, nko guhitamwo uwo muzokwubakana, gushira ku munzane akazi ugira uhabwe, canke kugura inzu. Aho kureka ngo inyiyumvo zacu za muntu zibe ari zo zonyene ziturongora mu gufata izo ngingo, dukwiye gutega ugutwi ico impwemu y’Imana itubwira maze dukore ibijanye n’uburongozi bwayo.

19 Turashima vy’ukuri impanuro duhabwa n’Abakirisu bagenzi bacu be n’ivyo batwibutsa, babigiranye ubuntu, tutibagiye n’abakurambere. Mugabo rero, ntibikenewe ko twama turindira ko abandi baduserurira ingorane dufise. Mu gihe tuzi ingendo twokurikiza iranga ubukerebutsi hamwe n’ivyo dukeneye guhindura mu nyifato yacu no mu kuntu twigenza kugira ngo dushimishe Imana, nitubishire mu ngiro. Yezu yavuze ati: “Nimwamenya ivyo, muzoba muhiriwe ni mwabikora.”​—Yohana 13:17.

20. Ni uwuhe muhezagiro uza ku bumviriza ‘ijambo ribaturuka inyuma’?

20 Biragaragara rero ko kugira ngo Abakirisu bamenye ukuntu boshimisha Imana badakeneye kwumva ijwi nyajwi rivuye mw’ijuru, eka ntibanakeneye kugenderwa n’umumarayika. Barahezagiwe mu kuba bafise Ijambo ry’Imana ryanditswe, hamwe n’uburongozi buranga urukundo buca ku mugwi wayo w’abasizwe uri kw’isi. Baramutse bateze yompi iryo ‘jambo [ryiwe] ribaturuka inyuma’ bakongera bagakurikiza uburongozi bw’ijwi ryo mu mutima wabo ryamenyerejwe na Bibiliya, bazokwererwa mu gukora ivyo Imana igomba. Ntibazobura rero kwibonera iranguka ry’umuhango intumwa Yohani yatanze ugira uti: “Ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira.”​—1 Yohana 2:17.

Isubiramwo Rigufi

• Ni kuki Yehova amenyesha ibintu ibiremwa-bantu vyiwe?

• Dushobora gute kwungukira ku rutonde rwo gusoma Bibiliya tudahorereza?

• Dukwiye kwakira gute uburongozi butangwa n’umugwi wa wa mushumba?

• Ni kuki tudakwiye kwirengagiza ico ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya ritubwira?

[Ifoto ku rup. 24]

Umuntu ntakeneye ivyuma bihanitse kugira ngo aronke ubutumwa buva ku Mana

[Abo dukesha]

Courtesy Arecibo Observatory/​David Parker/​Science Photo Library

[Ifoto ku rup. 26]

Yehova aratuvugisha biciye kuri Bibiliya no kuri wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika