ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/4 rup. 13-18
  • Nukoreshe Ubwenge n’Ukujijura mu Kwigisha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nukoreshe Ubwenge n’Ukujijura mu Kwigisha
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nube Umuntu Atega Ugutwi Neza
  • Agaciro ko Kwigisha mu Buryo Bworoshe
  • Gukoresha Ibibazo mu Buryo Kirumara
  • Ibigereranirizo Bishika ku Mutima
  • Dusomane Ubuhinga Ivyanditswe
  • Niwigane wa Mwigisha Ahambaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • «Nta kintu yababwira adakoresheje ikigereranyo»
    “Ingo unkurikire”
  • Uburorero bwigisha
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • ‘Nta Co Yababwira Adakoresheje Ikigereranirizo’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/4 rup. 13-18

Nukoreshe Ubwenge n’Ukujijura mu Kwigisha

“Umutima w’umunyabgenge wigisha akanwa kiwe, ukungura [ukujijura] iminwa yiwe.”—IMIGANI 16:23.

1. Ni kuki kwigisha Ijambo ry’Imana atari gusa gushikiriza ivyiyumviro?

INTUMBERO yacu bwa bigisha b’Ijambo ry’Imana si iyo kumurikira gusa imizirikanyi y’abigishwa bacu ariko kandi ni iyo kumurikira imitima yabo. (Abanyefeso 1:18) Kwigisha abantu rero si ukubamenyesha ibintu gusa. Mu Migani 16:23 (NW) havuga hati: “Umutima w’umunyabgenge wigisha akanwa kiwe, ukungura [ukujijura] iminwa yiwe.”

2. (a) Kujijura bisobanura iki? (b) Bishoboka bite ko Abakirisu bose baba abigisha bazi kujijura?

2 Nta nkeka ko intumwa Paulo yashira mu ngiro iyo ngingo mu gikorwa ciwe co kwigisha. Igihe yari i Korinto, ‘yarashikiriza insiguro mw isinagogi amasabato yose, ngo ajijure Abayuda n’Abagiriki.’ (Ivyakozwe 18:4) Nk’uko umuntu umwe yabinonosoye abivuga, ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwe ngaha ngo ‘ajijure’ risobanura “gutuma umuntu ahindura ivyiyumviro biciye ku kuzirikana canke ku kurimbura ivy’inyifato runtu.” Paulo akoresheje ivyiyumviro bishwirura, yarashoboye kuvyurira abantu agatima ko guhindura uburyo nyene biyumvira. Ubuhanga yari afise bwo kujijura abandi bwari igitangaza ku buryo abansi biwe bamutinya. (Ivyakozwe 19:24-27) Ariko rero, inyigisho ya Paulo ntibwari uburyo bwo kurata ubushobozi bw’umuntu. Yabwiye Abanyakorinto ati: “Imvugo yanje n’ukwigisha kwanje ntivyarimw’amajambo y’ubgenge yo [kujijura] abantu, ariko vyaserukamwo [im]pwemu n’ubushobozi, kugira ng’ukwizera kwanyu ntiguhagarare mu bgenge bg’abantu ariko guhagarare mu bushobozi bg’Imana.” (1 Ab’i Korinto 2:4, 5) Kubera yuko Abakirisu bose baronka imfashanyo y’impwemu ya Yehova Imana, bose boshobora gucika abigisha bajijura. Ariko bobishobora gute? Reka dutereze akajisho ku buryo ngirakimazi bumwebumwe bwo kwigisha.

Nube Umuntu Atega Ugutwi Neza

3. Ni kuki umuntu akeneye kubona kure igihe yigisha abandi, kandi dushobora gute gushikira umutima w’umwigishwa wa Bibiliya?

3 Uburyo bwa mbere bwo kwigisha ntibwerekeye ivy’ukuvuga, ariko bwerekeye ivyo gutega ugutwi. Nk’uko twabibonye mu Migani 16:23, kugira ngo tube abashoboye kujijura abandi, dukwiye kuba tubona kure. Nta gukeka ko ku biraba abantu yigisha, Yezu yabona kure. Muri Yohana 2:25 havuga hati: “Ubgiwe yar’azi ibiri mu muntu.” Ariko dushobora dute kumenya ibiri mu mitima y’abo twigisha? Uburyo bumwe bushobora gutuma umuntu abimenya ni mu kuba atega ugutwi neza. Muri Yakobo 1:19 havuga hati: “Umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga.” Ni vyo, si abantu bose boroherwa no guserura iryo bagona. Uko abigishwa bacu ba Bibiliya bagenda bajijuka ko tubitwararika bivuye ku mutima, kumbure barashobora kurushiriza kuza baraserura uko biyumva vy’ukuri. Ibibazo bibazanywe ubwitonzi ariko biranga ubukerebutsi birashobora kenshi kudufasha gushikira umutima no ‘kuvoma’ bene ivyo vyiyumviro.—Imigani 20:5.

4. Ni kuki abakurambere b’Abakirisu bategerezwa kuba abantu batega ugutwi neza?

4 Ni ngirakamaro canecane ko abakurambere b’Abakirisu baba abatega ugutwi neza. Ni muri ico gihe gusa vy’ukuri “[bamenya] ingene [ba]kwiye kwishura umuntu wese.” (Ab’i Kolosayi 4:6) Mu Migani 18:13 habura hati: “Ūwishura atarumva bimubera ubupfu n’agatētereza.” Igihe kimwe, abavukanyi babiri, babigiranye imigabo myiza, barahaye umuvukanyikazi umwe impanuro ku vyerekeye ivy’isi kubera yuko hari amakoraniro amwamwe yari yarasivye. Uwo muvukanyikazi yarababajwe cane n’uko batamubajije igituma ataje. Yariko aratora mitende kubera ko baheruka kumubaga. Ese rero ukuntu ari ngirakamaro ko dutega ugutwi imbere yo gutanga impanuro!

5. Abakurambere bashobora gutatura gute amatati yadutse mu bavukanyi?

5 Ku bakurambere, kenshi kwigisha biba birimwo guha abandi impanuro. N’aho nyene ni ngirakamaro ko baba abatega ugutwi neza. Gutega ugutwi bikenerwa canecane igihe amatati yadutse hagati y’Umukirisu n’uwundi basangiye ukwemera. Abakurambere bamaze gutega ugutwi ni ho gusa bashobora kwigana ‘Data aca izitarenganya.’ (1 Petero 1:17) Kenshi muri ivyo bihe imitwe irashuha, bikaba vyoba vyiza umukurambere agumije mu muzirikanyi impanuro yo mu Migani 18:17 igira iti: “Ūbanza kwitwara, umengo ni we afise urubanza, arik’uwo babūrana yaza akamwararaza.” Umwigisha kirumara abumviriza bompi. Atuye isengesho, aba afashije abo bantu guturura. (Yakobo 3:18) Imitwe iramutse ishushe, ashobora gusaba yuko umuvukanyi wese amushikiriza imyitwarariko yiwe, aho kubona abo babiri baterana imirarwe. Uwo mukurambere akoresheje utubazo tubereye arashobora gutomora izo ngorane bicariye. Kenshi, ikintu usanga gitera amatati si umutima mubi, ni ukudaseruranira neza akari ku mutima. Mugabo, igihe ingingo za Bibiliya zarenzwe, ico gihe umwigisha munyarukundo arashobora gutanga inyigisho mu buryo bugaragaza ko ari umunyabwenge, kubera aba yumvirije impande zose.

Agaciro ko Kwigisha mu Buryo Bworoshe

6. Paulo na Yezu batanze akarorero gute mu vy’ukwigisha mu buryo bworoshe?

6 Kuguma umuntu yorosha ibintu ni ubundi buhinga bwo kwigisha bufise agaciro. Ego niko, dushaka ko abigishwa ba Bibiliya bacika “[abashobora gutegerera] hamwe n’aberanda uko ubwaguke n’uburebure n’ubwira n’ubwimbike [bw’ukuri] bungana.” (Abanyefeso 3:18, UB) Hariho imice y’inyigisho za Bibiliya ishimishije cane kandi usanga kenshi itoroshe. (Abaroma 11:33) Ariko rero, igihe Paulo yamamaza inkuru nziza ku Bagiriki, yashimitse ku butumwa bworoshe bwerekeye ‘Kirisitu yamanitswe.’ (1 Ab’i Korinto 2:1, 2) Yezu na we nyene yamamaje inkuru nziza mu buryo butomoye, bukwegera. Muri ya Nsiguro yo ku Musozi yashikiriza, yakoresheje amajambo yoroshe itahura. Yamara rero, harimwo amajambo y’ukuri kwimbitse kuruta ayigeze gushikirizwa yose.—Matayo, ikigabane ca 5-7.

7. Dushobora gute kworosha ibintu igihe turiko turarongora inyigisho za Bibiliya?

7 Na twebwe turashobora kuguma tworosha ibintu nk’ukwo nyene iyo twigisha mu bihe vy’inyigisho za Bibiliya. Gute? Mu gushinga ijisho ku “bintu bihambaye kuruta.” (Ab’i Filipi 1:10, NW) Igihe turiko turihweza ibiganiro bigoye gutahura, dukwiye kugerageza kubishikiriza mu mvugo itomoye. Dukwiye kwitunira ku vyanditswe nyamukuru, aho kugerageza gusoma no kuyaga ku vyanditswe vyose vya Bibiliya vyavuzwe mu gisohokayandikiro. Ivyo bisaba ko twitegura neza. Birakenewe ko twirinda kuremereza umwigishwa ivyiyumviro vyinshi, ntitureke ngo ibibazo bihambaye buhoro bidukure ku ntumbero yacu. Igihe umwigishwa afise ikibazo kitajanye neza na neza n’ico cigwa, turashobora gusaba n’ubugenge yuko cokwihwezwa ico cigwa kirangiye.

Gukoresha Ibibazo mu Buryo Kirumara

8. Yezu yakoresheje gute ibibazo mu buryo kirumara?

8 Ubundi buhinga ngirakimazi bw’ukwigisha burimwo kubaza ibibazo kirumara. Yezu Kirisitu yarakoresha cane ibibazo mu kwigisha kwiwe. Nk’akarorero, Yezu yarabajije Petero ati: “Ugira ngw iki ga Simoni? Abami bo mw isi babugurisha canke batoza abahe? N’ababo canke n’abandi? Aramwishura, ati N’abandi. Yesu aramubgira, ati Noneh’ababo baracuna.” (Matayo 17:24-26) Kubera ko Yezu yari Umwana w’ikinege w’Umwe yasengerwa ku rusengero, vy’ukuri ntiyari akwiye gutanga ikori ry’urusengero. Mugabo Yezu yashikirije ukwo kuri akoresheje ibibazo mu buryo kirumara. Gutyo Yezu yarafashije Petero gushika ku ciyumviro kibereye gishingiye ku bintu asanzwe azi.

9. Twokoresha gute ibibazo mu gihe c’inyigisho za Bibiliya?

9 Turashobora gukoresha neza utubazo mu gihe c’inyigisho za Bibiliya. Igihe umwigishwa atanze inyishu itari yo, kumubwira iy’ukuri birashobora kuba bihimbaye, ariko ivyo umubwiye yoba vy’ukuri aca abifata nka nkama? Kenshi usanga ari vyiza kuruta ugerageje kuyobora uwo mwigishwa kugira ashike ku ciyumviro c’ukuri mu kumubaza ibibazo. Nk’akarorero, niba afise ingorane yo gutahura igituma akwiye gukoresha izina ry’Imana, turashobora kumubaza duti: ‘Izina ryawe woba ubona ko rihambaye kuri wewe? . . . Kuki? . . . Wokwumva umerewe gute mu gihe hari umuntu yanse gukoresha izina ryawe? . . . None ntivyumvikana kuba Imana isaba yuko dukoresha izina ryayo ry’uruharo?’

10. Abakurambere bokoresha gute ibibazo igihe bafasha abantu bakomerekejwe mu mutima?

10 Abakurambere barashobora na bo nyene gukoresha neza utubazo mu gihe co kuragira ubusho. Abenshi mw’ishengero barakomerekejwe bongera baracumukuzwa mu mutima n’isi ya Shetani, kandi boshobora kwumva ko bahumanye n’uko batokundwa. Umukurambere yoshobora kuzirikana n’umuntu nk’uwo mu kuvuga ati: ‘Naho uvuga yuko wiyumvamwo ko uhumanye, Yehova yoba akwiyumvirako iki? Niba Data wa twese wo mw’ijuru munyarukundo yararetse Umwana wiwe akagupfira kandi akagutangira incungu, ivyo none ntibisobanura ko Imana igukunda?’—Yohana 3:16.

11. Ibibazo vyo gufasha abantu kuzirikana bibazwa ngo bishike ku ki, kandi bishobora gukoreshwa gute mu gihe co gushikiriza insiguro ku mugaragaro?

11 Utubazo two gufasha abantu kuzirikana ni ubundi buryo ngirakimazi bwo kwigisha. Abumviriji ntibasabwa kwishura kuri ivyo bibazo n’ijwi ryumvikana, mugabo muri ubwo buryo baba bafashijwe kuzirikana ku bintu. Abahanuzi ba kera kenshi barabaza ibibazo nk’ivyo kugira ngo batume ababateze amatwi bashika kure mu kwiyumvira. (Yeremiya 18:14, 15) Yezu yarakoresheje mu buryo kirumara ibibazo bifasha abantu kuzirikana. (Matayo 11:7-11) Ibibazo nk’ivyo ni kirumara canecane mu gushikiriza insiguro ku mugaragaro. Aho kubwira gusa abumviriza yuko bakwiye gukora n’ubugingo bwabo bwose kugira ngo bashimishe Yehova, vyoba kirumara kuruta umuntu abajije ati: ‘Mu gihe vy’ukuri umurimo wacu tutawurangura n’ubugingo bwacu bwose, Yehova vyomushimisha none?’

12. Kubaza ibibazo kugira ngo umuntu aserure iryo agona bifise akahe gaciro?

12 Ibibazo bituma umuntu aserura iryo agona ni ngirakimazi mu vy’ukuraba niba koko umwigishwa wa Bibiliya yemera ivyo ariko ariga. (Matayo 16:13-16) Umwigishwa arashobora kwishura neza yuko ugusambana ari bibi. Mugabo, ni kuki utobikurikizako ibibazo nk’ibi: Wewe ubwawe wibaza iki ku vyerekeye ingingo ngenderwako y’Imana y’ivy’ukwigenza runtu? Woba wumva ari nk’aho ikuzitira birenze urugero? Woba wovuga yuko ukurikiye canke ntukurikire ingingo ngenderwako z’Imana ataco bivuze?

Ibigereranirizo Bishika ku Mutima

13, 14. (a) Gutanga ikigereranirizo c’ikintu kanaka bisobanura iki? (b) Ni kuki ibigereranirizo vyiza ari kirumara?

13 Ubundi buryo bwo gushika ku mutima abatwumviriza be n’abigishwa ba Bibiliya ni ugukoresha ibigereranirizo kirumara. Imvugo y’Ikigiriki yahinduwe ngo “ikigereranirizo,” ijambo ku rindi isobanura ngo “gushira ikintu hampande y’ikindi canke gushira ibintu hamwe.” Igihe ushikiriza ikigereranirizo, uba uriko urasigura ikintu mu “kugishira hampande” y’ikindi bisa. Nk’akarorero, Yezu yabajije ati: “Ubgami bg’Imana tubushushanye n’iki? Canke tubusobanurishe umugani ki?” Mu kwishura, Yezu yavuze ivy’akabuto ka sinapi kari kazwi cane.—Mariko 4:30-32.

14 Abahanuzi b’Imana barakoresheje ibigereranirizo vyinshi bikomeye. Igihe Abanyasiriya, abari bakoreshejwe n’Imana mu guhana Abisirayeli, batangura kugira ibintu biranga ubunyamaswa, Yesaya yarashize ku kabarore ubwibone bwabo mu gutanga iki kigereranirizo: “Mbeg’incabiti yokwirata k’ūrikw arayisatuza? Cank’umusumeno wokwihayagiza k’ūrikw arawukereza?” (Yesaya 10:15) Na Yezu nyene igihe yaba ariko arigisha abandi, yarakoresha cane ibigereranirizo. Bivugwa yuko “atabaciriye umugani [a]ta co yababgira.” (Mariko 4:34) Ibigereranirizo vyiza ni kirumara kubera yuko bituma umuzirikanyi n’umutima vyompi bikora. Bituma abumviriji biborohera kwiyinjizamwo ibintu bishasha bumvise mu kubigereranya n’ikintu bari basanzwe bazi neza.

15, 16. Ni ibiki bizotuma ibigereranirizo birushiriza kuba kirumara? Tanga uturorero.

15 Dushobora gute gukoresha ibigereranirizo bishika abantu ku mutima vy’ukuri? Ubwa mbere na mbere, ikigereranirizo gitegerezwa kugira isano ryumvikana gifitaniye n’ikintu kiriko kirasigurwa. Mu gihe iryo gereranya ridakwiriye vy’ukuri, ico kigereranirizo kizotuma abumviriza batakara aho kubamurikira. Igihe kimwe, hari umushikirizansiguro yashikirije n’umutima mwiza ivy’ukuntu amasigarira y’abasizwe yumvira Yezu Kirisitu mu kubagereranya n’imbwa yo mu rugo yumvira shebuja. Ariko, wumva vy’ukuri iryo gereranya ry’agakengereza ribereye? Bibiliya ishikiriza ico ciyumviro nyene mu buryo bukwegera kuruta kandi buranga icubahiro. Igereranya abayoboke ba Yezu basizwe 144 000 n’ “umugeni ashari[ri]zwa umugabo wiwe.”—Ivyahishuriwe 21:2.

16 Ibigereranirizo birushiriza kuba kirumara igihe biba bijanye n’ubuzima bw’abantu. Ikigereranirizo Natani yatanze cerekeye akagazi kabazwe carakoze ku mutima Umwami Dawidi kubera ko yakunda intama, akaba mu buto bwiwe yari umwungere w’intama. (1 Samweli 16:11-13; 2 Samweli 12:1-7) Iyo ico kigereranirizo kiba kivuga impfizi, nticari gushobora na gato kuba kirumara gutyo. Mu buryo nk’ubwo nyene, ibigereranirizo bishingiye ku bintu vyerekeye siyansi canke ku bintu vyabaye muri kahise abatwumviriza batazi namba, birashobora kuba ata co bivuze kinini kuri bo. Yezu yakura ibigereranirizo vyiwe mu bintu vyo mu buzima bwa misi yose. Yavuze ibintu vyari bizwi na bose nk’itara, inyoni zo mu kirere, n’amashurwe yo mw’ishamba. (Matayo 5:15, 16; 6:26, 28) Vyari vyoroshe ko abumviriza Yezu bakiriza yompi ivyo bintu.

17. (a) Ibigereranirizo dutanga dukwiye kubishingira ku biki? (b) Dushobora gute gutanga ibigereranirizo bikoreshwa mu bisohokayandikiro vyacu mu buryo buhuye n’uko ivy’abigishwa bacu vyifashe?

17 Mu gikenurwa cacu, turafise uturyo twinshi two gukoresha ibigereranirizo vyoroshe ariko usanga ari kirumara. Nube umuntu azi kwihweza. (Ivyakozwe 17:22, 23) Kumbure ikigereranirizo kirashobora kuba gishingiye ku bana b’uwo akwumviriza, ku nzu yiwe, ku kazi akora, canke ku kuntu akunda kwisamaza. Cabure turashobora gukoresha ivyo tuzi ku mwigishwa wa Bibiliya kugira turyohore ibigereranirizo bisanzwe vyaratanzwe mu mayagwa twahawe yo kwiga. Fata nk’akarorero, ca kigereranirizo kirumara cakoreshejwe mu ngingo ya 14 y’ikigabane c’8 mu gitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira. Kivuga ivy’umuvyeyi munyarukundo yambikwa ibara n’umubanyi. Turashobora kwiyumvira neza ukuntu twoshobora gushikiriza ico kigereranirizo mu buryo buhuye n’uko ivy’umwigishwa wa Bibiliya w’umuvyeyi vyifashe.

Dusomane Ubuhinga Ivyanditswe

18. Ni kuki dukwiye kwihata gusoma tutadidinganya?

18 Paulo yahimirije Timoteyo ati: “Wame ugira umwete wo gusomera abantu no kubahanūra no kubigisha.” (1 Timoteyo 4:13) Kubera ko Bibiliya ari ryo shingiro ry’inyigisho twigisha, ni ngirakamaro ko tuba abashoboye kuyisoma tutadidinganya. Abalewi bari bafise agateka ko gusomera igisata c’Imana Ivyagezwe vya Musa. Boba baratsitagurika muri ukwo gusoma canke ntibasomane igishika? Oya, muri Nehemiya 8:8, Bibiliya ivuga iti: “Babasomera mu gitabo c’ivyagezwe vy’Imana mu buryo bgumvikana, barabibasobanurira kugira ngo batahure ivyo basomewe.”

19. Dushobora gute kuryohora ukuntu dusoma Ivyanditswe?

19 Abagabo b’Abakirisu bamwebamwe bazi gushikiriza neza insiguro ivy’ugusoma usanga bibagora. Bashobora kubiryohora gute? Mu kwimenyereza. Ni vyo, mu gusoma n’ijwi ryumvikana bisubiriza gushika aho bashobora kubigira bitabagora. Niba hariho amakaseti yo kwumviriza ubusomyi bwa Bibiliya mu rurimi rwanyu, vyoba biranga ubukerebutsi uteze ugutwi ukuntu umusomyi yatura n’ukuntu ahindagura ijwi, ukongera ukumviriza ukuntu amazina n’amajambo atamenyerewe asomwa. Abafise Bibiliya Traduction du monde nouveau mu rurimi rwabo barashobora na bo nyene kwungukira ku mfashanyo iyo Bibiliya itanga mu vy’ukwatura amajambo. Umuntu yimenyereje, n’amazina nka Maheri-shalali-hashi-bazi arashobora kuyasoma bitamugoye cane.—Yesaya 8:1.

20. Dushobora gute ‘kwirinda ku vyo twigisha’?

20 Kubera turi abasavyi ba Yehova, ese agateka dufise ko gukoreshwa bwa bigisha! Umwe wese muri twebwe rero ntafate minenerwe iryo banga. ‘Nitwame twirinda ubwacu no ku vyo twigisha.’ (1 Timoteyo 4:16) Turashobora kuba abigisha beza mu kuba abatega ugutwi neza, mu kuguma tworosha ibintu no mu kubaza ibibazo biranga ubwenge, mu gukoresha ibigereranirizo kirumara, no mu gusomana ubuhanga ivyanditswe. Ese twese twokwungukira ku kumenyerezwa na Yehova biciye kw’ishirahamwe ryiwe, kuko ivyo bishobora kudufasha kugira “ururimi rw’abigishwa.” (Yesaya 50:4) Tutagishije igikoresho na kimwe turonswa ku bw’igikenurwa cacu, dushizemwo udutabu, amakaseti yo kwumviriza hamwe n’amakaseti videwo, turashobora kwiga ukuntu twokwigisha abandi n’ubwenge kandi tukajijura.

Woba Uvyibuka?

◻ Tubaye abatega ugutwi neza bidufasha gute mu kwigisha kwacu?

◻ Dushobora gute kwigana Paulo na Yezu mu vy’ukwigisha mu buryo bworoshe?

◻ Ni ibibazo bwoko ki dushobora gukoresha igihe twigisha abandi?

◻ Ni ibigereranirizo bwoko ki usanga ari kirumara kuruta?

◻ Dushobora gute kuryohora ubuhinga bwacu bwo gusomera ku mugaragaro?

[Ifoto ku rup. 15]

Umwigisha mwiza aratega ugutwi kugira ngo ashobore kwunguka ubwenge

[Ifoto ku rup. 16]

Ibigereranirizo Yezu yatanga yabikura mu bintu vyo mu buzima bwa misi yose

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika