Niwame Wirinda ku vyo Wigisha
“Wirinde ubgawe no ku vyo wigisha. Wame ushishikara ivyo, kuko ni wagira urtyo uzokwikizanya n’abakwumviriza.”—1 TIMOTEYO 4:16.
1, 2. Ni kuki abigisha b’abanyamwete bakenewe vyihutirwa muri iki gihe?
“NI MUGENDE . . . , muhindure [abantu bo mu] mahanga yose abigishwa, . . . mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose.” (Matayo 28:19, 20) Dufatiye kuri iryo bwirizwa rya Yezu Kirisitu, Abakirisu bose bakwiye kwihata gucika abigisha. Abigisha b’abanyamwete barakenewe kugira ngo bafashe ab’imitima nzirabugunge bashike ku kumenya Imana hatararengerana. (Yohana 17:3; Abaroma 13:11) Intumwa Paulo yahimirije ati: “Menyesha Ijambo, shimika mu gihe gikwiye no mu kidakwiye.” Ivyo bisaba kwigisha mw’ishengero no hanze y’ishengero. Mu vy’ukuri, ibwirizwa ryo kwamamaza inkuru nziza ubwaryo ntiririmwo gusa ivy’ukumenyesha ubutumwa bw’Imana. Ukwigisha mu buryo kirumara kurakenewe niba dushaka ko abashimishijwe bacika abigishwa.
2 Tubayeho mu “bihe bigoye.” (2 Timoteyo 3:1) Abantu barashizwemwo filozofiya zo mw’isi be n’inyigisho z’ikinyoma. Benshi “ivyiyumviro vyabo biri mu mwiza” kandi ‘nta co bacibanga,’ (Ubwuzure Bushasha). (Abanyefeso 4:18, 19) Hari abafise imibabaro ikomeye ku mutima. Ni vyo, abantu vy’ukuri “ba[ra]gowe, basābagiye nk’intama zitagira umwungere.” (Matayo 9:36) Ariko rero, mu gukoresha ubuhinga bwo kwigisha turashobora gufasha ab’imitima nzirabugunge kugira bahindure ibikeneye guhinduka.
Abigisha mw’Ishengero
3. (a) Ibwirizwa Yezu yatanze ryo kwigisha ririmwo n’iki? (b) Ni bande ubwa mbere na mbere bajejwe ibanga ryo kwigisha mw’ishengero?
3 Biciye ku ndinganizo yo kurongora inyigisho za Bibiliya mu mihana, abantu amamiliyoni barigishwa umwe wese ukwiwe. Mugabo abashasha bamaze kubatizwa, barakenera iyindi mfashanyo kugira ngo ‘bashinge imizi bongere batsimbatarire ku mushinge.’ (Abanyefeso 3:17) Uko turangura ibwirizwa Yezu yatanze ryanditse muri Matayo 28:19, 20 tukongera tukayobora abashasha kw’ishirahamwe rya Yehova, barungukira ku kwigishirizwa mw’ishengero ubwaryo. Nk’uko bivugwa mu Banyefeso 4:11-13 (NW), hari abagabo bagenywe kugira bakore ‘nk’abungere n’abigisha: kugira ngo abera babone kubogorwa, baheze bakore igikorwa co gukenurira abandi, bubake umubiri wa Kirisitu.’ Rimwe na rimwe, mu buhinga bwabo bwo kwigisha usanga hakenewe ‘guhanura, kwihaniza, kuremesha mu kwitonda no ku kwigisha uko bishoboka.’ (2 Timoteyo 4:2, UB) Igikorwa c’abigisha cari gihambaye cane ku buryo Paulo mu kwandikira Abanyakorinto, havuye intumwa n’abahanuzi yaciye avuga abigisha.—1 Ab’i Korinto 12:28.
4. Ubushobozi bwo kwigisha budufasha gute kugamburuka ivyo Paulo yaduhimirije gukora vyanditse mu Baheburayo 10:24, 25?
4 Ni vyo, si Abakirisu bose usanga ari abakurambere canke abacungezi. Naho ari ukwo, bose bararemeshwa kwohererezanya ku “gukundana [no ku] bikorwa vyiza.” (Abaheburayo 10:24, 25) Gukora ivyo ku makoraniro, harimwo gutanga inyishu ziteguwe neza, zivuye ku mutima zishobora kwubaka abandi no kubaremesha. Abamamaji bw’Ubwami b’inararibonye na bo nyene barashobora ‘kwoherereza abandi ku bikorwa vyiza’ mu gufashisha abashasha ivyo bazi be n’utuntu n’utundi babonye, igihe baba bariko barakorana mu gikenurwa co mu ndimiro. Muri ivyo bihe no mu gihe akaryo kabonetse hose, inyigisho y’agaciro irashobora gushikirizwa. Nk’akarorero, abakenyezi bahumuye bahimirizwa kuba “[a]bigisha ivyiza.”—Tito 2:3.
Barizezwa
5, 6. (a) Ubukirisu bw’ukuri butandukaniye he n’ugusenga kw’ikinyoma? (b) Abakurambere bafasha gute abashasha gufata ingingo ziranga ubukerebutsi?
5 Gutyo Ubukirisu nyakuri buratandukanye cane n’amadini y’ikinyoma, menshi muri yo akaba arondera kwifatira ivyiyumviro vy’abanywanyi bayo. Igihe Yezu yari kw’isi, indongozi z’idini zarondera kugenzura imice nka yose y’ubuzima bw’abantu zikoresheje imigenzo ikandamiza yashinzwe n’abantu. (Luka 11:46) Kenshi indongozi z’amadini y’Abitwa Abakirisu ni ko na zo nyene zihora zibigenza.
6 Ariko rero ugusenga kw’ukuri ni “umurimo mweranda” turangurana ‘ububasha [bwacu] bwo kuzirikana.’ (Abaroma 12:1, NW) Abasavyi ba Yehova ‘barizezwa.’ (2 Timoteyo 3:14) Rimwe na rimwe, abaja imbere abandi barashobora gukenera gushinga inyobozo zimwezimwe n’ukuntu ibintu bimwebimwe bikwiye kugirwa kugira ngo ishengero rikore neza. Ariko rero, aho kurondera gufatira ingingo Abakirisu bagenzi babo, abakurambere barabigisha “gutandukanya ikibi n’iciza.” (Abaheburayo 5:14) Ubwa mbere na mbere ivyo abakurambere babigira mu kugaburira ishengero “[a]majambo y’ukwizera n’ay’inyigisho nziza.”—1 Timoteyo 4:6.
Kwirinda ku vyo Wigisha
7, 8. (a) Abantu bafise ubuhanga bubayabaye bashobora gute gukora bwa bigisha? (b) Ni igiki cerekana yuko umuntu ubwiwe akeneye kugira akigoro kugira ngo acike umwigisha kirumara?
7 Reka ariko tugaruke kuri ca gikorwa cacu co kwigisha cashingwa bose. Kugira ngo umuntu agire uruhara muri ico gikorwa, vyoba bisaba ko agira ubuhanga budasanzwe, ko aba yarize amashure manaka, canke ko agira ububangukirwe bunaka? Si ngombwa. Ahanini, ico gikorwa co kwigisha gikorwa kw’isi yose kiriko kirarangurwa n’abantu basanzwe, bafise ubuhanga bubayabaye. (1 Ab’i Korinto 1:26-29) Paulo asigura ati: “Dufise ubgo butunzi [ca gikenurwa] mu nzavya z’ibumba [imibiri y’agasembwa], ng’ubushobozi buhebuje bube ubg’Imana, butavuye kuri twebge.” (2 Ab’i Korinto 4:7) Ukwererwa guhambaye kw’igikorwa co kwamamaza inkuru nziza gikorerwa kw’isi yose ni ikimenyamenya c’ububasha bw’impwemu ya Yehova!
8 Ariko rero, bisaba ko umuntu ashira hamwe utwigoro twiwe bwite kugira ngo abe “umukozi atarinda gutētērwa, aramiriza neza mw ijambo ry’ukuri.” (2 Timoteyo 2:15) Paulo yahimirije Timoteyo ati: “Wirinde ubgawe no ku vyo wigisha. Wame ushishikara ivyo, kuko ni wagira urtyo uzokwikizanya n’abakwumva.” (1 Timoteyo 4:16) Haba mw’ishengero canke hanze yaryo, umuntu yirinda mu vyo yigisha gute? Kugira ivyo vyoba bisaba ko vyanse bikunze umuntu agira ubuhanga bunaka canke akamenya uburyo bunaka bwo kwigisha?
9. Ni igiki gihambaye kuruta ubuhanga umuntu yoba afise?
9 Nta nkeka ko muri ya Nsiguro rurangiranwa yo ku Musozi Yezu yashikiriza yagaragaje ko yari azi bimwe bidasanzwe uburyo bwo kwigisha. Igihe yarangiza kuvuga, ‘ishengero ryaratangajwe n’uburyo bwiwe bwo kwigisha.’ (Matayo 7:28) Birumvikana ko ata n’umwe muri twebwe ashobora kwigisha nk’uko Yezu yigisha. Ariko rero, kugira ngo tube abigisha kirumara ntibikenewe ko tuba imvuzi karuhariwe. Kanatsinda, nk’uko muri Yobu 12:7 habivuga, n’ ‘ibitungwa’ be n’ “inyoni zo mu kirere” birashobora kwigisha mu gacerere! Turetse ukubangukirwa canke ubuhanga dushobora kuba dufise, ikindi gihambaye cane ni ‘abantu’ turi—ni ukuvuga kamere dufise be n’ingeso zo mu buryo bw’impwemu twatsimbataje abigishwa bashobora kwigana.—2 Petero 3:11; Luka 6:40.
Abigishwa b’Ijambo ry’Imana
10. Yezu yatanze gute akarorero keza mu vy’ukuba umwigishwa w’Ijambo ry’Imana?
10 Umwigisha kirumara w’ukuri kwo mu Vyanditswe ategerezwa kuba ari umutohoji w’Ijambo ry’Imana. (Abaroma 2:21) Yezu Kirisitu yaratanze akarorero kadasanzwe muri ivyo. Mu gihe c’igikenurwa ciwe, ivyiyumviro Yezu yakoresheje canke yaseruye vyari bijanye n’imirongo ivuye nko mu ca kabiri c’ibitabu vyo mu Vyanditswe vy’Igiheburayo.a Ukwo kuba yari amenyereye Ijambo ry’Imana vyagaragaye igihe yari afise imyaka 12, igihe bamusanga “yicaye mu bigisha hagati, abumva, kand’ababaza.” (Luka 2:46) Ageze mu bigero, Yezu yarakunda kuja mw’isinagogi, aho Ijambo ry’Imana ryasomerwa.—Luka 4:16.
11. Ni utumenyero two kwiga neza utuhe umwigisha akwiye gutsimbataza?
11 Woba uri umusomyi abishashaye w’Ijambo ry’Imana? Kwimba muri ryo ni vyo bizotuma “[u]tahura ukwubaha Uhoraho ukw ari kwo, ukaronka ukumenya Imana.” (Imigani 2:4, 5) Tsimbataza rero utumenyero two kwiga neza. Gerageza kuza urasoma imisi yose igihimba c’Ijambo ry’Imana. (Zaburi 1:2) Nugire akamenyero ko gusoma inomero yose y’Umunara w’Inderetsi n’iya Réveillez-vous! ukibironka. Za uratega yompi ku makoraniro y’ishengero. Niwige kugira ubushakashatsi witonze. Wize “gukurikiranya [ibintu] vyose neza,” urashobora kwirinda kurenza urugero no gushikiriza ibitari vyo igihe wigisha.—Luka 1:3.
Gukunda no Kwubaha Abariko Barigishwa
12. Yezu yafata gute abigishwa biwe?
12 Iyindi kamere ihambaye ni inyifato ibereye ugaragariza abo wigisha. Abafarizayo barasuzugura abatega amatwi Yezu. Bavuga bati: “Abo bantu batazi ivyagezwe n’ibivume.” (Yohana 7:49) Ariko Yezu yarakunda akongera akubaha abigishwa biwe bimwe bivuye ku mutima. Yavuze ati: “Sinkibita abashumba, kuk’umushumba atamenya ico shebuja akora; ariko mweho nabise abakunzi, kukw ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje.” (Yohana 15:15) Ivyo vyerekanye ukuntu abigishwa ba Yezu bakwiye kubandanya bakora umurimo wabo wo kwigisha.
13. Paulo yiyumva gute ku bo yigisha?
13 Nk’akarorero, imigenderanire Paulo yari afitaniye n’abigishwa biwe ntiyari iyibuzemwo igishika, nk’imwe abantu bagiranira ku kazi. Yabwiye Abanyakorinto ati: “Naho mufise muri Kristo ababarera ibihumbi cumi, ntimufise ba so benshi, kukw ari jewe nabavyaje ubutumwa bgiza muri Kristo Yesu.” (1 Ab’i Korinto 4:15) Rimwe na rimwe, Paulo yaranakorora amosozi igihe yaba ariko arahanura abo yigisha! (Ivyakozwe 20:31) Yaragaragaje kandi ukwihangana n’umutima mwiza mu buryo budasanzwe. Ni co gituma yashoboye kubwira Abanyatesalonike ati: “Twaritonda hagati muri mwebge, nk’uk’umurezi abungabunga abana biwe.”—1 Ab’i Tesalonike 2:7.
14. Ni kuki kwitwararika abo twigisha Bibiliya umwe wese ukwiwe ari ikintu gihambaye? Tanga akarorero.
14 Woba wigana Yezu na Paulo? Urukundo ruzira uburyarya dufitiye abigishwa bacu rurashobora gutuma aho twoba dufise ingorane mu vy’ubuhanga dusanganywe hatungana. Abigishwa bacu ba Bibiliya boba biyumvamwo ko tubitwararika umwumwe ukwiwe bivuye ku mutima? Twoba dufata umwanya wo kurondera kubamenya? Igihe umukenyezi umwe w’Umukirisu yari afise ingorane zo gufasha umwigishwa gutera imbere mu vy’impwemu, yaramubajije n’umutima mwiza ati: “Hoba hari ikiguhagaritse umutima?” Uwo mukenyezi yaratanguye kurundumura umutima wiwe, adondagura ibintu injojo vyari bimuraje ishinga n’imyitwarariko myinshi yari afise. Ico kiganiro kiranga urukundo ni co kintu catumye haba ihinduka rikomeye kuri uwo mukenyezi. Muri ivyo bihe, ivyiyumviro n’amajambo yo guhumuriza no kuremesha bivuye mu Vyanditswe birakwiriye. (Abaroma 15:4) Ariko uriyubara: Umwigishwa wa Bibiliya arashobora kuba atera imbere ningoga, ariko kumbure akaba agifise inzira zimwezimwe zitaranga Ubukirisu ategerezwa gutsinda. Ntivyoba rero biranga ubukerebutsi twifatanije na we mu buryo butabereye mu vy’ugufata akayaga. Imipaka ibereye y’Abakirisu ntikwiye kurengwa.—1 Ab’i Korinto 15:33.
15. Dushobora gute kwerekana ko twubaha abo twigisha Bibiliya?
15 Kwubaha abigishwa bacu birimwo no kutagerageza gukontorora ubuzima bwabo bwite. (1 Ab’i Tesalonike 4:11) Nk’akarorero, turashobora kuba twigana n’umugore abana n’umugabo batarabirana. Kumbure baravyaranye abana. Kubera ko uwo mugore amaze kugira ubumenyi nyakuri bw’Imana, ashaka gushira ibintu mu buryo na Yehova. (Abaheburayo 13:4) Yoba akwiye kwabirana n’uwo mugabo canke gutandukana na we? Kumbure twiyumvira yuko hamwe uwo mukenyezi yokwabirana n’uwo mugabo ashimishwa buhoro n’ivy’impwemu canke bitanamushimisha na gato, vyohava bitangira iterambere ryiwe muri kazoza. Ku rundi ruhande, hari aho twotinya ko abana biwe bamererwa nabi, maze tukiyumvira yuko vyoba vyiza yabiranye na we. Uko ibintu vyoba vyifashe kwose, twisutse mu buzima bw’umwigishwa hanyuma tukagerageza kumuhatira ku kuntu tubona ibintu kuri ivyo bibazo, ntivyoba biranga icubahiro n’urukundo. Nakare ni we ategerezwa kuzoshikirwa n’ingaruka z’iyo ngingo azoba afashe. None ga yemwe ntivyoba vyiza gusumba tumenyereje umwigishwa nk’uwo gukoresha “ububasha bwo kuzirikana” bwiwe bwite, maze akifatira ingingo y’ico akwiye gukora?—Abaheburayo 5:14, NW.
16. Abakurambere bashobora gute kwerekana ko bakunda kandi bakubaha ubusho bw’Imana?
16 Ni ngirakamaro canecane ku bakurambere b’ishengero ko bafatana urukundo n’icubahiro ubusho. Igihe Paulo yandikira Filemoni, yavuze ati: “Naho mfise ubushizi bg’amanga bgose muri Kristo bgo kukugerakw ibikwiye, mpisemwo kukwinginga kubg’urukundo.” (Filemoni 8, 9) Rimwe na rimwe, mw’ishengero harashobora kwaduka ibintu bitesha umutwe. Igitsure kirashobora kuba mbere gikenewe. Paulo yahimirije Tito ‘kuguma ahana cane [abahuvye], kugira ngo babe abahangaye mu kwizera.’ (Tito 1:13) Naho ari ukwo, abacungezi bakwiye kwiyubara ntibigere babwira ishengero amajambo ataranga ubuntu. Paulo yanditse ati: “Ntibibereye noneho ko umusuku wa Kristu yotongana, ariko arategerezwa kwuzura na bose, [kuba ashoboye] kwigisha, kwiyumanganya mu bimugora.”—2 Timoteyo 2:24, UB; Zaburi 141:3.
17. Musa yakoze irihe kosa, kandi abakurambere bashobora kuryigirako iki?
17 Abacungezi bategerezwa kwama bibuka yuko bariko bakorana n’ “ubusho bg’Imana.” (1 Petero 5:2, ni twe duhiritse izo ndome.) Naho Musa yari umuntu yicisha bugufi, mu gihe gito yaratakaje ukubona ibintu gutyo. Abisirayeli “baratuntuje umutima wiwe maze atangura kuvugisha nabi akanwa kiwe.” (Zaburi 106:33, NW) Imana yarababajwe cane n’ukwo gufata nabi ubusho bwayo, naho nyene batari babuze ico bobazwa. (Guharūra 20:2-12) Igihe abakurambere bahanganye n’ingorane nk’izo muri iki gihe, bakwiye kwihatira kwigisha no kubwiriza mu buryo bw’ubwenge kandi babigirana umutima mwiza. Abavukanyi bacu barushiriza kuvyakira neza igihe bafatanwa icubahiro kandi nk’abantu bakeneye gufashwa, ntibafatwe nk’abagiye akagirire. Birakenewe ko abakurambere baguma babona ibintu mu buryo bwiza nk’uko Paulo yabibona igihe yavuga ati: “Twizigiye Umwami ku vyanyu, yukw ivyo tugeze mubikora kandi muzokwama mubikora.”—2 Ab’i Tesalonike 3:4.
Barabafasha mu vyo Bakeneye
18, 19. (a) Dukwiye gufasha gute mu vyo abigishwa ba Bibiliya bafise ububangukirwe buke bakeneye? (b) Twosahiriza gute abigishwa bafise ingorane zidasanzwe?
18 Umwigisha kirumara aba afise umutima wo gushaka gukora ibintu akurikije ivyo umwigishwa ashoboye n’aho ageza. (Gereranya na Yohana 16:12.) Mu kigereranirizo Yezu yatanze c’italanto, shebuja w’abashumba yabateye agateka akurikije “uk’umuntu wese ashobora.” (Matayo 25:15) Dushobora gukurikiza akarorero nk’ako igihe turongora inyigisho za Bibiliya. Mu bisanzwe, ni vyiza ko umuntu ahetura igisohokayandikiro gishingiye kuri Bibiliya mu kiringo kigufi bitarenze urugero. Ariko ntitwobura kwemera icese yuko atari bose basoma neza canke babangukiwe no gufata ningoga ivyiyumviro bishasha. Ni co gituma ubukerebutsi bukenewe ku vyerekeye igihe co kuva ku gihimba tuja ku kindi mu nyigisho, mu gihe abantu bavyakira neza bafise ingorane yo kuguma bakurikira inyigisho irongorwa mu buryo bwihuta. Gufasha abigishwa gutahura ivyo bariko bariga ni co kintu gihambaye kuruta uguhetura amayagwa mu gihe kinaka cashinzwe.—Matayo 13:51.
19 Dushobora kuvuga gutyo nyene ku vyerekeye abigishwa ba Bibiliya bafise ingorane zidasanzwe, nk’iyerekeye Ubutatu canke imisi mikuru y’amadini. Naho muri rusangi bidakenewe ko mu nyigisho tuyobora dushiramwo ubushakashatsi bushingiye kuri Bibiliya, rimwe na rimwe turashobora kubigira niba ivyo biboneka ko vyogira akamaro. Umuntu arakwiye kugaragaza ubukerebutsi kugira ngo ntahororotse iterambere ry’umwigishwa bitari ngombwa.
Nube Umunyagishika!
20. Paulo yatanze gute akarorero mu kugaragaza igishika n’ukujijuka mu nyigisho yiwe?
20 Paulo avuga ati: “Mwamane igishika mu mutima.” (Abaroma 12:11, UB) Ni vyo, twaba turiko turarongora inyigisho ya Bibiliya ku muhana canke tukaba turiko turashikiriza ikigabu mw’ikoraniro ry’ishengero, dukwiye kubigira dufise umwete kandi dufise igishika. Paulo yabwiye Abanyatesalonike ati: “Ubutumwa bgacu [ntibg]abashitseko ar’amajambo yonyene ariko bgarimwo n’ubushobozi n’[im]pwemu [y]era, no kumara amazinda rwose.” (1 Ab’i Tesalonike 1:5) Gutyo Paulo na bagenziwe ntibashikiriza “ubutumwa bgiza bg’Imana gusa, ariko n’ubga[bo] bugingo.”—1 Ab’i Tesalonike 2:8.
21. Dushobora gute kuguma dushwashwanukiye igikorwa co kwigisha twashinzwe?
21 Igishika nyakuri giterwa no kujijuka bikomeye yuko abigishwa ba Bibiliya bacu bakeneye kwumva ivyo tuvuga. Ivyo dushingwa vyose vyerekeye kwigisha ntitukigere tubikora nk’uguheza umwuga. Wa mwanditsi Ezira muri ivyo nta nkeka yaririnda ku vyo yigisha. “Y[i]nāmūye mu mutima kwitwaririka ivyagezwe vy’Uhoraho ngw abishitse, kandi ngo yigishe mu Bisirayeli.” (Ezira 7:10) Dukwiye kubigenza gutyo nyene mu gutegura tukanoza no mu kuzirikana akamaro k’ayo mayagwa. Nimuze dusenge Yehova kugira ngo atwuzuzemwo ukwizera n’ukujijuka. (Luka 17:5) Ubushwashwanutsi bwacu burashobora gufasha abigishwa ba Bibiliya gutsimbataza urukundo nyarwo bafitiye ukuri. Birumvikana, kwirinda uko twigisha vyoshobora kuba birimwo ugukoresha uburyo budasanzwe bwo kwigisha. Ikiganiro cacu gikurikira kiravuga bumwebumwe muri ubwo.
[Akajambo k’epfo]
a Raba igitabu Étude perspicace des Écritures, Imbumbe ya 1, urupapuro rw’771, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Woba Uvyibuka?
◻ Ni kuki muri iki gihe hakenewe abigisha b’Abakirisu b’abahanga?
◻ Ni utumenyero two kwiga neza utuhe dushobora gutsimbataza?
◻ Ni kuki gukunda no kwubaha abo twigisha ari ngirakamaro cane?
◻ Dushobora gute gufasha mu vyo abo twigisha Bibiliya bakeneye?
◻ Ni kuki igishika n’ukujijuka ari ibintu gihambaye cane igihe twigisha abandi?
[Ifoto ku rup. 8]
Abigisha beza ubwabo ni abatohoji b’Ijambo ry’Imana
[Ifoto ku rup. 11]
Niwitwararike abigishwa ba Bibiliya umwe wese ukwiwe