ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/9 rup. 19-24
  • Niwigane wa Mwigisha Ahambaye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwigane wa Mwigisha Ahambaye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Guma Woroheje Ivyo Wigisha
  • Gukoresha Ibibazo mu Buryo Kirumara
  • Uburyo bwo Kuzirikana Bwumvikana
  • Ibigereranirizo Bibereye
  • Nukoreshe Ubwenge n’Ukujijura mu Kwigisha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • «Nta kintu yababwira adakoresheje ikigereranyo»
    “Ingo unkurikire”
  • «Ntiharigera haboneka umuntu avuga nka we»
    “Ingo unkurikire”
  • ‘Nta Co Yababwira Adakoresheje Ikigereranirizo’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/9 rup. 19-24

Niwigane wa Mwigisha Ahambaye

“Nuko ni mugende, muhindure [abantu] . . . abigishwa, . . . mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose.”​—MATAYO 28:19, 20.

1, 2. (a) Mu buryo bumwe canke mu bundi, twese turi abigisha gute? (b) Ku vyerekeye ukwigisha, ni ibanga ridasanzwe irihe Abakirisu nyakuri bafise?

WOBA uri umwigisha? Mu buryo bumwe canke mu bundi, twese turi abigisha. Igihe cose uhaye ubuyobozi ingenzi yazimiye, weretse uwo mukorana ukuntu igikorwa kinaka gikorwa, canke usiguriye umwana ukuntu apfunga imigozi y’ibirato vyiwe, uba uriko urigisha. Gufasha abandi mu buryo mwene ubwo hari ukuntu bizana akanyamuneza, si ko none?

2 Ku vyerekeye ukwigisha, Abakirisu nyakuri barafise ibanga ridasanzwe. Twashinzwe ibanga ryo ‘guhindura abantu abigishwa, . . . tukabigisha.’ (Matayo 28:19, 20) No mw’ishengero, turaronka akaryo ko kwigisha. Abagabo bakwije ibisabwa baragenwa ngo bakore ari “abungere n’abigisha,” bafise intumbero yo kwubaka ishengero. (Abanyefeso 4:11-13) Mu mirimo yabo ya gikirisu ya misi yose, abagore bahumuye bategerezwa kuba “[a]bigisha ivyiza” abagore bakiri bato. (Tito 2:3-5) Twese duhimirizwa kuremesha abo dusangiye ukwemera, kandi turashobora kwumvira iyo nkeburo mu gukoresha Bibiliya kugira ngo twubake abandi. (1 Ab’i Tesalonike 5:11) Ese ukuntu ari agateka kuba umwigisha w’Ijambo ry’Imana no kubwira abandi ibintu vy’agaciro vy’impwemu bishobora kugira ivyiza vyamaho!

3. Dushobora gute kuryohora ukuba kirumara kwacu bwa bigisha?

3 Ariko none, dushobora gute kuryohora ukuba kirumara kwacu bwa bigisha? Ubwa mbere na mbere, ni mu kwigana wa Mwigisha Ahambaye, Yezu. Bamwe bokwibaza bati: ‘Mugabo dushobora kwigana Yezu gute?’ ‘Yari umuntu atagira agasembwa.’ Ikizwi coco, ntidushobora kuba abigisha batagira agasembwa. Mugabo, tutaravye ubushobozi dufise uko bungana, turashobora gukora uko dushoboye kwose kugira ngo twigane uburyo Yezu yigisha. Reka duce irya n’ino ukuntu dushobora gukoresha uburyo bune yakoresha, ni ukuvuga imvugo yoroshe, ibibazo kirumara, uburyo bwo kuzirikana bwumvikana be n’ibigereranirizo bibereye.

Guma Woroheje Ivyo Wigisha

4, 5. (a) Ni kubera iki imvugo yoroshe ari umuce nyamukuru uranga ukuri kwa Bibiliya? (b) Kugira ngo twigishe dukoresheje imvugo yoroshe, ni kubera iki bihambaye kuraba amajambo dukoresha?

4 Ukuri kw’ishimikiro kw’Ijambo ry’Imana ntikugoye gutahura. Mw’isengesho, Yezu yavuze ati: “Ndaguhimbaza, Data, . . . kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya.” (Matayo 11:25) Yehova yaratumye imigambi yiwe ihishurirwa abantu bafise imitima nziraburyarya kandi yicisha bugufi. (1 Ab’i Korinto 1:26-28) Kubera ico, imvugo yoroshe ni umuce nyamukuru uranga ukuri kwa Bibiliya.

5 Igihe urongora inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana canke igihe usubira kugendera abantu bashimishijwe, ushobora gute kwigisha ukoresheje imvugo yoroshe? Emwe, ni ibiki twigiye kuri wa Mwigisha Ahambaye? Kugira ngo atahurwe n’abamwumviriza, benshi muri bo bakaba “batari barize bakaba n’abantu basanzwe,” Yezu yakoresheje imvugo yoroshe bashobora gutahura. (Ivyakozwe 4:13, NW) Kugira rero twigishe dukoresheje imvugo yoroshe, ikintu ca mbere gisabwa ni ukuraba amajambo dukoresha. Ntidukeneye gukoresha amajambo canke imvugo zihanitse kugira ngo dutume ukuri kw’Ijambo ry’Imana kurushiriza kujijura abandi. Mwene ukwo kuba “agakūra mu majambo” kwoshobora kubatera ubwoba, canecane ku bantu batize amashure menshi canke badafise ubuhanga bwinshi. (1 Ab’i Korinto 2:1, 2) Akarorero ka Yezu karerekana yuko amajambo yoroshe acaguwe mu buryo bwitondewe ashobora gushikiriza ukuri n’ububasha bwinshi.

6. Dushobora gute kwirinda kuremereza umutohoji wa Bibiliya amakuru arenze urugero?

6 Kugira ngo twigishe dukoresheje imvugo yoroshe, dutegerezwa kuba maso kugira ngo twirinde kuremereza umutohoji wa Bibiliya amakuru arenze urugero. Yezu yararimbura aho ubushobozi bw’ugutahura abigishwa biwe bafise bwagera. (Yohana 16:12) Na twebwe nyene, dutegerezwa kurimbura ivy’uwo mutohoji. Nk’akarorero, igihe turongora inyigisho mu gitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera, ntidukeneye gusigura ido n’ido ry’akantu kose.a Eka kandi si ngombwa ko tugenda duhutagiza amakuru, nk’aho guhetura amayagwa yashinzwe ari co kintu gihambaye kuruta ibindi. Ahubwo, vyoba biranga ubukerebutsi kureka ivyo umutohoji akeneye be n’ubushobozi bwiwe bikaba ari vyo vyerekana ukuntu inyigisho yonyaruka. Intumbero yacu ni ugufasha nya mutohoji gucika umwigishwa wa Kirisitu no kuba uwusenga Yehova. Turakeneye gufata umwanya uwo ari wo wose ukenewe kugira ngo dufashe nya mutohoji yashimishijwe gutahura mu buryo butomoye ivyo ariko ariga. Gutyo, ukuri kurashobora kumukora ku mutima maze kukamusunikira ku kugira ico akoze.​—Abaroma 12:2.

7. Ni inama izihe tugirwa zishobora kudufasha kwigisha dukoresheje imvugo yoroshe igihe dutanga insiguro mw’ishengero?

7 Igihe dutanga insiguro mw’ishengero, canecane igihe mu batwumviriza haba harimwo abantu bashasha, dushobora gute gukoresha imvugo “yoroshe gutahura”? (1 Ab’i Korinto 14:9, NW) Rimbura inama zitatu tugirwa zishobora gufasha. Ubwa mbere, nusigure amajambo ayo ari yo yose atamenyerewe ushaka gukoresha. Ugutahura Ijambo ry’Imana twagize kwaraturonkeje amajambo twisangije. Niba dukoresheje mwene izi mvugo “umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge,” “izindi ntama,” be na “Babuloni Hahambaye,” vyokenerwa yuko tuzisigura dukoresheje imvugo yoroshe ituma insobanuro itomoka. Ubwa kabiri, niwirinde kuvuga amajambo menshi. Amajambo menshi cane arenze urugero, avuzwe mu buryo buhanitse cane, ashobora gutuma abumviriza bataba bagishimishwa. Imvugo itomoye iboneka mu gukuramwo amajambo be n’imvugo bidakenewe. Ubwa gatatu, ntugerageze guhetura amayagwa menshi cane. Ubushakashatsi tugira bushobora kuturonsa ibintu vyinshi bishimishije. Mugabo ni vyiza ko turinganiza amayagwa tukayashira mu vyiyumviro nyamukuru bikeyi, tugakoresha gusa amakuru ashigikira ivyo vyiyumviro nyamukuru kandi ashobora gushikirizwa mu buryo butomoye mu mwanya yagenewe.

Gukoresha Ibibazo mu Buryo Kirumara

8, 9. Dushobora guhitamwo gute ikibazo gihuje n’ugushimishwa kw’uwo dusanze ku muhana? Tanga uburorero.

8 Niwibuke ko Yezu yari umuhanga mu vyo gukoresha ibibazo kugira ngo atume abigishwa biwe baserura ivyari mu mizirikanyi yabo, no kugira akabure yongere amenyereze ukwiyumvira kwabo. Akoresheje ibibazo, Yezu yarashikiriye imitima yabo yongera arayikorako abigiranye ubwitonzi. (Matayo 16:13, 15; Yohana 11:26) Dushobora gute nka kumwe kwa Yezu gukoresha ibibazo mu buryo kirumara?

9 Igihe twamamaza inzu ku nzu, turashobora gukoresha ibibazo kugira ngo tuvyure ugushimishwa, tukaba twiciriye inzira yo kuganira ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Dushobora gute guhitamwo ikibazo gihuje n’ugushimishwa kw’uwo dusanze ku muhana? Nube umuntu azi kwihweza. Igihe wegereye inzu, raba ibihakikuje. Hoba hari udukinisho ku mbuga, bikerekana yuko hariho abana muri urwo rugo? Nimba bihari, twoshobora kubaza duti: ‘Woba urigera wibaza ukuntu isi izoba imeze abana bawe nibakura?’ (Zaburi 37:10, 11) Hoba hariho amagufuri nk’angahe ku muryango w’imbere, canke hakaba hari ivyuma vyo kurinda umutekano? Twoshobora kubaza duti: ‘Woba wibaza yuko bizoshika aho dushobora kwumva turi mu mutekano mu ngo zacu be no mw’ibarabara?’ (Mika 4:3, 4) Hoba hariho ahacishwa ikinga ry’ibimuga? Twoshobora kubaza duti: ‘Hoba hazokwigera haba igihe, aho umuntu wese ariho azokwinovora amagara meza?’ (Yesaya 33:24) Inama nyinshi tugirwa dushobora kuzisanga mu gatabu Uburyo bwo Gutanguza no Kubandanya Ibiyago Bishingiye Kuri Bibiliya.b

10. Dushobora gute gukoresha ibibazo kugira ngo ‘tuvome’ ivyiyumviro be n’inyiyumvo biri mu mutima w’umutohoji wa Bibiliya, mugabo ni igiki dukwiye kugumiza mu muzirikanyi?

10 Dushobora gukoresha neza gute ibibazo igihe turongora inyigisho za Bibiliya? Ntidushobora gusoma ibiri mu mitima nk’uko Yezu yabigize. Ariko rero, ibibazo biranga ubugenge be n’ugutegera birashobora kudufasha kugira ngo ‘tuvome’ ivyiyumviro be n’inyiyumvo biri mu mutima w’uwo mutohoji. (Imigani 20:5) Nk’akarorero, dufate ko turiko turiga mu gitabu Ubumenyi ku kigabane kivuga ngo “Igituma Kubaho nk’Uko Imana Ishaka Bizana Ubuhirwe.” Kiravuga ukuntu Imana ibona ubugunge, ubusambanyi n’ibindi bintu. Uwo mutohoji yoshobora kwishura neza ibibazo vyanditswe. Mugabo yoba yemeranya n’ivyo ariko ariga? Twoshobora kubaza duti: ‘Ukuntu Yehova abona ibintu nk’ivyo, ubwawe woba ubona ko bisa n’ibitegereka?’ ‘Ushobora gushira mu ngiro gute izo ngingo ngenderwako za Bibiliya mu buzima bwawe?’ Ariko rero, nugumize mu muzirikanyi yuko dukeneye kuba abantu bubaha, bagaragariza urupfasoni uwo mutohoji. Ntitworondera kubaza ibibazo bitera ubuyega canke bimaramaza uwo mutohoji wa Bibiliya.​—Imigani 12:18.

11. Ni mu buryo butandukanye ubuhe abashikiriza insiguro z’icese bashobora gukoresha ibibazo mu buryo kirumara?

11 Abashikiriza insiguro z’icese barashobora na bo nyene gukoresha ibibazo mu buryo kirumara. Ibibazo bituma abantu bazirikana, bikaba ari ibibazo tutitega ko abatwumviriza bishura n’ijwi ryumvikana, birashobora gufasha abumviriza kwiyumvira no kuzirikana. Yezu rimwe na rimwe yarakoresha mwene ivyo bibazo. (Matayo 11:7-9) Ikigeretseko, iyo umushikirizansiguro amaze kuvuga amajambo yo gutanguza ikiyago, ashobora gukoresha ibibazo kugira ngo yerekane ivyiyumviro nyamukuru bija kuganirwako. Yoshobora kuvuga ati: “Mu kiganiro cacu c’uyu musi, tugiye kurimbura inyishu z’ibibazo bikurikira . . . ” Maze, mu gusozera, yoshobora kwerekeza kuri ivyo bibazo kugira ngo asubiremwo ivyiyumviro nyamukuru.

12. Tanga akarorero kerekana ukuntu abakurambere bakirisu bashobora gukoresha ibibazo kugira ngo bafashe uwo basangiye ukwizera kuronkera impumurizo mw’Ijambo ry’Imana.

12 Mu gikorwa cabo co kuragira ubusho, abakurambere bakirisu barashobora gukoresha ibibazo kugira ngo bafashe “abarandutse imitima” kuronka impumurizo mw’Ijambo rya Yehova. (1 Ab’i Tesalonike 5:14) Nk’akarorero, kugira ngo afashe umuntu yumva yavunitse umutima, umukurambere yoshobora kwerekeza ivyiyumviro vy’uwo muntu kuri Zaburi 34:18. Ivuga iti: “Uhoraho aba hafi y’abafise imitima imenetse, kand’akiza abafise imitima ijanjaguritse.” Kugira ngo umukurambere amenye neza yuko nya muntu yacitse intege abona ukuntu ivyo bimwerekeye ubwiwe, yoshobora kubaza ati: ‘Yehova ari hafi ya nde? Woba rimwe na rimwe wumva ufise ‘umutima umenetse’ kandi “[u]janjaguritse”? Nimba, nk’uko Bibiliya ibivuga, Yehova ari hafi y’abantu nk’abo, ivyo none ntibisobanura yuko ari hafi yawe?’ Ukumukura amazinda nk’ukwo kuranga ikibabarwe kurashobora gusubira kuvyurira agatege umuntu yavunitse umutima.​—Yesaya 57:15.

Uburyo bwo Kuzirikana Bwumvikana

13, 14. (a) Twoshobora kuzirikana gute n’umuntu avuga yuko atemera Imana adashobora kubona? (b) Ni kubera iki tudakwiye kwitega ko umuntu wese azojijuka?

13 Mu busuku bwacu, dushaka gushikira imitima dukoresheje ukuzirikana kwumvikana, kujijura. (Ivyakozwe 19:8; 28:23, 24) Ivyo vyoba bisobanura yuko dutegerezwa kwiga gukoresha uburyo bwo kuzirikana buhanitse kugira ngo tujijure abandi ku vyerekeye ukuri kw’Ijambo ry’Imana? Habe namba. Ukuzirikana kwumvikana si ngombwa ngo kube ukugoye. Ivyiyumviro vyumvikana bishikirijwe mu buryo bworoshe akenshi biraba kirumara cane. Rimbura aka karorero.

14 Dushobora kwishura gute igihe umuntu avuze yuko atemera Imana adashobora kubona? Dushobora kuzirikana kw’itegeko rigenga ibiriho ry’uko ikintu cose kiriho ari ingaruka y’imvo yabitumye. Igihe twitegereje ikintu kanaka, turemera yuko hategerezwa kuba hari imvo yatumye kibaho. Twoshobora kuvuga duti: ‘Iyo uba uri mu karere ka wenyene hanyuma ukabona inzu yubatse neza yarunzwemwo ibifungurwa (ingaruka), ntiwoca wemera yuko hari umuntu kanaka (imvo) yubatse iyo nzu akayuzuzamwo ibifungurwa mu vyumba vy’ububiko. Rero n’igihe tubona mu buryo bugaragara ukuntu ibintu vyo mu gahinga bikozwe be n’ibifungurwa umukimba biri mu “bubiko” bw’isi (ingaruka), si ikintu none cumvikana kwemera yuko hariho umuntu kanaka (imvo) yabigize?’ Iciyumviro coroshe co muri Bibiliya kirabivuga neza muri ubu buryo: “Kuk’urugo rwose rugira ūrwubaka, arikw Imana ni yo yubatse ibintu vyose.” (Abaheburayo 3:4) Ariko rero, naho ukwo kuzirikana gushobora kuba kwumvikana gute, si umuntu wese azojijuka. Bibiliya iratwibutsa yuko “abari mu mero nziza y’umutima” ari bo bonyene bazocika abizera.​—Ivyakozwe 13:48, NW; 2 Ab’i Tesalonike 3:2.

15. Ni uburyo bwo kuzirikana ubuhe dushobora gukoresha kugira ngo dushire ahabona kamere za Yehova n’inzira ziwe, kandi ni uburorero bubiri ubuhe bwerekana ukuntu twoshobora gukoresha mwene ukwo kuzirikana?

15 Mu kwigisha kwacu, haba ari mu busuku bwo mu ndimiro canke mw’ishengero, turashobora gukoresha ukuzirikana kwumvikana kugira ngo dushire ahabona kamere za Yehova n’inzira ziwe. Ikiba kirumara canecane ni ukuntu dukoresha ya mvugo ‘mbega . . . ntibirushiriza’ mu bijanye n’ukuzirikana Yezu yakoresha rimwe na rimwe. (Luka 11:13; 12:24) Kubera ko ubwo buryo bwo kuzirikana bushingiye ku guhushanya ibintu, burashobora kugira ico bukoze kigera ibwina. Kugira ngo twerekane yuko inyigisho y’umuriro udahera itumvikana, twoshobora kuvuga duti: ‘Nta muvyeyi munyarukundo yohana umwana wiwe mu gushira ukuboko kw’umwana wiwe mu muriro. None ico ciyumviro nyene c’umuriro udahera ntikirushiriza kuba igisesemye kuri Data wa twese wo mw’ijuru munyarukundo!’ (Yeremiya 7:31) Kugira ngo twigishe yuko Yehova yitwararika abasavyi biwe umwumwe ukwiwe, twoshobora kuvuga duti: ‘Nimba Yehova azi inyenyeri amamiliyaridi imwimwe yose akaba ayizi mw’izina, mbega ntarushiriza kwitwararika ivyerekeye abantu bamukunda kandi yaguze amaraso y’igiciro y’Umwana wiwe!’ (Yesaya 40:26; Ivyakozwe 20:28) Ukwo kuzirikana gukomeye kurashobora kudufasha gushikira imitima y’abandi.

Ibigereranirizo Bibereye

16. Ni kubera iki ibigereranirizo ari ivy’agaciro mu kwigisha?

16 Ibigereranirizo kirumara ni ibirungo bishobora gutuma ukwigisha kwacu kurushiriza gutuma abandi bagira akayabagu. Ni kubera iki ibigereranirizo ari ivy’agaciro mu kwigisha? Umurezi umwe yavuze ati: “Ubushobozi bwo kwiyumvira ibintu utabona ni kimwe mu bikorwa bigora cane abantu gushikako.” Ibigereranirizo birashira mu muzirikanyi wacu amashusho ari n’ico avuze, bigaca bidufasha kurushiriza gutahura mu buryo bushitse ivyiyumviro bishasha. Yezu yari ntangere mu vyo gukoresha ibigereranirizo. (Mariko 4:33, 34) Reka turimbure ukuntu dushobora gukoresha ubwo buryo bwo kwigisha.

17. Ni ibintu bine ibihe bituma ikigereranirizo kiba kirumara?

17 Ni igiki gituma ikigereranirizo kiba kirumara? Ubwa mbere, gikwiye kuba gihuje n’abumviriza, gikuwe mu bintu abumviriza bashobora gutahura bitagoranye. Turibuka yuko ibigereranirizo vyinshi Yezu yakoresha yabikura ku bintu vyo mu buzima bwa misi yose bw’abamwumviriza. Ubwa kabiri, ikigereranirizo gikwiye kuba kijanye mu buryo bwumvikana n’iciyumviro kiriko kirashikirizwa. Nimba ukwo kugereranya kutabereye, ico kigereranirizo nta kindi cokora atari ugusamaza gusa abatwumviriza. Ubwa gatatu, ikigereranirizo ntigikwiye gushirwamwo ibintu vy’ido n’ido bidakenewe. Niwibuke ko Yezu yavuze ido n’ido ku bintu bikenewe mugabo akareka ibidakenewe. Ubwa kane, igihe dukoresha ikigereranirizo, dukwiye kuraba neza yuko impamvu itumye gikoreshwa itomoye. Ahandi ho, bamwebamwe bashobora kudatahura iciyumviro nyamukuru.

18. Dushobora gute kwiyumvira ibigereranirizo bibereye?

18 Dushobora gute gutora ibigereranirizo bibereye? Ntibikenewe ko twiyumvira inkuru ndende, zihinguwe. Ibigereranirizo bigufi birashobora kuba kirumara cane. Nugerageze gusa kwiyumvira uburorero bujanye n’iciyumviro kiriko kiraganirwako. Nk’akarorero, dufate ko turiko tuganira ku vy’uguharirwa n’Imana, kandi tukaba dushaka kwerekana iciyumviro kiri mu Vyakozwe 3:19, ahavuga yuko Yehova ‘ahanagura,’ canke akuraho amakosa yacu. Iyo ubwayo ni imvugo ngereranyo ikomeye, mugabo ni akarorero akahe kibonekeza dushobora gukoresha kugira ngo dushire ahabona ico ciyumviro, dukoresheje nk’igihanaguzo? Twoshobora kuvuga duti: ‘Igihe Yehova aduhariye ivyaha vyacu, arabihanagura nk’aho yoba akoresheje igihanaguzo.’ Biragoye guhusha iciyumviro nyamukuru kiri mu kigereranirizo gisanzwe nk’ico.

19, 20. (a) Ni hehe dushobora gukura ibigereranirizo vyiza? (b) Ni uburorero bumwebumwe ubuhe bw’ibigereranirizo kirumara bwasohowe mu bisohokayandikiro vyacu? (Raba kandi akumba.)

19 Ni hehe ushobora gukura ibigereranirizo bibereye, ushizemwo n’uburorero bw’ibiba mu buzima? Bironderere mu buzima bwawe bwite, canke mu bintu bitandukanye abo dusangiye ukwemera bakuriyemwo be n’ivyabashikiye. Ibigereranirizo bishobora gutorwa mu yandi masoko menshi, ushizemwo ibintu bifise ubuzima n’ibitabufise, ibikoresho vyo mu nzu canke ikintu giherutse kuba kizwi neza mu kibano. Urupfunguruzo rwo gutora ibigereranirizo vyiza ni ukwama uri maso, ‘ukitegereza witonze’ ibintu bidukikuje bishika imisi yose. (Ivyakozwe 17:22, 23) Igitabu kimwe kivuga ivyo kuvugira imbere y’abantu gisigura giti: “Umushikirizansiguro iyo yihweza ubuzima bw’abantu be n’ibintu bakora bitandukanye, akavugana n’abantu b’ubwoko bwose, agasuzuma yitonze ibintu kandi akabaza ibibazo gushika abitahuye, azokwegeranya amayagwa arimwo ibigereranirizo bizomufasha cane igihe bikenewe.”

20 Hariho irindi soko ririmwo ibigereranirizo kirumara vyinshi, Umunara w’Inderetsi, Réveillez-vous! n’ibindi bitabu vyahinguwe n’Ivyabona vya Yehova. Urashobora kwigira vyinshi mu kwihweza ukuntu ivyo bisohokayandikiro bikoresha ibigereranirizo.c Nk’akarorero, fata ikigereranirizo cakoreshejwe mu gitabu Ubumenyi mu ngingo ya 11 y’ikigabane c’⁠17. Ugutandukana kwa kamere z’abagize ishengero kikugereranya n’imiduga injojo iriko igendera iruhande yawe mw’ibarabara. Ni igiki gituma kiba kirumara? Urabona yuko gishingiye ku bintu vya misi yose biba, kandi kirajanye rwose n’iciyumviro kiriko kirashikirizwa, gutyo ugasanga uburyo gikoreshejwe buratomoye. Mu kwigisha kwacu, turashobora gukoresha ibigereranirizo vyasohowe mu bisohokayandikiro vyacu, kumbure tukabihuza n’ivyo umutohoji wa Bibiliya akeneye, canke tukaraba ingene twobikoresha mu nsiguro.

21. Ni impera izihe dukura ku kuba umwigisha kirumara w’Ijambo ry’Imana?

21 Impera ziva ku kuba umwigisha kirumara ni nyinshi. Igihe twigisha, turasangira n’abandi; turabaha igihimba c’ivyo dufise kugira ngo bibafashe. Mwene ukwo gutanga kuzana agahimbare, kubera Bibiliya ivuga iti: “Gutanga kuzana [agahimbare], kuruta guhabga.” (Ivyakozwe 20:35) Ku bigisha b’Ijambo ry’Imana, ako gahimbare ni umunezero wo kumenya yuko turiko turatanga ikintu gifise agaciro nyakuri kandi karamba, na co kikaba ari ukuri kwerekeye Yehova. Turashobora kandi gushira akanyota bivuye ku kumenya yuko turiko turigana wa Mwigisha Ahambaye, Yezu Kirisitu.

[Utujambo tw’epfo]

a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

b Raba agace kavuga ngo “Amajambo Ntanguzakiyago Yo Gukoresha mu Gikenurwa co mu Ndimiro,” ku rupapuro rwa 2-7.​—Kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

c Kugira umenye aho uburorero buri, raba Index des publications Watchtower 1986-2000, munsi y’ahavuga ngo “Illustrations.”​—Casohowe mu ndimi zitari nke n’Ivyabona vya Yehova.

Woba Uvyibuka?

• Dushobora kwigisha gute dukoresheje imvugo yoroshe igihe turongora inyigisho ya Bibiliya ibera ku muhana? Igihe dutanga insiguro mw’ishengero hoho?

• Dushobora gute gukoresha ibibazo mu buryo kirumara igihe twamamaza inzu ku nzu?

• Dushobora gute gukoresha ukuzirikana kwumvikana kugira ngo dushire ahabona kamere za Yehova n’inzira ziwe?

• Ni hehe dushobora gukura ibigereranirizo bibereye?

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 23]

Woba Wibuka Ibi Bigereranirizo?

Ibi bikurikira ni ibigereranirizo kirumara bikeyi gusa. Ni kuki utorondera ahantu hatanzwe ikigereranirizo cakoreshejwe hanyuma ukaraba ukuntu cafashije gushimika ku ciyumviro cariko kiganirwako?

• Nka kurya abaririmvyi bajana n’umuvuzi w’ingoma canke abapakurura amakarato bafashanya igikorwa, n’abarondera kwubaka umubano w’ababiranye mwiza ahanini bazobihabwa n’uko bubakanye n’uwumeze neza.​—Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi 2001, urupapuro 12.

• Guserura inyiyumvo ufise bimeze nk’uguterera umupira. Urashobora kuwuterera witonze canke ukawumujugunyira wihanukiriye ku buryo umubabaza.​—Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera, urupapuro 144.

• Kwiga guserura urukundo bisa n’ukwiga ururimi rushasha.​—Umunara w’Inderetsi wo ku 1 Ntwarante 1999, urupapuro 11, 16.

• Amareba akorera amadayimoni ico icambo gikorera abahigi. Akwegakwega abariko barahigwa.​—Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera, urupapuro 111.

• Ukuntu Yezu arokora abakomoka kuri Adamu bishobora kugereranywa n’umutunzi umwe w’umugiraneza ariha ideni ihinguriro rifise (ryahombeshejwe n’umuyobozi w’ingunge) agatako akarivyura, gutyo abakozi baryo benshi bakahungukira.​—Umunara w’Inderetsi No 2/91, urupapuro 18,19.

• Nk’uko umuhinguzi w’utugenegene yipfuza cane kubona ivyo yari yarahinguye vyononywe n’umukeba w’umunyeshari bisubiye kugira ubwiza vyahorana, ni ko na Yehova ivyononywe na Shetani yiyemeje kubishira mu buryo. Arashaka cane kubona tubayeho nk’uko vyari mu mugambi wiwe wo mu ntango.​—Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera, urupapuro 181.

[Amafoto ku rup. 20]

Abakirisu nyakuri ni abigisha b’Ijambo ry’Imana

[Ifoto ku rup. 21]

Abakurambere barashobora gukoresha ibibazo kugira ngo bafashe abo basangiye ukwemera kuronka impumurizo mw’Ijambo ry’Imana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika