ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/8 rup. 20-26
  • Dukorane n’Ishirahamwe rya Yehova Tudahemuka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dukorane n’Ishirahamwe rya Yehova Tudahemuka
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ugushimikira ku Dusembwa Bishobora Gusenyura Ukudahemuka
  • Udusembwa Twacu Bwite
  • Uragaba ku Bwoko bw’Uguhemuka kwo mu Buryo bw’Urwenge
  • Ukudahemuka Kurananira Uruhamo
  • «Wewe wenyene uri intahemuka»
    Niwiyegereze Yehova
  • Ni Nde Udakwiye Guhemukira?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • “Uzokwerekana ko udahemuka”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ni ibiki twigira ku basavyi ba Yehova b’intahemuka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/8 rup. 20-26

Dukorane n’Ishirahamwe rya Yehova Tudahemuka

‘Ku wudahemuka uzokorana ukudahemuka.’—2 SAMWELI 22:26.

1, 2. Ni uburorero bumwebumwe ubuhe bw’ukudahemuka twese dushobora gusanga mw ikorane?

UMUSI umwe ku mugoroba bwije, umukurambere ariko ategura insiguro yo gushikiriza kw ikoraniro ry’Abakirisu. Yumva ashaka guhagarika ngo yiyicarire; aho guhagarika, arabandanya gukora arondera uturorero two mu Vyanditswe hamwe n’ibigereranirizo bija gushikira imitima kandi bikaremesha ubusho. Mw ijoro riberako iryo koraniro, hari abavyeyi babiri barushe bo muri iryo korane nyene bashaka kwidagadura bibereye i muhira; aho kugira ivyo, barihangana bategura abana babo hanyuma bagenda kuri iryo koraniro. Iryo koraniro riheze, umugwi w’Abakirisu batangura kuganira ku vyerekeye iyo nsiguro nya mukurambere yashikirije. Umuvukanyikazi umwe yumva yoshwa ngo avuge ko uwo muvukanyi nyene yigeze kumubabaza igihe kimwe; aho kubivuga, avugana ubushwashwanutsi ivyerekeye kimwe mu bintu yashikirije. Woba ubona isano ivyo bintu bivuzwe bifitaniye?

2 Iryo sano ni ukudahemuka. Wa mukurambere arakora adahemuka ngo akorere ubusho bw’Imana; ba bavyeyi baritaba amakoraniro y’ikorane badahemuka; wa muvukanyikazi arashigikira abakurambere adahemuka. (Abaheburayo 10:24, 25; 13:17; 1 Petero 5:2) Egome, mu mice yose y’ubuzima, dusanga abantu b’Imana biyemeje gukorana n’Ishirahamwe rya Yehova badahemuka.

3. Ni kuki bihambaye rwose ko tuguma turi intahemuka kw Ishirahamwe rya Yehova ryo kw isi?

3 Iyo Yehova aravye hasi kuri iyi si yononekaye, ahasanga ukudahemuka guke cane. (Mika 7:2) Ibaze ukuntu umutima wiwe utegerezwa kuba ugira umunezero mwinshi igihe yitegereje ukudahemuka kw’abantu biwe! Egome, ukudahemuka kwawe bwite kuramutera akanyamuneza. Ariko rero, kuratera uburakari Shetani, wa mugarariji wa mbere na mbere, vyongeye kukagaragaza yuko uno ari umubeshi. (Imigani 27:11; Yohana 8:44) Uritega yuko Shetani azogerageza gusenyura ukudahemuka kwawe kuri Yehova no kw Ishirahamwe ryiwe ryo kw isi. Reka twihweze uburyo bumwebumwe Shetani agiramwo ivyo. Gutyo rero dushobora kubona neza kuruta, ukugene twoguma turi intahemuka gushika kw iherezo.—2 Ab’i Korinto 2:11.

Ugushimikira ku Dusembwa Bishobora Gusenyura Ukudahemuka

4. (a) Ni kuki vyoroshe kugira agatima k’ukunegura abafise ubukuru? (b) Kora yagaragaje gute yuko atari intahemuka kw Ishirahamwe rya Yehova?

4 Igihe umuvukanyi ari n’amabanga ashinzwe, amakosa yiwe ashobora kwibonekeza gusumba. Ese ukuntu vyoroshe kudoma ku ‘kabango kari mu jisho ry’umuvukanyi, tukibagira urugiga ruri mw ijisho ryacu bwite’! (Matayo 7:1-5) Mugabo ugushimikira ku makosa bishobora kuvyara uguhemuka. Rabira ku kuntu Kora na Dawidi bari bahushanye. Kora yari ashinzwe ibanga rihambaye kandi akaba kumbure yari amaze imyaka n’iyindi ari intahemuka, yamara yacitse uwuhahamira ubukuru. Yahavuye ababazwa n’ubukuru Musa na Aroni bafise, bene sewabo ba mbere. Naho Musa yari we muntu yitonda kuruta bose, bisa n’uko Kora yatanguye kumusuzugura. Yoba yarabonanye Musa udukosa. Mugabo rero utwo dukosa ntitwari impamvu yumvikana yotumye Kora ahemuka kw Ishirahamwe rya Yehova. Yararanduwe akurwa mw ikorane.—Guharūra 12:3; 16:11, 31-33.

5. Ni kubera iki Dawidi ashobora kuba yariyumvisemwo inyosha mbi ngo agararize Sauli?

5 Dawidi we yakoze ku ngoma y’Umwami Sauli. Sauli uwari yarigeze kuba umwami mwiza, yari yabaye mubi koko. Dawidi yari akeneye ukwizera, ukwihangana, hamwe n’amayeri manaka kugirango akire ibitero vya Sauli bivuye ku nzigo. Yamara igihe Dawidi yaronka akaryo ko kwihora, yavuze ngo ‘Yehova arakabishira kure yiwe,’ gukora ibiranga uguhemuka abikorera uwo Yehova yari yararobanuje amavuta.—1 Samweli 26:11.

6. No mu gihe twobona ubugoyagoye hamwe n’udukosa ku bakurambere, ni igiki tudakwiye kwigera tugira?

6 Igihe bamwe mu baturongōye basa n’abahuvye mu buryo babona ibintu, bakavuga amajambo aryana mu nda canke bagasa n’abagira nkunzi, mbega twobidodombera, kumbure tukongerereza agatima k’ukunegura mw ikorane? Mbega twoheba amakoraniro ya gikirisu bukaba ari bwo buryo bw’uguhakana? Oya vy’ukuri! Nka kumwe kwa Dawidi, ntituzokwigera tureka ngo amakosa y’uwundi atume duhemuka kuri Yehova no kw Ishirahamwe ryiwe!—Zaburi 119:165.

7. Ni ingendo zimwezimwe izihe ziranga ukwononekara zatsimbataye ku biraba urusengero rw’i Yeruzalemu, kandi Yezu yamerewe ate kuri ivyo?

7 Akarorero katanzwe n’umuntu gahambaye kuruta k’ivy’ukudahemuka ni aka Yezu Kirisitu, uwuvugwa mu buhanuzi ko ari ‘uwudahemuka.’ (Zaburi 16:10, NW) Ikoreshwa ry’urusengero rw’i Yeruzalemu ukutari kwo mu buryo bwononekaye ritegerezwa kuba ryatumye ukudahemuka kugorana. Yezu yari azi ko igikorwa c’umuherezi mukuru hamwe n’ibimazi vyagereranya igikenurwa ciwe bwite hamwe n’urupfu yopfuye rw’ukwitangako inkuka, kandi yari azi ukugene vyari bihambaye ko abantu bagira ico bigiye kuri ivyo. Ni co gituma yuzuwe n’ishavu rigororotse igihe yabona urusengero rwacitse “isenga ry’abambuzi.” Incuro zibiri, yarakoresheje ububasha yahawe n’Imana aratera intambwe z’ukuruhumanura.a—Matayo 21:12, 13; Yohana 2:15-17.

8. (a) Yezu yerekanye ate ukudahemuka ku ntondeko y’ivy’urusengero? (b) Dushobora dute kwerekana yuko dushima ugusenga Yehova turi kumwe n’Ishirahamwe ryiwe ridahumanye?

8 Mugabo, Yezu yarashigikiye intondeko y’ivy’urusengero adahemuka. Guhera mu bwana, yaritaba amasabukuru ku rusengero, kandi yarahigishirije kenshi. Mbere yarariha n’ikori ry’urusengero—naho nyene mu vy’ukuri atategerezwa kuritanga. (Matayo 17:24-27) Yezu yarakeje wa mupfakazi mukene kubera yatereye mw isandugu ry’urusengero “ibimutunze vyose.” Haciye igihe, urwo rusengero Yehova yararuhevye rimwe rizima. Ariko gushika ico gihe, Yezu yari yagumye adahemuka kuri rwo. (Mariko 12:41-44; Matayo 23:38) Ishirahamwe ry’Imana ryo kw isi ubu riraruta kure n’iyo urunkwekwe rw’ivy’Abayuda hamwe n’urusengero rwarwo. Ego niko, ntiribuze agasembwa, ari na co gituma rimwe na rimwe haba ibihindurwa. Mugabo na ho nyene si ukuvuga yuko ryuzuye ubwononekare, eka na Yehova Imana ntagomba kurisubiriza irindi. Ntitukigere tureka ngo hagire udusembwa utwo ari two twose turibonyemwo tudutera kururirwa canke dutuma tugira agatima k’ukunegura, k’ukwidodomba. Ahubwo nitwigane kwa kudahemuka kwa Yezu Kirisitu.—1 Petero 2:21.

Udusembwa Twacu Bwite

9, 10. (a) Urunkwekwe rw’ibintu rwa Shetani rukoresha gute utugorame twacu kugira rudukwegakwegere mu ngendo y’uguhemuka? (b) Uwakoze icaha gikomeye akwiye kugira iki?

9 Shetani aragerageza kandi gukomeza ivy’uguhemuka afatiye ku dusembwa twacu. Urunkwekwe rw’ibintu rwiwe rurakoresha ubugoyagoye bwacu, rukatwosha gukora ibimeze nabi mu nyonga za Yehova. Ikibabaje, buri mwaka hariho abantu ibihumbi bagwa mu busambanyi. Bamwe barongerereza ukwo guhemuka mu kubaho biyorobeka, bakabandanya ingendo y’ubukozi bw’ikibi mu gihe bavuga ko ari Abakirisu b’abizigirwa. Mu kwishura ku biganiro bivuga ivy’ico kibazo muri rwa rukurikirane rw’ibiganiro bivuga ngo “Abakiri Bato Barabaza . . .” vyo mu kinyamakuru Réveillez-vous!, hari umupfasoni umwe yanditse avuga ibi: “Ivyo biganiro vyari inkuru z’ivy’ubuzima bwanje.” Mu kinyegero, yari yaratsimbataje ubucuti n’abakiri bato ata rukundo bafitiye Yehova. Ingaruka yabaye iyihe? Yanditse ati: “Ubuzima bwanje bwaratitutse, hanyuma nja mu vy’ubusambanyi bituma ntegerezwa gukangīrwa. Ubucuti nari mfitaniye na Yehova bwarononekaye, hanyuma ukunyizigira abavyeyi n’abakurambere bari bafise kurarangira.”b

10 Uwo mupfasoni yarafashijwe n’abakurambere hanyuma asubira gukorera Yehova adahemuka. Ikibabaje cane yamara, ni uko hari abashikirwa n’ingaruka mbi kuruta izo, kandi bamwe ntibigere bagaruka mu busho. Ese ukuntu ivyiza kuruta ari igihe umuntu abaye intahemuka kandi akananira inyosha mbi zo muri iyi si mbi! Nukurikire imburizi ziva mu binyamakuru Umunara w’Inderetsi no muri Réveillez-vous! zivuga ivy’ukugendana n’abantu bo mw isi n’ivy’ukwisamaza bitesha ubuntu. Ntukigere na rimwe ugwa mu ngendo y’uguhemuka. Ariko bigushikiye, ntukigere wirarira uvuga ko uri ico utari. (Zaburi 26:4) Ahubwo, rondera gufashwa. Ico ni co Abakirisu b’abavyeyi n’abakurambere babereyeho.—Yakobo 5:14.

11. Ni kuki vyoba ari bibi kwibwira ko turi babi ubutakivayo, kandi ni akarorero akahe ko muri Bibiliya koshobora kudufasha kugira dukosore imbono dufise y’ibintu?

11 Udusembwa twacu turashobora kutubera ingeramizi mu bundi buryo. Bamwe mu bakora ivy’uguhemuka baraheba ivy’ukugerageza guhimbara Yehova. Niwibuke yuko Dawidi yakoze ivyaha bikomakomeye cane. Yamara igihe kirekire inyuma y’aho Dawidi apfiriye, Yehova yaramwibutse nk’umusavyi w’umwizigirwa. (Abaheburayo 11:32; 12:1) Kubera iki? Kubera ko atigeze aheba kugerageza guhimbara Yehova. Mu Migani 24:16 havuga hati: “Umugororotsi n’iyo yogwa ibihetangabo ndwi, asubira kuvyuka.” Ni ivy’ukuri, mu gihe dukorokeye mu vyaha bitobito, eka incuro nyinshi, bitewe n’ubugoyagoye bunaka turiko turarwanya, turashobora kuba tukiri abagororotsi mu nyonga za Yehova mu gihe tubandanije “kuvyuka”—ni ukuvuga, kwigaya bivuye ku mutima, tugasubira gutangura ingendo y’ugukorera Yehova tudahemuka.—Gereranya na 2 Ab’i Korinto 2:7.

Uragaba ku Bwoko bw’Uguhemuka kwo mu Buryo bw’Urwenge

12. Ku vyerekeye Abafarisayo, ni mu buryo ki iciyumviro kidadaraye co kwumira ku mategeko catumye haba uguhemuka?

12 Uguhemuka kandi kuraza mu buryo bw’urwenge. Gushobora mbere kuboneka nk’ukudahemuka! Nk’akarorero, Abafarisayo bo mu gihe ca Yezu biyumvira yuko ubwabo mu kudahemuka bari imbere.c Ariko bananiwe no kubona itandukaniro hagati y’ukuba intahemuka no kuba umuyoboke atagondeka ku vy’amategeko yashinzwe n’umuntu, kuko bari abadadaza bakaba n’abanegurana bimwe bibabaje. (Gereranya n’Umusiguzi 7:16.) Muri ivyo bari bahemutse vy’ukuri—bahemuka ku bantu bari bakwiye kuba bungukira ku vyo bakora, bahemuka no ku nsobanuro nyakuri y’Ivyagezwe bavuga ko bigisha, no kuri Yehova ubwiwe. Yezu we yagumye ku nsobanuro nyakuri y’Ivyagezwe, ivyari bishingiye ku rukundo. Gutyo yarakomeje yongera araremesha abantu, nk’uko nyene ubuhanuzi bw’ivya Mesiya bwari bwarabivuze.—Yesaya 42:3; 50:4; 61:1, 2.

13. (a) Abakirisu b’abavyeyi boshobora bate guhemuka? (b) Ni kuki abavyeyi bakwiye kwirinda kuryagumba canke kunegura, canke gutora amakosa birenze urugero mu vy’ugutoza indero abana babo?

13 Abakirisu bafise ubukuru bunaka barungukira cane ku ndorerwako Yezu yatanze muri ivyo. Nk’akarorero, abavyeyi badahemuka barazi yuko bategerezwa gutoza indero abana babo. (Imigani 13:24) Yamara bararaba neza yuko batarandura umutima abana bakoresheje indero y’ukubaryagumba itanganwa ishavu canke bakoresheje ibineguro bama babazibagiza. Abana biyumvira yuko badashobora kwigera bahimbara abavyeyi canke biyumvira yuko idini y’abavyeyi isa gusa n’iyituma baba intoramakosa n’abaneguranyi, bashobora neza kuvunika umutima kandi amaherezo bakava mu kwizera nyakuri.—Ab’i Kolosayi 3:21.

14. Abakirisu b’abakurambere boshobora gute kugaragaza ko badahemuka ku vyo bakora kubera ubusho?

14 Abakirisu b’abakurambere hamwe n’abacungezi b’ingenzi na bo nyene baritwararika ingorane hamwe n’ingeramizi ubusho buhangana na zo. Ko ari abungere badahemuka, baratanga impanuro igihe bikenewe, bakabanza kuraba neza yuko ibintu vyose bivyerekeye babizi hanyuma bakitonda bagashingira ivyo bavuga kuri Bibiliya no ku bisohokayandikiro vy’Ishirahamwe. (Zaburi 119:105; Imigani 18:13) Barazi kandi yuko intama zibazeyeko ugukomezwa n’ukugaburirwa mu vy’impwemu. Ni co gituma barondera kwigana Yezu Kirisitu wa Mwungere mwiza. Barakenurira intama badahemuka iyinga ku rindi mu makoraniro ya gikirisu, ata kubaryagumba, ahubwo riho bakabubaka kandi bagakomeza ukwizera kwabo.—Matayo 20:28; Abanyefeso 4:11, 12; Abaheburayo 13:20, 21.

15. Mu kinjana ca mbere bamwe berekanye gute yuko bari bafise ukudahemuka kutari kwo?

15 Ubundi bwoko bw’uguhemuka kwo mu buryo bw’urwenge ni ukudahemuka kutari kwo. Ukudahemuka nyakuri mu nsiguro itangwa na Bibiliya ntikwemera ko hagira ukugamburuka ukwo ari kwo kwose dushira imbere y’ukudahemuka kuri Yehova Imana. Abayuda benshi bo mu kinjana ca mbere barumira, bimwe bidahinduka, ku Vyagezwe vya Musa hamwe no ku runkwekwe rw’ivy’Abayuda. Yamara igihe ca Yehova cari cashitse c’uko umugisha wiwe awukura kw ihanga ryagararije akawimurira kw ihanga rya Isirayeli yo mu vy’impwemu. Bakeyi gusa ni bo bari intahemuka kuri Yehova kandi bakiyorohereza iryo hinduka ry’agakomeye. No mu Bakirisu b’ukuri nyene, hari bamwebamwe bashigikiye imigenzo y’Abayuda, bakobereza ku vyo gusubira ku “vya mbere vya goyigoyi” vyo mu Vyagezwe vya Musa, ivyari vyarangukiye muri Kirisitu.—Ab’i Galatiya 4:9; 5:6-12; Ab’i Filipi 3:2, 3.

16. Abasavyi ba Yehova badahemuka bagira inyifato nki iyo hari ibintu bihinduwe?

16 Abantu ba Yehova bo mu gihe ca none bobo baragaragaje ko ari intahemuka mu bihe hagize igihinduka. Uko umuco w’ukuri kwahishuwe ubandanya kwaka, haraba ibintu bihindurwa. (Imigani 4:18) Ubuheruka, “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” yaradufashije kugorora ukuntu dutahura ijambo “iyaruka” rikoreshwa muri Matayo 24:34, NW, hamwe n’igihe kizoberamwo ugucira imanza “intama” n’ ”impene” zivugwa muri Matayo 25:31-46, hamwe kandi n’ukuntu tubona ubwoko bumwebumwe bw’akazi ka Leta. (Matayo 24:45) Nta gukeka, hariho abahuni bari kunezerwa n’uko benshi mu Vyabona vya Yehova bagumye bumiye ku gutahura kwa kera kw’ivyo bintu hanyuma bakanka gutera imbere. Nta nk’ico na kimwe cashitse. Kubera iki? Kuko abantu ba Yehova ari intahemuka.

17. Rimwe na rimwe abo dukunda bashobora bate gutuma ukudahemuka kwacu kugeragezwa?

17 Mugabo ikibazo c’ivy’ukudahemuka kutari kwo gishobora kuba kitwerekeye twebwe ubwacu. Mu gihe hagize umugenzi dukunda canke mbere uwo mu rugo ahisemwo ingendo irenga ku ngingo za Bibiliya, dushobora kwumva ko tugiye irya n’ino ku vy’ukudahemuka. Mu bisanzwe turumva dukwiye kuba intahemuka ku bo mu rugo. Ariko ukubumvira kwacu ntidukwiye kwigera tugushira imbere y’ukudahemuka kwacu kuri Yehova! (Gereranya na 1 Samweli 23:16-18.) Eka mbere ntidukwiye gufasha inkozi z’ikibi ngo zihishe icaha gikomeye canke ngo twifadikanye na bo dutere kubiri n’abakurambere bariko bagerageza ‘kubabogora bakoresheje umutima w’ubugwaneza.’ (Ab’i Galatiya 6:1) Kugenza gutyo kwoba ari uguhemuka kuri Yehova, kw Ishirahamwe ryiwe no ku wo dukunda. Ubiravye, kuja hagati y’uwakoze icaha n’indero akwiye gutozwa, mu vy’ukuri bimeze nk’ukuzibira iserurwa ry’urukukndo rwa Yehova ngo ntirimushikire. (Abaheburayo 12:5-7) Niwibuke kandi yuko “gukubitwa n’umukunzi biba bitewe n’ukuri.” (Imigani 27:6) Impanuro itanzwe ata kurya umunwa, yuzuye urukundo kandi ishingiye kw Ijambo ry’Imana, yoshobora gukomeretsa ubwibone bw’uwo twakunda yatirimutse, ariko mu nyuma ishobora kugaragara ko ikiza ubuzima!

Ukudahemuka Kurananira Uruhamo

18, 19. (a) Ahabu yashaka iki kuri Naboti, hanyuma ni kuki Naboti yanse? (b) Ukudahemuka kwa Naboti kwoba kwari gukwiranye n’ico kwamutwaye? Sigura.

18 Rimwe na rimwe ibitero Shetani atera ukudahemuka kwacu biza imbonankubone. Rimbura ivyashikiye Naboti. Igihe Umwami Ahabu yamukaza ngo agurishe uruzabibu rwiwe, yishuye ati: “Uhoraho ntakavyumve ko noguha ishamvu ya ba sogokuruza!” (1 Abami 21:3) Naboti ntiyariko aba intagondwa; yariko aba intahemuka. Ivyagezwe vya Musa vyategeka yuko hatogira Umwisirayeli agurisha itongo yarazwe ngo rigende muhenu. (Abalewi 25:23-28) Naboti ategerezwa kuba yari azi yuko uwo mwami mubi yomwicisha, kuko Ahabu yari amaze kureka umugore wiwe Yezebeli akazimanganya benshi mu bahanuzi ba Yehova! Yamara Naboti yahagaze ashikamye.—1 Abami 18:4.

19 Ukudahemuka rimwe na rimwe ntikugenda ubusa. Yezebeli, afashijwe n’abantu “b’inshirukanya,” yaratumye Naboti agerekwako ikibi atari yakoze. Ivyo vyatumye we hamwe n’abahungu biwe bicwa. (1 Abami 21:7-16; 2 Abami 9:26) Ivyo vyoba bisobanura yuko ukudahemuka kwa Naboti kwarimwo ukwihenda? Oya! Naboti ari muri ba bagabo n’abagore benshi b’intahemuka bitwa ‘bazima’ Yehova yibuka ubu, bagisinziriye ata nkomanzi mu mva gushika igihe c’izuka.—Luka 20:38; Ivyakozwe n’intumwa 24:15.

20. Icizigiro gishobora kudufasha gute tukazigama ukudahemuka kwacu?

20 Uwo muhango nyene urahumuriza intahemuka za Yehova muri iki gihe. Turazi yuko ukudahemuka kwacu gushobora kudutwara vyinshi muri iyi si. Yezu Kirisitu ukudahemuka kwiwe kwamutwaye ubuzima kandi yabwiye abigishwa biwe yuko bogiriwe nk’ivyo nyene. (Yohana 15:20) Nk’uko icizigiro yari afise ca kazoza camugumije, ni ko na twebwe ico dufise kitugumya. (Abaheburayo 12:2) Gutyo rero turashobora kuguma tudahemuka imbere y’uruhamo rw’ubwoko bwose.

21. Yehova asubiriza umutima mu nda gute intahemuka ziwe?

21 Ego ni ko, ugereranije usanga ari bake muri twebwe bashikirwa n’uguterwa mwen’ukwo imbonankubone ku kudahemuka kwacu. Ariko abantu b’Imana barashobora neza gushikirwa n’uruhamo ruruta ho imbere y’uko umuhero uza. Twokwemera dute tudakeka ko tuzogumya ukudahemuka kwacu? Ni mu kugumana ukudahemuka ubu. Yehova yaradushinze ibanga rihambaye—iryo gukwiririza no kwigisha ivyerekeye Ubwami bwiwe. Nitugume kuri ico gikorwa gihambaye tudahemuka. (1 Ab’i Korinto 15:58) Mu gihe twanse ko hagira udusembwa tw’umuntu dukegeta ukudahemuka kwacu kw Ishirahamwe rya Yehova, kandi mu gihe twirinze ubwoko mwen’ubwo bw’uguhemuka kwo mu buryo bw’urwenge nka kwa kudahemuka kutari kwo, ni ho tuzobona kuba abiteguye neza kuruta, mu gihe ukudahemuka kwacu kwogeragezwa bimwe bikomeye gusumba. Ivyo ari vyo vyose, dushobora kwamana umutima mu nda kubera ko Yehova ata ho yigera abura kuba intahemuka ku basavyi biwe. (2 Samweli 22:26) Egome, azozigama intahemuka ziwe!—Zaburi 97:10.

[Utujambo tw’epfo]

a Yezu yararindutse ararwanya ivy’urwo rudandaza rwazana inyungu. Dukurikije ibivugwa n’uwutohoza ivya kahise umwe, ikori ry’urusengero ryarihwa hakoreshejwe igiceri kinaka ca kera c’Abayuda. Abenshi mu bagendera urusengero boba rero barakenera kuvunjisha amahera yabo kugira babone kuriha iryo kori. Abavunji b’amahera baremererwa gushinga inyungu baronkera kuri iryo vunja, ivyo bikaba vyarabazanira amahera menshi cane.

b Raba Réveillez-vous! yo ku wa 22 Kigarama 1993; 8 Nzero 1994; na 22 Nzero 1994.

c Umuryango wabo wavuye ku w’Abahasidimu, uno ukaba ari umugwi wari wavyutse ibinjana n’ibindi imbere yaho ngo barwanye akosho k’Abagiriki. Abahasidimu izina ryabo ryavuye kw ijambo ry’Igiheburayo chasi·dhimʹ, risobanura “abadahemuka” canke “abaguma ku Mana.” Kumbure biyumvira yuko ivyanditswe bivuga “abadahemuka” ba Yehova biberekeye mu buryo bunaka budasanzwe. (Zaburi 50:5) Bo hamwe n’Abafarisayo baje mu nyuma zabo, bari abanyeshaka ry’umurengera, bakigena ngo ni abavugira urudome rw’Ivyagezwe.

Wokwishura Ute?

◻ Dushobora dute kwirinda ngo udusembwa tw’abandi ntidutume duhemuka?

◻ Ni mu buryo ki udusembwa twacu twoshobora gutuma tugira ingendo y’uguhemuka?

◻ Dushobora dute kunanira impengamiro y’uguhindura ukudahemuka kwacu kukaba ukutari kwo?

◻ Ni igiki kizodufasha kugumana ukudahemuka kwacu no mu bihe vy’uruhamo?

[Uruzitiro ku rup. 21]

Ugukora Kuri Beteli Ata Guhemuka

“Vyose bitungane neza, birorane.” Ivyo vyanditswe n’intumwa Paulo. (1 Ab’i Korinto 14:40) Paulo yari azi ko kugira ngo ikorane rikore, hokenerwa ‘ukuroranya’ kugira habe ishirahamwe. No muri iki gihe nyene abakurambere bategerezwa gufata ingingo ku bintu vy’ingirakamaro, nk’ugushira abo mw ikorane mu bibanza bitari bimwe vy’inyigisho y’igitabu, ukuroranya amakoraniro y’ubusuku bwo mu ndimiro, hamwe n’ukuraba ko amateritwari aheturwa. Ukuroranya mwen’ukwo rimwe na rimwe gushobora gutera ibigerageza ukudahemuka. Ntibahumekerwa n’Imana ivyo babwiriza, bakaba kandi badashobora gushitsa ivyo umuntu wese ashaka.

Woba none ubona yuko hari aho bigorana kuba intahemuka ku biroranywa nyakimazi bimwebimwe mw ikorane ry’Abakirisu? Niba ari ukwo, ushobora gusanga akarorero ka Beteli ari rufasha. Izina Beteli, na ryo rikaba ari ijambo ry’Igiheburayo risobanura ngo “Inzu y’Imana,” rihabwa ya mashami yose 105 y’Ishirahamwe Watch Tower, dushizemwo n’ibiro bikuru vyo muri Reta Zunze Ubumwe.* Abakozi b’abishakire baba ku nyubakwa za Beteli kandi bakoraho barondera ko ivyo bibanza bigaragaza ukwibanga n’ugutinya Yehova. Ivyo bisaba ko umwe wese agira ukudahemuka.

Abagendera Beteli kenshi barikugura urutonde n’isuku bahasanga. Abakozi usanga bungunganijwe kandi bahimbawe; imvugo yabo n’inyifato vyabo hamwe nyene n’ukuntu baboneka usanga bigaragaza amajwi yo mu mutima ya gikirisu ahumuye kandi yigishijwe na Bibiliya. Abagize umuryango wa Beteli bose baguma ku ngingo z’Ijambo ry’Imana badahemuka.

Turetse ivyo, Inama Nyobozi irabaronsa agatabu gataziriwe ngo Habitons ensemble dans une étroite union (Tubane Dufatanye mu Nda), kakaba kerekana n’ubuntu intondeko nyakimazi zimwezimwe zikenewe kugira umuryango munini nk’uwo ukore neza ufatanye mu nda. (Zaburi 133:1) Nk’akarorero, karashika ku vyerekeye ivyumba vy’uburaro, ibifungurwa, isuku, ivyambarwa n’ukwiryohora hamwe n’ibindi nk’ivyo. Abagize umuryango wa Beteli barashigikira kandi bakaguma kuri izo ntondeko ata guhemuka, no mu gihe nyene ivyo bo ubwabo bashaka vyoba bibajana mu yindi nzira. Ako gatabo ntibakabona nk’icegeranyo c’amabwirizwa n’amategeko agumye, ariko nk’icegeranyo c’inyobozo zigenewe gukomeza ubumwe n’ubwumvikane. Abacungezi ntibahemuka mu vy’ugushigikira ubwo buryo bw’ugukora bushingiye kuri Bibiliya, kandi bakabukoresha mu buryo bwizigiza kugira bubake bongere baremeshe abo mu muryango wa Beteli ngo babone gukurikirana igikorwa cabo ceranda co muri Beteli.

[Akajambo k’epfo]

Izo nyubakwa z’icapuriro, ibiro hamwe n’ah’ukuba, ntibigize urusengero rw’Imana canke ingoro yayo bihambaye. Urusengero rw’ivy’impwemu rw’Imana ni intondeko yayo yashiriweho ivy’ugusenga gutyoroye. (Mika 4:1) Ko ari uko ruri, ntirugarukirizwa gusa ku cubake na kimwe kiboneka co kw isi.

[Uruzitiro ku rup. 22]

Uwumira ku Kudahemuka n’Uwumira ku Mategeko

Mu 1916, igitabu Encyclopædia of Religion and Ethics cavuze yuko “iryo tandukaniro riri hagati y’uwumira ku kudahemuka n’uwumira ku mategeko rishobora gusangwa mu bihe vyose n’ahantu hose.” Casiguye giti: “Hariho uwumira ku mategeko akora ico abwiwe, ntihagire itegeko arenga; aguma yumiye kw ijambo ryanditswe kandi rishobora gusomwa. Hariho uwumira ku mategeko agira ivyo, ariko agashobora . . . kwizigirwa ko yogira n’ibindi, ashira umuzirikanyi wiwe wose ku gikorwa ashinzwe, agatunganya agatima afise akurikije ico intego ikurikiranwa isobanura.” Mu nyuma ico gitabu nyene cavuze giti: “Kuba intahemuka ni ugusumvya rwose ukuba uwibanda ku mategeko. . . . Umuntu w’intahemuka ikimutandukanya n’uwibanda ku mategeko, ni ku vy’uko ari uwukorana umutima wose n’umuzirikanyi wose . . . Ntiyubahuka gukora ivyaha bivuye ku gushaka, ku kureka kugira icari ngombwa, ku kwiyobagiza.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika