ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 102 rup. 236-rup. 237 ing. 2
  • Ivyahishuriwe Yohani

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyahishuriwe Yohani
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Ubwiza bw’intebe y’ubwami ya Yehova yo mw’ijuru
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Bibiliya irahishura ababa mw’ijuru
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Baririmba ururirimbo rushasha rw’intsinzi
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Yohani abona Yezu uwaninahajwe
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 102 rup. 236-rup. 237 ing. 2
Intumwa Yohani ariko arandika igitabu c’Ivyahishuwe

ICIGWA CA 102

Ivyahishuriwe Yohani

Igihe intumwa Yohani yari apfungiwe mw’izinga rya Patimo, Yezu yaramweretse ibintu bizoba muri kazoza. Muri ayo mayerekwa uko yari 16, yarabonye ingene izina rya Yehova rizokwezwa, Ubwami bwiwe bukaza, ivyo agomba na vyo bigakorwa kw’isi nk’uko bikorwa mw’ijuru.

Mw’iyerekwa rimwe, Yohani yabonye Yehova yicaye ku ntebe yiwe y’ubuninahazwa mw’ijuru, akikujwe n’abakurambere 24 bambaye impuzu zera n’ingori z’inzahabu ku mitwe. Kuri nya ntebe haguma hava imiravyo n’imituragaro. Abo bakurambere 24 barunama imbere ya Yehova bakamusenga. Mu rindi yerekwa, Yohani abona isinzi rinini ry’abasavyi ba Yehova bo mu mahanga yose, mu moko yose no mu ndimi zose. Yezu wa Mwagazi w’intama arabaragira, akabajana ku mazi y’ubuzima. Mu rindi yerekwa, Yezu aratangura kuganza mw’ijuru, ari kumwe na ba bakurambere 24. Mw’iyerekwa rikurikira, Yohani abona Yezu ariko ararwana n’igisato, ari co Shetani, hamwe n’amadayimoni yiwe. Yezu arabirukana mw’ijuru akabaterera kw’isi.

Yezu na bamwe 144.000 bari ku musozi Siyoni

Yohani aca abona wa Mwagazi w’intama na bamwe 144.000 bahagaze ku musozi Siyoni. Arabona kandi umumarayika aguruka mu kirere ariko abwira abantu ngo batinye Imana kandi bayininahaze.

Mw’iyerekwa rikurikira, abona intambara ya Harumagedoni. Muri iyo ntambara, Yezu n’ingabo ziwe baranesha Shetani n’isi yiwe. Mw’iyerekwa rya nyuma, Yohani abona kw’isi no mw’ijuru ibintu vyose bimeze neza. Shetani n’uruvyaro rwiwe barakurwaho buhere. Abo kw’isi no mw’ijuru bose baraninahaza izina rya Yehova kandi akaba ari we basenga wenyene.

«Nzoshira urwanko hagati yawe na wa mugore no hagati y’uruvyaro rwawe n’uruvyaro rwiwe. Uruvyaro rwiwe ruzogufyonyora umutwe, nawe uzorukomeretsa ku gitsintsiri.»​—Itanguriro 3:15

Ibibazo: Ni amayerekwa angahe Yohani yabonye? Yezu azokora iki kuri ya ntambara ya Harumagedoni?

Ivyahishuwe 1:1-3; 4:1-11; 7:4, 9-17; 11:15-18; 12:5-12; 14:6, 7; 16:14, 16; 21:5

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika