ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 101 rup. 234-rup. 235 ing. 4
  • Pawulo arungikwa i Roma

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Pawulo arungikwa i Roma
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Nugire umutima rugabo—Yehova ni Umutabazi wawe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • “Nta muntu n’umwe muri mwebwe azohasiga agatwe”
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • «Gushinga intahe bimwe bishitse»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • «Ndabasavye mureme»
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 101 rup. 234-rup. 235 ing. 4
Pawulo n’abo bari kumwe, bamwe bariko baroga abandi bariko barareremba ku mbaho z’ubwato bwasabiye kw’izinga rya Malita

ICIGWA CA 101

Pawulo arungikwa i Roma

I Yeruzalemu ni ho Pawulo yarangirije urugendo rwa gatatu rwo kwamamaza. Ari ng’aho, yarafashwe arapfungwa. Mw’ijoro, Yezu yaramwiyeretse amubwira ati: ‘Uzoja i Roma kandi uzokwamamazayo.’ Yarakuwe i Yeruzalemu ajanwa gupfungirwa i Sezariya, amarayo imyaka ibiri. Igihe Buramatari Fesito yariko aramusambisha, Pawulo yamubwiye ati: ‘Nshaka ko Sezari ari we ancira urubanza, i Roma.’ Fesito yamwishuye ati: «Ko wungururije kwa Sezari, uzorenguka imbere ya Sezari.» Pawulo yaciye yurizwa ubwato buja i Roma, ajana na Luka na Arisitariko.

Bari mu bwato, haradutse umuyaga mwinshi wamaze imisi uhuhuta. Bose babona ko bahava bapfa. Ariko Pawulo yababwiye ati: ‘Bagabo, umumarayika yambwiye mu ndoto ati: «Ntutinye Pawulo. Uzoshika i Roma kandi abo muri kumwe bose mu bwato nta co bazoba.» Ntimugire ubwoba! Ntituzopfa.’

Uwo muyaga wamaze imisi 14. Baratevye barabona izinga, rikaba ryitwa Malita. Ubwato bwarasetse ikintu buca burameneka, ariko abantu 276 bari muri bwo bashitse ku nkengera amahoro. Bamwe baroze, abandi bagenda barareremba ku mbaho z’ubwo bwato. Abantu b’i Malita barabakiriye neza, barabacanira n’umuriro wo kwota.

Haheze amezi atatu, abasoda barurije Pawulo ubundi bwato bamujana i Roma. Ashitseyo, abavukanyi baraje kumuraba. Ababonye, yarashimiye Yehova, yumva araremye. Naho yari apfunzwe, baramwemereye gupanga inzu, ariko yaguma acunzwe n’umusoda. Yahamaze imyaka ibiri. Abantu baraza kumuraba, na we agaca ababwira ivyerekeye Ubwami bw’Imana akongera akabigisha ibijanye na Yezu. Pawulo kandi yarandikiye amakete amashengero yo muri Aziya n’i Yudaya. Yehova vy’ukuri yarakoresheje Pawulo kugira ashikane inkuru nziza mu bindi bihugu.

«Muri vyose turerekana ko turi abasuku b’Imana mu kwihanganira ibigeragezo vyinshi, mu makuba, mu bihe vy’umukeno, mu ngorane.»​—2 Abakorinto 6:4

Ibibazo: Kubera iki Fesito yarungitse Pawulo i Roma? Ni ibiki vyashikiye Pawulo ariko araja i Roma?

Ivyakozwe 21:30; 23:11; 25:8-12; 27:1–28:31; Abaroma 15:25, 26

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika