ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 103 rup. 238-rup. 239 ing. 2
  • «Ubwami bwawe nibuze»

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • «Ubwami bwawe nibuze»
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Ni Umugambi Uwuhe Imana Ifitiye Isi?
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye abantu?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Baratanguye Kugorwa
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Umugambi Imana ifitiye isi ugiye kuranguka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 103 rup. 238-rup. 239 ing. 2
Abana n’abakuze bibereye mw’Iparadizo

ICIGWA CA 103

«Ubwami bwawe nibuze»

Yehova yasezeranye ati: ‘Nzohanagura amosozi yose ku maso yabo. Amarira, umubabaro, ingwara n’urupfu ntibizoba bikiriho. Ibintu bibi vyose bizokwibagirwa.’

Yehova yashize Adamu na Eva mw’itongo rya Edeni ngo babeho mu mahoro n’umunezero. Bari gusenga Se wabo wo mw’ijuru kandi bakavyara bakuzura isi. Naho Adamu na Eva bagambarariye Yehova, umugambi wiwe ntiwigeze uhinduka. Muri iki gitabu twarabonye ko ivyo Imana isezerana vyose vyama biranguka. Ubwami bwayo buzozana ivyiza vyinshi kw’isi nk’uko yabisezeraniye Aburahamu.

Abana, abakuze hamwe n’ibikoko biri kumwe mw’Iparadizo

Vuba Shetani n’amadayimoni yiwe n’abantu babi bagiye gukurwaho. Abazoba bariho bose bazosenga Yehova. Ntituzosubira kurwara canke ngo dupfe. Ahubwo buri musi tuzovyuka dufise inguvu kandi turyoherewe ubuzima. Isi izohinduka iparadizo. Ico gihe abantu bose bazoba bafise ibifungurwa bikwiye n’amazu mezameza. Bazoba bameze neza kandi nta wuzogirira nabi uwundi. Ibikoko ntibizodutinya kandi natwe ntituzobitinya.

Bizoba biteye umunezero cane Yehova niyatangura kuzura abapfuye. Tuzokwakira abantu ba kera nka Abeli, Nowa, Aburahamu, Sara, Musa, Rusi, Esiteri na Dawidi. Bazodufasha guhindura isi iparadizo. Hazokwama hariho ibikorwa biteye umunezero vyo gukora.

Yehova ashaka ko ari ho uzoba uri. Uzomumenya ku rugero utari bwigere wiyumvira. Nimuze tugume turushiriza kwiyegereza Yehova buri musi, ubu n’ibihe bidahera!

«Ewe Yehova Mana yacu, urabereye kuronka ubuninahazwa, iteka n’ububasha, kuko waremye vyose.»​—Ivyahishuwe 4:11

Ibibazo: Ni ibiki Ubwami bw’Imana buzohindura kw’isi? Mu bantu bose bavuzwe muri iki gitabu, ni bande ushaka kuzobona mw’Iparadizo?

Ivyahishuwe 21:3, 4; Yobu 33:25; Imigani 2:21, 22; Yesaya 11:2-10; 33:24; 65:21; Matayo 6:9, 10; Yohani 5:28, 29; 17:3

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika