ICIGWA CA 8
Abansi b’Imana Ni Bande?
Umwansi w’Imana mukuru ni Shetani wa Mucokoranyi. Ni ikiremwa c’impwemu cagararije Yehova. Shetani arabandanya kurwanya Imana, kandi arateza abantu ingorane nyinshi. Shetani ni mubi. Ni umubeshi akaba n’umwicanyi.—Yohana 8:44.
Hari ibindi biremwa vy’impwemu vyifatanije na Shetani mu kugarariza Imana kwiwe. Bibiliya ivyita abadayimoni. Cokimwe na Shetani, abadayimoni ni abansi b’abantu. Barashima kugirira nabi abantu. (Matayo 9:32, 33; 12:22) Yehova azohonya Shetani n’abadayimoni biwe ubutagisubira kubaho. Basigaranye igihe gito gusa co guteza abantu ingorane.—Ivyahishuriwe 12:12.
Niwaba ushaka kuba umukunzi w’Imana, utegerezwa kudakora ivyo Shetani ashaka ko ukora. Shetani n’abadayimoni biwe baranka Yehova. Ni abansi b’Imana, kandi nawe bashaka kukugira umwansi w’Imana. Utegerezwa guhitamwo uwo ushaka guhimbara, Shetani canke Yehova. Niwaba ushaka ubuzima budahera, utegerezwa guhitamwo gukora ivyo Imana igomba. Shetani afise amayeri menshi n’uburyo bwinshi bwo guhenda abantu. Abantu benshi cane bariko barahendwa na we.—Ivyahishuriwe 12:9.