ICIGWA CA 9
Abakunzi b’Imana Ni Bande?
Yezu Kirisitu ni Umwana wa Yehova akaba n’umukunzi wiwe somambike kuruta, akaba ari na we afiseko umutima rwose kuruta. Imbere y’uko Yezu abaho nk’umuntu kw’isi, yaba mw’ijuru ari ikiremwa c’impwemu c’ubushobozi. (Yohana 17:5) Maze yaraje kw’isi kwigisha abantu ukuri kwerekeye Imana. (Yohana 18:37) Yaranatanze ubuzima bwiwe bw’umuntu kugira ngo arokore abantu bagamburuka, abakure mu caha n’urupfu. (Abaroma 6:23) Yezu ubu ni we Mwami w’Ubwami bw’Imana, na bwo bukaba ari intwaro yo mw’ijuru izozana Iparadizo kuri iyi si.—Ivyahishuriwe 19:16.
Abamarayika na bo nyene ni abakunzi b’Imana. Abamarayika ntibatanguye kubaho kw’isi ari abantu. Baremewe mw’ijuru imbere y’uko Imana irema isi. (Yobu 38:4-7) Hariho abamarayika amamiliyoni. (Daniyeli 7:10) Abo bakunzi b’Imana bo mw’ijuru bashaka ko abantu biga ukuri kwerekeye Yehova.—Ivyahishuriwe 14:6, 7.
Imana kandi irafise abakunzi kw’isi; ibita ivyabona vyayo. Icabona iyo kiri muri sentare kivuga ivyo kizi ku muntu canke ku kintu. Ivyabona vya Yehova babwira abandi ivyo bazi kuri Yehova no ku mugambi wiwe. (Yesaya 43:10) Nka kumwe kw’abamarayika, Ivyabona bashaka kugufasha kwiga ukuri kwerekeye Yehova. Bashaka ko nawe uba umukunzi w’Imana.