ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g04 8/10/04 rup. 3-4
  • Ukutaboneka kwa ba sebibondo ni ingorane irushiriza kwongerekana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukutaboneka kwa ba sebibondo ni ingorane irushiriza kwongerekana
  • Be maso!—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Bahari badahari
  • Birakenewe ko basubira kwisuzuma
  • Gushinga ibibereye kuza imbere y’ibindi
  • Ingene woba sebibondo mwiza
    Be maso!—2013
  • Ni nde akwiye kwigisha abana ivyerekeye Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Sebibondo abana bakeneye
    Be maso!—2004
  • Ivyofasha sebibondo kuguma ashikirana n’umuhungu wiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Be maso!—2004
g04 8/10/04 rup. 3-4

Ukutaboneka kwa ba sebibondo ni ingorane irushiriza kwongerekana

BA SEBIBONDO bata imiryango yabo bariko barushiriza kwongerekana. Amaja mu mpera z’imyaka ya 1990, ikinyamakuru kimwe (USA Today) cise Leta Zunze Ubumwe za Amerika “igihugu kiza imbere y’ibindi vyose kw’isi mu vy’imiryango itagira ba sebibondo”. Ariko rero, ukutaboneka kwa ba sebibondo ni ingorane ikwiye kw’isi yose.

Muri Berezile, raporo y’urusansuma rwagizwe mu 2000 yerekanye yuko igitigiri c’imiryango yari irongowe n’abakenyezi cari imiliyoni 11,2 ku miryango imiliyoni 44,7 yari muri ico gihugu. Muri Nikaragwa, ibice 25 kw’ijana vy’abana bari babanye na ba nyina babo gusa. Muri Costa Rica, igitigiri c’abana bihakanywe na ba se babavyaye caraduze mu myaka ya 1990, kiva kuri 21,1 kw’ijana gishika kuri 30,4 kw’ijana.

Ibiharuro vyagizwe muri ivyo bihugu bitatu ni akarorero gusa kerekana ukuntu ibintu vyifashe kw’isi yose. Rimbura uwundi muce w’ingorane ijanye n’ukutaboneka kwa ba sebibondo.

Bahari badahari

Turakwinginze urabe uruzitiro ruvuga ngo: “Da, uzogaruka ryari?”. Umwigeme yitwa Nao, ubu akaba afise imyaka 23, yiyemerera ati: “Ntaratangura amashure y’intango, nabona dawe gake kabaho. Umusi umwe agiye, namwinginze nti: ‘Ndagusavye uze kugaruka’ ”.

Ubucuti bwo mu muryango nk’ubwo Nao yari afitaniye na se ni bwo bwatumye umwanditsi w’Umunyapolonye Piotr Szczukiewicz avuga ati: “Sebibondo asa n’uko ari umuntu ahambaye usanga abuze mu muryango”. Ego ni ko, ba sebibondo benshi barabana n’imiryango yabo kandi bakayironsa amafaranga yo kwikenura. Yamara, nk’uko ikinyamakuru kimwe co mu Bufaransa (Capital) cabivuze, “ba sebibondo benshi cane bishinga gusa kuronderera [imiryango] ibifungurwa, ntibabe abarezi”.

Akenshi, usanga sebibondo ari ho ari mu muryango mugabo ntagire uruhara mu bijanye n’ubuzima bw’abana biwe. Ivyiyumviro vyiwe biba biri ahandi. Nk’uko ikinyamakuru kimwe co mu Bufaransa (Famille chrétienne) kibivuga, “mbere naho [sebibondo] yoba ahari buhabe, arashobora kuba atari ho ari mu vyiyumviro”. Ni kubera iki mu miryango myinshi, ubwenge n’umutima vya ba sebibondo usanga atari ho biri?

Nk’uko ico kinyamakuru duhejeje kuvuga kibisigura, imvo nyamukuru ibituma ni uko sebibondo “adatahura uruhara rwa sebibondo canke rw’umunega”. Dufatiye ku kuntu ba sebibondo benshi babona ibintu, uruhara sebibondo mwiza afise ngo ni urwo kuzana gusa i muhira umushahara uhagije. Nk’uko umwanditsi w’Umunyapolonye yitwa Józef Augustyn yabivuze, “ba sebibondo benshi biyumvira yuko ari abavyeyi beza kubera baronsa umuryango amahera ukoresha”. Mugabo rero, gukora ivyo ni kimwe gusa mu bigize ibanga sebibondo ajejwe.

Mu vy’ukuri, agaciro abana baha se wabo ntikaba gashingiye ku bwinshi bw’amafaranga aronka canke ku giciro c’ingabirano yobaha. Ahubwo riho, ico mu vy’ukuri abana bashaka, ikintu kirengeye ingabirano y’ikintu babahaye, ni urukundo rwa ba se, umwanya babahebera be n’ukubitwararika kwabo. Ivyo ni vyo mu vy’ukuri bihambaye kuri bo.

Birakenewe ko basubira kwisuzuma

Nk’uko raporo imwe yagizwe n’Inama nkuru y’Ubuyapani ijejwe indero yabivuze, “ba sebibondo bakwiye gusubira gusuzuma ubuzima bwabo bwa misi yose, ubwo bahebera akazi bimwe birenze urugero”. Ikibazo rero ni iki: Serugo yoba azogira ivyo ahinduye ku bw’ineza y’abana biwe? Ikinyamakuru kimwe co mu Budagi (Gießener Allgemeine) carashikirije raporo ku matohoza yagizwe, aho benshi muri ba sebibondo babajijwe banse gushira abana babo imbere y’akazi kabo.

Abakiri bato barashobora kubabazwa cane n’icoshobora kuboneka nk’aho umenga ba se ntibabababaye. Lidia, ubu akaba afise imyaka 21, aracibuka neza ukuntu se yari ameze igihe yari akiri agakobwa gatoyi muri Polonye. Asigura ati: “Ntiyigera atuvugisha. Umwe wese yaba yibereye mu vyiwe. Ntiyari azi ko umwanya wanje w’ukwinezereza nawumara mu biteramo vy’ugutamba”. Mu buryo nk’ubwo nyene, Macarena wo muri Esupanye afise imyaka 21 avuga yuko akiri umwana, se wiwe “yagenda ku misi y’impera y’umushamvu kwinezereza n’abagenzi biwe, kandi kenshi na kenshi akamara imisi atagarutse”.

Gushinga ibibereye kuza imbere y’ibindi

Ba sebibondo benshi boshobora gutahura yuko bamarana umwanya muto cane n’abana babo kandi ko batabitwararika bikwiye. Sebibondo umwe w’Umuyapani afise umuhungu w’umuyabaga yavuze ati: “Nizigiye yuko umwana wanje azotahura ivyanje ukuntu vyifashe. Nama ndamwiyumvira, eka mbere n’iyo mfise ibintu vyinshi nkora”. Yamara, kwizigira vyonyene yuko umwana azotahura igituma se wiwe ataboneka vyoba ari vyo bizotorera umuti ingorane?

Nta gukeka yuko akigoro nyakuri, emwe, ukugira ivyo uhevye, gakenewe kugira ngo uronse umwana ivyo akeneye. Biratomoye yuko kuronsa abana ivyo bakeneye kuruta ibindi ari vyo urukundo, umwanya be n’ubwitwararitsi, atari ikintu coroshe. Yezu Kirisitu yavuze ati: “Umuntu ntatungwa n’umutsima [canke, imfungurwa z’umubiri] gusa” (Matayo 4:4). Ni ivy’ukuri kandi yuko abana badashobora gukura neza baronse ibintu vy’umubiri vyonyene. Wewe sebibondo woba witeguriye guheba ivyo woshobora kuba ubona ko ari ivy’agaciro kanini, ni ukuvuga umwanya wawe canke kumbure n’ugutera imbere mu kazi kawe, kugira ngo abana bawe bakuronke?

Ikinyamakuru kimwe (Mainichi Daily News) co ku wa 10 Ruhuhuma 1986, caravuze ibijanye na sebibondo umwe yahavuye abona ukuntu abana biwe bari bahambaye. Cavuze giti: “Umwe mu bakuru b’Ishirahamwe ry’igihugu rijejwe amabarabara y’indarayi mu Buyapani yahisemwo guheba akazi aho gutandukana n’umuryango wiwe”. Nya kinyamakuru caciye gisubiramwo amajambo uwo mukuru yavuze ati: “Akazi ko kuba umuyobozi mukuru karashobora gukorwa n’uwo ari we wese. Yamara ni je jenyene ndi se w’abana banje”.

Nkako, intambwe ya mbere mu vy’ukuba sebibondo mwiza ni ugutahura sebibondo abana bakeneye ingene yoba ameze. Reka turabe ico kuba mwene uwo sebibondo bisaba.

[Uruzitiro ku rup. 3]

“Da, uzogaruka ryari?”

Ico ni co kibazo agakobwa k’imyaka itanu ko mu Buyapani kitwa Nao kabajije se umusi umwe agiye ku kazi. Naho yaba i muhira, ni gake kamubona. Yari amenyereye gutaha ka Nao kamaze kuja kuryama, akagenda kataravyuka.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika