ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g04 8/10/04 rup. 5-7
  • Sebibondo abana bakeneye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Sebibondo abana bakeneye
  • Be maso!—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ubuzima bwo mu rugo burashobora kuryohorwa
  • Ukuntu woronka icogufasha
  • Yarashira mu ngiro ivyo yigisha
  • Ya ngingo yafatwa n’umukuru w’ishirahamwe
  • Ba sebibondo barakeneye imfashanyo
  • Ukutaboneka kwa ba sebibondo ni ingorane irushiriza kwongerekana
    Be maso!—2004
  • Ingene woba sebibondo mwiza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • “Nararwanye nk’intambwe”
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015
  • Imiryango Mininiminini Yunze Ubumwe mu Murimo w’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Ibindi
Be maso!—2004
g04 8/10/04 rup. 5-7

Sebibondo abana bakeneye

ABANA barakeneye sebibondo abakunda, aba ahari kugira abafate mu mugongo, kandi akora ivyo ashoboye vyose kugira abafashe gukura bagacika abantu bakuze bitaho ibintu kandi b’abizigirwa. Ivy’uko abana bakeneye umuvyeyi nk’uwo ntivyamye vyitwararikwa mu buryo bukwiriye.

Ego ni ko, ba inabibondo ni bo bibaruka ibibondo, kandi ni ivy’ukuri yuko inabibondo mwiza ari kirumara mu rugo. Mugabo, mu kuvuga yuko na sebibondo na we nyene afise uruhara ruhambaye nk’urwo nyene, ikinyamakuru kimwe (The Wilson Quarterly) cavuze giti: “Ukuba ba sebibondo bariko baradohoka buhorobuhoro kw’ibanga ryabo ni co kintu nyamukuru gitera nyinshi mu ngorane zisinzikaje Abanyamerika zitesha umutwe kuruta izindi”, eka mbere twokwongerako yuko atari iz’Abanyamerika gusa, ariko kandi n’izo mu yindi mihingo yose yo kw’isi.

Ikinyamakuru kimwe co muri Berezile (Jornal da Tarde) kiragira ico kivuze kw’itohoza ryagizwe ryashikanye ku kubona yuko nyinshi mu ngorane z’urwaruka zijanye n’inyifato, nk’ukuba inkazi, ukutagira indero, ukuronka amanuta mabi mw’ishure, be n’ukutanegwa ibintu, akenshi “ziva ku kubura kwa ba sebibondo”. Igitabu co mu Butaliyano Abavyeyi b’abanyagasembwa (mu gitaliyano) c’uwitwa Marcello Bernardi na co gishimika kivuga yuko, kugira ngo abana bakure bameze neza, ku bwa ngingo bari bakeneye abavyeyi babiri.

Ubuzima bwo mu rugo burashobora kuryohorwa

Naho ba sebibondo batitaho ibintu batumye ingorane zongerekana mu ngo canke ahanini bakaba ari bo baziteje, ivyo ntibisobanura yuko ibintu bidashobora gukosorwa n’ubuzima bwo mu rugo bukaryohorwa. Uti bishobora gukosorwa gute? Ni igiki sebibondo akeneye gukora?

Biratomoye yuko abana bakeneye indinganizo y’umuryango, bakiyumvamwo ko hari umuntu yitwararika ukumererwa neza kwabo. Mu gihe ico kintu kidashikijwe, ubuzima bw’abana buramererwa nabi cane, nk’uko vyama vyashitse muri iki gihe. Yamara, umuntu ntiyoca yihebura, sebibondo yitaho ivyo mu rugo yaba ahari canke ata wuhari. Muri Zaburi 68:5 Bibiliya ivuga iti: “Imana ir’ahayo hēra ni se w’impfuvyi”a.

Ukuntu woronka icogufasha

Ivy’uko imfashanyo iva ku Mana ari ntahara kugira ngo ibintu bigende neza be n’uko iyo mfashanyo umuntu ashobora kuyironka, birerekanwa n’ukuntu ivya Lidia vyari vyifashe, Lidia akaba ari wa mukobwa wo muri Polonye twavuga mu kiganiro c’imbere y’iki. Ubuzima bwo mu rugo iwabo bwari bwifashe gute? Umuryango washoboye gute kuronka imfashanyo iva ku Mana?

Franciszek, se wa Lidia yiyemerera yuko abana biwe bakiri batoyi, atitaho umuryango wiwe, nk’uko n’umukobwa wiwe yabivuze. Avuga ati: “Sinari mbabaye ivyo abana bacu bakora. Nta gishika nagaragaza, kandi nta bucuti na bumwe bwari hagati yacu”. Ku bw’ivyo, ntiyari azi ko igihe Lidia yari afise imyaka 14, uwo mukobwa wiwe Lidia, umuhungu wiwe mutoyi na mutoyi wa Lidia baja mu misi mikuru irangwamwo urwamo rwinshi, banywa itabi be n’inzoga ziboreza, bakaja no mu vy’ugukubitana.

Amaherezo, Franciszek yahavuye abona ingorane abana biwe bariko bitamwo, maze biramubabaza cane ku buryo yagize ico akoze kuri ico kintu. Avuga ati: “Narasavye Imana ngo imfashe”. Igitangaje ni uko bidatevye inyuma y’aho, yagiye abona Ivyabona vya Yehova bamugendeye i muhira iwe, hanyuma we n’umukenyezi wiwe baremera kwiga Bibiliya. Abo bavyeyi bahavuye batangura gushira mu ngiro inyigisho za Bibiliya mu buzima bwabo. None vyagize ingaruka iyihe ku bana?

Franciszek asigura ati: “Baratanguye kubona yuko nari nahevye kuborerwa kandi ko nariko mba sebibondo mwiza. Baripfuje kumenya neza Ivyabona vya Yehova. Na bo nyene baratanguye kwiga Bibiliya bongera baraheba abagenzi babi bari bafise”. Umuhungu wiwe Rafał avuga ku vyerekeye se wiwe ati: “Narashitse aho ndamukunda nk’umugenzi”. Yongerako ati: “Ivy’ububandi bwo mw’ibarabara vyaciye biba ikintu ata co kivuze. Twari dufise vyinshi dukora mu vy’Imana”.

Franciszek ubu ni umukurambere mukirisu mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova, kandi aracitwararika umuryango wiwe be n’ugukura mu vy’impwemu kw’umwumwe wese mu bawugize. Umukenyezi wiwe na Lidia ni abatsimvyi, ni ukuvuga abamamaji b’inkuru nziza b’igihe cose. Rafał na mushikiwe mutoyi Sylwia baragira uruhara n’ubugingo bwabo bwose mu nyigisho ya Bibiliya, mu gutanga insasanuro ku makoraniro ya gikirisu be no mu kubwira abandi ivyo bizera.

Yarashira mu ngiro ivyo yigisha

Rimbura kandi ivyashikiye Luis, se wa Macarena. Ibuka yuko Macarena ari wa mukobwa wo muri Esupanye w’imyaka 21 umwe amajambo yavuze yasubiwemwo mu kiganiro gitangura. Luis yari yatoye akoko ka se mu vyo kuba umunywi w’inzoga. Nk’uko Macarena yabivuze, se wiwe Luis yaramara imisi ata wuzi irengero ryiwe, yibereye kumwe n’abagenzi. Vyongeye, yafata umugore wiwe nk’umushumba aho kumufata nk’umutambukanyi afise agaciro. Umubano wabo w’ababiranye hari hasigaye gato ngo usambuke, Macarena na batoyi biwe bakaba bari bafise intuntu mu mutima.

Ariko rero, hashize igihe Luis yaremeye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Asigura ati: “Naratanguye kumarana umwanya n’umukenyezi wanje be n’abana banje. Twarayaga, tugafungurira hamwe eka mbere tukigira hamwe Bibiliya. Twaranakorera hamwe udukorwa two mu nzu kandi tukaja kwisamaza turi kumwe”. Macarena avuga ati: “Naratanguye kwumva ko dufise dawe w’umunyabuntu yitaho koko umuryango wiwe”.

N’igihambaye kandi, Luis ntiyaremesha vyonyene umuryango wiwe gukorera Imana, ariko kandi yarashira mu ngiro ivyo yigisha. Nk’uko Macarena abisigura, yarahevye “urudandaza rwari ruteye imbere, kubera ko rwamutwara umwanya mwinshi, kandi akaba yashaka kwitwararika ivyo mu muryango wiwe kuruta”. Ingaruka ivyo vyagize yabaye iyibonekeje. Macarena avuga ati: “Akarorero kiwe karanyigishije ukuntu noguma mfise ijisho riremuruye nkongera ngashira ivy’Imana mu kibanza ca mbere”. Macarena ubu ni umutsimvyi, nyina na we be na batoyi ba Macarena barashirutse ubute mw’ishengero rya gikirisu.

Ya ngingo yafatwa n’umukuru w’ishirahamwe

Biratomoye yuko sebibondo abana bakeneye ari urya afata ingingo, afise mu muzirikanyi ukumererwa neza kw’abana biwe. Umuhungu w’umuyabaga wa Takeshi Tamura, wa mukuru w’ishirahamwe wo mu Buyapani yavugwa mu kiganiro c’imbere y’iki, yari yaratanguye kwifatanya n’abantu bataye ubuntu, kandi yasa n’uwari agiye kwita mu kaga gakomeye. Aho hari mu 1986, umwaka Takeshi yafata ingingo yo guheba ikibanza gikuru yari afise mw’Ishirahamwe ry’igihugu rijejwe amabarabara y’indarayi mu Buyapani. None Takeshi ubu yumva amerewe gute ku bijanye n’ingingo yafashe, ubu haheze imyaka 18?

Aherutse kuvuga ati: “Kumbure ni yo ngingo nziza nafashe iruta izindi. Kumarana umwanya wiyongereye n’umuhungu wanje be n’ugukorera ibintu hamwe, ushizemwo ukwigana na we Bibiliya, vyaragize ingaruka yibonekeje. Twaracitse abagenzi, kandi yaravavanuye n’abagenzi babi yari afise be n’inyifato itabereye yari afise”.

Muka Takeshi hari haheze imyaka mikeyi abaye Icabona ca Yehova, kandi inyifato yiwe y’akarorero ni yo yavyuriye umunega wiwe umutima wo kuraba muri Bibiliya no kurushiriza kwitaho ivy’umuryango wiwe. Amaherezo we hamwe n’umuhungu wiwe be n’umukobwa wiwe bose baracitse Ivyabona. Takeshi n’umuhungu wiwe ubu ni abakurambere mu mashengero bakukira, umukenyezi wiwe n’umukobwa wiwe na bo ni abatsimvyi.

Ba sebibondo barakeneye imfashanyo

Ba sebibondo benshi, naho babona yuko bariko barirengagiza abana babo, ntibazi ico bari bubakorere. Ikinyamakuru kimwe co muri Esupanye (La Vanguardia), cariko uwu mutwe w’ijambo uvuga ngo: “Ibice 42 kw’ijana vy’abavyeyi [b’abanya Esupanye] bariyemerera ko batazi ukuntu borera abana babo b’imiyabaga”. Mugabo, ivyo ni ko vyifashe no kuri ba se b’abana batarashika mu buyabaga be na ba se b’utwana dutoduto. Igihushanye n’uko abenshi biyumvira, abo bana bato na bo nyene barakeneye sebibondo yihebera abana, aba ari kumwe na bo kandi abitwararika.

Ni ikindi kintu ikihe cokwigwa ku bijanye n’ukuntu umuntu yoba sebibondo mwiza? Ni bande ari uburorero bwiza kuruta ubundi bwose ba sebibondo bokwigana, kandi ni igiki umuntu ashobora kubigirako? Ikiganiro cacu gisozera kirihweza ivyo bibazo.

[Akajambo k’epfo]

a Turakwinginze urabe ikigabane kivuga ngo “Ingo usangamwo umuvyeyi umwe zirashobora kuroranirwa!” mu gitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Amafoto ku rup. 7]

Ba sebibondo baronkeje abana babo ivyo bakeneye

Franciszek n’umuryango wiwe

Luis n’umuryango wiwe

Takeshi n’umuryango wiwe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika