INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA
Gukoresha ubuhinga bugirira akamaro abavukanyi kandi butonona ibidukikije
1 NDAMUKIZA 2025
Twebwe Ivyabona vya Yehova turazi ko Yehova Imana agiye gutuma iyi si yononywe n’abantu isubira kumera neza. (Ivyahishuwe 11:18) Naho ari ukwo, turakora uko dushoboye kugira tubungabunge isi yacu. Nk’akarorero, twaratunganije imigero y’inyubakwa dukoresha mu gusenga Yehova ku buryo zitonona ibidukikije.
Uburyo bwo gukingira ibidukikije bufise intumbero yo kugabanya uko bishoboka kwose ivyokwonona ibidukikije. None ni ibiki twakoze kugira dukingire ibidukikije? Kandi ivyo bidufasha gute gukoresha neza intererano zitangwa?
Uburyo bwo gutuma mu Ngoro y’amateraniro hadashuha cane
Mu ntango, Ingoro y’amateraniro y’i Matola muri Mozambike yubatswe itagira impome kandi isakajwe n’amabati asanzwe. Ayo mabati yarakwega ubushuhe bw’izuba bigatuma mu Ngoro hashuha cane. Umuvukanyi wo muri ako karere yavuze ati: «Ubushuhe bwatuma tubira icuya cinshi. Iteraniro riheze, abavukanyi baca bihutira gusohoka hanze kugira baronke akayaga.» None ni ibiki vyari bikenewe gukorwa kugira iyo Ngoro y’amateraniro ibe ikibanza kibereye co kwigiramwo?
Twahisemwo gutorera umuti ico kibazo mu buryo butonona ibidukikije. Twarashizeyo ivyuma bitanga akayaga bikoreshwa n’umuyaga hamwe n’ibintu bigabanya urwamo. Ivyo bintu bigabanya urwamo biragabanya ubushuhe bw’izuba, vya vyuma na vyo bikazana akayaga. Ivyo vyuma bitanga akayaga ntibikoresha umuyagankuba ariko bikoresha umuyaga, bigatuma ubushuhe bugabanuka mu Ngoro y’amateraniro. Icuma kimwekimwe cose catwaye amadolari 50 (amarundi arenga 145.000).a
Ivyuma bitanga akayaga bikoreshwa n’umuyaga vyo ku Ngoro y’amateraniro y’i Matola
Ivyo bintu bakoze vyatumye mu Ngoro y’amateraniro haboneka akayaga kabereye. Kubera ko umuyaga usigaye winjira neza, bituma iyo nyubakwa itagira ifira. Vyongeye, umwuka mubi witwa gaze karubonike uragabanuka maze umwuka wa ogisijeni ukongerekana. Ivyo bituma abitaba amateraniro biyumva neza kandi bakitunira ku biriko biravugwa. Wa muvukanyi twavuga mu ntango avuga ati: «Ubu ntitucihutira gusohoka programa ikimara guhera. Ahubwo turaguma indani mu kiringo c’akaruhuko twongera dutera inkuru n’abagenzi. Kwicara mu Ngoro y’amateraniro bisigaye bimeze nko kwicara munsi y’igiti kinini gitanga akaya keza.»
Ubu abavukanyi bacu baroroherwa no gukurikira programa z’amateraniro n’iz’amahwaniro
Kuronka umuyagankuba uvuye ku zuba
Ku nyubakwa nyinshi zikoreshwa mu vy’ugusenga Yehova, twarahashize amapano atanga umuyagankuba uvuye ku zuba. Ivyo bituma tudakoresha cane umuyagankuba uva ku bizuku, igitoro hamwe na gaze, na vyo bikaba vyonona ibidukikije. Ayo mapano yoyo ntiyonona ibidukijije kandi atuma tuziganya intererano.
Mu 2022, twarashize amapano atanga umuyagankuba uvuye ku zuba ku nyubakwa z’ibiro vy’ishami vyo muri Sloveniya. Amapano aratanga ibice 30 kw’ijana vy’umuyagankuba izo nyubakwa zikenera. Igihe atanze umuyagankuba urenze ku wo dukenera, duca tuwuhako ababanyi. Ayo mapano yadutwaye amadolari 360.000 (amarundi angana n’umuliyaridi urenga). Kubera ko ibiro vy’ishami bisigaye biriha amahera make y’umuyagankuba, bizotuma mu myaka ine gusa tuziganya amahera aruta ayo twakoresheje mu gushiraho ayo mapano.
Ishami ryo muri Sloveniya
Mu 2024, twarashize amapano atanga umuyagankuba uvuye ku zuba hamwe n’ibateri ifise ubushobozi bwinshi cane ku nyubakwa z’ibiro vy’ishami vyo muri Sri Lanka. Ivyo vyatwaye amadolari nk’imiliyoni zitatu (amarundi angana n’amamiliyaridi umunani arenga), ayo mapano na yo agatanga ibice 70 kw’ijana vy’umuyagankuba ibiro vy’ishami bikenera. Mu myaka itatu, tuzoziganya amahera aruta ayo twakoresheje mu gushiraho ayo mapano. Muri uwo mwaka nyene, twarashize amapano atanga umuyagankuba uvuye ku zuba ku nyubakwa z’ibiro vy’ishami vyo mu Buholande. Ivyo vyatwaye amadolari arenga umuliyoni, bikaba bituma haboneka ibice 35 kw’ijana vy’umuyagankuba ibiro vy’ishami bikenera. Bizotuma mu myaka icenda tuziganya amahera aruta ayo twakoresheje mu gushiraho ayo mapano.
Ishami ryo mu Buholande
Vyongeye, twarashize amapano atanga umuyagankuba uvuye ku zuba ku nyubakwa z’amabiro atandukanye y’ubuhinduzi ari ukwa yonyene muri Megizike. Raba nk’akarorero: ibiro vy’ubuhinduzi vy’ururimi rw’igi Tarahumara biri mu karere ka Chihuahua. Mu rushana, ubukanye burashobora kuja musi y’ibipimo vya dogere za Celsius 0. Mu ci na ho, ubushuhe burashobora kurenga ibipimo vya dogere za Celcius 40. Kubera ko umuyagankuba uzimvye cane, abavukanyi baririnda gukoresha ivyuma bitanga ubushushe hamwe n’ibitanga ubukanye. Jonathan, umuvukanyi akorera ku biro vy’ubuhinduzi biri ukwa vyonyene avuga ati: «Turakoresha uburengeti hamwe n’impuzu zisusurutsa mu gihe c’ubukanye, mu ci na ho tukugurura amadirisha.»
Mu 2024, twarashize amapano atanga umuyagankuba uvuye ku zuba ku nyubakwa z’ivyo biro vy’ubuhinduzi biri ukwa vyonyene. Ayo mapano yatwaye amadolari 21.480 (amarundi arenga imiliyoni 63), ariko bizotuma mu myaka itanu tuziganya amahera aruta ayo twakoresheje mu gushiraho ayo mapano. Ubu, abavukanyi bacu barashobora gukoresha kenshi ivyuma bitanga ubushushe n’ibitanga ubukanye. Jonathan avuga ati: «Ubu twararushirije kuryohererwa igikorwa kandi bituma dukora vyinshi. Vyongeye, turahimbarwa kumenya ko ubutunzi bw’ishirahamwe buriko bukoreshwa neza kandi mu buryo butonona ibidukikije.»
Ubu abahinduzi b’ururimi rw’igi Tarahumara bakorera ahantu hameze neza
Kuziganya amazi y’imvura
Muri Afrika, Ingoro z’Ubwami zimwezimwe ntizironka amazi akwiye. Ivyo bica bituma abavukanyi bagenda ibilometero vyinshi bagiye kuvoma amazi akoreshwa ku Ngoro y’Ubwami. Ku zindi Ngoro z’Ubwami, abavukanyi baragura amazi azanwa na vya biduga bitwara amazi, ariko ivyo birazimvye kandi bironona ibidukikije.
Kugira ngo abavukanyi bacu baronke amazi, twarashize imireko hamwe n’amatangi y’amazi maninimanini ku Ngoro z’Ubwami nyinshi zo muri Afrika. Imbere y’uko bashiraho ivyo bikoresho vyo kureka amazi y’imvura, abavukanyi bariga ibijanye n’ikirere c’aho hantu Ingoro y’Ubwami iri kugira batunganye uburyo bwiza bwo kureka amazi. Gushira ivyo bikoresho ku Ngoro y’Ubwami bitwara amahera ari hagati y’amadolari 600 na 3.000 (amarundi ari hagati y’umuliyoni n’ibihumbi amaja indwi hamwe n’amamiliyoni arenga umunani). Yamara, ivyo bikoresho bituma amahera akoreshwa ku bw’Ingoro y’Ubwami agabanuka, kubera ko abavukanyi badasubira kugura amazi.
Itangi y’amazi iri ku Ngoro y’Ubwami y’i Phuthaditjhaba, muri Afrika y’Epfo
Ubwo buryo bwo kuziganya amazi y’imvura bwarafashije cane abavukanyi bacu. Mushiki wacu wo muri Mozambike yitwa Noemia, avuga ati: «Kera, twaragira ingendo ndende tugiye kurondera amazi. Twashika ku Ngoro twarushe cane. Kubera twaronka amazi make cane, vyaratugora kuguma dusukuye. Ariko ubu, umuntu wese arashobora gukaraba amaboko. Turashobora kugenda ku Ngoro y’Ubwami tutarushe cane ku buryo bitworohera gukurikirana neza amakoraniro. Turabashimiye cane!»
Mushiki wacu n’umuhungu wiwe bo muri Afrika y’Epfo bariko barakoresha amazi y’imvura
None ishirahamwe rikura he amahera rikoresha muri uyo mugambi wo kubungabunga ibidukikije? Rikoresha intererano zitangwa mu gushigikira igikorwa co hirya no hino kw’isi, nyinshi muri izo zikaba zitangwa mu buryo buboneka kuri donate.jw.org. Turabakengurukiye ku ntererano mutanga mubikunze!
a Amadolari yose avugwa muri iki kiganiro ni ay’Abanyamerika.