ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • hdu ikiganiro 30
  • Kubungabunga Ingoro z’Ubwami zacu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubungabunga Ingoro z’Ubwami zacu
  • Ingene intererano mutanga zikoreshwa
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ibikorwa vyo kubungabunga Ingoro z’Ubwami bitunganije gute?
  • Amahera akoreshwa ku bw’Ingoro z’Ubwami
  • Amaporoje manini ajanye no kubungabunga Ingoro z’Ubwami
  • Kubungabunga Ingoro z’Ubwami biraninahaza Yehova
  • Ni gute wofasha?
  • Iki ni ikibanza dusengeramwo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Tugume dufata neza aho dusengera
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ibibanza dusengeramwo
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Twitwararike ibibanza dusengeramwo
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
Ibindi
Ingene intererano mutanga zikoreshwa
hdu ikiganiro 30
Umuvukanyi ari ku gikwa akaba ariko arakura amababi mu mureko ku Ngoro y’Ubwami.

INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA

Kubungabunga Ingoro z’Ubwami zacu

KU WA 1 NDAMUKIZA 2024

Mushiki wacu akiri muto yitwa Nicole wo muri Kolombiya avuga ati: «Ndakunda Ingoro y’Ubwami yacu. Ni ikibanza nshobora guhuriramwo n’abavukanyi n’abadada.» Woba nawe wiyumva ukwo?

Kw’isi yose, Ivyabona vya Yehova barahurira mu Ngoro z’Ubwami zishika ku 63.000. Izo nyubakwa ni ibibanza vyiza vyo gusengeramwo Imana. Ariko zirakora n’ibindi. Umutsimvyi asanzwe umwe yitwa David wo muri Kolombiya yavuze ati: «Ingoro y’Ubwami yacu iratuma ubutumwa twamamaza burushiriza gukwegera abantu. Abashitsi benshi baratangara iyo babonye ukuntu izo nyubakwa tuzitwararika zikaguma zisa neza. Ivyo ntibipfa kwizana. Turihatira gusukura no kubungabunga Ingoro z’Ubwami zacu. None ivyo tubikora gute?

Ibikorwa vyo kubungabunga Ingoro z’Ubwami bitunganije gute?

Amashengero akoresha Ingoro y’Ubwami ni yo ajejwe kuyibungabunga. Kugira bikunde, abavukanyi na bashiki bacu bama bakorera isuku Ingoro z’Ubwami zabo. Barakora kandi ibikorwa vyo kuyibungabunga no gusubiriza utuntu dutoduto tuba twononekaye.

Mu gufasha amashengero kubungabunga Ingoro z’Ubwami, Urwego rw’igihugu rujejwe imigero n’ubwubatsi (LDC) ruragena abavukanyi bamenyereza abandi mu bijanye no kubungabunga Ingoro z’Ubwami. Umumenyereza wese yitwararika Ingoro z’Ubwami zitandatu gushika kuri cumi. Aragendera abamamaji bo mu mashengero yikoraniriza muri izo Ngoro kandi akabamenyereza ukuntu bozitwararika. Uko haciye imyaka itatu, aza arasuzuma buri nyubakwa kandi akaraba icokorwa ku mvo zo kwirinda amasanganya.

Umuvukanyi amenyereza abandi ariko aravugisha abavukanyi n’abadada ku Ngoro y’Ubwami.

Abamenyereza mu vyo kubungabunga Ingoro z’Ubwami baradufasha gutuma Ingoro z’Ubwami ziguma zimeze neza.

Abavukanyi na bashiki bacu barashima ukumenyerezwa bahabwa n’abamenyereza mu vyo kubungabunga Ingoro z’Ubwami. Indhumathi, mushiki wacu wo mu Buhindi, avuga ati: «Ukumenyerezwa ni kwiza cane. Twararyohewe cane no kumenya ukuntu twotuma Ingoro yacu iguma imeze neza.» Evans, umuvukanyi wo muri Kenya, avuga ati: «Twarize ukuntu twoziganya amahera menshi mu kwitwararika hakiri kare ibikenewe gukorwa imbere y’uko ibintu bibanza kwononekara cane.»

Amahera akoreshwa ku bw’Ingoro z’Ubwami

Amahera akoreshwa buri mwaka mu bijanye no kwubaka be no kubungabunga Ingoro z’Ubwami ava ku majana agashika ku bihumbi vy’amadolaria bivanye n’aho Ingoro y’Ubwami iri, imyaka imaze yubatswe n’amashengero ayikoresha. None ayo mahera ava he?

Igikorwa co kubungabunga Ingoro z’Ubwami gishigikirwa n’intererano. Alexander, umuvukanyi wo muri Kazakistani, avuga ati: «Amahera amwe arakoreshwa mu kugura internet hamwe n’ibindi vya nkenerwa, nk’amazi n’umuyagankuba. Ayandi agakoreshwa mu kugura papier de toilette, amaga, ibikoresho vy’isuku n’amarangi.» Izindi ntererano zitangwa ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose zirakoreshwa mu gufasha amaporoje maninimanini kandi asaba uburyo bwinshi ajanye no kubungabunga Ingoro z’Ubwami.

Amaporoje manini ajanye no kubungabunga Ingoro z’Ubwami

Igihe ibikorwa vyo kubungabunga Ingoro y’Ubwami bisaba amahera arenze ayo abavukanyi bama bakoresha mu mezi abiri canke atatu ku bw’Ingoro y’Ubwami, abakurambere baca bitura umumenyereza wa LDC ajejwe ivyo kubungabunga Ingoro z’Ubwami. Igihe LDC yemeye ko vyokorwa, amahera aca ava mu ntererano z’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Mu mwaka w’umurimo wa 2023, amaporoje nk’ayo 8.793 yarakozwe, akaba yatwaye imiliyoni z’amadolari zirenga 76 (nk’amarundi arenga imiliyaridi 216). Ehe abiri muri ayo maporoje.

Muri Angola, hari Ingoro y’Ubwami yari imaze imyaka 15 yubatswe, ikaba yari ikeneye gusanurwa bikomeye. Intsinga z’umuyagankuba zari zikeneye gusubirizwa, impome zariko imigaga kandi ababanyi bari bamaze kumenyesha ko amazi abatera mu mazu yabo avuye kuri iyo Ngoro. Urwego rwa LDC rwaratunganije ibikorwa vyo gutorera umuti izo ngorane. Ico gikorwa kikaba catwaye amadolari 9.285 (nk’amarundi arenga imiliyoni 26). Ababanyi b’aho barashimye bongera baratangazwa n’ukuntu ivyo bikorwa vyakozwe.

Ingoro y’Ubwami yasanuwe muri Angola

Muri Polonye, igisenge c’Ingoro y’Ubwami carava, n’itapi yari yarononekaye cane ku buryo itosubira kumera neza. Urwego rwa LDC rwaremeje ibikorwa vyo gusanura, gukora ico gisenge no gusubiriza iyo tapi. Ivyo bikorwa vyatwaye amadolari 9.757 (nk’amarundi arenga imiliyoni 27). Ku bw’ivyo, ibikorwa bikomeye vyakozwe mu gusanura iyo Ngoro y’Ubwami ntibizosubira gukorwa mu myaka itari mike iri imbere.

Udufoto: 1. Abavukanyi babiri bariko baroza amabati ku Ngoro y’Ubwami. 2. Kuri ya Ngoro y’Ubwami nyene, abavukanyi bariko barakura itapi ishaje.

Ingoro y’Ubwami iriko irasanurwa muri Polonye

Kubungabunga Ingoro z’Ubwami biraninahaza Yehova

Kubungabunga Ingoro z’Ubwami biraziganya intererano z’agaciro zitangwa bikongera kandi bigatuma Yehova ashemezwa. Shaun, umuvukanyi w’i Tonga, avuga ati: «Kubera igikorwa cacu co kubungabunga Ingoro z’Ubwami, dusengera Yehova mu Ngoro z’Ubwami zisukuye, zirimwo urutonde kandi zimeze neza, bikaba bituma abantu bo mu kibano babona neza Yehova. Turishimira gutumira abantu ku Ngoro y’Ubwami.»

Ni gute wofasha?

Turashobora twese gufasha gukorera isuku no kubungabunga ibibanza vyacu vyo gukoraniramwo. Marino, umumenyereza mu vyo kubungabunga Ingoro z’Ubwami muri Ostraliya, yavuze ati: «Umwe wese muri twebwe arashobora kugira uruhara mu gikorwa kidasanzwe co kwitwararika Ingoro z’Ubwami. Iyo tubigize tuba turiko turaziganya intererano zitangwa kugira zikoreshwe aho bikenewe vy’ukuri.»

Joel umuvukanyi wo mu Buhindi, arahimbarwa cane no kubungabunga Ingoro y’Ubwami yikoranirizamwo. Avuga ati: «Gukorana n’abavukanyi biramfasha kwiha ishusho y’ukuntu bizoba bimeze mw’isi nshasha.» Umwe Nicole twavuga, agira ati: «Mperuka gufasha gukoropa Ingoro y’Ubwami mu gihe abavukanyi bariko barakora ahantu hava mu kazu ka surwumwe. Naho ata co nakoze mu gutorera umuti ico kibazo, narafashije kwirinda isanganya.»

Nimba wipfuza kwitanga mu bikorwa vyo kubungabunga Ingoro y’Ubwami wikoranirizamwo, nubibwire umukurambere wo mw’ishengero urimwo. Vyongeye, intererano utanga zirashigikira igikorwa co kubungabunga Ingoro y’Ubwami wikoranirizamwo hamwe n’izindi zo hirya no hino kw’isi. Urashobora gutanga intererano mu dusandugu tw’intererano turi mu Ngoro y’Ubwami canke ukazitanga uciye kuri donate.jw.org. Turakenguruka cane agatima ufise ko gutanga cane.

Abavukanyi n’abadada bariko barakora isuku ryimbitse ku Ngoro y’Ubwami mu gihe uwundi muvukanyi ariko arakora intebe yononekaye.

Twese turashobora gufasha mu kubungabunga Ingoro z’Ubwami zacu

a Amadolari yose avugwa muri iki kiganiro ni ay’Abanyamerika.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika