ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwwd ikiganiro 1
  • Ubushobozi insazi ifise bwo kugira agatebetebe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubushobozi insazi ifise bwo kugira agatebetebe
  • Vyoba vyariyadukije?
  • Ivyo bijanye
  • Agahimba gafasha insazi mu kirere
    Be maso!—2012
  • Oya ntimubatinye!
    Turirimbire Yehova tunezerewe
  • Ntimubatinye!
    Turirimbire Yehova
  • Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
Ibindi
Vyoba vyariyadukije?
ijwwd ikiganiro 1
Insazi

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ubushobozi insazi ifise bwo kugira agatebetebe

Nimba umaze kugerageza gukubita insazi, ngira wariboneye ko bitoroshe. Ukuntu inyaruka buravyo bituma kuyifata bitoroha.

Abahinga barabonye ko hariho ubwoko bw’insazi zishobora kugira agatebetebe nka kurya kw’indege z’indwano, ariko zozo zikabigira mu kanya isase. Porofeseri Michael Dickinson avuga ko zikivuka “zishobora kuguruka nk’izakanongoreye. Bimeze nko gufata uruyoya ukarushira kw’ivola y’indege y’indwano rugaca rumenya ico rukora.”

Abashakashatsi barakameye insazi ziriko ziragira agatebetebe, basanga zikubita amababa incuro 200 kw’isegonda. Ariko zikubise amababa rimwe gusa, biba bihagije kugira zibe zakase.

None bisaba umwanya ungana iki kugira zibe zagurutse? Abashakashatsi basanze ugereranije n’ukuntu umuntu anyarutsa gukubita urugohe, insazi zinyarutsa kuguruka incuro 50 kuruta. Umwe Dickinson twavuga asigura ati: “Insazi iragira igiharuro gikomeye, ku buryo mu kanya isase iba yamaze kubona aho akaga kazananye n’iyo yohungira.”

Ukuntu ubwonko bungana ide bw’insazi bushobora gukora ibintu nk’ivyo, ni ikintu n’ubu abahinga bataratahura.

Insazi ikase kugira ihunge

Mu kanya isase, insazi iba ikase kugira ihunge

None uvyibazako iki? Ubushobozi insazi ifise bwo kugira agatebetebe coba ari ikintu ciyadukije? Canke hariho uwagikoze?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika